Ikigabane ca 83
Yezu Yakirwa n’Umufarizayo
YEZU aracari mu nzu y’Umufarizayo ahambaye, akaba ahejeje gukiza umuntu arwaye urusina. Abonye abatumire bagenziwe baza baritoraniriza ibibanza vy’imbere kuri ayo mazimano batumiriwe, atanga icigwa c’ivy’ukwicisha bugufi.
Maze Yezu asigura ati: “Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuze wicare mu cicaro c’abakuru: ngo kumbure ntihabeh’umuntu akurusha igitinyiro yatowe, kand’uwabatoye mwempi akaza akakubgira, ati Habise uyu: ni ho uzomāramāra, ukagenda, ukicara inyuma y’abandi bose.”
Nuko rero, Yezu atanga impanuro ati: “Ni watorwa, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ng’uwagutoye aje, akubgire, at’ Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose.” Mu gusozera, Yezu avuga ati: “Kuk’umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”—Ni twe tubihiritse.
Ubukurikira, Yezu yerekeza kuri nya Mufarizayo yamutumiye hanyuma adondora ukuntu umuntu yotanga amazimano ari n’agaciro nyakuri ku Mana. “Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’utumire abagenzi bawe cank’abo muvukana cank’incuti zawe cank’ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura. Ariko ni wagira amazimano, upfume utumira aboro n’ibirema n’abacumbagira n’impumyi: ni ho uzoba uhiriwe; kuko badafise ivyo kukwishura.”
Uguha amazimano mwene ayo ba ntahonikora bizozanira ubuhirwe nyene kuyatanga, kubera ko, nk’uko Yezu abisigurira uwabatumiye, “[a]zokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.” Ukuntu Yezu adondora ayo mazimano y’agaciro, biributsa uwundi mutumire ubundi bwoko bw’amazimano. Nya mutumire wundi avuga ati: “Hahirwa ūzorīra mu bgami bg’Imana.” Yamara si bose babona mu buryo bubereye ko ico cizigiro c’ubuhirwe kiri n’agaciro, nk’uko Yezu abandanya kuvyerekana akoresheje ikigereranirizo.
Agira ati: “Hābaye umuntu yarondeje amazimano menshi, atora benshi: . . . , atuma umushumba wiwe kubarira abātowe, ngo Ni muze, kuko bihejeje gutegurwa. Bose batangura kuzangazanga n’umutima uhūye. Uwa mbere, ati Naguze itongo, nkwiye kuja kurirāba; ndakwinginze, uramvugira antunge. Uwundi, ati Naguze inka cumi, ngiye kuzirimisha ngo ndābe; ndakwinginze, uramvugira antunge. Uwundi, ati Nārongoye, ni co kimbujije kuza.”
Ewe vyitwazo biri aho bidashemeye! Itongo canke ubusho bw’ibitungwa mu bisanzwe bisuzumwa imbere y’uko bigurwa, urumva rero ko kuja kubiraba atari ikintu cihutirwa vy’ukuri. Umuntu yarongoye na we nyene ntakwiye guca yanka kwemera ubwo butumire buhambaye gutyo. Shebuja ngo yumve ivyo vyitwazo, arashavura hanyuma ategeka umushumba wiwe ati:
“Genda n’ingoga, uje mu nzira z’ibihamo no mu nzira nto-nto zo mu gisagara, uzane hano aboro n’ibirema n’impumyi n’abacumbagira. Umushumba wiwe, ati Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, arikw imyanya iracasigaye. Shebuja abarira uno mushumba wiwe, ati Genda uje mu nzira z’iroro no mu mihōra, ubagōbēre baze, kugira ngw inzu yanje yuzure. . . . [N]ta muntu n’umwe wo mur’abo natumiye aza kugira ico atamira mu vyo nabateguriye.”
Ico kigereranirizo kidondora ibintu vyifashe gute? Uwo “shebuja” atanga amazimano agereranya Yehova Imana; “umushumba” ajana ubutumire akagereranya Yezu Kirisitu, nya “mazimano menshi” yo ku mugoroba na yo akagereranya uturyo two kuba mu bashobora kuronka Ubwami bw’ijuru.
Aba mbere mu gutumirwa ngo babe mu bazoshobora kuronka Ubwami, imbere y’abandi bose, babaye indongozi z’idini y’Abayuda bo mu misi ya Yezu. Ariko rero, baranse ubwo butumire. Ni co gituma canecane mu ntango ya Pentekote yo mu 33 G.C., ubutumire bugira kabiri bwahawe abantu b’inkengerwa kandi banyarucari bo mw’ihanga ry’Abayuda. Ariko ababwitavye ntibari bahagije kugira ngo buzuze vya bibanza 144.000 vyo mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Nuko rero mu 36 G.C., ni ukuvuga imyaka itatu n’igice inyuma yaho, ubutumire bwa gatatu ari bwo bwa nyuma bwarahawe abatari Abayuda, batakebwe, kandi itororokanywa rya mwene abo ryarabandanije gushika muri iki gihe turimwo. Luka 14:1-24.
▪ Ni icigwa nyabaki c’ivy’ukwicisha bugufi Yezu yigisha?
▪ Uwatumiye abantu ashobora gute gutanga amazimano afise agaciro ku Mana, kandi ni kuki bizomuzanira ubuhirwe?
▪ Ni kuki ivyitwazo vy’abatumire bidashemeye?
▪ Ikigereranirizo Yezu atanga c’ “amazimano menshi” cerekana iki?