ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 108
  • Bananirwa Gutega Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bananirwa Gutega Yezu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu ahindura ubusa imigambi yo kumutega
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Munyigireko”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Igihe Kirashitse!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ashira ku mugaragaro abamurwanya
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 108

Ikigabane ca 108

Bananirwa Gutega Yezu

KUBERA ko Yezu yigishije mu rusengero akaba kandi ahejeje gucira abansi biwe b’abanyedini imigani ishira ku kabarore ububisha bwabo, Abafarizayo barashavura baca baja inama y’ukumutega umutego ngo avuge ikintu coshobora kumufatisha. Baja umugambi, barungika abigishwa babo hamwe n’abayoboke b’umugambwe wa Herode ngo baje kumutegera ku majambo.

Abo bagabo bamubaza bati: “Mwigisha, turazi yuk’ur’umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kand’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’udatinya ijunja ry’abantu: non’utubwire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?”

Yezu ntahendwa n’agahemo kabo. Arabona yuko aramutse avuze ati ‘Oya ntivyemerwa canke ntibikwiriye gutanga ikori,’ yoba atumye abantu bagarariza Uburoma. Yamara na ho avuze ati ‘Egome, mukwiye kuriha iryo kori,’ Abayuda narirya basanzwe badashaka ukuganzwa n’Uburoma, baca bamwanka. Nuko rero yishura ati: “Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe? Nimunyereke ihera ry’ikori.”

Barimuzaniye, abaza ati: “Iki gishushanyo n’ibi vyanditsweko n’ivya nde?”

Basubizayo bati: “N’ivya Kayisari.”

Na we ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” Aho abo bagabo bumviye inyishu y’ubuhanga Yezu atanze, barajorerwa. Baca baragenda bamusiga ari wenyene.

Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho, aho baboneye ko Abafarizayo bananiwe kugira ico bafatirako Yezu, baramwegera hanyuma bamubaza bati: “Mwigisha, Mose yavuze ng’umuntu ni yapfa adasize abana, mwene nyina acūre umugore wiwe, ngw ahonore mwene nyina. I wacu hār’abavukana ndwi. Uwa mbere yararongoye, arapfa, maze kukw adasize umwana umugore wiwe amuraga mwene nyina. Nuko n’uwa kabiri, n’uwa gatatu biba birtyo gushika ku wa ndwi. Hanyuma ya bose nya mugore arapfa. None mw izuka azoba muka nde mur’abo ukw ar’indwi? Ko bari bamufise bose!”

Mu kubishura Yezu avuga ati: “Igituma muzimira mbega s’uko mutāmenye ivyanditswe cank’ubushobozi bg’Imana? Aho bazozukira mu bapfuye ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa: bazoba nk’abamarayika bo mw ijuru. Arikw ivy’abapfuye yuko bazurwa, nta ho murasoma mu gitabo ca Mose hamwe havuga ivy’Igisaka c’amahwa, ingen’Imana yamubgiye, iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana s’iy’abapfuye, n’iy’abariho: mwarazimiye cane.”

Rya shengero ryongera kwumirwa n’inyishu Yezu atanze. Mbere na bamwebamwe mu banyabwenge b’ivyanditswe bariyemerera bati: “Mwigisha, uvuze neza.”

Abafarizayo ngo babone ko Yezu acecekesheje ba Basadukayo, baza kuri we bari mu mugwi umwe. Kugira bongere kumugeza, umunyabwenge w’ivyanditswe umwe muri bo abaza ati: “Mwigisha, ibgirizwa risumba ayandi mu vyagezwe n’irihe?”

Yezu yishura ati: “Iry’imbere n’iri, ngo Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: [“Yehova,” NW] Imana yacu ni we [“Yehova,” NW] wenyene. Kandi mukundishe [“Yehova,” NW] Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose. Irya kabiri ngiri, Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda; nta rindi bgirizwa risumba ayo.” Kukaba nkako, Yezu yongerako ati: “Kur’ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako.”

Ba Bafarizayo baremera bati: “Ni koko, Mwigisha, uvuze ivy’ukuri yukw ar’Imwe, nta yindi, atari yo yonyene: kandi kuyikundisha umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose, bo n’ugukunda mugenzawe nk’uko, biruta cane ibimazi vyose vyoshejwe n’ibitoshejwe.”

Yezu atahura yuko uwo munyabwenge w’ivyanditswe yishuranye ubwenge, amubwira ati: “Nturi kure y’ubgami bg’Imana.”

Ubu Yezu amaze imisi itatu yigisha mu rusengero, ni ukuvuga ku w’Iyinga, ku wa Mbere, no ku wa Kabiri. Abantu bamwumvirije baryohewe, yamara indongozi z’idini zishaka kumwica, ariko gushika n’ubu ziragerageza bikaba impfagusa. Matayo 22:15-40; Mariko 12:13-34; Luka 20:20-40.

▪ Ni umugambi nyabaki Abafarizayo bagiye ngo batege Yezu, kandi vyogenda gute yishuye ati ego canke oya?

▪ Yezu azibukira gute ibigeragezo Abasadukayo bamuteze?

▪ Abafarizayo bongera kugerageza gute gutega Yezu, hanyuma bitanga iki?

▪ Mu gikorwa Yezu arangura ubwa nyuma i Yeruzalemu, yigisha mu rusengero imisi ingahe, hanyuma bikagira ingaruka iyihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika