Ikigabane ca 91
Lazaro Azurwa
YEZU hamwe n’abamuherekeje ubu bashitse ku mva y’icibutso ya Lazaro. Mu vy’ukuri, ni ikinogo gipfundikijwe ibuye. Yezu avuga ati: “Ni mukūreh’iryo buye.”
Marita asa n’uwanka abitumwe n’uko ataratahura ico Yezu agomba kugira. Avuga ati: “Mugenzi, ereg’ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine.”
Ariko Yezu arabaza ati: “Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?”
Nuko iryo buye rirakurwaho. Maze Yezu ararangamiza arasenga ati: “Data, ndagushima ko wanyumvirije. Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasība, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye.” Yezu asengeye imbere y’abantu kugira ngo bamenye ko ivyo agomba kugira biza kuranguka biciye ku bubasha ahawe n’Imana. Maze avugira hejuru n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka.”
Avuze iryo, Lazaro arasohoka. Amaboko n’amaguru biracazingiriyeko impunzu yahambwemwo, mu maso hiwe hatwikiriwe n’igitambara. Yezu avuga ati: “Ni mumuhamburure, mumureke, agende.”
Benshi mu Bayuda bari baje guhumuriza Mariya na Marita, aho baboneye ico gitangaro, bizera Yezu. Yamara rero abandi baca barahafata kubwira Abafarizayo ivyabaye. Bano hamwe n’abaherezi bakuru buno nyene bakoranya sentare nkuru y’Abayuda, ari ryo Kombe.
Mw’Ikombe harimwo uwari umuherezi mukuru ico gihe, ari we Kayafa, hamwe n’Abafarizayo n’Abasadukayo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abahoze ari abaherezi bakuru. Bano baritonganya bati: “Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi. Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.”
Naho indongozi z’idini zemera yuko Yezu “akora ibimenyetso vyinshi,” ikintu gusa kibaraje ishinga ni ibibanza barimwo hamwe n’ubukuru bafise. Ukuzura Lazaro ni umusonga ukaze cane ucumise Abasadukayo, kubera ko batemera izuka.
Kayafa uwushobora kumbure kuba ari Umusadukayo, buno arafata ijambo, avuga ati: “Mwebge nta co muzi na mba, kandi nta co mwiyumvira yukw ar’ibibereye kubganyu k’umuntu umwe apfira abantu, hak’ubgoko bgose buhona.”
Imana yaroheje Kayafa kuvuga ivyo, kuko intumwa Yohani mu nyuma yanditse ati: “Ivyo [Kayafa] ntiyabivuze avyigeneye.” Mu vy’ukuri ico Kayafa yashaka kuvuga kwari uko Yezu akwiye gupfa kugira bamubuze kwongera gusenyura ibibanza barimwo vy’ubukuru be n’ububasha bifitiye. Yamara, dukurikije ivyo Yohani yavuze, ‘Kayafa yavuze ubuhanuzi bw’uko Yezu atopfiriye ihanga rimwe ryonyene, ariko ko yopfuye kugira ngo abana b’Imana bashobore gutororokanywa.’ Kandi koko, umugambi w’Imana ni uw’uko Umwana wayo apfa bwa ncungu ya bose.
Kayafa ubu rero biramushobokera kwosha Ikombe ngo rifate imigambi yo kwica Yezu. Ariko Yezu, aho kumbure yumviye iyo migambi kuri Nikodemo wo mu bagize Ikombe akaba n’umugwaneza kuri we, aca avayo. Yohana 11:38-54.
▪ Ni kuki Yezu yasengeye imbere y’abantu muko azura Lazaro?
▪ Ababonye iryo zuka bavyakiriye gute?
▪ Ni igiki gihishura ububi bw’abagize Ikombe?
▪ Kayafa yagomba iki, ariko Imana yamukoresheje mu kuvuga ubuhanuzi bwerekeye iki?