ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 68
  • Iyindi Nyigisho ku Musi Ugira Indwi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyindi Nyigisho ku Musi Ugira Indwi
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umwana w’Imana ni “umuco w’isi”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Bongera Kugerageza Kwica Yezu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ategura Intumwa ku bw’Ukugenda Kwiwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • “Ukuri Kuzobaha Kwidegemvya”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 68

Ikigabane ca 68

Iyindi Nyigisho ku Musi Ugira Indwi

UWA nyuma muri ya Misi Mikuru y’Amahema, ukaba ari umusi ugira indwi, uracabandanya. Yezu ariko yigisha mu gihande c’urusengero citwa “iyakīriro ry’amashikanwa.” Aho bisa n’uko ari ahantu hitwa Ikigo c’Abagore, ahari amasandugu abantu bakororeramwo intererano zabo.

Ijoro ryose kuri iyo misi mikuru hama hariho urumuri rudasanzwe muri ico gihande c’urusengero. Aho hantu hashizwe ibiteretseko amatara bininibinini bine, kimwe cose kikagira ibibesani bine bininibinini vyuzuye amavuta. Umuco utangwa na nya matara, uwuturira amavuta ava muri vya bibesani 16, urakaze cane ku buryo ubonesha irya n’ino kure, mw’ijoro. Ivyo Yezu avuga ubu, abamwumviriza birashobora kubibutsa uwo muco. Yezu amenyesha ati: “Jewe nd’umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubu[zima].”

Nya Bafarizayo baravyanka bati: “Ereg’urishingira intahe, intahe yawe s’iy’ukuri.”

Mu kwishura, Yezu asubizayo ati: “Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje n’iy’ukuri, kuko nzi iyo navuye, n’iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye cank’iyo nja.” Yongerako ati: “Jewe nd’uwishingira intahe, kandi na Data yantumye aranshingira intahe na we.”

Ba Bafarizayo bamubaza bati: “So ari hehe?”

Yezu abishura ati: “Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi.” Naho nyene Abafarizayo bagishaka gufata Yezu, nta n’umwe amukorako.

Yezu yongera kuvuga ati: “Jewe ndi mu kuhava, . . . iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo.”

Avuze ivyo ba Bayuda batangura kwibaza bati: “Mbeg’azokwiyahura, kw agize ngw iy’aja ntituzoshobora gushikayo?”

Yezu asigura ati: “Mwebge mwamutse hasi, jeho namutse iyo hejuru; mwebge mur’ab’iyi si, jeho sind’uw’iyi si.” Maze yongerako ati: “Ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.”

Birumvikana ko Yezu ariko avuga ivya kwa kubaho kwiwe kw’imbere y’uko aba umuntu nkatwe hamwe n’ivy’uko ari we Mesiya yasezeranywe, ari we Kirisitu. Yamara barabaza, eka bafise akagaye kenshi, bati: “Uri nde, wewe?”

Naho bariko baramwiyamiriza, Yezu yishura ati: “Mbega n’ukubavugisha mbavugishiriza iki?” (NW) Yamara arabandanya avuga ati: “Uwantumye n’uw’ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.” Yezu arabandanya ati: “Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga. Kand’uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.”

Igihe Yezu avuze ivyo, abenshi baramwizera. Abo ababwira ati: “Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.”

Abamurwanya baramuciramwo bati: “Tur’uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n’umwe: non’uvuga ute ngo tuzohabga kwidegemvya?”

Naho abo Bayuda kenshi baganjijwe n’abanyamahanga, ntibemera ko umunyagahotoro n’umwe ababera shebuja. Baranka kwitwa abaja vy’ukuri. Yamara Yezu arabatomorera neza ko ari abaja vy’ukuri. Mu buryo nyabaki? Yezu avuga ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.”

Kwanka kwiyemerera ko ari abaja b’icaha, abo Bayuda bibashira ahatemba. Yezu abasigurira ati: “Vyongeye umuja ntahora mu nzu, umwana we arahaguma.” (UB) Kubera ko umuja ata burenganzira agira bwo gutorana, igihe cose arashobora kwama ageramiwe n’ukwirukanwa. Umuhungu yavukiye mu nzu vy’ukuri canke yazanywe akarererwa mu bo mu nzu, ni we ahaguma ‘ibihe bidahera,’ ni ukuvuga igihe cose akiri muzima.

Yezu arabandanya ati: “Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya.” Gutyo rero, ukuri gutuma abantu bidegemvya ni ukuri kwerekeye nya Mwana, Yezu Kirisitu. Biciye ku nkuka y’ubuzima bwiwe bw’umuntu butagira agasembwa, ni ho honyene uwo ari we wese ashobora kuba uwidegemvya akava mu caha kizana urupfu. Yohana 8:12-36.

▪ Yezu yigishirije hehe ku musi ugira indwi? Ni ibiki bishika mw’ijoro aho hantu, kandi ivyo bijanye gute n’inyigisho Yezu yigishije?

▪ Yezu yavuze iki ku vyerekeye aho yamuka, kandi ivyo bikwiye guhishura iki ku vyerekeye akaranga kiwe?

▪ Ni mu buryo ubuhe Abayuda bari abaja, ariko ni ukuri nyabaki kwobagize abidegemvya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika