ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 133
  • Yezu Arangiza Ivyo Imana Isaba Vyose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Arangiza Ivyo Imana Isaba Vyose
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu azana Iparadizo kandi agasozera igikorwa ciwe
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Igihe Ukumenya Imana Kuzoba Kwuzuye Isi
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 133

Ikigabane ca 133

Yezu Arangiza Ivyo Imana Isaba Vyose

IGIHE wa Mwami w’Umurwanantambara Yezu Kirisitu azokuriraho Shetani n’isi igabitanya yiwe, ibaze ukugene bizotuma haba ukunezerwa! Ya Ngoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi irangwa amahoro izoheza ize yatangura!

Biyobowe na Kirisitu hamwe n’abami bazoba bafatanije na we, abazoba barokotse Harumagedoni bazosibura isi bayikureko imisaka izoba yasizwe n’iyo ntambara itunganye. Bisa n’uko kandi abazorokoka kw’isi bazomara igihe bavyara abana, hanyuma bano bakazogira uruhara mu gikorwa giteye akanyamuneza co kurima isi ngo ihinduke itongo ry’akaroruhore rimeze nk’ubusitani.

Mu nyuma, Yezu azogarukana abantu amamiliyoni atavugwa abakuye mu mva zabo kugira ngo binovore iyo Paradizo iteye igomwe. Ivyo azobigira mu gushitsa iri sezerano ubwiwe yatanze ritagiramwo amazinda ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose . . . ba[zo]zivamwo.”

Mu bo Yezu azozura hazoba harimwo umwe yigeze kuba inkozi y’ikibi yapfira iruhande yiwe ku giti c’ukubabarizwako. Uribuka yuko Yezu yasezeranye ati: “Vy’ukuri ndabikubwiye uyu musi, uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo.” (NW) Mugabo uwo mugabo ntazojanwa mw’ijuru gutegeka bwa mwami kumwe na Yezu, eka na Yezu ntazokwongera gucika umuntu ngo abe mw’isi y’Iparadizo bari kumwe. Ahubwo, Yezu azoba ari kumwe n’uwo yigeze kuba inkozi y’ikibi, mu buryo bw’uko azomuzura ngo abe mw’Iparadizo hanyuma amuronse ivyo akeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu, nk’uko vyerekanywe ku rupapuro rukurikira.

Vyiyumvire! Bivuye ku bwitwararitsi bwa Yezu burangwa n’urukundo, umuryango w’abantu wose uko ungana—uwuzoba ugizwe n’abarokotse Harumagedoni, uruvyaro rwabo be n’abantu amamiliyoni ibihumbi bari barapfuye bazutse, bakaba bamugamburukira, bazogenda bavamwo agasembwa. Yehova, akoresheje Ubwami bw’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu, azobana mu vy’impwemu n’abantu iyo bava bakagera. Nk’uko rya jwi Yohani yumvise riva mw’ijuru rivuga, “[a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” Kw’isi nta muntu azocumukura canke ngo arware.

Mu mpera z’Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, ibintu bizomera nk’uko Imana yari yarabitegekanije igihe yabwira umugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva kurondoka no kwuzura isi. Egome, isi izokwuzura abantu bakora ibigororotse, batagira agasembwa. Ivyo bizoshoboka kubera yuko ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Yezu bizoba vyakoreshejwe ku wo ari we wese. Urupfu ruterwa n’icaha ca Adamu ntiruzoba rukiriho!

Yezu azoba rero yashikije ivyo Yehova yamusavye. Hanyuma rero, ku mpera y’iyo myaka igihumbi, azoshikiriza Se wiwe Ubwami hamwe n’umuryango w’abantu wakuwemwo agasembwa. Imana maze izorekura Shetani n’amadayimoni yiwe bave hamwe i kuzimu h’ukudakora kumeze nk’ugupfa. Ivyo bizomara iki?

Urabona, mu mpera z’iyo myaka igihumbi, benshi mu bazoba baba mw’Iparadizo bazoba ari abazuwe bafise ukwizera kutigeze kugeragezwa. Imbere y’uko bapfa, ntibaribwigere bamenya imihango Imana yatanze, bigatuma badashobora kwerekana ko nya mihango bayizeye. Maze bamaze kuzurwa hanyuma bakigishwa ukuri kwa Bibiliya, bazoba barorohewe no gukorera Imana mw’Iparadizo ata kibarwanya na kimwe. Ariko hamwe Shetani yohabwa akabero ko kugerageza kubahagarika ngo ntibabandanye gukorera Imana, ubwo botanga igihinyuza yuko ari intahemuka mu bigeragezo? Kugira ico kibazo gitorerwe inyishu, Shetani azorekurwa.

Ivyahishuriwe Yohani birahishura yuko inyuma y’Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, Shetani azoshobora kwigarurira abantu batazwi igitigiri, abateshe ugukorera Imana. Ariko ico gihe, ico kigeragezo nicahera, Shetani, amadayimoni yiwe hamwe n’abo bose azoba yashoboye kuyovya, bazotikizwa amazimayongo. Mugabo rero abazorokoka b’intahemuka bazoba bageragejwe bikwiye, bazoguma bibereyeho binovora imihezagiro iva kuri Se wo mw’ijuru ibihe bidahera.

Birumvikana, Yezu yararanguye kandi azobandanya kurangura uruhara ruhambaye mu vy’ugushitsa imigambi y’agahore y’Imana. Urumva ga ntuze kazoza keza cane tuzoshobora kugira bivuye ku vyo azogira vyose ari Umwami ahambaye wo mw’ijuru yagenywe n’Imana. Yamara, ntidushobora kwibagira ivyo yakoze vyose igihe yari umuntu.

Yezu yaraje kw’isi n’umutima ukunze, aratwigisha ivyerekeye Se wiwe. Uretse ivyo, yaragaragaje kamere z’agaciro z’Imana. Imitima yacu iraremeshwa iyo turimbuye uburindutsi n’ubutwari yagize vy’agakomeye, ubukerebutsi ntangere bwiwe, ubuhanga bwiwe bw’agakura mu vy’ukwigisha, uburongozi bwiwe burangwa n’ubutinyutsi, be n’imbabazi ziwe zirangwa n’ikibabarwe hamwe n’ikigongwe ciwe. Iyo twibutse ukuntu yacumukuye bimwe bitavugwa igihe yatanga incungu, ari na yo yonyene ituma dushobora kuronka ubuzima, nta gukeka imitima yacu iruzura ukumukengurukira!

Vy’ukuri, ese umuntu twabonye muri iri tohoza ry’ubuzima bwa Yezu! Ukuba ari umuntu ahambaye ni ikintu cigaragaza kandi c’akumiza. Turavyurirwa ingiro yo kwitabira ya majambo ya buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato agira ati: “Raba! Wa mugabo!” (NW) Egome, si ivy’imbeshere, ‘Nya mugabo,’ ni we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose!

Twemeye ivyatunganijwe vyerekeye inkuka y’incungu yatanze, umuzigo w’icaha n’urupfu twarazwe na Adamu turashobora kuwukurwako, kandi Yezu arashobora gucika “Data wa twese ahoraho.” Aboshaka bose kuronka ubuzima budahera bategerezwa kuronka ubumenyi, atari ubwerekeye Imana yonyene, ariko kandi n’ubwerekeye Umwana wayo, Yezu Kirisitu. Ese ugusoma n’ugutohoza iki gitabu vyogufasha kuronka mwene ubwo bumenyi ntangabuzima! 1 Yohana 2:17; 1:7; Yohana 5:28, 29; 3:16; 17:3; 19:5; Luka 23:43; Itanguriro 1:28; 1 Ab’i Korinto 15:24-28; Ivyahishuriwe 20:1-3, 6-10; 21:3, 4; Yesaya 9:6.

▪ Ni agateka gahimbaye akahe kazoterwa abazoba barokotse Harumagedoni hamwe n’abana babo?

▪ Ni bande bazokwibera mw’Iparadizo turetse abazoba barokotse Harumagedoni hamwe n’abana babo, kandi ni mu buryo ki Yezu azoba ari kumwe na bo?

▪ Ibintu bizoba vyifashe gute mu mpera y’imyaka igihumbi, maze Yezu azoca agira iki?

▪ Ni kuki Shetani azorekurwa ngo ave i kuzimu, kandi amaherezo ni ibiki bizomushikira hamwe n’abazoba bamukurikiye bose?

▪ Ni buryo ki Yezu ashobora gucika “Data wa twese ahoraho”?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika