ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 65
  • Aja i Yeruzalemu mu Mpisho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aja i Yeruzalemu mu Mpisho
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yigisha ariko aja i Yeruzalemu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ibiringo Bikomakomeye vy’Imisi Mikuru mu Gihe c’Abisirayeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ku Misi Mikuru y’Amahema
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 65

Ikigabane ca 65

Aja i Yeruzalemu mu Mpisho

NI MU gatasi ko mu 32 G.C., Imisi Mikuru y’Amahema na yo ikaba yegereje. Yezu igikorwa ciwe yakibashije canecane i Galilaya kuva kuri Pasika yo mu 31 G.C., igihe Abayuda bagerageza kumwica. Bisa n’uko guhera ico gihe Yezu amaze kugendera gusa Yeruzalemu agiye kwitaba imisi mikuru y’Abayuda yagirwa incuro zitatu ku mwaka.

Barumuna ba Yezu baramuhimiriza rero bati: “N’uve ino, uje i Yudaya.” Yeruzalemu ni co gisagara c’i Yudaya gihambaye kuruta, ari na ho habarizwa ivy’idini vyose vyo muri ico gihugu uko kingana. Abavukanyi biwe baserura iki ciyumviro bati: “[N]ta wogira ico akora mu mpisho, na we ngw arondere kumenyekana.”

Naho Yakobo, Simoni, Yozefu na Yuda batemera yuko mukurwabo Yezu ari we Mesiya vy’ukuri, barashaka ko yereka abatororokaniye bose ku misi mikuru ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro. Ariko rero Yezu arazi neza ingeramizi ihari. Avuga ati: “Ab’isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.” Nuko Yezu abwira benewabo ati: “Mwebge ni mudūge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako.”

Iyo Misi Mikuru y’Amahema ni ihimbaza rimara imisi indwi. Umusi ugira umunani urangizwa n’ibirori. Iyo misi mikuru iranga iherezo ry’umwaka w’uburimyi, kikaba kandi ari igihe c’ukunezerwa hamwe n’ugukura ubwatsi bimwe bihambaye. Imisi nk’ingahe inyuma y’aho abavukanyi ba Yezu baviriyeho ngo bajane n’abandi bantu isinzi kwitaba iyo misi mikuru, we hamwe n’abigishwa biwe bagenda bihishije, ata bantu bababona. Bafata inzira baca i Samariya aho guca mu nzira abantu benshi cane bafata ica hafi y’Uruzi Yorodani.

Kubera ko Yezu n’abari kumwe na we bohava bakenera uburaro mu mihana y’i Samariya, arungika integuza zimwitangira imbere kugira ngo zije kugira ivyo ziteguye. Ariko rero nya bantu baranka kugirira Yezu ikintu na kimwe inyuma y’aho bumviye yuko ariko aja i Yeruzalemu. Yakobo na Yohani bagira ishavu, bamubaza bati: “Mugenzi, u[ra]gomba ko tubarira umuriro ng’utibuke uve mw ijuru, ubayigize?” Yezu arabakarira kubera batanze iciyumviro nk’ico, hanyuma baja mu yindi mihana.

Igihe bari mu nzira bagenda, sinzi umunyabwenge w’ivyanditswe abwiye Yezu ati: “[Mwigisha,] ndagukurikira ah’uja hose.”

Yezu arishura ati: “Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyāri; arik’Umwana w’umuntu we ntagira ah’arambika umusaya.” Yezu ariko asigura yuko uwo munyabwenge w’ivyanditswe azoshikirwa n’amagume niyaramuka acitse umuyoboke wiwe. Kandi vyumvikana yuko uwo munyabwenge w’ivyanditswe ari umunyabwishime rwose ku buryo vyomugora kwemera ubwo buzima.

Yezu abwira uwundi mugabo ati: “Nkurikira.”

Nya muntu ati: “Banza undekure ngende mpambe data.”

Yezu na we ati: “Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ubgami bg’Imana.” Bisa n’uko se w’uwo mugabo ataribwapfe, kuko iyaba yapfuye, bisa n’ibitoshobotse ko uwo muhungu wiwe aba ari ngaho ariko yumviriza Yezu. Uwo muhungu biboneka ko ariko asaba umwanya w’ukurindira urupfu rwa se wiwe. Ntiyari yiteguriye gushira Ubwami bw’Imana imbere y’ibindi mu buzima bwiwe.

Uko bashishikara baja i Yeruzalemu, uwundi mugabo abwira Yezu ati: “Mugenzi, ndagukurikira, ariko banza undekure, nje gusezera abo mu rugo i wanje.”

Mu kumwishura, Yezu avuga ati: “Nta muntu afashe isuka, irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubgami bg’Imana.” Abazoba abigishwa ba Yezu amaso yabo ategerezwa kuba ari ku murimo w’Ubwami. Nk’uko nyene umurongo ushobora guhakwa kugorama mu gihe umurimyi atagumye araba imbere neza, niko uwo wese araba inyuma kuri uru runkwekwe rw’ibintu rushaje yoshobora neza gutsitara agata inzira ijana mu buzima bwamaho. Yohana 7:2-10; Luka 9:51-62; Matayo 8:19-22.

▪ Barumuna ba Yezu ni bande, kandi bamwiyumvirako iki?

▪ Ni kubera iki Abasamariya batakira abashitsi cane, hanyuma Yakobo na Yohani bashaka kugira iki?

▪ Ni ibiyago bitatu ibihe Yezu agira ku nzira, kandi ashimika gute ku vy’uko hakenewe umurimo umuntu akorana umutima wo kwitanga?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika