ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 61
  • Akiza Umuhungu Yiziziwe n’Impwemu Mbi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akiza Umuhungu Yiziziwe n’Impwemu Mbi
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Akiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ni nde amuha ububasha bwo gukora ibitangaro?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Akiza umukobwa n’umugabo w’umuragi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 61

Ikigabane ca 61

Akiza Umuhungu Yiziziwe n’Impwemu Mbi

IGIHE Yezu, Petero, Yakobo na Yohani atari ho bari, kumbure bagiye kw’itaba ry’Umusozi Herumoni, abandi bigishwa bahura n’ingorane. Yezu agarutse, buno nyene abona ko hari ikitagenda neza. Hari isinzi ry’abantu ryakoraniye iruhande y’abigishwa biwe, hanyuma abanyabwenge b’ivyanditswe na bo bakaba bariko barabahaririza. Abantu babonye Yezu baratangara cane maze baca birukanga kumusanganira. Yezu ababaza ati: “Mwariko murabahāririza ibiki?”

Umugabo umwe ava muri rya sinzi apfukama imbere ya Yezu, asigura ati: “Mwigisha, nari nakuzaniye umwana wanje, yinjiwemwo n’impwemu y’ikiragi. Ah’imufatiye hose, imutūra hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, akagenda ashira umunywera; mbarira abigishwa bawe ngo bayisende, irabananira.”

Biboneka ko abo banyabwenge b’ivyanditswe bariko bafatira ku vy’uko abigishwa biwe bananiwe no gukiza nya muhungu, kumbure batwengera mw’ijigo utwigoro bagize. Kuri ico gihe gikomeye nyene, Yezu arashika. Aravuga ati: “Yemwe ab’[“iri yaruka,” NW] mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira?”

Yezu bisa n’uko ayo majambo ayabwira umuntu wese ari ngaho, ariko ntitwokeka ko ayabwira canecane abanyabwenge b’ivyanditswe bariko baraburagiza abigishwa biwe. Ubukurikira, Yezu avuga ivya nya muhungu ati: “Ni mumunzanire.” Ariko aho nya muhungu aziye kuri Yezu, ya dayimoni imwiziziye imukubita hasi iramujegeza cane. Nya muhungu aza arigaragurira hasi yongera abimba ifuro mu kanwa.

Yezu abaza ati: “Amaze igihe kingana iki bimutera birtyo?”

Se wiwe arishura ati: “Uhereye mu bgana bgiwe. Kenshi cane [iyo dayimoni] imuta mu muriro no mu mazi ngw imwice.” Maze se wiwe aratakamba ati: “Ariko namba har’ico woshobora, tugirire akagongwe udutabare.”

Kumbure uwo se wiwe amaze imyaka n’iyindi arondera gufashwa. Buno rero, kubera ko abigishwa ba Yezu vyabataye ku w’amazi, umwiheburo wiwe ni mwinshi. Yezu afatira ku kuntu uwo mugabo atakambanye ukwihebura kwinshi, avuga amuremesha ati: “Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye.”

Uno mugabo buno nyene akoma akaruru cane, mugabo aratakamba ati: “Ndizeye, fasha ukutizera kwanje.”

Yezu abonye nya sinzi ribazako ryiruka, akankamira ya dayimoni ati: “Yewe mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ubganje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemw’ukundi.” Igihe iyo dayimoni iriko irava muri uwo muhungu, ituma asubira gukoma induru, iza iramujegeza kenshi. Maze uwo muhungu arambarara hasi adakoma, ku buryo benshi muri abo bantu batangura kuvuga bati: “Arahwereye.” Ariko Yezu afata ukuboko uwo muhungu, hanyuma aravyuka.

Imbere yaho, igihe abigishwa bari barungitswe kwamamaza inkuru nziza, barirukanye amadayimoni. Ni co gituma buno aho binjiriye mu nzu babaza Yezu bamwihereranije bati: “Tweho mbega ko vyatunaniye kuyisenda?”

Mu kubereka yuko vyari vyatewe n’ukubura ukwizera, Yezu yishura ati: “Ben’irya ntikūrwamwo n’ikindi atar’ugusenga.” Biboneka ko muri ico gihe ukwitegura kwari gukenewe kugira birukane iyo dayimoni yari ifise ububasha budasanzwe. Hari hakenewe ukwizera gukomeye hamwe n’isengesho ryo gusaba imfashanyo ntangabubasha iva ku Mana.

Hanyuma maze Yezu yongerako ati: “Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera.” Ese ukuntu ukwizera gushobora kugira ububasha!

Intambamyi n’ingorane bitangira iterambere ry’umuntu mu murimo wa Yehova vyoshobora gusa n’ibitorengerwa, eka bigasa n’ibitokurwaho, bikamera nk’igisozi kinini. Yamara Yezu ariko yerekana yuko mu gihe dutsimbataje ukwizera mu mitima yacu, tukakuvomera kandi tukakuremesha kugira ngo gukure, kuzosasagara gukomere kandi gutume dushobora gusimba intambamyi n’ingorane mwene ivyo bimeze nk’imisozi. Mariko 9:14-29; Matayo 17:19, 20; Luka 9:37-43.

▪ Yezu asanga ibintu vyifashe gute avuye ku Musozi Herumoni?

▪ Ni indemesho iyihe Yezu yahaye se w’umuhungu yiziziwe n’idayimoni?

▪ Ni kuki abigishwa bananiwe kwirukana iyo dayimoni?

▪ Yezu yerekanye ko ukwizera gushobora kugira ububasha ku rugero rungana iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika