ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 90
  • Icizigiro c’Izuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icizigiro c’Izuka
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • “Izuka n’ubuzima”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Ndemera”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Ndemera”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Impanuro Yahawe Marita, n’Inyigisho Yerekeye Isengesho
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 90

Ikigabane ca 90

Icizigiro c’Izuka

YEZU amaherezo arashika ku mubari wa Betaniya, kikaba ari ikigwati kiri nko ku birometero bitatu uvuye i Yeruzalemu. Haciye imisi mikeyi gusa Lazaro apfuye agahambwa. Bashikiwe Mariya na Marita baracagandaye, kandi abantu benshi baje ku nzu iwabo kubahoza.

Bugingo bagandaye, sinzi umuntu amenyesheje Marita yuko Yezu ari mu nzira. Nuko ava ngaho aranyaragasa kumusanganira, kumbure atanabwiye mwenewabo. Marita aza kuri Yezu, asubiriramwo Yezu ivyo we na mwenewabo bategerezwa kuba baravuze kenshi mu misi ine iheze, ati: “Iy’uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.”

Ariko rero Marita araserura ukwizigira, arondera ko Yezu yogirira ikindi kintu musazawe. Aravuga ati: “Ndazi kw ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.”

Yezu amuraganira ibi: “Musazawe azozuka.”

Marita atahura ko Yezu ariko avuga izuka rizoba kw’isi muri kazoza, iryo Aburahamu n’abandi basavyi b’Imana na bone bari bararindiriye. Nuko Marita yishura ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.”

Ariko rero, Yezu aratanga icizigiro kugira amuremurure buno nyene, mu gusubizayo ati: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima].” Aributsa Marita ko Imana yamuhaye ububasha ku rupfu, mu kuvuga ati: ‘Ūnyizera n’iyo yopfa, azobaho; kandi uwuriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira.’

Yezu ngaho ntariko abwira Marita yuko abantu b’abizigirwa bariho batazokwigera bapfa. Oyaye, ahubwo ico ariko aravuga ni uko ukumwizera gushobora kujana umuntu mu buzima budashira. Abantu benshi bazoronka ubuzima mwene ubwo biciye ku kuzurwa ku musi wa nyuma. Ariko abandi bantu b’abizigirwa bazorokoka umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu kw’isi, kandi kuri abo amajambo Yezu yavuze azoranguka urudome ku rundi. Ntibazokwigera bapfa namba! Yezu ahejeje kuvuga ayo majambo atangaje, abaza Marita ati: “Urizeye ivyo?”

Na we ati: “Ego me Mugenzi, nizeye k’uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe wo kuza mw isi.”

Marita rero aranyaragasa asubira inyuma guhamagara mwenewabo, amubwira bihereranye ati: “Umwigisha ari hano, araguhamagaje.” Buno nyene Mariya ava i muhira. Aho abandi bamuboneye agenda, barakurikira, bibwira ko agiye ku mva y’icibutso.

Mariya aza kuri Yezu, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe arira. Avuga ati: “Mugenzi, iy’uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.” Yezu araterwa ikigumbagumba abonye Mariya hamwe n’amasinzi y’abantu bamukurikira bariko bararira. Arabaza ati: “Mwamutaye hehe?”

Barishura bati: “Mugenzi, ngwino urābe.”

Yezu na we nyene arakorora amosozi, bituma Abayuda bavuga bati: “Eh’ingene yamukunda.”

Bamwe baribuka yuko haciye amezi makeyi Yezu akijije umusore yavutse ari impumyi, akaba yamukijije ca gihe c’Imisi Mikuru y’Amahema, hanyuma babaza bati: “Mbeg’uyo yahumūye amaso y’impumyi, ntiyoshoboye kubuza uyo ngo ntapfe?” Yohana 5:21; 6:40; 9:1-7; 11:17-37.

▪ Yezu arahava agashika hafi y’i Betaniya ryari, kandi ngaho ibintu vyifashe gute?

▪ Ni ishimikiro nyabaki Marita afise ry’ukwemera izuka?

▪ Yezu yababajwe n’urupfu rwa Lazaro ku rugero rungana iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika