ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 84
  • Ibanga ry’Ukuba Umwigishwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibanga ry’Ukuba Umwigishwa
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Kuba umwigishwa ni ibanga rikomeye
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ababaye abigishwa ba Yezu
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Insiguro Yabaye Rurangiranwa Kuruta Zose
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Insiguro yabaye rurangiranwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 84

Ikigabane ca 84

Ibanga ry’Ukuba Umwigishwa

AHO Yezu aviriye kuri ya nzu y’Umufarizayo ahambaye, uwo bisa n’uko yoba ari mu bagize Ikombe, abandaniriza i Yeruzalemu. Amasinzi menshi aramugendanira. Ariko amugendanira abitumwe n’iki? Mbega kuba umwigishwa wiwe bisaba iki?

Bariko baragenda, Yezu ahindukirira ya masinzi kandi kumbure birababaza igihe ababwira ati: “Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.”

Yezu ashaka kuvuga iki? Yezu ntashaka kuvuga yuko abayoboke biwe bakwiye kwanka bwanke incuti zabo. Ahubwo bategerezwa kubanka mu buryo bw’ukubakunda buhoro ugereranije uko bamukunda. Sekuruza wa Yezu, Yakobo, avugwa ko ‘yanka’ Leya agakunda Rakeli, bikaba vyasigura yuko Leya yakundwa buhoro ugereranije uko yakunda mwenewabo Rakeli.

Rimbura kandi ivy’uko Yezu yavuze yuko umwigishwa akwiye kwanka “amagara yiwe,” ari bwo buzima bwiwe. N’aha nyene ico Yezu ashaka kuvuga ni uko umwigishwa nyakuri ategerezwa kumukunda kuruta mbere uko akunda ubuzima bwiwe. Ni co gituma Yezu ariko ashimika ku vy’uko ukuba umwigishwa wiwe ari ibanga rikomeye. Si ikintu yojako atabanje kubirimbura yitonze.

Kuba umwigishwa wa Yezu birimwo n’ugushikirwa n’amagume be n’uruhamo, nk’uko abandanya avyerekana ati: “Ūtikorera [“igiti co kubabarizwako ciwe,” NW] ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.” Umwigishwa w’ukuri rero ategerezwa kwemera agasuzuguro n’umutima ukunze nk’uko Yezu yakihanganiye, harimwo mbere n’ugupfira mu minwe y’abansi b’Imana nimba ari ngombwa, ari na vyo Yezu yimirije kugira.

Kuba umwigishwa wa Kirisitu rero, ni ikintu amasinzi y’abantu amugendanira akwiye kwihweza avyitondeye. Yezu ico kintu aragishimikako akoresheje ikigereranirizo. Avuga ati: ‘Nk’akarorero, ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, atobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngo amenye yuko afise ayowunonosora? Ahandiho yokwubaka amatafari y’itanguriro, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga, bat’Uyu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza.’

Aho rero Yezu ariko agereraniriza ayo masinzi amugendanira yuko imbere yo kuba abigishwa biwe, bakwiye kuba biyemeje bashikamye yuko bashobora gushitsa ico basabwa, nk’uko n’umuntu ashaka kwubaka umutara araba neza imbere yo gutangura yuko afise ivyo kuwuzuza. Yezu abandanya gutanga ikindi kigereranirizo ati:

“Canke har’umwami yoba agiye guhūra n’uwundi ngo barwane, [at]obanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi cumi guhwana n’ūmuteye ari n’ingabo ibihumbi mirongwibiri? Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumakw intumwa, akamubaza ico yomuhongera ngo babane amahoro.”

Maze Yezu arashimika ku co ibigereranirizo vyiwe bishaka kuvuga, akagira ati: “Umuntu wese muri mwebge adaheba ivy’afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.” Ivyo ni vyo amasinzi y’abantu amugendanira, eka uwo ari we wese yiga ivya Kirisitu, bategerezwa gukora n’umutima ukunze. Bategerezwa kuba biteguye guheba ibintu vyose bafise—ivyo batunze vyose, dushizemwo n’ubuzima nyene—nimba bashaka kuba abigishwa biwe. Ivyo wewe none woshima kubikora n’umutima ukunze?

Yezu abandanya avuga ati: “Umunyu ni mwiza.” Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, yavuze yuko abigishwa biwe ari “umunyu w’isi,” bikaba vyashaka kuvuga yuko bashobora gutuma umuntu azigamwa, nk’uko nyene mu vy’ukuri umunyu uzigama ibintu. Yezu asozera avuga ati: “Arik’umunyu wo, woshira uburyohe, woba ukiryoshwa n’iki? Nta co umaze mu ndimiro canke mw icukiro: bapfa kuwuta. Ūri n’amatwi yumva ni yumve.”

Aho rero Yezu yerekana yuko n’abamaze igihe ari abigishwa biwe bategerezwa kutagoyagoya mu kubandanya ico biyemeje. Bagoyagoye, bazocika abatagira ikimazi, ak’amenyo kuri iyi si; bazoba abatabereye imbere y’Imana, nkako babe nk’iceyi ku Mana. Kubera ico, nka kurya bata umunyu udafata canke wanduye, bazotabwa hanze, emwe, bahonywe. Luka 14:25-35; Itanguriro 29:30-33; Matayo 5:13.

▪ ‘Kwanka’ incuti be no kwiyanka, bishaka kuvuga iki?

▪ Ni ibigereranirizo bibiri ibihe Yezu atanga, kandi bisobanura iki?

▪ Yezu ashaka kwigisha iki igihe asozera avuga ivy’umunyu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika