Ikigabane ca 63
Izindi Mpanuro zo Gukosora Abigishwa Biwe
IGIHE Yezu n’intumwa ziwe bakiri mu nzu i Kaperinawumu, hari ikindi kintu baganirako turetse kwa guharira kwabo ku vyerekeye uwuri mukuru. Ico ni ikintu gishobora kuba kandi caravuzwe bari mu nzira basubira i Kaperinawumu, igihe Yezu ubwiwe atari ho yari ari. Intumwa Yohani ashikiriza ibi: “Twabonye umuntu asenda abadayimoni mw izina ryawe, turamubuza, kukw atadukurikira.”
Bisa n’uko Yohani abona intumwa nka wo mugwi wonyene ufise uburenganzira bwo gukiza indwara. Ni kwo kwiyumvira rero yuko nya mugabo yariko ararangura ibikorwa vy’ububasha mu buryo butabereye kubera atari mu mugwi wabo.
Ariko rero, Yezu arabahanura ati: “Ntimumubuze, kukw ata muntu azokora igitangaza mw izina ryanje, azoshobora guca amvuga nabi. Kuk’ūtar’umwansi wacu ari mu ruhande rwacu. Umuntu wese azobaha n’urwato rw’amazi kuko muri mw izina rya Kristo, ndababgire ukuri, ntazobura impēra yiwe.”
Ntivyari bikenewe ko uwo mugabo arinda gukurikira Yezu kugira ngo abe ari ku ruhande rwiwe. Ishengero ry’Abakirisu ntiryaribwashingwe, ni co gituma ukuba atari mu mugwi wabo bitasigura yuko yari mw’ishengero rindi riri ukwaryo. Uwo mugabo yari yizeye vy’ukuri izina rya Yezu, kandi bigatuma yererwa mu kwirukana amadayimoni. Yariko agira ikintu cagereranywa neza n’ico Yezu yavuze ko cobaye gikwiriye impera. Yezu yerekana yuko umuntu agira ivyo atazobura impera yiwe.
Ariko bite none iyo uwo mugabo atsitazwa n’amajambo be n’ibikorwa vy’izo ntumwa? Ivyo vyoba bikomeye cane! Yezu avuga ati: “Ūzotsitaza n’umwe mur’abo bato banyizera, iciza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga.”
Yezu avuga yuko abayoboke biwe bakwiye gukura mu buzima bwabo ikintu cose coba kibafitiye akamaro, nk’ukuboko, ukuguru, canke ijisho, cohava gituma batsitara. Ivyiza ni uko umuntu yobura ico kintu akunda cane akabona kwinjira mu Bwami bw’Imana, hako acumirako hanyuma agatererwa muri Gehena (irundiro ry’umwavu ryarurumba umuriro iruhande ya Yeruzalemu), hakaba hagereranya uguhonywa kw’ibihe vyose.
Yezu aratanga kandi imburizi ati: “Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru.” Maze atanga ikigereranirizo cerekana agaciro k’ “ab[o] bana bato” mu kuvuga ivyerekeye umugabo atunze intama ijana ariko agatakaza imwe. Yezu asigura yuko nya mugabo azota zimwe 99 kugira arondere iyo imwe yatakaye, hanyuma ayitoye ikamutera umunezero kuruta zimwe 99. Yezu asozera avuga ati: “Ni ko bidakundwa mu nyonga za [Data] wo mw ijuru k[o] umwe mur’abo bato apfa rubi.”
Kubera ashobora kuba yazirikana kwa guhazuka kwaba hagati y’intumwa ziwe, Yezu arihanikiza ati: “Mugire umunyu mu mitima yanyu, kandi mubane amahoro.” Umunyu uratuma ibifungurwa bitagira akanovera biryoha. Gutyo, umunyu w’ikigereranyo uratuma ivyo umuntu avuga vyoroha kwemera. Ukugira umunyu mwene uwo bizodufasha kuzigama amahoro.
Ariko bitumwe n’agasembwa k’umuntu, rimwe na rimwe amahane akomeye aravyuka. Yezu arongera agatanga inyobozo z’uburyo bwo kuyatorera umuti. Avuga ati: “Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe.” Mu gihe uwo muntu atumvirije, Yezu ahanura ati: “[Jana] umwe canke babiri, kugira ngw ijambo ryose rize riringanizwe, bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu.”
Iyo gusa vyananiranye, Yezu avuga ko wotura ico kibazo “ishengero” ni ukuvuga kugitura abacungezi b’ishengero babijejwe bashoboye guca urubanza. Yezu asozera avuga yuko mu gihe uwo mucumuzi atisunze ingingo bafashe, “kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.”
Mu gufata ingingo mwene iyo, abo bacungezi bakeneye kwumira cane ku nyigisho zo mw’Ijambo rya Yehova. Gutyo mu gihe basanze umuntu yagiriwe n’ikosa akaba akwiriye igihano, urwo rubanza baciye ‘ruzoba rwamaze guhambirwa mw ijuru.’ Igihe na ho ‘bahamburuye kw isi,’ ni ukuvuga basanze umuntu ata kosa rimwagira, bizoba vyamaze ‘guhambururwa mw ijuru.’ Mu biganiro nk’ivyo bigirwa kugira ngo hatunganywe ivy’imanza, Yezu avuga ati: “Aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo.” Matayo 18:6-20; Mariko 9:38-50; Luka 9:49, 50.
▪ Ni kuki mu gihe ca Yezu bitari bikenewe ko umuntu yama ari kumwe na we?
▪ Ikibazo c’ivy’ugutsitaza umuto gikomeye ku rugero rungana iki, kandi Yezu agereranya gute ukuntu mwene abo bato bahambaye?
▪ Ni igiki coba kumbure catumye Yezu aca aremesha intumwa ziwe kugira umunyu hagati muri bo?
▪ Ivy’ ‘uguhambira’ n’ ‘uguhamburura’ bifise insobanuro iyihe?