Ikigabane ca 57
Agirira Imbabazi Abaruhijwe
YEZU amaze gushira ku kabarore Abafarizayo kubera imigenzo yabo iranga ubwikunzi, avaho aragenda ari kumwe n’abigishwa biwe. Urashobora kwibuka ko imbere yaho gatoyi, igihe yagerageza kuja kure ari kumwe na bo ngo baruhuke gatoyi batabashije kubigira, kuko amasinzi yaciye abaturako amaguru. Ubu na ho, we hamwe n’abigishwa biwe bafata urugendo baja mu ntara z’i Tiro n’i Sidoni, ku birometero vyinshi uja mu buraruko. Biboneka yuko urwo ari rwo rugendo rwonyene Yezu agirana n’abigishwa biwe inyuma y’umupaka wa Isirayeli.
Amaze kuronka inzu acumbikamwo, Yezu amenyesha yuko adashaka ko hagira uwumenya aho bari. Yamara no muri ako karere katari ak’Abisirayeli, ntikibuza ko bamubona. Umugore w’Umugirikikazi yavukiye ngaho muri Foyinike y’i Siriya, arahamusanga hanyuma atangura kumwazambira ati: “Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.” Ariko rero, Yezu ntiyishura ijambo na rimwe.
Abigishwa ba Yezu barahava bamubwira bati: “Murungike, kukw agenda aradusemerera inyuma.” Mu gusigura impamvu itumye amwirengagiza, Yezu avuga ati: “Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli.”
Ariko rero, uwo mugore ntavako. Aregera Yezu hanyuma akubita ibipfukamiro imbere yiwe. Aratakamba ati: “Ntabara se Mugenzi”!
Ese ukuntu umutima wa Yezu utegerezwa kuba waratewe ikigongwe n’ukwinginga gushimitse kw’uwo mugore! Yamara, Yezu yongera kudoma urutoke kw’ibanga rya mbere ashinzwe, ari ryo gufasha igisata c’Imana ari co Isirayeli. Ubwo nyene, kugira kumbure ageze ukwizera kwiwe, afatira ku kuntu Abayuda banena abo mu yandi mahanga, avuga ati: “Si vyiza kwābīra umutsima w’abana ukawuterera utubga.”
Mw’ijwi Yezu akoresha riranga imbabazi no mu kuntu ameze mu maso, nta gukeka arahishura impuhwe afitiye abatari Abayuda. Mbere arorosha ukuntu Abanyamahanga bagereranywa n’imbwa, we akavuga ko ari “utubga,” canke utubunda. Aho kubabara, nya mugore afatira ku vyo Yezu avuze vy’uko Abayuda banena abandi, hanyuma avuga aya majambo aranga ukwicisha bugufi: “Nka ko, Mugenzi, kuk’utubga na two twīrīra utuvunguka dukorokera musi y’ameza ya ba nyene two.”
Yezu asubizayo ati: “Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje: bikubere nk’uk’ugomba.” Biraheza bigenda kuno! Uwo mugore asubiye i muhira iwe, asanga umukobwa wiwe ari ku buriri, yakize rwose.
Yezu n’abigishwa biwe bava mu ntara y’i Sidoni iri ku nkengera y’ikiyaga, berekeza mu gihugu, amagana kw’isôko ry’Uruzi Yorodani. Uko bigaragara, Yorodani barujabukira ahantu hari haruguru y’Ikiyaga c’i Galilaya hanyuma bakinjira mu ntara ya Dekapoli iburasirazuba bw’ico kiyaga. Ngaho baduga umusozi, ariko amasinzi y’abantu abasangaho maze azanira Yezu abacumbagira, ibimuga, impumyi, ibiragi, hamwe n’abandi benshi bafise izindi ndwara n’ubundi bumuga. Basa nk’aho baza barabaterera imbere y’ibirenge vya Yezu, hanyuma na we akabakiza. Nya bantu baratangara aho baboneye ibiragi bivuga, ibimuga bitambuka, impumyi zibona; maze bashemeza Imana ya Isirayeli.
Hari umugabo umwe w’igipfamatwi Yezu yitwararitse bimwe bidasanzwe, akaba kandi adashobora kuvuga ngo atobore. Kenshi usanga ibipfamatwi vyumva isoni, canecane iyo biri mw’isinzi ry’abantu. Kumbure Yezu arabona ko uwo mugabo bimushavuza bimwe bidasanzwe. Nuko Yezu agira imbabazi amukura muri rya sinzi, aja kumwihereranya. Ari bonyene, Yezu yerekana ico agiye kumugirira. Akoza intoke mu matwi ya nya mugabo, amaze gucira amate, akora ku rurimi rwiwe. Maze Yezu arangamiza mw’ijuru, ariruhutsa cane hanyuma avuga ati: “Zibūka.” Uwo mwanya nyene, nya mugabo ubushobozi bwiwe bw’ukwumva bumugarukako, kandi arashobora kuvuga ukuri kwamye.
Yezu amaze gukiza abo bantu benshi, amasinzi ahari akura ubwatsi. Bavuga bati: “Akoze vyose neza: azibūra n’ibipfamatwi, kand’avugisha ibiragi.” Matayo 15:21-31; Mariko 7:24-37.
▪ Ni kuki Yezu adashoka akiza umwana w’umugore w’Umugirikikazi?
▪ Mu nyuma, Yezu ajana hehe abigishwa biwe?
▪ Yezu agirira imbabazi gute umugabo w’igipfamatwi kandi adashobora kuvuga ngo atobore?