Ikigabane ca 12
Nurwanye Inteko z’Ibiremwa vy’Impwemu vy’Ibibisha
1. Yezu yavyifashemwo gute igihe yahura n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha?
YEZU KIRISITU akimara kubatizwa, yagiye mu bugaragwa bw’i Yudaya gusenga no kuzirikana. Maze Shetani wa Mucokoranyi yaragerageje kwosha Yezu ngo arenge amategeko y’Imana. Mugabo Yezu yaramiriye kure ico cambo ca wa Mucokoranyi, bituma adafatirwa mu mutego wiwe. Yezu yarahanganye n’ibindi biremwa vy’impwemu vy’ibibisha igihe yariko arakora igikorwa ciwe kw’isi. Yamara, akatari gake yarabikankamiye aranabirwanya.—Luka 4:1-13; 8:26-34; 9:37-43.
2. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?
2 Inkuru za Bibiliya zivuga ukungene vyagenze ico gihe, ziratujijura yuko ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bibaho. Biragerageza kuyovya abantu. Ariko rero, ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha turashobora kubirwanya. Ariko none ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha vyaturutse he? Ni kuki bigerageza guhenda abantu? Kandi ni uburyo ubuhe bikoresha kugira ngo bishike ku co bishaka? Kuronkera inyishu ibibazo mwene ivyo bizogufasha kurwanya inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha.
INKOMOKO Y’IBIREMWA VY’IMPWEMU VY’IBIBISHA BE N’INTUMBERO BIFISE
3. Shetani wa Mucokoranyi yamubaye gute?
3 Yehova Imana yararemye isinzi ry’ibiremwa vy’impwemu imbere rwose y’uko arema abantu. (Yobu 38:4, 7) Nk’uko vyasiguwe mu Kigabane ca 6, umwe muri abo bamarayika yaratsimbataje icipfuzo c’ukubona abantu bamusenga aho gusenga Yehova. Uwo mumarayika w’umubisha yarashishikaye iyo ntumbero ararwanya Umuremyi yongera aramucokora, eka mbere abwira umugore wa mbere yuko Imana ari umubeshi. Birakwiriye rero kuba ico kiremwa c’impwemu c’ikigarariji cahavuye citwa Shetani (uwurwanya) na Mucokoranyi (uwucokora).—Itanguriro 3:1-5; Yobu 1:6.
4. Abamarayika bamwebamwe bacumuye gute mu misi ya Nowa?
4 Mu nyuma, hari abandi bamarayika bagiye ku ruhande rwa Shetani wa Mucokoranyi. Mu misi ya wa mugororotsi Nowa, bamwe muri abo barahevye umurimo wabo mw’ijuru hanyuma biyambika imibiri y’inyama kugira ngo bimarire inambu y’umubiri ku bagore bo kw’isi. Nta gukeka ko Shetani ari we yoheje abo bamarayika ngo bafate iyo ngendo y’ukugambarara. Ivyo vyatumye bavyara abana b’imvange biswe Abanefili, baba abaturubitsi b’inkazi. Igihe Yehova yateza Isegenya ikomeye, iyo sengenya yarahoneje abantu bari barononekaye hamwe n’urwo ruvyaro rutavutse uko bisanzwe rw’abo bamarayika b’ibigaba. Nya bamarayika b’abagarariji barahunze agatikizo mu kwiyambura imibiri yabo y’inyama hanyuma bisubirira mu karere k’impwemu. Mugabo Imana yaratangiriye ayo madayimoni mu kuyafata nk’ayatawe mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. (Itanguriro 6:1-7, 17; Yuda 6) Mugabo Shetani, “umukuru w’abadayimoni” hamwe n’abamarayika biwe b’ababisha barashishikaye ukugarariza kwabo. (Luka 11:15) Ico barondera gushikako ni igiki?
5. Shetani n’amadayimoni yiwe bafise intumbero iyihe, kandi bakoresha iki ngo bafate abantu mu mitego?
5 Intumbero mbi Shetani n’amadayimoni bafise ni ugukura abantu kuri Yehova Imana. Ni co gituma kuva kera hose abo babisha bamye bayovya abantu, bakabahigira, bakanabatera. (Ivyahishuriwe 12:9) Uturorero two muri iki gihe turemeza yuko ibitero vy’amadayimoni bikora ikibi cane kuruta uko vyigeze kuba. Kugira amadayimoni afate abantu mu mutego, kenshi akoresha ubwoko bwose bw’amareba. None amadayimoni akoresha ico cambo gute, kandi woshobora gute kwirwanira?
INGENE IBIREMWA VY’IMPWEMU VY’IBIBISHA BIGERAGEZA KUKUYOVYA
6. Amareba ni iki, kandi ubwoko bumwebumwe bwayo ni ubuhe?
6 Amareba ni iki? Ni ugukorana n’amadayimoni, ari vyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha, mwaba mwivuganira ubwawe canke uciye ku mupfumu. Amareba akorera amadayimoni ico icambo gikorera abahigi: gikwegakwega ikiriko kirahigwa. Kandi nk’uko nyene umuhigi akoresha ivyambo bitari bimwe kugira ngo ahendahende ibikoko bigwe mu mutego, ni ko ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha biremesha ubwoko butari bumwe bw’amareba kugira ngo vyifatire abantu. (Gereranya na Zaburi 119:110.) Bumwe muri ubwo bwoko ni ukuragura, maji, kurondera kumenya ibizoshika, ubupfumu, gutera urubizo, kuja kuraguza, no kubaza abapfuye.
7. Ivy’amareba vyakwiragiye henshi ku rugero rungana iki, kandi ni kuki bigwiriye no mu bihugu vyitwa ko ari ivy’Abakirisu?
7 Ico cambo kirakora, kuko amareba akwegakwega abantu bo kw’isi iyo iva ikagera. Ababa mu bitoki baja ku bapfumu, abanyabiro na bo bakaja ku baragurira ku nyenyeri. Amareba yariraye no mu bihugu vyitwa ngo ni ivy’Abakirisu. Ubushakashatsi bwerekana yuko muri Leta Zunze Ubumwe honyene, ibinyamakuru nka 30 bihandikirwa bigasohorwa mu birenga 10.000.000 vyose hamwe, usanga ari ibivuga ubwoko butari bumwe bw’amareba. Uko umwaka utashe, Abanyabrezili basohora amadolari arenga imiliyoni 500 ku bintu vy’amareba. Yamara ibice 80 kw’ijana vy’abaja ahasengerwa mu buryo bw’amareba muri ico gihugu, ni Abagatolika babatijwe baja no mu misa. Kubera yuko bamwe mu barongozi b’amadini bagira ivy’amareba, abanyedini benshi biyumvira yuko kubigira vyemerwa ku Mana. Ariko ubwo ni vyo?
IGITUMA BIBILIYA YIYAMIRIZA UKUGIRA IVY’AMAREBA
8. Ivyanditswe bivuga iki ku vy’amareba?
8 Nimba bakwigishije yuko ubwoko bumwebumwe bw’amareba ari uburyo bwo kuganira n’ibiremwa vy’impwemu vyiza, wotangazwa no kumenya ico Bibiliya ivuga ku vy’amareba. Abasavyi ba Yehova bari baraburiwe ngo: “Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu cank’abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya.” (Abalewi 19:31; 20:6, 27, ni twe tubihiritse.) Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kiratanga imburizi yuko “abarozi [“abanyamareba,” NW]” bazoherera mu “kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri [rw’ibihe bidahera].” (Ivyahishuriwe 21:8; 22:15) Ubwoko bwose bw’amareba Yehova arabwanka. (Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12) Ni kuki abwanka?
9. Ni kuki dushobora gushika ku ciyumviro c’uko ubutumwa buva mu karere k’impwemu muri iki gihe butaba buturutse kuri Yehova?
9 Yehova yararungika ibiremwa vy’impwemu vyiza, ni ukuvuga abamarayika bagororotse, ngo baganire n’abantu bamwebamwe imbere y’uko Bibiliya yandikwa yose uko ingana. Kuva aho Ijambo ry’Imana rirangiriye kwandikwa, ryaratanze ubuyobozi abantu bakeneye kugira bakorere Yehova mu buryo yemera. (2 Timoteyo 3:16, 17; Abaheburayo 1:1, 2) Ntarengana Ijambo ryiwe ryeranda ngo arungikane ubutumwa abapfumu. Mwene ubwo butumwa bwose bwo muri iki gihe buva mu karere k’impwemu buturuka ku biremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Kugira ivy’amareba birashobora gutuma umuntu aturubikwa n’amadayimoni, canke mbere akizizirwa n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Ni co gituma Imana mu rukundo rwayo ituburira kutaja mu mugenzo n’umwe ujanye n’ivy’amareba. (Gusubira mu Vyagezwe 18:14; Ab’i Galatiya 5:19-21) Vyongeye, hamwe twobandanya tugira ivy’amareba tumaze kumenya ukuntu Yehova abibona, twoba turiko tuja ku ruhande rwa vya biremwa vy’impwemu vy’ibibisha vyagarariza, kandi twoba tubaye abansi b’Imana.—1 Samweli 15:23; 1 Ngoma 10:13, 14; Zaburi 5:4.
10. Kuragura ni iki, kandi ni kuki dukwiye kuvyirinda?
10 Ubwoko bumwe bukundwa na benshi bw’ivy’amareba ni ukuragura, kukaba ari ukugerageza kumenya ibizoshika canke ibitazwi ufashijwe n’ibiremwa vy’impwemu. Bumwebumwe mu bwoko bw’amareba ni ukuragurira ku nyenyeri, ukuragurira mu kiyo, gusobanura indoto, gusoma mu kiganza, hamwe n’ukuragura ibizoba ukoresheje amakarata. Abantu benshi babona ko ukuragura ari ugukina ataco gutwaye, mugabo Bibiliya yerekana ko abapfumu n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bigendana. Nk’akarorero, mu Vyakozwe 16:16-19 haravuga ivy’ ‘idayimoni iragura’ yashoboza umukobwa umwe kugira “indagu.” Ariko rero, ububasha yari afise bwo kuvuga ivya kazoza bwarazimanganye igihe iyo dayimoni yasendwa. Birumvikana, ukuragura ni icambo gikoreshwa n’amadayimoni kugira ngo akwegakwegere abantu mu mutego wayo.
11. Ni kuki ukugerageza kuganira n’abapfuye birimwo umutego?
11 Nimba utuntujwe n’uko hari uwo mu muryango iwanyu yasandavye canke umugenzi wa cane, woshobora gukwegwa n’ikindi cambo bitagoranye. Umupfumu yoshobora kuguha amakuru adasanzwe canke akavuga mw’ijwi womenga ni irya nya muntu yasandavye. Uragaba! Kugerageza kuganira n’abapfuye birata umuntu mu mutego. Uti kuki? Kubera ko abapfuye badashobora kuvuga. Nk’uko ngirango uvyibuka, Ijambo ry’Imana rivuga icese yuko iyo umuntu apfuye “[y]isubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.” “Abapfuye nta co baba bakizi.” (Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:5, 10) Vyongeye, mu vy’ukuri amadayimoni ni yo vyamenyekanye yuko yigana ijwi ry’uwasandavye hanyuma agaha umupfumu amakuru yerekeye nya muntu yapfuye. (1 Samweli 28:3-19) “Ūraguza imizimu” rero aba ariko arafatirwa mu mutego n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha, kandi aba ariko arakora ibinyuranye n’ivyo Yehova Imana agomba.—Gusubira mu Vyagezwe 18:11, 12; Yesaya 8:19.
BIRAKWEGAKWEGA ABANTU HANYUMA BIKABATERA
12, 13. Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko amadayimoni ashishikara kwosha no guturubika abantu?
12 Iyo ukurikije impanuro Ijambo ry’Imana ritanga ku vyerekeye amareba, uba wiyamirije ca cambo c’amadayimoni. (Gereranya na Zaburi 141:9, 10; Abaroma 12:9.) Ivyo vyoba none bisigura yuko ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bizoca bireka kugerageza kugucakira? Habe namba! Aho Shetani amariye kugerageza Yezu gatatu, yaciye “imuva iruhande gushika aho izoba ikimugarukirako.” (Luka 4:13, UB ) N’ibiremwa vy’impwemu vy’intagondwa ntibikwegakwega abantu gusa, ahubwo biranabatera.
13 Niwibuke ibintu twarimbuye imbere y’aha ku vyerekeye igitero Shetani yateye Yobu wa musavyi w’Imana. Uwo Mucokoranyi yaratumye Yobu atakaza amasho yiwe aranabura benshi mu basuku biwe. Shetani mbere yarishe n’abana ba Yobu. Mu nyuma, yarateje Yobu ubwiwe indwara ibabaza cane. Mugabo Yobu yagumye ari intadohoka ku Mana, kandi yarahezagiwe bimwe bikomeye. (Yobu 1:7-19; 2:7, 8; 42:12) Kuva ico gihe, amadayimoni yaragize abantu bamwebamwe ibiragi canke impumyi, kandi mbere yarabandanije kunezerererwa ugucumukura kw’abantu. (Matayo 9:32, 33; 12:22; Mariko 5:2-5) Muri iki gihe, hariho inkuru zerekana yuko amadayimoni aturubika abantu bamwebamwe mu vy’igitsina, abandi akabagira abasazi. Hariho n’abandi atuma bica no kwiyahura, ivyo na vyo bikaba ari ivyaha ku Mana. (Gusubira mu Vyagezwe 5:17; 1 Yohana 3:15) Mugabo rero, hariho abantu ibihumbi bari barafashwe mu mitego y’ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha bashoboye kuvyigobotora. Ivyo vyabashobokeye gute? Babishoboye mu gutera intambwe zihambaye.
UBURYO BWO KURWANYA IBIREMWA VY’IMPWEMU VY’IBIBISHA
14. Uhuje n’akarorero k’Abakirisu b’i Efeso bo mu kinjana ca mbere, ushobora gute kurwanya ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha?
14 Uburyo bumwe ushobora kurwanya ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha kandi wewe n’umuryango wawe mukikingira imitego bibatega ni ubuhe? Abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Efeso bari bahoze bagira ivy’amareba imbere y’uko bizera barateye intambwe kirumara. Dusoma yuko “benshi no mu bakora ivy’ubupfumu bakoran[ije] ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose.” (Ivyakozwe 19:19) Naho woba utagize ivy’amareba, niwikureko ikintu cose gikoreshwa ivy’amareba canke gifise ico gipfana na vyo. Muri ivyo harimwo ibitabu, ibinyamakuru, amavidewo, amafoto bamanika ku mpome, imiziki, be n’ibintu bikoreshwa mu vy’amareba. Harimwo kandi n’ibigirwamana, ibiheko hamwe n’ibindi bintu abantu bambara ngo bibakingire, be n’ibintu abantu bagabirwa n’abanyamareba. (Gusubira mu Vyagezwe 7:25, 26; 1 Ab’i Korinto 10:21) Dutange akarorero: Hari umugabo n’umugore bubakanye bo muri Tayilande bari bamaze igihe kirekire baturubikwa n’amadayimoni. Maze barikuyeko ibintu vyose bijanye n’amareba. None vyavuyemwo iki? Barakize ibitero vy’amadayimoni, kandi mu nyuma baragira iterambere ryo mu vy’impwemu riboneka.
15. Mu kurwanya inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha, ni iyindi ntambwe iyihe ikenewe?
15 Kugira ngo turwanye ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha, iyindi ntambwe ikenewe ni ugukurikiza impanuro intumwa Paulo yatanze y’ukwambara umwambaro ukwiye w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa n’Imana. (Abanyefeso 6:11-17) Abakirisu bategerezwa gukomeza uburyo bwabo bwo kwivuna ibiremwa vy’impemu vy’ibibisha. None muri iyo ntambwe harimwo ibiki? Paulo yavuze ati: “[Hejuru ya] vyose, mwābīre inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro.” Si ivy’imbeshere, uko ukwizera kwawe kuzorushiriza gukomera, ni ko ubushobozi bwawe buzorushiriza gukomera kugira ngo urwanye izo nteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha.—Matayo 17:14-20.
16. Ushobora gute gukomeza ukwizera kwawe?
16 None ushobora gute gukomeza ukwizera kwawe? Mu kubandanya wiga Bibiliya wongera ushira mu ngiro impanuro itanga, mu buzima bwawe. Ahanini ubukomezi bw’ukwizera umuntu afise buva ku kuntu ishimikiro ryakwo rishikamye, ari ryo bumenyi bwerekeye Imana. Ntiwemera none yuko ubumenyi nyakuri waronse ukanabufata nka nkama igihe wiga Bibiliya bwubatse ukwizera kwawe? (Abaroma 10:10, 17) Nta gukeka rero, uko ubandanya iyo nyigisho kandi ukamenyera kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova, ukwizera kwawe kuzorushiriza mbere gukomera. (Abaroma 1:11, 12; Ab’i Kolosayi 2:6, 7) Kuzoba nk’igihome kigukingira ibitero vy’amadayimoni.—1 Yohana 5:5.
17. Ni izindi ntambwe izihe zikenewe mu vy’ukurwanya inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha?
17 Ni izindi ntambwe izihe umuntu yiyemeje kurwanya inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha? Abakirisu b’i Efeso bari bakeneye gukingirwa kubera ko baba mu gisagara aho ivy’ugusenga amadayimoni vyari vyatse indaro. Ni co gituma Paulo yababwiye ati: “Musengere [mu m]pwemu ibihe vyose.” (Abanyefeso 6:18) Kubera ko tuba mw’isi yanyegewe n’amadayimoni, gusenga tudahengeshanya kugira ngo Imana idukingire ni ntahara kugira ngo turwanye ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. (Matayo 6:13) Icodufasha muri ivyo ni imfashanyo yo mu vy’impwemu duhabwa n’abakurambere bo mw’ishengero ry’Abakirisu hamwe n’amasengesho yabo.—Yakobo 5:13-15.
NUSHISHIKARE URUGAMBA RWAWE RWO KURWANYA IBIREMWA VY’IMPWEMU VY’IBIBISHA
18, 19. Umuntu yogira iki mu gihe amadayimoni yongeye kumuturubika?
18 Ariko rero, no mu gihe bamariye gutera izo ntambwe z’ishimikiro, bamwe baraturubitswe n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Nk’akarorero, umugabo umwe wo muri Côte d’Ivoire yariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova hanyuma aratikiza ibiheko vyiwe vyose. Mu nyuma yaragize iterambere ryiza, aregurira Yehova ubuzima biwe, hanyuma arabatizwa. Mugabo haciye iyinga abatijwe, ya madayimoni atangura kwongera kumuturubika, haraza n’amajwi amubwira guheba ukwizera kwiwe yari aherutse kugira. Hamwe ivyo vyogushikako, vyoba bisigura yuko Yehova atakigukingira? Si ngombwa ngo bibe ari ukwo.
19 Naho wa muntu Yezu Kirisitu atagira agasembwa yari akingiwe n’Imana, yarumvise ijwi rya ca kiremwa c’impwemu c’ikibisha Shetani wa Mucokoranyi. Yezu yarerekanye ico twogira igihe bitugendeye gutyo. Yabwiye uwo Mucokoranyi ati: “Mvako, [Shetani].” (Matayo 4:3-10) Muri ubwo buryo nyene, ukwiye kwanka kwumviriza amajwi ava mu karere k’impwemu. Nurwanye ivyo biremwa vy’impemu vy’ibibisha mu gutabaza Yehova. Egome, senga n’ijwi ryumvikana ukoresheje izina ry’Imana. Mu Migani 18:10 havuga hati: “Izina ry’Uhoraho [“Yehova,” NW] n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.” Wa mugabo w’Umukirisu wo muri Côte d’Ivoire ivyo yarabigize, hanyuma vya biremwa vy’impwemu vy’ibibisha bica birareka kumuturubika.—Zaburi 124:8; 145:18.
20. Mu ncamake, wewe wokora iki kugira ngo urwanye ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha?
20 Yehova yararetse ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha bibandanya kubaho, mugabo arerekana ububasha bwiwe, na canecane ku neza y’abasavyi biwe, kandi izina ryiwe ririko riramenyeshwa kw’isi yose. (Kuvayo 9:16) Ugumye wiyegereje Imana, ntukwiye kwirirwa uratinya ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. (Guharūra 23:21, 23; Yakobo 4:7, 8; 2 Petero 2:9) Ububasha bifise buri n’urubibe ntarengwa. Barahanywe mu gihe ca Nowa, bakaba baheruka gutabwa hanze y’ijuru, none ubu barindiriye gucirwa urubanza rwa nyuma. (Yuda 6; Ivyahishuriwe 12:9; 20:1-3, 7-10, 14) Nkako, biratekewe n’ubwoba bw’agatikizo kabirindiriye. (Yakobo 2:19) None rero, ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha vyaba bigerageza kugukwegakwega bikoresheje ubwoko kanaka bw’icambo, canke bikagutera mu buryo ubwo ari bwo bwose, urashobora kubirwanya. (2 Ab’i Korinto 2:11) Nuce kure ubwoko bwose bw’ivy’amareba, ushire mu ngiro impanuro y’Ijambo ry’Imana, hanyuma urondere gushimwa na Yehova. Ivyo nubigire mu maguru masha, kuko ubuzima bwawe ubukesha ukurwanya kwawe inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha!
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
Ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bigerageza gute kuyovya abantu?
Ni kuki Bibiliya yiyamiriza ivy’amareba?
Umuntu ashobora gute kwigobotora ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha?
Ni kuki ukwiye kuguma urwanya ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha?
[Ifoto ku rup. 110]
Wewe ubona gute ivy’amareba uko biri ubwoko bwinshi?