Ikigabane ca 64
Icigwa mu vy’Uguharira Abandi
BISA n’uko Yezu akiri muri ya nzu i Kaperinawumu ari kumwe n’abigishwa biwe. Yari yamye ayaga na bo ukuntu botorera umuti ingorane hagati y’abavukanyi, ku bw’ivyo Petero abaza ati: “Mushingantahe, incuti yanje ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe?” Kubera ko abigisha b’idini y’Abayuda baharira umuntu gushika ku ncuro zitatu, Petero abaza ati: “Ngeze indwi?” Aho rero yibaza ko yoba agize ubuntu cane.
Ariko iciyumviro c’uko umuntu yoza araharura mwene gutyo ni kibi. Yezu arakosora Petero ati: “Jeho sinkubgira yuk’ugeza indwi, arik’ugeze [“ku ncuro mirongo irindwi n’indwi,” NW].” Yezu ariko yerekana yuko ata karimbi gakwiye gushirwa ku gitigiri c’incuro Petero yoharira umuvukanyi wiwe.
Yezu kugira ngo ashire muri abo bigishwa biwe iciyumviro c’uko bategerezwa guharira abandi, abacira umugani werekeye umwami ashaka gushira ibintu mu buryo n’abashumba biwe. Uwo mwami bamuzanira umushumba umwe amufitiye umwenda munini cane w’amadenariyo 60.000.000. Uwo mwenda ntashoboye kuwuriha na gato. Nk’uko Yezu abisigura, ngo nya mwami ategeka ko uwo mugabo hamwe n’umugore wiwe n’abana biwe bagurishwa hanyuma nya deni rikishurwa.
Uwo mushumba avyumvise yikubita imbere y’ibirenge vya shebuja, aratakamba ati: “Mwami, nyihanganira, nzokwishura vyose.”
Shebuja bimutera impuhwe n’ikigongwe cinshi bituma afuta wa mwenda munini cane uwo mushumba yari amufitiye. Ariko nk’uko Yezu abandanya abivuga, uwo mushumba agiheza kugirirwa gutyo, aragenda maze ahura n’umushumba mugenziwe amufitiye amadenariyo 100 gusa. Uwo muntu agwa wa mushumba mugenziwe mu kanigo, atangura kumudwegura amubwira ati: “Nyishura ivyo umperaniye.”
Mugabo uwo mushumba mugenziwe ayo mahera nta yo afise. Nuko yikubita hasi imbere y’ibirenge vya nya mushumba afitiye umwenda, aramutakambira ati: “Nyihanganira, nzokwishura vyose.” Uwo mushumba aratandukanye na shebuja kubera ko we atagira ikigongwe, hanyuma ashirisha nya mushumba mugenziwe mw’ibohero.
Nuko, Yezu abandanya kuvuga yuko, abandi bashumba babonye ibishitse baragenda babibwira shebuja. Shebuja bimutera ishavu, arengutsa wa mushumba. Aramubwira ati: “Wa muntu mubi we, naguhebeye wa mwenda wose aho wantakambira: none nawe ntiwar’ukwiye kugirira imbabazi mugenzawe, nk’uko nanje nazikugiriye?” Uwo shebuja biramushavuza, atanga uwo mushumba w’imburakigongwe ku bacunzi b’ibohero, gushika arishe umwenda afise wose.
Maze Yezu arasozera ati: “Na Data wo mw ijuru ni kw azobagirira, ni mutāharirana, umuntu wese ngw aharire mugenzi we bivuye mu mutima.”
Mbega icigwa ciza mu vy’uguharira abandi! Tugereranije n’umwenda munini w’ivyaha Imana yaduhariye, naho umuvukanyi w’Umukirisu yoducumurako gute, koba ari akantu gatoyi vy’ukuri. Vyongeye, Yehova Imana yaraduhariye incuro ibihumbi n’ibihumbi. Kenshi, n’ivyaha tumukorera ntitunabimenya. Kubera ico none, ntitwoshobora guharira umuvukanyi wacu incuro nkeyi, naho twoba dufise imvo yumvikana y’ukugira umwikomo? Gira wibuke, nk’uko Yezu yigishije muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Imana ‘izoduhebera imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abayidufitiye.’ Matayo 18:21-35; 6:12; Ab’i Kolosayi 3:13.
▪ Ni igiki catumye Petero abaza ikibazo ku vyerekeye uguharira umuvukanyi wiwe, kandi ni kuki yiyumvira ko ahariye umuntu incuro indwi yoba agize ubuntu?
▪ Ukuntu umwami yemeye ugutakamba kw’umushumba wiwe yamusaba ikigongwe, gutandukanye gute n’ukuntu uwo mushumba yemeye ugutakamba kw’umushumba mugenziwe?
▪ Ni ibiki twigira muri uwo mugani Yezu yaciye?