Ikigabane ca 121
Arengutswa Imbere y’Ikombe Hanyuma Ajanwa kwa Pilato
BURI mu guca. Petero yihakanye Yezu ubugira gatatu, abagize Ikombe na bo bahejeje isambisha ryabo ry’agashinyaguro hanyuma baratandukana. Ariko rero, bugica ku wa Gatanu mu gitondo, barasubira gukorana, ubu bagakoranira mu ngoro yabo y’Ikombe. Igituma bakorana bisa n’uko ari ukugira ngo isambisha ryaraye rigizwe base n’abarihuza n’amategeko. Igihe Yezu arengukijwe imbere yabo, bavuga nk’uko bavuze mw’ijoro, bati: “Namb’uri Kristo, tubgire.”
Yezu arabishura ati: “N’iyo nobabgira, ntimwovyemera; n’iyo nobabaza ntimwonyishura.” Ariko rero, Yezu arerekana n’umutima rugabo akaranga kiwe, mu kuvuga ati: “Uhereye none Umwana w’umuntu azoba yicaye i buryo bg’ububasha bg’Imana.”
Bose bashaka kumenya mu kubaza bati: “None rer’ur’Umwana w’Imana?”
Yezu arabishura ati: “Murarivuze ko ndi we.”
Kuri abo bantu bafise imigabo y’ubwicanyi, iyo nyishu irakwiye. Bayifata nk’ukurogota. Babaza bati: “Turacaronderera iki ivyabona? Kuk’ubgacu tuvyīyumviye mu kanwa kiwe.” Nuko rero baboha Yezu, baramujana, hanyuma bamuhereza buramatari w’Abaroma, Ponsiyo Pilato.
Yuda, umwe yagura Yezu, yakurikiranye ukuntu ibintu biriko biragirwa. Aho aboneye ko Yezu aciriwe rubi, yumva aradogombwe. Nuko aja kuri ba baherezi bakuru no ku nararibonye gusubiza vya biceri 30 vy’amafeza, asigura ati: “Nacumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha.”
Bishura ata kigongwe bati: “Bidutwaye iki? N’ivyawe”! Nuko Yuda ata mu rusengero vya biceri vy’amafeza ariruka hanyuma agerageza kwimanika. Ariko rero ishami Yuda apfunditseko umugozi biboneka yuko ryavunitse, umubiri wiwe wose wisenya ku mabuye ari munsi, urasanzara.
Abaherezi bakuru ntibazi neza ico bokoza ivyo biceri vy’amafeza. Biyumvira uku: “Nti[vy]emerwa gushirwa mu mashikanwa, kukw ari i[b]iguze amaraso.” Nuko rero bamaze guhanuzanya, ayo mahera bayagura itongo ku mubumvyi kugira bazoze barahahamba bakavantara. Iryo tongo rero riraheza ryitwa “Ubwatsi bg’amaraso.”
Haracari mu gitondo ca kare igihe Yezu atwawe ku kirimba kwa buramatari. Ariko Abayuda bamuherekeje baranka kwinjira kubera biyumvira yuko ukwiyegereza Abanyamahanga cane gutyo kwobahumanya. Nuko kugira aborohereze, Pilato arasohoka. Abaza ati: “Ikirego mufise kur’uyu muntu n’igiki?”
Nabo barishura bati: “Ugira ng’uyu, iyaba atākoze ibibi tuba tumukuzaniye?”
Kubera ko Pilato yipfuza kutabigiramwo uruhara, yishura ati: “Ni mumujane mwebge, mumucire urubanza nk’ukw ivyagezwe vyanyu bivuga.”
Nya Bayuda mu guhishura imigabo bafise y’ubwicanyi, bivugisha bati: “Erega twebge ntitwemererwa kwica umuntu.” Mu vy’ukuri, bishe Yezu mu gihe ca Pasika, vyoshobora gutuma haba umugumuko mu bantu, kubera ko benshi basonera cane Yezu. Ariko hamwe Abaroma bomubicira bamwagiriza ivya politike, kumbure vyobakurako icaha imbere y’abantu.
Nuko indongozi z’idini, ata kwirirwa baracishamwo isambisha ryagizwe imbere yaho ca gihe bacira Yezu rubi ngo yarogose, ubu badendekeranya ibirego bitandukanye. Bagira iki kirego kirimwo bitatu: “Uyu twamubonye [1] agomesha ubgoko bgacu, [2] ababuza gutanga ikori rya Kayisari, [3] yivuga ngo ni Kristo, Umwami.”
Icagirizo c’uko ngo Yezu yiyita ko ari umwami ni co Pilato yibandako. Nuko rero aca asubira kwinjira mu ngoro, yakura Yezu, aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w’Abayuda?” Mu yandi majambo ni ukuvuga ngo: woba warenze itegeko mu kwivuga ko uri umwami arwanya Kayisari?
Yezu ashaka kumenya ivyo Pilato amaze kumwumvako uko bingana, ni kwo kubaza ati: “Mbeg’ivyo ubibajije kubgawe, canke n’abandi bakubariye ivyanje?”
Pilato aremera ko atazi ibimwerekeye hanyuma yipfuza kubimenya. Arishura ati: “Mbega nanje nd’Umuyuda? Ab’ubgoko bganyu n’abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?”
Yezu ntagerageza na gatoyi kwinyusha ico kibazo cerekeye ivy’ukuba umwami. Inyishu Yezu aza gutanga ubu nta nkeka iratangaza Pilato. Luka 22:66–23:3; Matayo 27:1-11; Mariko 15:1; Yohana 18:28-35; Ivyakozwe 1:16-20.
▪ Ikombe rishaka iki mu gusubira gukorana mu gitondo?
▪ Yuda yapfuye gute, hanyuma vya biceri 30 vy’amafeza bikoreshwa iki?
▪ Abayuda ah’ukwiyicira Yezu bo nyene, ni kuki bashaka ko Abaroma baba ari bo bamwica?
▪ Ni ibirego ibihe Abayuda bagereka kuri Yezu?