Ikigabane ca 116
Ategura Intumwa ku bw’Ukugenda Kwiwe
IMFUNGURWA z’icibutso zirarangiye, ariko Yezu n’intumwa ziwe baracari mu nzu yo hejuru. Naho Yezu vuba azoba yagiye, aracari na vyinshi avuga. Yezu arabaremesha ati: “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana.” Ariko yongerako ati: “Nanje munyizere.”
Arabandanya ati: “I muhira kwa Data har’amazu menshi. . . . Ngiye kubategurira ahanyu . . . ngw aho ndi namwe abe ari ho muba. Kand’iyo nja murazi inzira ijayo.” Intumwa ntizitahura yuko Yezu ariko avuga ivyerekeye ukuja mw’ijuru, ari co gituma Toma abaza ati: “Mugenzi, ntituzi iy’uja, dushobora dute kumenya inzira?”
Yezu arishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubu[zima].” Egome, umuntu uwo ari we wese iyo amwakiriye kandi akigana ingendo yiwe y’ubuzima, ni ho honyene yoshobora kwinjira mu nzu ya Se wiwe yo mw’ijuru, kubera yuko Yezu avuga ati: “Nta wushika kuri Data ntamujanye.”
Filipo asaba ati: “Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.” Bisa n’uko Filipo ashaka ko Yezu abereka abagaragariza Imana mu buryo buboneka, nk’uko kera vyahawe Musa, Eliya, na Yesaya mw’iyerekwa. Ariko mu vy’ukuri, intumwa zirafise ikintu ciza kuruta iyerekwa rimeze nk’iryo, nk’uko Yezu abivuga ati: “Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data.”
Yezu arabonekako kamere ya Se wiwe bimwe bitagiramwo agasembwa, ku buryo kubana na we no kumwitegereza bimeze nk’ukubona Se wiwe koko. Yamara, uwo Se araruta Umwana, nk’uko Yezu avyiyemereza ati: “Amajambo mbabgira s’ayo nigeneye.” Mu buryo bubereye, Yezu ugushemezwa kwose ku bw’inyigisho ziwe akwerekeza kuri Se wiwe wo mw’ijuru.
Ese ukuntu bishobora kuba biremesha intumwa kwumva Yezu ubu azibwira ati: “Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’azokora ibibiruta”! Yezu ntashaka kuvuga yuko abayoboke biwe bazokoresha ububasha bw’igitangaro buhambaye kuruta ubwo yakoresheje. Oya, ahubwo ashaka kuvuga yuko bazorangura ico gikorwa igihe kirekire kuruta, mu karere kanini kuruta, kandi ku bantu benshi cane kuruta.
Yezu ntazoheba abigishwa biwe amaze kugenda. Abasezeranira ati: “Ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora.” Bitayeko, avuga ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’abane namwe ibihe bidashira, ni we [m]pwemu [y]’ukuri.” Mu nyuma, amaze kuduga mw’ijuru, asuka ku bigishwa biwe impwemu yera, ari we wundi mwitsa.
Ukugenda kwa Yezu kuregereje, nk’uko abivuga, ati: “Hasigaye igihe gito, ab’isi ntibabe bakimbona.” Yezu azoba ikiremwa c’impwemu kidashobora kubonwa n’umuntu n’umwe. Ariko Yezu arongera agasezeranira intumwa ziwe b’abizigirwa ati: “Mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.” Egome, si uko gusa Yezu yobabonekeye mu mero y’umuntu inyuma y’izuka ryiwe, ahubwo igihe kigeze yobazuriye gusangira na we ubuzima mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu.
Ubu na ho Yezu ashikiriza ingingo yoroshe: “Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.”
Avuze ivyo, intumwa Yuda, umwe yitwa kandi Tadeyo, amucira mw’ijambo ati: “Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’isi?”
Yezu asubizayo ati: “Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda . . . Ūtankunda ntiyitondera amajambo yanje.” Atari abayoboke biwe bagamburuka, ab’isi barirengagiza inyigisho za Kirisitu. Ni co gituma atabihishurira.
Mu gihe c’igikorwa Yezu yakoreye kw’isi, yarigishije intumwa ziwe ibintu vyinshi. None ivyo vyose bazovyibuka gute, na canecane kubera ko no gushika ico gihe ibitari bike bikibananira gutegera? Bagira amahirwe, Yezu asezerana ibi: ‘Umwitsa, ari we [m]pwemu [y]era, iyo Data arungika mw’izina ryanje, ni yo izobigisha vyose, kandi izobibutsa ivyo nababariye vyose.’
Yezu arongera kubaremesha agira ati: “Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. . . . Imitima yanyu ntihagarare.” Niko, Yezu ariko aragenda, yamara asigura ati: “Iyo muba munkunda, muba munezerejwe n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.”
Igihe Yezu asigaranye ari kumwe na bo ni kigufi. Avuga ati: “Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise.” Shetani wa Mucokoranyi, umwe yashobora kwinjira muri Yuda kandi akamwifatira, ni we mutware w’isi. Ariko muri Yezu nta ntege nke ziva ku caha Shetani yoshobora kwishimikiza kugira amuteshe gukorera Imana.
Kwinovora Ubucuti bwa Somambike
Inyuma y’imfungurwa z’icibutso, Yezu yaremesheje intumwa ziwe mu kuganira na bo abaserurira akari ku mutima. Hashobora kuba hari harenze mu gicugu. Nuko Yezu avuga ati: “Ve hasi, tuve hano tugende.” Ariko rero imbere y’uko bahava, Yezu abitumwe n’urukundo abafitiye, abandanya kuvuga abaha ikigereranirizo kibavyurira ingiro.
Aratangura ati: “Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo.” Umurimyi Mukuru, Yehova Imana, yateye uwo muzabibu w’ikigereranyo igihe yasiga Yezu impwemu yera hamwe yabatizwa mu gatasi ko mu 29 G.C. Ariko Yezu abandanya yerekana yuko umuzabibu ugereranya ibiruta we wenyene, mu kuvuga ati: “Ishami ryose ryo muri jewe ritama, arikuraho; kand’iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama. . . . Nk’ukw ishami ritabasha kwama ubgaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe. Ni jewe muzabibu, namwe mur’amashami.”
Kuri Pentekote, inyuma y’imisi 51, intumwa hamwe n’abandi baracitse amashami ya nya muzabibu igihe impwemu yera isukiwe kuri bo. Amaherezo, abantu 144.000 baracika amashami y’uwo muzabibu w’ikigereranyo. Hamwe na nya giti c’umuzabibu ari co Yezu Kirisitu, abo bagize umuzabibu w’ikigereranyo wama ivyamwa vy’Ubwami bw’Imana.
Yezu arasigura urupfunguzo rw’ukwama ivyamwa, ati: “Ūguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ata co mubasha gukora mutamfise.” Ariko rero nk’uko Yezu abivuga, mu gihe umuntu ananiwe kwama ivyamwa, “atabga nk’ukw’ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma; maze [nya mashami] bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha.” Ku rundi ruhande, Yezu asezerana ati: “Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.”
Bitayeko, Yezu abwira intumwa ziwe ati: “Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje.” Icamwa Imana ishaka kuri ayo mashami ni uko bagaragaza kamere zimeze nk’iza Kirisitu, na canecane urukundo. Vyongeye, kubera ko Kirisitu yari umwamamaji w’Ubwami bw’Imana, icamwa ciza kirimwo kandi n’umurimo w’uguhindura abantu abigishwa nk’uko yabigize.
Yezu ubu ahimiriza intumwa ziwe ati: “Ni mugume mu rukundo rwanje.” Yamara intumwa ziwe ivyo zishobora kubigira gute? Yezu avuga ati: “Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje.” Mu kubandanya, asigura ati: “Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze. Nta wogira urukundo ruruta urw’uk’umuntu yigura abakunzi biwe.”
Mu masaha makeyi, Yezu araja kwerekana urwo rukundo rurengeye mu gutanga ubuzima bwiwe ku bw’intumwa ziwe, no ku bw’abandi nyene bagaragaza ko bamwizeye. Akarorero kiwe gakwiye kuvyurira abayoboke biwe umutima w’ukugira urukundo nk’urwo nyene rw’ukwiheberanira. Urwo rukundo ni rwo ruzobaranga, nk’uko Yezu yabivuze imbere yaho ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.”
Mu kugenekereza abagenzi biwe abo ari bo, Yezu avuga ati: “Mur’abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera. Sinkibita abashumba, kuk’umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.”
Mbega ubucuti bw’agaciro dufise bw’ukuba abakunzi somambike ba Yezu! Ariko kugira ngo abayoboke biwe babandanye kwinovora ubwo bucuti, bategerezwa ‘kwama ivyamwa.’ Baramutse bavyamye, Yezu avuga ati: “Ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, a[zokibaha].” Nta mazinda iyo ni impembo ihambaye y’ukwama ivyamwa vy’Ubwami! Yezu ahejeje kwongera kwihanikiza intumwa ziwe ngo ‘bakundane,’ arasigura yuko isi izobanka. Yamara arabahumuriza ati: “Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka.” Ubukurikira Yezu arahishura igituma isi yanka abayoboke biwe, mu kuvuga ati: “Kuko mutar’ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.”
Mu gusigura ikindi gituma isi ibanka, Yezu arabandanya ati: “Ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi [Yehova Imana] uwantumye.” Ibikorwa Yezu yakoze ku bitangaro, nkako birajijura abamwanka, nk’uko abivuga ati: “Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.” Gutyo rero, nk’uko Yezu avuga, iki canditswe kirashika: “Bānyankiye ubusa.”
Nk’uko Yezu yari yabigize, arongera kubahumuriza mu kubasezeranira umufasha, impwemu yera, ikaba ari inguvu ikora y’ububasha y’Imana. “Uwo ni we azonshingira intahe, kandi namwe nyene muranshingira intahe.”
Izindi Nkeburo za Nyuma
Yezu n’intumwa ziwe bagomba bave muri ya nzu yo hejuru. Abandanya kubabwira ati: “Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngo ntimuze mutsitazwe.” Nuko aburira icese, ati: “Bazobaca mu masinagogi, kand’igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.”
Bisa n’uko intumwa zihagaritswe umutima n’iyo mburizi. Naho imbere yaho Yezu yari yaravuze yuko isi yobanse, ntiyari yarahishuye gutyo ata gukikiriza yuko zokwishwe. Yezu arasigura ati: “Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.” Yamara, ese ukuntu ari vyiza kuba abagabishije mu kubamenyesha ivyo bintu imbere y’uko agenda!
Yezu arabandanya ati: “None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’Uja hehe?” Imbere yaho, kuri uwo mugoroba, bari babaririkije ivyerekeye iyo yagira aje, ariko ubu bagwishijwe mu gahundwe cane n’ivyo ababwiye ku buryo bananirwa kugira ikindi kintu babibazako. Ni nk’uko Yezu abivuga ati: “Ariko kuko mbabariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu.” Igitera intuntu intumwa si uko zumvise yuko zoshikiwe n’uruhamo ruteye ubwoba be n’uko zokwishwe vyonyene, ariko ni uko Shebuja agiye kubasiga.
Nuko rero Yezu asigura ati: “Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge.” Kubera ko Yezu ari umuntu, ntashobora kuba ari ahantu henshi icarimwe, ariko igihe ari mw’ijuru, ashobora kurungika umufasha, impwemu yera y’Imana, akayirungikira abayoboke biwe igihe cose boshobora kuba bari kw’isi. Yezu rero abasize bizoba ngirakimazi.
Impwemu yera, nk’uko Yezu abivuga, “[i]zohinyuza ab’isi, [i]bemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka, n’ivy’amateka.” Icaha c’isi, ukuba yarananiwe kugira ukwizera mu Mwana w’Imana, bizoshirwa ku kabarore. Vyongeye, ikimenyamenya kijijura c’ivy’ukugororoka kwa Yezu kizokwerekanwa n’ukuduga kwiwe aja kwa Se. Kandi ivy’uko Shetani be n’isi yiwe mbi vyananiwe gusenyura ukudahemuka kwa Yezu, ni ikimenyamenya kijijura c’uko umutware w’isi yaciriwe rubi.
Yezu arabandanya ati: “Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.” Ni co gituma Yezu asezerana yuko igihe azobasukako impwemu yera, ari yo nguvu ikora y’Imana, ino yobayoboye igatuma batahura ivyo bintu nk’uko ubushobozi bafise bw’ukubitahura buri.
Intumwa canecane zirananirwa gutahura yuko Yezu azopfa hanyuma maze akazibonekera inyuma y’izuka. Nuko zirabazanya ziti: “Mbeg’ivyo atubgiye n’ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo Kuko nja kwa Data?”
Yezu arabona yuko hari ico bashaka kumubaza, bituma asigura ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’umubabaro wanyu uzocika umunezero.” Handi hato kuri uwo musi, ku muhingamo, Yezu amaze kwicwa, indongozi z’idini zo mw’isi ziranezerwa, ariko abigishwa bo bagatuntura. Mugabo intuntu yabo ihinduka umunezero Yezu azuwe! Kandi umunezero wabo urabandanya igihe abahaye ububasha kuri Pentekote ngo bazomubere ivyabona, mu kubasukako impwemu yera y’Imana!
Uko ivy’intumwa vyifashe Yezu abigerereranya n’umugore ari mu bise vy’ukuvyara, avuga ati: “Umugore iy’aramutswe, aja mu mubabaro, kukw’igihe ciwe kigeze.” Ariko Yezu avuga yuko uwo mugore ataba acibuka amarushwa yabonye iyo umwana wiwe amaze kuvuka, hanyuma aremesha intumwa ziwe mu kuvuga ati: “Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona [ninazurwa], kand’imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga.”
Gushika ubu, izo ntumwa nta bintu zirasaba mw’izina rya Yezu. Ariko ubu avuga ati: “Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje. . . . Kuko Data na we ubwiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana. Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.”
Ayo majambo ya Yezu ni indemesho ihambaye ku ntumwa. Baravuga bati: “Ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.” Yezu arababaza ati: “Mbega noneho murizeye? Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene.” Naho ivyo umengo nta wovyemera, birashika imbere y’uko buca!
“Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe.” Yezu asozera ati: “Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.” Yezu yanesheje isi mu gushitsa ukugomba kw’Imana adahemuka, nanzi ibintu vyose Shetani n’isi yiwe bagerageje gukora kugira ngo basenyure ukutadohoka kwa Yezu.
Isengesho ry’Ugusozera mu Nzu yo Hejuru
Yezu abitumwe n’urukundo rwinshi afitiye intumwa ziwe, yariko arabategura ku bw’ukugenda kwiwe kwimirije. Ubu na ho, inyuma y’aho abakeburiye kandi akabahumuriza cane, araramura amaso mw’ijuru, atakambira Se wiwe ati: “Shimagiza Umwana wawe, ng’Umwana agushimagize; nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubu[zima] budashira.”
Umve ntuze uwo mutwe-shimikiro utera ingoga Yezu acishijemwo, ubuzima budahera! Kubera ko Yezu yahawe “ububasha ku bafise umubiri bose,” arashobora gutanga ivyiza biva ku nkuka y’incungu yatanze, ku muryango w’abantu wose uri ku mpfiro. Yamara, arasezerana ‘ubuzima budashira’ kuri abo gusa Se wiwe yemera. Yezu afatira kuri uwo mutwe-shimikiro w’ubuzima budahera, akabandanya isengesho ryiwe ati:
“Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” Egome, ubukiriro tubuhabwa bivuye ku kwakira ubumenyi bwerekeye Imana n’Umwana wayo. Ariko ubumenyi bwo mu mutwe si bwo bukenewe bwonyene.
Umuntu ategerezwa gushikira ukubamenya neza, agatsimbataza ukugiriranira na bo ubucuti burimwo ugutahura. Ategerezwa kwiyumva nk’uko biyumva ku bintu, vyongeye akabona ibintu afatiye ku kuntu babibona. Kandi ikiruta vyose, umuntu ategerezwa kwinanata akigana kamere zabo ntangere mu migenderanire yiwe n’abandi.
Ubukurikira Yezu asenga ati: “Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora.” Kubera rero ko yaranguye igikorwa yashinzwe gushika kuri urwo rugero kandi akaba yizigiye adakeka ko bizogenda neza, atakamba ati: “Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishe bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.” Egome, ubu asaba kuzosubizwa ku buninahazwa yari afise mw’ijuru, ivyo bikazoranguka biciye kw’izuka.
Mu gutanga incamake y’igikorwa nyamukuru yakoze kw’isi, Yezu avuga ati: “Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.” Yezu yarakoresheje izina ry’Imana Yehova mu gikorwa ciwe, yongera arerekana uburyo nyakuri rivugwa, ariko yarakoze ibiruta ivyo kugira ngo izina ry’Imana rigaragare ku ntumwa ziwe. Yarongereje kandi ubumenyi bwabo bwerekeye izina rya Yehova, ukurikenguruka hamwe na kamere yiwe, be n’ubumenyi bwerekeye imigambi yiwe.
Mu guherereza icubahiro kuri Yehova we amuruta akaba ari na we akorera, Yezu aremera yicishije bugufi ati: ‘Amajambo wampaye narayabahaye, na bo barayakira, baramenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; barizera ko ari wewe wantumye.’
Yezu ubukurikira arashira itandukaniro hagati y’abayoboke biwe n’abasigaye bo mu muryango w’abantu, ati: “Sinsabira ab’isi, ariko nsabira abo wampaye, . . . nkiri kumwe na bo, na[rabazigamye] . . . Narabashibamyeko, kandi nta n’umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi,” ni we Yuda Iskariyoti. Muri aka kanya nyene Yuda ari ku gikorwa ciwe kigayitse co kugura Yezu. Gutyo rero, Yuda ariko arashitsa Ivyanditswe atabizi.
Yezu abandanya gusenga ati: “Ab’isi barabanka . . . Singusaba ng’ubakūre mw isi, ariko ng’ubarinde wa Mubi. S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” Abayoboke ba Yezu bari mw’isi, iki kibane c’abantu cungunganijwe gitegekwa na Shetani, ariko baritandukanije na yo kandi bategerezwa nantaryo kuguma bitandukanije na yo be n’ububisha bwayo.
Yezu arabandanya ati: “Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri.” Ngaha Yezu Ivyanditswe vy’Igiheburayo vyahumetswe, ivyo agenda arakuramwo ivyo avuga, avyita “ukuri.” Ariko ivyo yigishije abigishwa biwe hamwe n’ivyo banditse mu nyuma bahumekewe bikaba Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, na vyo nyene ni “ukuri.” Ukwo kuri gushobora kweza umuntu, kugahindura rwose ubuzima bwiwe, hanyuma kukamugira umuntu yitandukanije n’isi.
Yezu ubu na ho ‘ntasengera abo bonyene gusa, ariko asengera n’abazomwizera biciye kw’ijambo ryabo.’ Ni co gituma Yezu asengera abo bose bazoba abayoboke biwe basizwe hamwe n’abandi bigishwa bazohava batororokanirizwa mu ‘mukuku umwe.’ Abo bose abasabira iki?
“Kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, . . . ngo babe umwe, nk’uko natwe tur’umwe.” Yezu na Se wiwe ntibagize umuntu umwe rudende, ariko barumvikana ku bintu vyose. Yezu asaba yuko abayoboke biwe bogira ubwo bumwe nyene “ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.”
Ku neza y’abobaye abayoboke biwe basizwe, Yezu ubu hariho ikintu asaba. Uti ni igiki? “Kw’aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho,” ni ukuvuga n’imbere y’uko Eva umugore wa Adamu asama inda y’uruvyaro. Kera cane imbere y’ivyo, Imana yarakunda Umwana wayo w’ikinege, uwacitse Yezu Kirisitu.
Mu gusozera isengesho ryiwe, Yezu arongera gushimika ati: “Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo.” Ku ntumwa, kumenya izina ry’Imana vyarimwo no kwishikira ku kumenya urukundo rw’Imana. Yohana 14:1–17:26; 13:27, 35, 36; 10:16; Luka 22:3, 4; Kuvayo 24:10; 1 Abami 19:9-13; Yesaya 6:1-5; Ab’i Galatiya 6:16; Zaburi 35:19; 69:4; Imigani 8:22, 30.
▪ Yezu ariko aja he, kandi ni inyishu iyihe Toma aronka ku biraba inzira ijayo?
▪ Filipo mu kubaza ikibazo ciwe, bisa n’uko ashaka ko Yezu abereka iki?
▪ Ni kuki uwubonye Yezu aba abonye na Se?
▪ Ni mu buryo ki abayoboke ba Yezu bakoze ibikorwa biruta ivyo yakoze?
▪ Ni mu buryo ki Shetani ataco afise muri Yezu?
▪ Yehova yateye uruzabibu rw’ikigereranyo ryari, vyongeye ni ryari kandi ni gute abandi bacika igihimba c’umuzabibu?
▪ Amaherezo, nya muzabibu w’ikigereranyo uraheza ukagira amashami angahe?
▪ Ni ivyamwa nyabaki Imana yipfuza ku mashami?
▪ Dushobora dute kuba abakunzi ba Yezu?
▪ Ni kuki isi yanka abayoboke ba Yezu?
▪ Ni imburizi iyihe itanzwe na Yezu igatuma intumwa ziwe zihagarika umutima?
▪ Ni kuki intumwa zinanirwa kubaza Yezu ivyerekeye iyo ariko araja?
▪ Ni igiki canecane intumwa zinanirwa gutahura?
▪ Yezu agereranya ate yuko uko ivy’intumwa vyifashe bizohinduka bikava ku ntuntu bikaja ku munezero?
▪ Yezu avuga ko intumwa vuba zizogira iki?
▪ Ni mu buryo ki Yezu anesha isi?
▪ Ni mu buryo ki Yezu yahawe “ububasha ku bafise umubiri bose”?
▪ Kumenya Imana n’Umwana wayo bisigura iki?
▪ Ni mu buryo ki Yezu atuma izina ry’Imana rigaragara?
▪ “Ukuri” ni iki, kandi ‘kweza’ Umukirisu mu buryo ki?
▪ Ni mu buryo ki Imana, Umwana wayo hamwe n’abasenga b’ukuri bose bagize umwe?
▪ “Itanguriro ry’isi” ryashizweho ryari?