Ikigabane ca 107
Ikigereranirizo c’ivy’Ubukwe
YEZU akoresheje ibigereranirizo bibiri, yashize ku kabarore abanyabwenge b’ivyanditswe n’abaherezi bakuru, na bo baca bashaka kumwica. Ariko ukwumvikana hagati ya Yezu na bo kuracari kure nk’ukwezi. Abandanya abacira uwundi mugani ati:
“Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami atahisha ubukwe bg’umwana wiwe arongora. Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abātōrewe gutaha ubukwe, banka kuza.”
Yehova Imana ni we Mwami ategura ubukwe bw’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu. Amaherezo, umugeni yobaye agizwe n’abayoboke basizwe bagera ku 144.000 bazokwifatanya na we mw’ijuru. Abatwarwa b’uwo Mwami ni abantu b’Isirayeli baronse akaryo ko gucika abagize ‘ubwami bw’abaherezi,’ (NW) kubera binjiye mw’isezerano ry’Ivyagezwe mu 1513 B.G.C. Gutyo ico gihe bari babaye aba mbere mu guhabwa ubwo butumire bw’ukuja ku bukwe.
Ariko rero, ihamagarwa rya mbere ry’abo batumire ryagiye gutangwa mu gatasi ko mu 29 G.C., igihe Yezu n’abigishwa biwe (abashumba b’umwami) batangura igikorwa cabo co kwamamaza Ubwami. Ariko Abisirayeli b’imvukira baronse iryo hamagarwa ryatanzwe na nya bashumba kuva mu 29 G.C. gushika mu 33 G.C., ntibemeye kuza. Ni co gituma Imana yahaye iryo hanga ry’abatumire akandi karyo, nk’uko Yezu avyigana ati:
“Yongera gutuma abandi bagendanyi, ati Mubgire abatowe, muti Rāba amazimano yiwe yayiteguye, n’amapfizi n’amagumba vyiwe vyābāzwe, kandi vyose biriteguwe: ni muze mutahe ubukwe.” Ihamagarwa rigira kabiri ari ryo rya nyuma ry’abatumire ryatanguye kuri Pentekote yo mu 33 G.C., igihe impwemu yera yasukwa ku bayoboke ba Yezu. Iryo hamagarwa ryarabandanije gushika mu 36 G.C.
Ariko rero abenshi cane mu Bisirayeli na bo nyene barizivye amatwi kuri iryo hamagarwa. Yezu avuga ati: “Barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe. Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica.” Yezu arabandanya ati: “Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.” Ivyo vyashitse mu 70 G.C., igihe Abaroma basenyagura Yeruzalemu bakahagira ubunywenywe, abo bicanyi na bo bakicwa.
Yezu maze arasigura ivyashitse muri ako kanya, ati: “Maz’[umwami] abwira abagendanyi biwe, at’Ubukwe buriteguwe, arikw abābutorewe ntibāri babukwiye. Nuko ni mugende mu mayirabiri, abo muribuboneyo bose mubahamagare, baze babutahe.” Abo bagendanyi ivyo barabigira, hanyuma “mu bukwe huzura ababutorewe.”
Ico gikorwa c’ugutororokanya abo mu mayira yo hanze y’igisagara c’abatumire, catanguye mu 36 G.C. Intwazangabo imwe y’Umuroma Koruneliyo hamwe n’urugo rwiwe ni bo babaye aba mbere mu gutororokanywa mu batari Abayuda, b’abatakebwe. Itororokanywa ry’abo bantu batari Abayuda, bose bakaba ari abasubiriye abari banse ihamagarwa rya mbere, ryarabandanije gushika mu kinjana ca 20.
Mu kinjana ca 20 ni ho ahabera ibirori vy’ubugeni huzura. Yezu arigana ibica biba, mu kuvuga ati: “Umwami yinjiye kurāba abatowe abonamw’umuntu atambaye impuzu y’ubukwe; aramubaza, ati Mugenzi wanje, winjiye ute hano utambaye impuzu y’ubukwe? Arajorerwa. Maz’umwami abgira abakozi biwe, ati Ni mumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza; ni ho hazoba amarira n’ukuryanya insya z’amenyo.”
Uwo mugabo atagira impunzu y’ubukwe agereranya Abakirisu b’urwigano bo mu Bitwa Abakirisu. Imana abo ntaho yigeze ibemera ko bafise akaranga kabereye k’Abisirayeli bo mu vy’impwemu. Imana ntaho yigeze ibasiga impwemu yera ngo babe basamuragwa b’Ubwami. Ni co gituma batabwa hanze mu mwiza aho bahonera.
Yezu asozera ikigereranirizo ciwe mu kuvuga ati: “Kukw abatowe ari benshi, arikw abatoranijwe bakaba bake.” Egome, hari hatumiwe benshi mw’ihanga rya Isirayeli ngo babe mu bogize umugeni wa Kirisitu, ariko bakeyi gusa mu Bisirayeli b’imvukira ni bo batoranijwemwo. Benshi muri ba bashitsi 144. 000 baronka impembo yo mw’ijuru biboneka ko atari Abisirayeli. Matayo 22:1-14; Kuvayo 19:1-6; Ivyahishuriwe 14:1-3.
▪ Abari batumiriwe ubukwe ubwa mbere ni bande, kandi bari bahawe ubutumire ryari?
▪ Ihamagarwa rya mbere ritangwa ryari ku batumire, kandi abagendanyi barishikana ni bande?
▪ Ihamagarwa rya kabiri rigirwa ryari, kandi ni bande mu nyuma batumirwa?
▪ Ni bande bagereranywa na wa mugabo atagira ivyambarwa vy’ubukwe?
▪ Abenshi batumiwe ni bande, abakeyi batoranijwe na bo bakaba bande?