Ikigabane ca 3
Imana y’Ukuri Ni Nde?
1. Ni kuki benshi bemeranya n’amajambo ya Bibiliya atangura?
IYO utereje amaso kw’ijuru, mw’ijoro ryerutse, mbega ntutangazwa no kubona inyenyeri nyinshi kurya? Wosigura ko zabayeho gute? Wovuga iki hoho ku bifise ubuzima biri kw’isi—nk’amashurwe y’amabara, inyoni n’uturirimbo twazo turyoheye ugutwi, ibifi vy’ibimizi vyiginagura mw’ibahari? Twovuga tukaruha. Ivyo vyose ntibishobora kuba vyarizanye. Ntibitangaje kuba abantu benshi bemeranya n’amajambo ya Bibiliya atangura, ari yo y’aya: “Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi”!—Itanguriro 1:1.
2. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Imana, kandi ituremesha kugira iki?
2 Abantu ntibabona kumwe ikibazo cerekeye Imana. Bamwe biyumvira ko Imana ari inguvu itagira ubumuntu. Hari abantu amamiliyoni basenga abakurambere bapfuye, bakemera yuko Imana iri kure cane ku buryo atako twoyegera. Mugabo Bibiliya ihishura yuko Imana y’ukuri ari umuntu nyakuri, atwitwararikana igishika cinshi umwe wese ukwiwe. Ni co gituma ituremesha ‘kurondera Imana,’ ikavuga iti: “[Nti]ri kure y’umuntu n’umwe muri twebge.”—Ivyakozwe 17:27.
3. Ni kuki bidashoboka guhingura igishushanyo c’Imana?
3 Imana isa gute? Hariho bakeyi mu basavyi bayo bigeze kwerekwa ukuhaba kwayo kw’ubuninahazwa. Muri vyo bihe yigereranije yicaye ku ntebe y’ubwami, ubusayangane buteye akoba bushwarika buva kuri yo. Ariko rero, aberetswe ivyo bintu ntibigeze badondora ishusho itomoye yo mu maso hayo. (Daniyeli 7:9, 10; Ivyahishuriwe 4:2, 3) Ivyo ni kubera yuko “Imana [ari i]mpwemu”; ntifise umubiri ufadika. (Yohana 4:24) Kukaba nkako, ntibishoboka gukora igishushanyo gisa vy’ukuri n’Umuremyi wacu, kuko “[a]ta muntu yigeze kubona Imana na rimwe.” (Yohana 1:18; Kuvayo 33:20) Yamara, Bibiliya iratwigisha vyinshi vyerekeye Imana.
IMANA Y’UKURI IRAFISE IZINA
4. Muri Bibiliya ni amazina amwamwe y’icubahiro ayahe ari n’ico avuze akoreshwa ku Mana?
4 Muri Bibiliya, Imana y’ukuri idondorwa n’imvugo nka “Mana Ishoroba vyose,” “Īsumba vyose,” “Umuremyi Ruheta,” “Umucishabwenge Ruheta,” “Segaba Umukama,” “Umwami ahoraho.” (Itanguriro 17:1; Zaburi 50:14; Umusiguzi 12:1, NW; Yesaya 30:20, NW; Ivyakozwe 4:24 NW; 1 Timoteyo 1:17) Tuzirikanye ayo mazina y’icubahiro birashobora kudufasha gukura mu bumenyi bwerekeye Imana.
5. Izina ry’Imana ni irihe, kandi riboneka kangahe mu Vyanditswe vy’Igiheburayo?
5 Ariko rero, Imana irafise izina yiharije riboneka incuro nk’7.000 mu Vyanditswe vy’Igiheburayo honyene, rikaba riboneka kenshi kuruta izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo y’icubahiro. Haraheze imyaka nk’1.900 Abayuda baretse kwatura izina ry’Imana kubera ivy’imiziririzo. Igiheburayo co muri Bibiliya canditswe kitagiramwo indome zivuga. Ni co gituma ata buryo buriho bwo gutomora ukuntu Musa, Dawidi canke abandi bo mu bihe vya kera batura za ndagi zine (יהוה) zigize izina ry’Imana. Abahinga bamwebamwe bavuga yuko izina ry’Imana ryoba ryaturwa ngo “Yahwe,” mugabo ntibashobora kuvyemeza. Inyaturo ngo “Yehova” yo mu Kirundi iramaze igihe kirekire ikoreshwa, kandi izihuye na yo zo mu ndimi nyinshi ziremewe henshi muri iki gihe.—Raba Yesaya 12:2; 26:4.
IGITUMA UKWIYE GUKORESHA IZINA RY’IMANA
6. Muri Yesaya 26:4 havuga iki ku vyerekeye Yehova, kandi ni kuki dukwiye gukoresha izina ryiwe?
6 Izina ry’Imana ry’uruharo, Yehova, rimutandukanya n’izindi mana zose. Ni co gituma iryo zina riboneka kenshi muri Bibiliya, na canecane mu gisomwa cayo c’Igiheburayo. Abahinduzi benshi barananirwa no gukoresha izina ry’Imana, ariko muri Yesaya 26:4 haravuga hatomora hati: “Uhoraho Yehova [ni] we gitandara camah’ibihe bidashira.” Birabereye rero ko dukoresha iryo zina ry’Imana ry’uruharo igihe tuvuga ibiyerekeye.
7. Insobanuro y’izina Yehova itwigisha iki ku vyerekeye Imana?
7 Izina Yehova ni imero y’irivuga ry’Igiheburayo risobanura ngo “kuba ukuntu.” Bityo rero, izina ry’Imana risobanura ngo “Atuma Biba.” Ngaho rero Yehova Imana yivuga ko ari Umunyamigambi Ruheta. Yama nantaryo atuma imigambi yiwe iranguka. Imana y’ukuri yonyene ni yo ifise uburenganzira bwo gushobora kwitwa iryo zina, kuko abantu badashobora kwigera bamenya neza ko imigambi yabo izokwererwa. (Yakobo 4:13, 14) Yehova wenyene ni we ashoboye kuvuga ati: “Uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: . . . rizosozera ico naritumye.”—Yesaya 55:11.
8. Ni umugambi uwuhe Imana yatangaje biciye kuri Musa?
8 Ba sekuruza b’Abaheburayo Aburahamu, Isaka na Yakobo, umwe wese muri abo ‘yarambaza izina rya Yehova,’ mugabo ntibari bazi insobanuro yuzuye y’izina ry’Imana. (Itanguriro 21:33; 26:25; 32:9; Kuvayo 6:3) Igihe Yehova mu nyuma yahishura umugambi afise wo guhabuza ababakomokako, ari bo Bisirayeli, ngo abakure mu buja bwo mu Misiri hanyuma abahe “igihugu gitemba amata n’ubūki,” ivyo bishobora kuba vyasa n’ibitoshoboka. (Kuvayo 3:17) Yamara rero, Imana yarashimangiye insobanuro y’ibihe bidahera y’izina ryayo mu kubwira umumenyeshakazoza wayo Musa ati: “Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’UHORAHO [“Yehova,” NW], Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.”—Kuvayo 3:15.
9. Farawo yabona gute Yehova?
9 Musa yarasavye Farawo, umwami wa Misiri, kurekura Abisirayeli ngo bagende gusenga Yehova mu bugaragwa. Mugabo Farawo uwabonwa nk’imana, akaba kandi yasenga izindi mana za Misiri, yishuye ati: “Uhoraho [“Yehova,” NW] ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho [“Yehova,” NW] sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli.”—Kuvayo 5:1, 2.
10. Muri Misiri ha kera, ni igiki Yehova yakoze kugira ngo ashitse umugambi wiwe werekeye Abisirayeli?
10 Yehova yaciye agira ico akoze buhorobuhoro kugira ngo ashitse umugambi wiwe, akora ahuje n’insobanuro y’izina ryiwe. Yarateje ivyago cumi Abanyamisiri ba kera. Icago ca nyuma cishe imfura zose za Misiri, harimwo n’umuhungu w’umunyabwibone Farawo. Maze Abanyamisiri baciye bipfuza rwose ko Isirayeli yogenda. Ariko rero, hari Abanyamisiri bamwebamwe batangajwe cane n’ububasha bwa Yehova ku buryo bifatanije n’Abisirayeli mu kuva mu Misiri.—Kuvayo 12:35-38.
11. Ni igitangaro ikihe Yehova yakoreye ku Kiyaga Gitukura, kandi abansi biwe bategerejwe kwemanga iki?
11 Iyo ntagondwa Farawo hamwe n’ingabo ziwe, yaciye afata inzira kumwe n’imikogote amajana y’indwano, kugira ngo asubire gufata mpiri abaja biwe. Abanyamisiri begereje, Imana icamwo kubiri Ikiyaga Gitukura ku gitangaro, kugira ngo Abisirayeli bashobore kujabuka baciye kw’isi yumutse. Bene kuboma inyuma binjiye ahaca ikiyaga, Yehova yaciye “atuma amagurudumu y’imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza.” Ba barwanyi b’abanyegiputa bayiha umunwa bati: “Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk’Uhoraho [“Yehova,” NW] abatabara, ari we aturwanya.” Ariko amazi yari yamaze kurenga inkombe. Za mpome ndende z’amazi zisenyukira hasi “[zi]rengera imikogote n’abagendera ku mafarasi, mbere n’ingabo za Farawo zose.” (Kuvayo 14:22-25, 28) Bityo Yehova yihesha izina rihambaye, kandi ico kintu ntikiribagirwa gushika n’uyu musi.—Yosuwa 2:9-11.
12, 13. (a) Izina ry’Imana ridufitiye insobanuro iyihe muri iki gihe? (b) Ni ibiki abantu bakwiye kwiga bimwe vyihutirwa, kandi ni kuki?
12 Izina Imana yihesheje rirafise insobanuro ihambaye kuri twebwe muri iki gihe. Izina ryayo, Yehova, ni icemeza yuko ivyo yashingiye imigambi vyose azotuma biranguka. Muri ivyo harimwo ugushitsa umugambi yari ifise mu ntango w’uko iyi si tubako iba iparadizo. (Itanguriro 1:28; 2:8) Kugira ngo ivyo bibe, Imana izokuraho abo bose barwanya ukugaba n’ukuganza kwayo muri iki gihe, kuko yavuze iti: “Bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho [“Yehova,” NW].” (Ezekiyeli 38:23) Maze Imana izoshitsa isezerarano yatanze ryo guhabuza abayisenga ibinjize mw’isi nshasha y’ubugororotsi.—2 Petero 3:13.
13 Abashaka bose gutona ku Mana bategerezwa kwiga kwambaza izina ryayo mu kwizera. Bibiliya isezerana iti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” (Abaroma 10:13, NW) Egome, izina Yehova rifise insobanuro nini. Kwambaza Yehova nka we Mana yawe n’Umurokozi wawe birashobora kugushikana mu buhirwe butagira iherezo.
KAMERE Z’IMANA Y’UKURI
14. Ni kamere z’ishimikiro izihe Imana ifise Bibiliya ishimikako?
14 Dutohoje uguhabuzwa kw’Abisirayeli igihe bakurwa mu Misiri, turabona kamere nkurunkuru zine Imana ifise zishimangirwa ku burimbane bw’agahore. Ivyo yagiranye na Farawo vyarahishuye ububasha bwayo buteye ubwoba. (Kuvayo 9:16) Uburyo bw’ubuhanga Imana yakoresheje mu gutunganya ico kibazo kitoroshe bwarerekanye ubukerebutsi bwayo ntangere. (Abaroma 11:33) Yarahishuye ubutungane bwayo mu guhana abantu b’intagondwa kandi b’agahahazo barwanya abasavyi biwe. (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Kamere iri imbere y’izindi Imana ifise ni urukundo. Yehova yaragaragaje urukundo rwibonekeje mu gushitsa isezerano yari yaratanze ku biraba abakomoka kuri Aburahamu. (Gusubira mu Vyagezwe 7:8) Yaragaragaje kandi urukundo mu kureka ngo Abanyamisiri bamwebamwe bate imana z’ikinyoma hanyuma bungukire cane ku kuja ku ruhande rw’Imana yonyene y’ukuri.
15, 16. Ni mu buryo ubuhe Imana yagaragaje urukundo?
15 Uko usoma Bibiliya, uzobona yuko urukundo ari ko karanga nyamukuru k’Imana, kandi ikarwerekana mu buryo bwinshi. Nk’akarorero, bivuye ku rukundo yarabaye Umuremyi, hanyuma ibanza gusangira umunezero w’ukubaho n’ibiremwa vy’impwemu. Abo bamarayika amamiliyoni amajana barakunda Imana kandi bakayishemeza. (Yobu 38:4, 7; Daniyeli 7:10) Imana yaragaragaje kandi urukundo mu kurema isi no mu kuyitegura kugira abantu bayibeko banezerewe.—Itanguriro 1:1, 26-28; Zaburi 115:16.
16 Turungukira ku rukundo rw’Imana mu buryo bwinshi cane tutovuga ngo duheze. Kimwe coco, ni uko Imana mu rukundo rwayo yahinguye imibiri yacu mu buryo butangaje butuma twinovora ubuzima. (Zaburi 139:14) Urukundo rwayo rugaragarizwa mu kuntu itanga “imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, i[du]hāza ivyo kurya, yuzuza imitima ya[cu] umunezero.” (Ivyakozwe 14:17) Imana mbere ‘ituma izuba ryayo rirasira ababi n’abeza, kandi iha imvura intungane n’abagabitanya.’ (Matayo 5:45) Urukundo kandi ruratuma Umuremyi wacu adufasha kuronka ubumenyi bwerekeye Imana no kumukorera tunezerewe turi abamusenga. Vy’ukuri, “Imana [ni] urukundo.” (1 Yohana 4:8) Ariko hariho n’iyindi mice ya kamere yayo.
“IMANA Y’IKIGONGWE N’UBUGWANEZA”
17. Ni ibiki twiga vyerekeye Imana muri Kuvayo 34:6, 7?
17 Abisirayeli bamaze kujabuka Ikiyaga Gitukura, bari bagikeneye kumenya Imana neza kuruta. Musa ivyo yarumvise abikeneye hanyuma asenga ati: “Ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe.” (Kuvayo 33:13) Musa yashitse ku kumenya Imana neza kuruta aho yumviye ubwayo imenyesha iti: “Yehova, Yehova, Imana y’ikigongwe n’ubugwaneza, iteba gushavura kandi igwije ubuntu-mvarukundo n’ukuri, izigama ubuntu-mvarukundo ku bw’abantu ibihumbi, ikarekurira ikosa n’icaha n’igicumuro, mugabo ntaho izokura ku muntu igihano.” (Kuvayo 34:6, 7, NW) Imana irarimbanya urukundo rwayo n’ubutungane bwayo, idakingira ikibaba abacumuzi b’ibigirankana ngo ntibashikirwe n’inkurikizi ziva ku bukozi bw’ikibi bwabo.
18. Yehova yagaragaje gute ko ari umunyakigongwe?
18 Nk’uko Musa yabibonye, Yehova aragaragaza ikigongwe. Umuntu w’umunyakigongwe arumvira impuhwe abacumukura kandi akagerageza kubatabara. Bityo Imana yaragiriye imbabazi abantu mu kugira ivyo itunganije kugira ngo bazotabarwe bimwe vy’intahava, ibakize ugucumukura, indwara n’urupfu. (Ivyahishuriwe 21:3-5) Abasenga Imana boshobora gushikirwa n’amakuba bitumwe n’ibintu biri muri iyi si mbi, canke bagashobora gukora mu buryo butaranga ubukerebutsi bigatuma bahura n’ingorane. Ariko mu gihe bahindukiriye Yehova bicishije bugufi kugira ngo abasahirize, azobahumuriza yongere abafashe. Kubera iki? Kubera agirira ikibabarwe abamusenga abigiranye ikigongwe.—Zaburi 86:15; 1 Petero 5:6, 7.
19. Ni kuki dushobora kuvuga yuko Imana ari inyabugwaneza?
19 Abantu benshi bafise ububasha usanga bahahaza abandi. Ariko uzi ingene Yehova we agirira ubugwaneza abasavyi biwe bicisha bugufi! Naho ari we mukuru kuruta vyose kw’isi no mw’ijuru, abantu tubafatiye hamwe arabagirira ubuntu bwibonekeje. (Zaburi 8:3, 4; Luka 6:35) Yehova kandi ni umugwaneza ku bantu umwumwe ukwiwe, akishura ugutakamba gutomoye bamutura barondera kugirirwa ubutoni. (Kuvayo 22:26, 27; Luka 18:13, 14) Birumvikana, Imana si itegeko ngo itoneshe canke igirire ikigongwe umuntu n’umwe. (Kuvayo 33:19) Ku bw’ico, turakeneye kugaragaza ko dushima bimwe bigera kure ikigongwe n’ubugwaneza Imana igira.—Zaburi 145:1, 8.
ITEBA GUSHAVURA, NTIGIRA NKUNZI, KANDI IRAGOROROTSE
20. Ni igiki cerekana ko Yehova ateba gushavura n’uko atagira nkunzi?
20 Yehova arateba gushavura. Yamara, ivyo ntibisobanura yuko atagira ico akoze, kuko yagikoze mu guhonereza ya ntagondwa Farawo n’ingabo ziwe mu Kiyaga Gitukura. Yehova kandi ntagira nkunzi. Ni co gituma abasavyi biwe yikundira b’Abisirayeli bahavuye batakaza ubutoni bwiwe kubera yuko bashishikaye gukora ikibi. Abo Imana yemera kuba abayisenga ni abantu bo mu mahanga yose, mugabo gusa bakaba ari abisunga inzira zayo zigororotse.—Ivyakozwe 10:34, 35.
21. (a) Mu Vyahishuriwe 15:2-4 hatwigisha iki ku vyerekeye Imana? (b) Ni igiki kizotworohereza gukora ivyo Imana ivuga ko bigororotse?
21 Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kirashimika ku kamaro ko kwiga ivyerekeye ‘amateka agororotse’ y’Imana. Kitubwira yuko ibiremwa vyo mw’ijuru biririmba biti: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga. Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.” (Ivyahishuriwe 15:2-4) Tugaragariza Yehova ukumutinya kwiza, canke ukumwubaha kwa cane, mu gukwirikiza ivyo atubwira ko bigororotse. Ivyo biratworohera iyo twiyibukije ubukerebutsi n’urukundo vy’Imana. Amategeko itanga yose ni ku neza yacu.—Yesaya 48:17, 18.
“YEHOVA IMANA YACU NI UMWE”
22. Ni kuki abemera Bibiliya badasenga Ubutatu?
22 Abanyamisiri ba kera basenga imana nyinshi, mugabo Yehova ni ‘Imana isaba gusengwa yonyene.’ (Kuvayo 20:5, NW) Musa yaribukije Abisirayeli yuko “Yehova Imana yacu [ari] Yehova umwe.” (Gusubira mu Vyagezwe 6:4, NW) Yezu Kirisitu yarasubiyemwo ayo majambo. (Mariko 12:28, 29) Ku bw’ivyo rero, abemera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, ntibasenga Ubutatu bugizwe n’abaperesona batatu canke imana zitatu ziri muri imwe. Kukaba nkako, ijambo “Ubutatu” mbere ntiriboneka muri Bibiliya. Imana y’ukuri ni Umuntu umwe, atandukanye na Yezu Kirisitu. (Yohana 14:28; 1 Ab’i Korinto 15:28) Impwemu yera y’Imana si umuntu. Ni inguvu ikora ya Yehova, ikoreshwa n’uwo Mushoboravyose kugira ngo ashitse imigambi yiwe.—Itanguriro 1:2; Ivyakozwe 2:1-4, 32, 33; 2 Petero 1:20, 21.
23. (a) Urukundo ukunda Imana ruzokwongerekana gute? (b) Yezu yavuze iki ku vyerekeye ugukunda Imana, kandi dukeneye iki kugira ngo twige ivyerekeye Kirisitu?
23 Iyo urimbuye ukuntu Yehova atangaje, ntiwemera none yuko akwiriye ko umusenga? Uko utohoza Ijambo ryiwe Bibiliya, uzoshika ku kumumenya neza kuruta, kandi uzomenya ivyo agusaba kugira ngo uzomererwe neza ibihe vyose kandi ugire ubuhirwe bwamaho. (Matayo 5:3, 6) Vyongeye, urukundo ufitiye Imana ruzokwongerekana. Ivyo birakwiriye, kuko Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubugingo bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mariko 12:30, NW) Biribonekeza, Yezu yari afitiye Imana mwene urwo rukundo. Mugabo none Bibiliya ihishura iki ku vyerekeye Yezu Kirisitu? Afise uruhara uruhe mu mugambi wa Yehova?
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
Izina ry’Imana ni irihe, kandi rikoreshwa kangahe mu Vyanditswe vy’Igiheburayo?
Ni kuki ukwiye gukoresha izina ry’Imana?
Ni kamere za Yehova Imana izihe zigukwegera canecane?
[Ifoto ku rup. 29]
Umuremyi w’ibintu vyose umuzi neza ku rugero rungana iki?