Ikigabane ca 62
Icigwa mu vy’Ukwicisha Bugufi
YEZU amaze gukiza umuhungu yinjiwemwo n’idayimoni mu ntara yo mu micungararo y’i Kayisariya ya Filipo, yipfuza gusubira i wabo, i Kaperinawumu. Ariko rero ashaka kuba ari kumwe n’abigishwa biwe gusa ku rugendo, kugira ngo ashobore kwongera kubategura ku bw’urupfu rwiwe hamwe n’amabanga boshingwa mu nyuma. Abasigurira ati: “Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, kandi bazomwica, [“ariko, naho azoba yishwe,” NW] ku musi ugira gatatu azozurwa.”
Naho nyene Yezu yari yaramaze kuvuga ivyerekeye ivyo, intumwa ziwe zitatu na zo zikaba zari zarabonye vy’ukuri kwa guhinduka ukundi kwiwe kandi mu gihe cakwo hakavugwa ivy’ ‘ukugenda’ kwiwe, abayoboke biwe n’ubu ntibararuha batahura ico kintu. Naho ata n’umwe muri bo agerageza guhakana yuko Yezu azokwicwa nka kumwe Petero yanka kuvyemera imbere yaho, baratinya kwongera kumubaza ivy’ico kintu.
Amaherezo bashika i Kaperinawumu, ahari nka co cicaro c’imirimo ya Yezu mu gihe c’igikorwa ciwe. Vyongeye ni ho mavukiro ya Petero n’abatari bake bo mu zindi ntumwa. Ngaho, abantu batoza ikori ry’urusengero begera Petero. Kumbure mu kugerageza kwagiriza Yezu ko yoba arenga ku mugenzo wemewe, babaza bati: “Harya Umwigisha wanyu ntatanga ikigabane ca shekeli [c’ikori ry’urusengero]?”
Petero arishura ati: “Ego me, aragitanga.”
Yezu, uwushobora kuba yashitse kuri iyo nzu hanyuma yaho gatoyi, arazi ivyashitse. Nuko n’imbere y’uko Petero amwiganira ico kibazo, Yezu amubaza ati: “[Uvyibazako] iki ga Simoni? Abami bo mw isi babugurisha canke batoza abahe? N’ababo canke n’abandi?”
Petero arishura ati: “N’abandi.”
Yezu avuga ati: “Noneh’ababo baracuna.” Kubera ko Se wa Yezu ari we Mwami w’ijuru n’isi, we asengwa kuri urwo rusengero, ntibisabwa n’amategeko koko yuko Umwana w’Imana ariha ikori ry’urusengero. Yezu aravuga ati: “Ariko twoye kubatsitaza, genda ku kiyaga, uteremw’igera, wābīre ifi iribubanze gufatwa, uyasamike, urasangamwo [“igiceri c’isitateri,” NW] [kikaba kingana na shekeli zine]; abe ari [co] ujana, uyitange kubganje nawe.”
Abigishwa biwe batororokaniye hamwe inyuma y’aho bagarukiye i Kaperinawumu, kumbure bakoraniye mu nzu kwa Petero, babaza bati: “Umukuru mu bgami bgo mw ijuru ni nde [“vy’ukuri,” NW]?” Yezu arazi ikivyuye ico kibazo babajije, akaba azi neza ivyariko biba hagati yabo igihe bikwegakwega inyuma yiwe bamukurikira bavuye i Kayisariya ya Filipo. Nuko abaza ati: “Mwāhārīra ibiki mu nzira?” Kubera isoni, nya bigishwa baguma banumye, kubera ko bari bamye baharira ku vyerekeye uwobaye mukuru.
Inyuma y’imyaka nk’itatu Yezu yamaze yigisha, vyoba bisa n’ibitokwemereka kubona abo bigishwa biwe bahazuka gutyo? Emwe, birahishura ukuntu agasembwa k’umuntu be n’idini yakuriyemwo bimugirako akosho gakomeye. Idini y’Abayuda, iyo abo bigishwa barerewemwo, yarashimika ku vy’ibibanza vy’icubahiro mu vyagirwa vyose. Vyongeye, Petero kumbure kubera isezerano Yezu yamuhaye ry’uko yoronse “impfunguzo” kanaka z’Ubwami, yumva ko aruta abandi. Yakobo na Yohani bashobora kuba baragize ivyiyumviro nk’ivyo kubera bari batewe iteka ryo kwibonera kwa guhinduka ukundi kwa Yezu.
Ivyo ari vyo vyose, Yezu aragira ikintu gishika ku nyota mu kigoro ko kugira ngo akosore udutima bafise. Ahamagara umwana, amuhagarika hagati yabo, amukikiza amaboko, hanyuma avuga ati: “Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru. Nuk’ūzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bgami bgo mw ijuru. Kand’ūzokwākīra akana kamwe nk’aka mw izina ryanje azoba anyakiriye.”
Umve ntuze ubwo buryo bw’igitangaza bw’ugukosora abigishwa biwe! Yezu ntabashavurira ngo ace abita abanyabwibone, abanyamunoho canke abahahamira ubukuru. Oyaye, ahubwo inyigisho yiwe yo kubakosora arayitangira ikigereranirizo akoresheje akarorero k’abana batoyi, abafise kamere y’ukwifata ruto, bakaba badahahamira ubukuru, vyongeye bakaba mu bisanzwe badafise ivyiyumviro vyo kugira ikibanza c’ubukuru muri bo. Ni co gituma Yezu yerekana yuko abigishwa biwe bakeneye gutsimbataza izo kamere ziranga abana bicisha bugufi. Yezu asozera avuga ati: “Umuto muri mwebge hanyuma ya mwese [ni] we mukuru.” Matayo 17:22-27; 18:1-5; Mariko 9:30-37; Luka 9:43-48.
▪ Igihe Yezu agarutse i Kaperinawumu, ni inyigisho iyihe asubiramwo, kandi iyo nyigisho yakiriwe gute?
▪ Ni kuki Yezu atategerezwa kuriha ikori ry’urusengero, ariko ni kuki yaririshe?
▪ Ni igiki kumbure coba caratumye abo bigishwa bahazuka, kandi Yezu yabakosoye gute?