ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 129
  • Yezu Yongera Kubabonekera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Yongera Kubabonekera
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yiyereka abantu benshi amaze kuzuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Mu Cumba Cugaye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu ni muzima!
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Yezu azuka
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 129

Ikigabane ca 129

Yezu Yongera Kubabonekera

ABIGISHWA baracavunitse umutima. Ntibatahura ico kuba uruhafu rugaragara bisigura, eka mbere ntibemera n’amakuru ba bagore bashikirije. Nuko rero mu nyuma ku w’Iyinga, Kileyopa be n’uwundi mwigishwa bava i Yeruzalemu baja i Emawusi, ahantu hari ku birometero nka 11.

Mu nzira, igihe bariko bayaga ivyabaye uwo musi, umuntu batazi yifatanya na bo. Ababaza ati: “Mbega ivyo mugenda murabazanya n’ibiki?”

Nya bigishwa barahagarara, bijiriwe, hanyuma Kileyopa asubizayo ati: “Mbega ni wewe gusa watse indāro i Yerusalemu, utazi ivyabayeyo mur’iyi misi?” Abaza ati: “N’ibiki?”

Barishura bati: “N’ivya Yesu Umunyanazareti . . . Abaherezi bakuru n’abashingantahe bacu bāmutanze ngw acirwe urubanza rwo gupfa, [“bakamumanika,” NW]. Kandi twari twishimiye yukw ari we azocungura Abisirayeli.”

Kileyopa na mugenzi we basigura ibintu vy’igitangaza vyabaye uwo musi, ni ukuvuga amakuru yerekeye ukubonekerwa n’abamarayika gusiga ubwenge hamwe n’uruhafu basanze rugaragara, ariko rero baremera ko bavurunganiwe n’insobanuro y’ivyo bintu. Nya muntu batazi arabahambarira ati: “Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose! Mbega Kristo ntiyar’akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe?” Maze abasobanurira ibihimba vyo mu gisomwa ceranda vyerekeye Kirisitu.

Amaherezo bashika i Emawusi, hanyuma nya muntu batazi amera nk’uwushishikara inzira. Kubera abo bigishwa bashaka kumenya n’ibindi, baramwinginga bati: “Gumana natwe, kuko bugira bgire kand’umusi ukuze cane.” Nuko rero agumaho ngo afungure. Atuye isengesho hanyuma akamanyura umukate maze akawubahereza, batahura ko ari Yezu vy’ukuri ari mu mubiri. Ariko rero aca arakamangana.

Ubu baratahuye ukuntu wa muntu batazi yari umuntu azi ibintu vyinshi cane! Barabaza bati: “Mbeg’imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!” Bidatevye, barahaguruka baranyaragasa inzira yose basubira i Yeruzalemu, bahasanga intumwa hamwe n’abakoraniye hamwe na zo. Imbere y’uko Kileyopa na mugenziwe bagira ico bavuze, abandi bashikiriza aya makuru n’akamwemwe: “N’ukuri Umwami Yesu yāzutse, kandi yabonywe na Simoni.” Maze bano babiri bigana ukuntu Yezu kandi yababonekeye. Iryo rigize kane kuri uwo musi abonekera abigishwa biwe batandukanye.

Yezu buno nyene aboneka ubugira gatanu. Naho nyene inzugi zugaye kubera abigishwa batinya Abayuda, arinjira, ahagarara hagati yabo nyene, hanyuma avuga ati: “Amahoro abe muri mwebwe.” Baraterwa n’ubwoba, biyumvira yuko babonye umuzimu. Nuko rero, mu gusigura yuko atari umuzimu babonye, Yezu avuga ati: “Ikibahagaritse imitima n’iki? Kandi n’iki gitumye mubūranisha imitima? Ni murabe ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mumenye kw ari jewe ubganje: ni munkorakore, murābe, kuk’umuzimu utagira inyama n’amagufa, nk’ivyo mumbonana.” N’ubu ukwemera kubari kure.

Kugira ngo bafashwe gutegera ko vy’ukuri ari Yezu, ababaza ati: “Har’utwo kurya mufise hano?” Amaze kwakira akamanyu k’ifi yokeje akakarya, avuga ati: “Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe [imbere y’urupfu rwanje], y’ingen’ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.”

Mu kubandanya kubagirira icokwitwa inyigisho ya Bibiliya, Yezu yigisha ati: “Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu, kandi yuk’ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu. Namwe mur’ivyabona vyo kuvuga ivyo.”

Ntituzi icatumye Toma ataba ari ho ari kuri iryo koraniro rihambaye ryo ku w’Iyinga ku mugoroba. Nuko rero mu misi ikurikira, abandi babwira Toma n’umunezero bati: “Twabonye Umwami.”

Toma arahakana ati: “Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.”

Imisi umunani iheze abigishwa bongera guhurira mu nzu. Ubu hoho Toma ari kumwe na bo. Naho inzugi zugaye, Yezu yongera guhagarara hagati yabo, avuga ati: “Amahoro abe muri mwebwe.” Maze, ahindukira kuri Toma, amusaba ibi: “Zana hano urutoke rwawe, urābe ibitangaza vyanje; zana urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba utizera.”

Toma aratangara ati: “Mwami wanje, kandi Mana yanje.”

Yezu abaza ati: “Wijejwe n’uk’umbonye. Hahirwa abatarinze kubona, yamara bakizera.” Luka 24:11, 13-48; Yohana 20:19-29.

▪ Umuntu batazi abaza ibiki abigishwa babiri bari mu nzira baja i Emawusi?

▪ Nya muntu avuga ibiki vyatumye imitima y’abigishwa irurumba muri bo?

▪ Abigishwa batahura gute nya muntu uwo ari we?

▪ Igihe Kileyopa na mugenzi we basubira i Yeruzalemu, ni amakuru nyabaki ateye akamwemwe bumva?

▪ Yezu abonekera gute abigishwa biwe ubugira gatanu, kandi ni ibiki bishika muri ico gihe?

▪ Ni ibiki bishika imisi umunani inyuma y’aho Yezu amariye kubabonekera ubugira gatanu, kandi Toma amaherezo ajijuka gute yuko Yezu ari muzima?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika