Ikigabane ca 123
“Raba! Wa Mugabo!”
PILATO atangajwe n’ukuntu abonye Yezu avyifashemwo kandi ariyemerera ko ata kibi ariko, arondera ubundi buryo bwo kumurekura. Abwira rya sinzi ati: “Musanganywe umugenzo ko mbarekurira umwe mu misi ya Pasika.”
Baraba, umwicanyi ruhebwa, na we nyene yagizwe imbohe, bituma Pilato abaza ati: “Uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde? Ni Baraba canke ni Yesu yitwa Kristo?”
Kubera ko rya sinzi ry’abantu ryajijuwe n’abaherezi bakuru babagomesheje, basaba ko barekurirwa Baraba ariko Yezu akicwa. Pilato ntarambirwa. Yishura abaza ati: “Mur’abo bompi uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde?”
Bavuga basemerera bati: “Ni Baraba.”
Pilato abaza n’ibimaremare ati: “None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte?”
Bishurana uruyogoyogo rw’akazibamatwi bati: “Namanikwe!” “Mumanike! Mumanike!”—NW.
Kubera Pilato azi yuko bariko basaba ukwicwa kw’umuntu ata kosa ariko, aramuburanira ati: “Ku ki? Yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.”
Ivyo agerageza vyose, iryo sinzi ryarakaye, rigomowe n’indongozi zabo z’idini, riguma rimoka riti: “Namanikwe.” (NW) Kubera ko ryohejwe n’abaherezi, iryo sinzi rishaka amaraso. Kandi iyumvire, haciye imisi itanu gusa, bamwe muri bo kumbure barimwo mu bakiriye Yezu aje i Yeruzalemu bwa Mwami! Ico gihe cose, abigishwa ba Yezu, niba ari ho bari, baguma mu gacerere bihishije.
Pilato abonye ko utwigoro twiwe ata ciza duhaye turavamwo atari uko uruyogoyogo rurushiriza kuduga, yakira amazi hanyuma arakaraba imbere y’iryo sinzi, avuga ati: “Jeho ndacuna kubg’amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.” Kuri iryo jambo, ba bantu barishura, bati: “Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.”
Nuko, nk’uko babisavye, akaba kandi yipfuza gushimisha iryo sinzi aho gukora ico azi ko ari ciza, Pilato abarekurira Baraba. Afata Yezu aramutanga, bamukura impuzu maze baramutonagura. Ukwo ntikwari ugukubita gusanzwe. Ikinyamakuru kimwe (The Journal of the American Medical Association) kiradondora umugenzo Abaroma bari bafise w’ugutonagura, kiti:
“Igikoresho bari basanzwe bakoresha cari ikimoko kigufi (nk’indembo) kigizwe n’imigozi y’igikoba umwumwe ukwawo, nya migozi ikagira uburebure butandukanye canke kikaba kiyijishwemwo, muri co hakaba harimwo intete ntonto z’icuma canke utugegene dukarishe tw’amagufa y’intama dusobekanzemwo duhana inta. . . . Uko abasoba b’Abaroma baza barahushura bisubiriza bihanukiriye umugongo wa nyene gukubitwa, izo ntete z’icuma zatuma inyama zisadagurika, ya migozi y’urukoba na yo hamwe na ya magufa y’intama bigatabagura uruhu, bikinjira no mu nyama. Maze uko babandanya bakubita, ugushishagurwa kwaratantamura gushika ku misoso ifatanye n’amagufa hanyuma bikavamwo ibishishagu bitentemwa vy’inyama zivirirana.”
Ukwo gukubitwa gusinzikaza amagara guheze, Yezu ajanwa mu ngoro ya buramatari, umugwi wose w’ingabo uko ungana urakoranywa. Ngaho nya basoda bamwongerako ayandi mahano mu kujisha urugori rw’amahwa hanyuma barumushinga mu mutwe. Bashira irenga mu kuboko kwiwe kw’iburyo, hanyuma bamwambika umutamana w’umutugutu, bene umwe wambarwa n’abantu b’abami. Maze baza bamushinyagurira bati: “Ndagize bwakeye Mwami w’Abayuda!” Vyongeye, baza baramucirako amate bongera bamutabagira mu maso. Bamushikura rya renga rigumye barimuhonda mu mutwe, baranarushiriza kwinjiza mu mutwe ya mahwa asongoye y’ “urugori” rwo kumuteza isoni.
Urupfasoni rwibonekeje rwa Yezu hamwe n’ukwigumya kwiwe muri ukwo gufatwa nabi bijoreza Pilato, ku buryo yumva aribusubire kugerageza kumukiza. Abwira rya sinzi ati: “Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we.” Ashobora kuba yiyumvira yuko nibabona ukuntu Yezu asinzikajwe bija kworosha imitima yabo. Yezu ahagaze imbere y’ico kigwi c’abantu b’imburakigongwe, yambaye rwa rugori rw’amahwa hamwe n’umutamana w’umutugutu mu maso hiwe na ho havirirana kandi hasogotwa n’umubabaro, Pilato aratangara ati: “Raba! Wa mugabo!”—NW.
Naho yakomerekejwe kandi agakubitwa, ngaho hahagaze umuntu adasanzwe mu nkuru z’ivyabaye zose, umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose vy’ukuri! Egome, Yezu aragaragaza urupfasoni rurimwo ubutekereji kandi akiyumanganya, ivyo birerekana ubukuru na Pilato ategerezwa kwemera icese, kuko amajambo avuga biboneka ko arimwo icubahiro n’impuhwe. Yohana 18:39–19:5; Matayo 27:15-17, 20-30; Mariko 15:6-19; Luka 23:18-25.
▪ Pilato agerageza gute kurekura Yezu?
▪ Pilato agerageza gute kwikura mu vy’urwo rubanza?
▪ Ni ibiki bijana n’ugutonagurwa?
▪ Yezu atyekezwa gute bahejeje kumutonagura?
▪ Pilato yongera kugerageza gute kurekura Yezu?