ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 102
  • Kirisitu Yinjirana Impundu i Yeruzalemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kirisitu Yinjirana Impundu i Yeruzalemu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umwami yinjira i Yeruzalemu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Aterwa Impundu nka Mesiya n’Umwami!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • “Igihe Kirashitse!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 102

Ikigabane ca 102

Kirisitu Yinjirana Impundu i Yeruzalemu

BUKEYE, ku musi w’Iyinga, ku wa 9 Nisani, Yezu ava i Betaniya ari kumwe n’abigishwa biwe hanyuma baca ku Musozi wa Elayono bagenda i Yeruzalemu. Mu mwanya mutoyi baba begereje ahitwa Betifage, ahaherereye ku Musozi wa Elayono. Yezu abwiriza babiri mu bigishwa biwe ati:

“Mugende mur’iriya mihana ir’imbere yanyu, muca mubona indogoba iziritseho n’inyana yayo; muziziture, muzinzanire. Ni hagira ūbabaza, mumubgire, muti Databuja ni we azigomba. Aca azirungika.”

Naho ubwa mbere abigishwa biwe batategera yuko ivyo abategetse biri n’ico bisana n’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya, mu nyuma baratahura yuko kiriho. Umuhanuzi Zekariya yari yaramenyesheje yuko Umwami yasezeranywe w’Imana yogiye i Yeruzalemu ari ku ndogoba, eka “mbere [ari] ku mukangara, inyana y’indogoba.” Umwami Salomo na we nyene yari yaragendeye ku mwana w’indogoba, igihe yasigwa amavuta.

Aho abigishwa binjiriye i Betifage hanyuma bagafata iyo nyana y’indogoba na nyina wayo, bamwe mu bahagaze ngaho bavuga bati: ‘Ivyo mugira ni ibiki?’ Ariko aho babwiriwe ko ivyo bitungwa babishiriye Umukama, nya bantu barareka abo bigishwa barabimushira. Nya bigishwa basasa ivyambarwa vyabo kuri iyo ndogoba y’imvyeyi no ku nyana yayo, ariko Yezu yurira ku nyana.

Yezu ariko aragenda i Yeruzalemu ayicayeko, isinzi rirongerekana. Benshi mu bantu bari aho basasa ivyambarwa vyabo babikwiragiza mu nzira, abandi na bo baca amashami ku biti barayasasa. Baza baratera akamo bati: “Hashemezwe ūje mw izina [“rya Yehova,” NW].” “Amahoro abe mw ijuru, icubahiro kibe ahasumba ijuru.”

Abafarizayo bamwebamwe bari muri iryo sinzi bashavuzwa n’izo mpundu hanyuma baridodomba kuri Yezu, bati: “Mwigisha, zibiza abigishwa bawe.” Ariko Yezu asubizayo ati: “Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.”

Yezu yegereye i Yeruzalemu, abona ico gisagara hanyuma atangura kukiririra, avuga ati: “Uyu musi iy’umenya ivy’amahoro! Ariko none bihishijwe amaso yawe.” Kubera ukugarariza n’ibigirankana, Yeruzalemu hategerezwa kuzovyishura, nk’uko Yezu abimenyesha ati:

“Abansi bawe [Abaroma bayobowe na Jenerali Titusi] bazokurundira ikirundo [“c’ibisonga,” NW] kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose, bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi.” Iryo sangangurwa rya Yeruzalemu ryabuwe na Yezu, rishika mu vy’ukuri imyaka 37 inyuma yaho, mu mwaka wa 70 G.C.

Hari haciye amayinga makeyi gusa benshi muri iryo sinzi babonye Yezu azura Lazaro. Ubu abo bantu baguma babwira abandi ivyerekeye ico gitangaro. Ni co gituma igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu ico gisagara cose uko kingana gishwabaduka. Abantu baribaza bati: “Uyo ni nde?” Rya sinzi na ryo riguma rivuga, riti: “Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yezu w’i Nazareti i Galilaya.” Abafarizayo babonye ibiriko biraba, baritonganya yuko vy’ukuri bariko bakora ubusa, kuko, nk’uko babivuga: “Isi yose yamukondoreye inyuma.”

Nk’uko asanzwe abigira igihe agendeye Yeruzalemu, Yezu aja ku rusengero kwigisha. Ngaho impumyi hamwe n’ibimuga baraza kuri we, na we akabakiza! Aho abaherezi bakuru n’abanyabwenge b’ivyanditswe baboneye ivyo bintu vy’igitangaza Yezu ariko arakora kandi bakumva abahungu bari mu rusengero basemerera ngo “Hoziyana, mwana wa Dawidi,” bagira ishavu. Bariyamiriza bati: “Urumva ivyo bavuga?”

Asubizayo ati: “Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ishimwe?”

Yezu abandanya kwigisha, kandi aritegereza ibintu vyose biri mu rusengero. Mu nyuma igihe kiba kiritereye. Maze avayo ari kumwe na bamwe 12, afata urugendo rwa vya birometero nka bitatu, asubira i Betaniya. Ahamara ijoro ryo ku w’Iyinga, kumbure mu nzu ya wa mukunzi wiwe Lazaro. Matayo 21:1-11, 14-17; Mariko 11:1-11; Luka 19:29-44; Yohana 12:12-19; Zekariya 9:9.

▪ Ni ryari Yezu yinjira i Yeruzalemu nk’Umwami, kandi yinjira mu buryo nyabaki?

▪ Kuba amasinzi ashemeza Yezu vyari nkenerwa ku rugero rungana iki?

▪ Yezu yamerewe gute igihe abonye Yeruzalemu, kandi ni ubuhanuzi ubuhe atanga?

▪ Ni ibiki bishika igihe Yezu agiye ku rusengero?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika