Ikigabane ca 95
Ivyigwa ku Vyerekeye Ukwahukana n’Ugukunda Abana
YEZU n’abigishwa biwe bari mu nzira baja i Yeruzalemu kwitaba Pasika yo mu 33 G.C. Bajabuka Uruzi Yorodani hanyuma bafata inzira ica mu ntara y’i Pereya. Haraheze amayinga makeyi Yezu avuye i Pereya, ariko yaciye atumwako kuja i Yudaya kubera yuko umukunzi wiwe Lazaro yari arwaye. Igihe rero Yezu yari i Pereya, yarabwiye Abafarizayo ivyerekeye ukwahukana, none ubu bongeye kuvyura ico kibazo.
Mu Bafarizayo hari ivyiyumviro bitandukanye ku vyerekeye ukwahukana. Musa yavuze yuko umugore ashobora kwirukanwa iyo “har’igiteye isoni [b]amubonyeko.” Bamwe biyumvira ko ivyo vyerekeye ubushurashuzi gusa. Ariko abandi biyumvira ko mu ‘bintu biteye isoni’ harimwo n’udukosa dutoduto cane. Kugira ngo rero Abafarizayo bageze Yezu, bamubaza bati: “Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore kubg’inyanduruko y’ikintu cose?” Barizigiye yuko ico Yezu avuga cose kija kumushira mu ngorane n’Abafarizayo, kuko bo bavyiyumvira ukundi.
Yezu yishurana ubuhanga ico kibazo adakoresheje iciyumviro na kimwe c’umuntu, mugabo afatira ku ntumbero umubano w’ababiranye wari ufise mu ntango. Ababaza ati: “Nta ho murasoma yuk’uhereye mbere na mbere Rurema yabaremye bar’uburyo bubiri, ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe? Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature.”
Yezu yerekana yuko umugambi Imana yari ifise mu ntango wari uw’uko ababiranye bagumana akaramata, ntibahukane. Ba Bafarizayo bishura ngo nimba ari ukwo biri, “none se, n’iki catumye Mose agera ko bamuha icete co kuvāvānura, akamwirukana?”
Yezu arishura ati: “Mose yabarekuye kwirukana abagore banyu kukw imitima yanyu ikomantaye. Arik’uhereye ubga mbere hose ntivyari bimeze birtyo.” Egome, igihe Imana yashinga ingingo nyakuri y’ivy’ukwabirana mw’itongo ry’i Edeni, nta vy’ukwahukana yategekanya.
Yezu abandanya abwira Abafarizayo ati: “Ndababgire: Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi [rivuye mu Kigiriki por·neiʹa], akābīra uwundi, aba asambanye; kand’uwābīra uwahukanye aba asambanye.” Ngaho yerekanye yuko por·neiʹa, ubwo bukaba ari ubushegabo bukomeye bw’uguhuza ibitsina, ari yo mpamvu yemewe n’Imana ituma haba ukwahukana.
Kubera ko ba bigishwa batahuye yuko ukwabirana gukwiye kubamwo ubumwe buramba, hagashobora kuba ukwahukana bivuye gusa kuri iyo mpamvu, bituma bavuga bati: “Ivy’umugabo n’umugore asangwa bimeze birtyo, noneho kurongora n’ikigoye.” Nta gukeka uwutegekanya kwubaka urwiwe akwiye kuzirikana yitonze ku vy’uko umubano w’ababiranye ukwiye kurama!
Yezu abandanya avuga ivyerekeye ubwirebange. Asigura yuko hari abahungu bavuka ari inkone, ntibashobore kurongora kubera ukudakura mu vy’igitsina. Hari abandi bagizwe inkone n’abantu, bakamugazwa bimwe bikomeye, bigatuma batabasha. Ubwa nyuma, hari abikuramwo icipfuzo c’ukurongora n’ukwumva umunezero w’ukumarana inambu y’umubiri, kugira ngo barushirize kwihebera ivyerekeye Ubwami bw’ijuru. Yezu asozera avuga ati: “Ūshobora kuvyemera [ivy’ubwirebange] n’avyemere.”
Abantu buno batangura kuzanira Yezu abana batoyi. Ariko rero abigishwa barakankamira abo bana kandi bakagerageza kubirukana, kumbure bashaka gukingira Yezu ngo boye kumugora bidakenewe. Mugabo Yezu avuga ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ubgami bg’Imana ar’ubg’abameze bartyo. Ndababgire ukuri, ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto, ntazobginjiramwo na gatoya.”
Mbega ivyigwa vyiza Yezu atanze! Kugira ngo twakire Ubwami bw’Imana dutegerezwa kwigana ukwicisha bugufi kw’abana batoya no kwemera kwigishwa nka bo. Ariko akarorero Yezu atanze karagereranya kandi ukuntu bihambaye, na canecane ku bavyeyi, kumarana umwanya n’abana babo. Yezu buno yerekana urukundo afitiye abana batoya mu kubarera no mu kubahezagira. Matayo 19:1-15; Gusubira mu Vyagezwe 24:1; Luka 16:18; Mariko 10:1-16; Luka 18:15-17.
▪ Ni ivyiyumviro bitandukanye ibihe Abafarizayo bafise ku vy’ukwahukana, kandi bageza Yezu gute?
▪ Yezu avyifatamwo gute ku kigoro Abafarizayo bagira ngo bamugeze, kandi ni impamvu imwe iyihe yonyene atanga ituma haba ukwahukana?
▪ Ni kuki abigishwa ba Yezu bavuga yuko kurongora ari ikigoye, kandi ni ibwirizwa irihe Yezu atanga?
▪ Yezu atwigisha iki mu kuntu afata abana batoyi?