Ikigabane ca 60
Ubuninahazwa bw’Ubwami bwa Kirisitu Bubonwa Imbere y’Igihe
YEZU yaje mu mihingo y’i Kayisariya ya Filipo, akaba ariko yigisha isinzi ry’abantu ririmwo intumwa ziwe. Abashikiriza iri tangazo ribatangaza rwose ati: “Ndababgire ukuri: Mur’aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.”
Abigishwa bategerezwa kuba bibaza bati: ‘Yezu yoba ashatse kuvuga iki?’ Haciye nk’umushamvu, Yezu ajana na Petero, Yakobo na Yohani, baduga umusozi muremure cane. Bisa n’uko ari mw’ijoro, kubera ko abigishwa bariko baratura ingiga. Mu gihe Yezu ariko arasenga, ahinduka ukundi imbere yabo. Mu maso hiwe hatangura kwakaka nk’izuba, ivyambarwa vyiwe na vyo bikayangana nk’umuco.
Maze, abantu babiri baboneka nka “Mose na Eliya,” baraseruka batangura kuganira na Yezu ku vy’ ‘ukugenda kwiwe kuzobera i Yeruzalemu.’ Ukwo kugenda bisa n’uko kwashaka kuvuga urupfu rwa Yezu hamwe n’izuka ryiwe ryokurikiye. Gutyo, ico kiyago kirerekana ko urupfu rwiwe rw’agatetereza atari ikintu c’ukuzibukira, nk’uko Petero yari yavyipfuje.
Kubera ko ubu ba bigishwa bari maso vy’ukuri, baritegereza bongera bumviriza bajorewe. Naho ivyo ari ivyeretswe nko mu ndoto, biboneka nk’ibintu vy’ukuri ku buryo Petero atangura kubijamwo, mu kuvuga ati: “Mugenzi, bitubereye vyiza ko turi hano: ni wabigomba ndaca insago zitatu hano, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya.”
Petero akiriko aravuga, igicu gikayangana kirabapfuka, hanyuma ijwi riva muri nya gicu rivuga riti: “Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.” Ba bigishwa ngo bumve iryo jwi, bubama hasi. Ariko Yezu avuga ati: “Ve hasi, ntimutinye.” Bavuye hasi, ntibabona umuntu n’umwe kiretse Yezu.
Ku musi ukurikira, bari mu nzira bamanuka nya musozi, Yezu abwiriza ati: “Ntihagire umuntu mubgira ivyo mweretswe, gushitsa ah’Umwana w’umuntu azozukira avuye mu bāpfuye.” Uguseruka kwa Eliya muri iryo yerekwa kuvyura ikibazo mu mizirikanyi y’abo bigishwa. Babaza bati: “None rero n’iki gituma abanyabgenge b’ivyanditswe bavuga yuko Eliya akwiye kubanza kuza?”
Yezu avuga ati: “Eliya ya[ra]maze kuza, yamara ntibāmumenye.” Yamara rero Yezu ariko avuga ivyerekeye Yohani Umubatizi, uwashikije uruhara rusa n’urwa Eliya. Yohani yarateguriye inzira Kirisitu, nk’uko Eliya yayiteguriye Elisa.
Ese ukuntu iryo yerekwa ryakomeje Yezu n’abo bigishwa! Iryo yerekwa risa n’ubuninahazwa bw’Ubwami bwa Kirisitu bubaye burabonwa imbere y’igihe. Ni nk’aho abo bigishwa boba babonye “Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe,” nk’uko nyene hari haciye umushamvu Yezu abibasezeraniye. Inyuma y’urupfu rwa Yezu, Petero yaranditse ivy’uko ‘biboneye icubahiro gihambaye ca Kirisitu igihe bari kumwe na we ku musozi mweranda.’
Abafarizayo bari basavye Yezu ikimenyetso kigaragaza ko yari we yari yarasezeranywe mu Vyanditswe ko yobaye Umwami yatowe n’Imana. Nta kimenyetso mwene ico bahawe. Ku rundi ruhande, abigishwa somambike ba Yezu bararekuriwe kubona ukwo guhinduka ukundi kwa Yezu ngo bibabere ikintu cemeza ivyavuzwe mu buhanuzi bwerekeye Ubwami. Ivyo vyatumye Petero mu nyuma yandika ati: ‘Ariko turafise ijambo menyeshakazoza ryemejwe kuruta.’ Matayo 16:13, Mt 16:28–17:13; Mariko 9:1-13; Luka 9:27-37; 2 Petero 1:16-19.
▪ Imbere y’uko Kirisitu ahonja urupfu, ni mu buryo ubuhe hari abamubonye aza mu Bwami bwiwe?
▪ Muri iryo yerekwa, ni ibiki Mose na Eliya baganiriye na Yezu?
▪ Ni kuki iryo yerekwa ari ikintu cakomeje gutyo abo bigishwa?