Ikigabane ca 19
Igihe Ukumenya Imana Kuzoba Kwuzuye Isi
1, 2. Ivyo Yehova yaremye vyahavuye vyononekara gute?
DUFATE yuko umuhinguzi ahambaye w’utugenegene yoba ariho agiheza gushushanya ishusho y’akaroruhore. Biba bibereye yuko ayifata ko ari nziza cane—emwe, agahore! Yamara mw’ijoro haje umukeba w’umunyeshari aravyonona. Birumvikana, ivyo birababaza cane uwo muhinguzi w’utugenegene. Ibaze ukuntu aba ashashaye cane kubona uwo mwononyi atawe mu munyororo! Kandi ibaze ukuntu uwo muhinguzi w’utugenegene yipfuza cane kubona ivyo yari yahinguye bisubiye kugira ubwiza vyahorana.
2 Cokimwe n’uwo muhinguzi w’utugenegene, Yehova yararemye ibintu vy’agahore mu gutegura isi no kuyishirako abantu. Amaze kurema umugabo n’umugore, ivyo yakoze kw’isi vyose yavuze ko ari “vyiza cane.” (Itanguriro 1:31) Adamu na Eva bari abana b’Imana bwite, kandi yarabakunda. Yashaka ko bagira kazoza k’ubuhirwe kandi keza cane. Ego ni ko Shetani yatumye bagarariza, ariko ibiremwa vyiza igitangaza vy’Imana ntivyononekaye ubutakivayo.—Itanguriro 3:23, 24; 6:11, 12.
3. ‘Ubuzima nyakuri’ ni iki?
3 Imana yiyemeje gushira ibintu mu buryo. Irashaka cane kubona tubayeho nk’uko vyari mu mugambi wayo mu ntango. Ukubaho kwacu kugufi kandi kwuzuye ingorane si bwo ‘buzima nyakuri,’ kuko buri hasi cane y’ubwo Yehova ashaka ko tugira. ‘Ubuzima nyakuri’ Imana ishaka ko tugira ni ‘ubuzima budahera’ tuzogira ibintu bimeze neza cane.—1 Timoteyo 6:12, 19.
4, 5. (a) Icizigiro co kuba mw’Iparadizo kizoranguka gute? (b) Ni kuki dukwiye kwiyumvira ivy’icizigiro cacu ca kazoza?
4 Ubumenyi bwerekeye Imana butuma umuntu agira ibanga imbere ya Yehova. (Yakobo 4:17) Mugabo iyumvire imihezagiro uzokwironkera uramutse ushize mu ngiro ubwo bumenyi kandi ukarondera gushikira ubuzima budahera. Mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova Imana yarerekanye ishusho y’akaroruhore y’ukungene ubwo buzima buzoba bumeze mw’isi y’Iparadizo yegereje cane. Birumvikana, twebwe abasavyi ba Yehova ntidukorera Imana tubitumwe gusa n’icipfuzo co kuronka impera. Dukorera Imana kubera ko tuyikunda. (Mariko 12:29, 30) Vyongeye, ntiduca ubuzima mu gukorera Yehova. Ubuzima budahera ni ingabirano y’Imana. (Abaroma 6:23) Tuzohungukira tuzirikanye kuri mwene ubwo buzima kubera ko icizigiro c’Iparadizo kitwibutsa ukuntu Imana Yehova imeze—yuko ‘iha impera abayirondera’ abigiranye urukundo. (Abaheburayo 11:6) Icizigiro gikayangana mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu kizotuma twihanganira amagume yo muri iyi si ya Shetani.—Yeremiya 23:20.
5 Reka ubu na ho turabe ca cizigiro gishingiye kuri Bibiliya c’ubuzima budahera mw’Iparadizo igiye kuza yo kw’isi. Mbega ubuzima buzoba bumeze gute igihe ukumenya Imana kuzoba kwuzuye isi?
INYUMA YA HARUMAGEDONI HAZOBA ISI Y’IPARADIZO
6. Harumagedoni ni iki, kandi izoba isobanura iki ku bantu?
6 Nk’uko vyerekanywe amaja imbere y’aha, Yehova Imana vuba azohonya urunkwekwe rw’ibintu rubi ruriho ubu. Isi iriko yegereza ningoga ico Bibiliya yita Harumagedoni. Iryo jambo ryoshobora gutuma abantu bamwebamwe biyumvira agatikizo ruhonyanganda koba gatewe n’amahanga ari mu ntambara, mugabo Harumagedoni si ukwo imeze na buhorobuhoro. Nk’uko mu Vyahishuriwe 16:14-16 havyerekana, Harumagedoni ni “intambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.” Ni intambara izoba irimwo “abami bo mw isi yose,” canke amahanga. Umwana wa Yehova Imana, ari we Mwami yagenywe, vuba agiye kugendera kw’ifarasi aje mu ntambara. Intsinzi izoba ari yose. Abarwanya Ubwami bw’Imana bose, bakaba n’umuce w’isi mbi ya Shetani, bazorandurwa. Abizigirwa kuri Yehova ni bo bonyene bazorokoka.—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 19:11-21.
7. Shetani n’amadayimoni yiwe bazoba bari hehe mu gihe c’Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, kandi ivyo bizogirira akamaro abantu gute?
7 Iyumvire yuko wewe urokotse ako gatikizo. Mbega kw’isi ubuzima bwomera gute mw’isi nshasha Imana yasezeranye? (2 Petero 3:13) Ntitwokwirirwa turanuganuga kubera ko Bibiliya ibitubwira, kandi ivyo ivuga birateye urweze. Twiga yuko Shetani n’amadayimoni yiwe bazohagarikwa, baboherwe mu gisumanyenzi mu gihe c’Ingoma ya Yezu Kirisitu y’Imyaka Igihumbi. Ivyo biremwa vy’ibibisha kandi vy’ibinyenzigo ntibizosubira kuza birihisha bitera umudurumbanyo vyongera bigerageza kudusunikira ku gukora ibikorwa vy’uguhemukira Imana. Ibaze ingene tuzoba dutabawe!—Ivyahishuriwe 20:1-3.
8, 9. Mw’isi nshasha, ni igiki kizoshikira amarushwa, indwara n’ubusaza?
8 Mu nyuma, ubwoko bwose bw’indwara ntuzomenya n’iyo bwaciye. (Yesaya 33:24) Ni ho ibimuga bizohagarara, bigendagende, vyirukange, eka bivyinishe amaguru akomeye. Inyuma y’imyaka n’iyindi ibipfamatwi bizoba vyari vyaramaze mu gacerere, bazokwumva amajwi ateye umunezero ava irya n’ino. Impumyi zizogwa mu gahundwe nibabona isi y’amabara menshi n’imero bitamanzukiye mu maso yabo. (Yesaya 35:5, 6) Si bo bazoba bagiye babona ababo! Kumbure ico gihe bazomara akanya babona ivyijiji amaso yabo adengereye amosozi y’umunezero.
9 Iyumvire nawe! Nta marori, nta kugendera ku bibando no ku nkoni, nta n’imiti, nta n’amavuriro y’amenyo canke ibitaro bizoba bikiriho! Indwara ziva ku kanyengetera be n’akabonge ntibizokwongera gutwara abantu umunezero. Nta mwana azozingamikwa n’indwara. Uguhomvagurwa n’ubusaza kuzoba kwakuweho. (Yobu 33:25) Tuzogira amagara meza, dukomere kuruta. Imisi yose mu gitondo tuzokwikangura tuvuye mu gatiro karuhura ko mw’ijoro, twagize akandi gatege, imbaga ari zose, dushashaye kumara uwundi musi dufise amagara atotahaye n’igikorwa kimara akanyota.
10. Ni igikorwa ikihe abazorokoka Harumagedoni bazotangura gukora?
10 Hazoba hari ibikorwa vyinshi biteye akamwemwe bizokorwa n’abarokotse Harumagedoni. Bano bazohindura isi iparadizo. Amakanda yose y’iyi si ishaje azoba yarazimanganijwe. Amashamba n’ubusitani biryoheye ijisho bizokwuburuka bisubirire uducimbiri tubitubi n’ahari umusaka. Bose bazoba bifitiye inzu nzizanziza, zishimishije. (Yesaya 65:21) Uko igihe kizorengana, utwo turere tw’isi tumeze nk’iparadizo tuzoza turaguka dufatangana gushika isi yose ishikiriye urugero rw’ubwiza rwari rwashinzwe n’Umuremyi muri rya tongo ry’i Edeni. Ese ukuntu bizoba bimara inyota kugira uruhara muri ico gikorwa co gusubiza isi akaranga!
11. Muri kazoza umuntu azoba afitaniye ubucuti nyabaki n’ibimukikije hamwe n’ibikoko?
11 Ivyo vyose bizokorwa biyobowe n’Imana kugira ngo ibidukikije ntibigire ico biba. Abantu bazobana amahoro n’ibikoko. Aho kuza aravyica ata kagongwe, umuntu azosubira kandi kugira ibanga ryo kugaba isi, abibungabunge neza. Ihe ishusho y’amabingira n’imyagazi y’intama, intambwe n’inyana biriko birarisha hamwe—kandi ivyo bitungwa ntihagire ico biba namba. Mbere n’umwana mutoya ntazotinya inyamaswa na gato, eka n’umutekano wo mw’isi nshasha ntuzohungabanywa n’abantu b’abagesera, b’ibimwenyi. (Yesaya 11:6-8) Ewe kuntu izoba ari isi nshasha y’amahoro!
ABANTU BAZOBA BAHINDUWE UKUNDI
12. Muri Yesaya 11:9 hariko hararanguka gute muri iki gihe, kandi hazoranguka gute mw’Iparadizo?
12 Muri Yesaya 11:9 haratubwira igituma kw’isi yose ata kugirirwa nabi kuzohaba. Havuga hati: “Kumenya [“Yehova,” NW] kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.” Ivyo vyerekeye abantu kubera ko ibikoko bidashobora kwakira ‘ukumenya Yehova’ ngo bigire ico bihinduye, kuko bigenza itima. Mugabo ubumenyi bwerekeye Umuremyi wacu burahindura abantu koko. Nta nkeka ko ubwawe umaze kugira ibintu kanaka uhinduye kubera ugukurikiza ubumenyi bwerekeye Imana mu buzima bwawe. Abantu amamiliyoni barabigize. Urumva rero ko ubwo buhanuzi bumaze gutangura kurangukira mu bakorera Yehova. Yamara bwerekeza kandi ku gihe kw’isi yose abantu bazoba bikuyemwo utugeso twose tw’ubunyamaswa canke tw’ubugizi bwa nabi hanyuma bagacika abanyamahoro ibihe bidahera.
13. Ni porogarama iyihe y’ukwigisha izobaho kw’isi?
13 Ese ukuntu bizoba ari igitangaza igihe ubumenyi bwerekeye Imana buzoba bwuzuye isi! Hazoba porogarama nini cane yo kwigisha izoba irongowe n’Umwami Yezu Kirisitu na bamwe 144.000 bazoba baganzanya na we. Ico gihe “ibitabo” bishasha bizokoreshwa. Biboneka yuko ivyo ari amabwirizwa yanditswe y’Imana azoshimikirwako mu kwigisha abantu baba kw’isi. (Ivyahishuriwe 20:12) Abantu ntibazokwiga kurwana, bazokwiga amahoro. Ibirwanisho bitikiza vyose bizoba vyavuyeho amazimayongo. (Zaburi 46:9) Ababa mw’isi nshasha bazokwigishwa kugirira abantu nka bo urukundo, icubahiro n’urupfasoni.
14. Isi izomera ukundi gute igihe abantu bazoba ari umuryango umwe ufatanye mu nda?
14 Abantu bazocika umuryango umwe ufatanye mu nda. Ntihazobaho ibibangamira ubumwe n’ubuvukanyi. (Zaburi 133:1-3) Nta nzu y’umuntu n’umwe izokwirirwa iradadirwa ngo ibisuma ntivyinjire. Amahoro azohangama mu mutima w’umuntu wese, mu nzu yose, mu mihingo yose yo kw’isi.—Mika 4:4.
IZUKA RITEYE AKANYAMUNEZA
15. Ni imigwi ibiri iyihe y’abazozurirwa kw’isi?
15 Muri iyo myaka igihumbi, hazoba izuka. Abacumuye nkana ku mpwemu yera y’Imana, ari zo nguvu zikora, mu gukora ibinyuranye n’ukwigaragaza kwayo canke n’ubuyobozi bwayo ntibigaye, ntibazozurwa. (Matayo 23:15, 33; Abaheburayo 6:4-6) Yamara rero, Imana ni yo izomenya abacumuye gutyo abo ari bo. Mugabo hari imigwi ibiri itandukanye y’abazozurwa, ni ukuvuga “abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe 24:15) Kubera ko hazoba hari urutonde rubereye, birabereye ko dushika ku ciyumviro c’uko abazoba aba mbere mu kwakirwa bagarutse mu buzima bwo kw’isi bazoba ari abagororotsi, abakoreye Yehova badahemuka.—Abaheburayo 11:35-39.
16. (a) Ni bande bazoba bari mu ‘bagororotsi’ bazozurirwa kw’isi? (b) Ni abizerwa ba kera abahe wewe wipfuza canecane kubona, kandi ni kubera iki?
16 Aho kwumva amatangazo yerekeye indwano, ivyago n’impfu, abasavyi ba Yehova bazoronka amakuru meza igitangaza yerekeye izuka. Bizoba biteye umunezero kwumva ivyerekeye ukugaruka kwa ba bagabo n’abagore b’abizigirwa nka Abeli, Henoki, Nowa, Aburahamu, Sara, Yobu, Musa, Rahabu, Rusi, Dawidi, Eliya, Esiteri. Ese amakuru aryoshe y’utwa kera bazoshikiriza igihe bazoba bariko bavuga ido n’ido rya kahise kerekeye inkuru nyinshi za Bibiliya! Nta nkeka yuko bo hamwe n’abagororotsi bapfuye mu bihe vya vuba kuruta bazoba na bo nyene bashashaye kumenya ivy’iherezo ry’isi ya Shetani, be n’ukuntu Yehova yakuye iceyi kw’izina ryiwe ryeranda vyongeye akemeza ukugaba n’ukuganza kwiwe.
17. Abantu b’abizerwa bazofasha gute abandi bazoba bazutse?
17 Ese ukuntu abo bantu b’abizigirwa bazofasha cane mu kiringo kizokurikira c’izuka, igihe abantu amamiliyaridi b’ “abagabitanya” bazorekurwa bakava mu migozi y’urupfu! Abantu benshi cane ntibigeze baronka akaryo ko kumenya Yehova. Shetani ‘yarabahuma imitima.’ (2 Ab’i Korinto 4:4) Mugabo igikorwa ca wa Mucokoranyi kizohindurwa ubusa. Nya bagabitanya bazogaruka kw’isi nziza cane kandi y’amahoro. Bazokwakirwa n’abantu bungunganijwe kugira ngo babigishe ivyerekeye Yehova n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu ahangamye. Uko abantu amamiliyaridi bazutse bazoza barashika ku kumenya no gukunda Umuremyi wabo, ubumenyi bwerekeye Yehova buzokwuzura isi bimwe bitaribwaboneke.
18. Wibaza ko uzomererwa gute igihe uzoba uriko urakira abawe bazutse?
18 Ese umunezero izuka rizotuma tugira mu mitima! Ni nde ga yemwe ataracumukuzwa na wa mwansi wacu rupfu? Vy’ukuri, ni nde atarumva areganutse umutima iyo abuze uwo yakunda cane canke umugenzi ahitanywe n’indwara, ubusaza, impanuka canke ubugizi bwa nabi? Ca wiyumvira rero umunezero w’ukwongera kubonanira mw’Iparadizo. Ba se na ba nyina b’ibibondo, abahungu n’abakobwa, abagenzi n’incuti, bazokwirukanga bagwane mu nda, batwenga bongera barizwa n’umunezero.
UKUTAGIRA AGASEMBWA KUZOBA KUGIYE KWABONEKA!
19. Ni igitangaro ikihe kizohaba mu gihe ca ya myaka igihumbi?
19 Muri iyo myaka igihumbi yose, hari igitangaro c’akumiza kizoba. Kumbure ku bantu uzoba ari wo muce uteye urweze kuruta w’Ingoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi. Yehova azoyobora Umwana wiwe gukoresha ivyiza biva kuri ya nkuka y’incungu kuri umwe wese mu bagabo n’abagore b’abizerwa kandi bagamburuka. Biciye kuri ubwo buryo, icaha cose uko cakabaye kizokurwaho hanyuma abantu bashikanwe ku kutagira agasembwa.—1 Yohana 2:2; Ivyahishuriwe 21:1-4.
20. (a) Ukutagira agasembwa bizoba bisigura iki? (b) Abarokotse Harumagedoni hamwe n’abazutse bazotangura kubaho nya kubaho ryari?
20 Ukutagira agasembwa ga yemwe! Mbega bizoba bisobanura iki? Kuzoba ari ugusubira kugira ubuzima nka bumwe Adamu na Eva bari bifitiye imbere yuko bacumura kuri Yehova Imana. Ku mubiri, mu bwenge, mu kanyengetera, mu kwigenza runtu, ku mutima—eka mu buryo bwose bushoboka—abantu batagira agasembwa bazoshikira neza ingingo ngenderwako z’Imana. Ariko none abantu bose boba bazomera kumwe? Ihibambewe! Ivyo Yehova yaremye—vyaba ibiti, amashurwe, ibikoko—vyose biratwigisha yuko akunda indobeke. Abantu batagira agasembwa bazoba bafise kamere be n’ubuhanga bitandukanye. Umuntu wese azokwinovora ubuzima nk’uko Imana yari yarabishatse. Mu Vyahishuriwe 20:5 havuga hati: “Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira.” Nka kumwe kwa rya shengero ryinshi ry’abazoba barokotse Harumagedoni, abazoba bazutse na bo nyene bazocika bazima vy’ukuri nibashikira ukutagira agasembwa kutabazwa icaha.
21. (a) Ni igiki kizoshika mu mpera y’Ingoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi? (b) Amaherezo, ni igiki kizoshikira Shetani be n’abari ku ruhande rwiwe bose?
21 Abantu batagira agasembwa bazohangana n’isuzumwa rimwe rya nyuma. Inyuma y’iyo myaka igihumbi, Shetani n’amadayimoni yiwe bazorekurwa bave muri ca gisumanyenzi mu gihe gitoyi, bongere barekurirwe kugerageza ubwa nyuma kwonkora abantu kuri Yehova. Hari bamwe bazoshira ivyipfuzo bibi imbere y’ugukunda Imana, mugabo ubwo bugarariji buzoba ari ubw’igihe gito. Yehova azohonya abo bantu b’abikunzi hamwe na Shetani be n’amadayimoni yiwe yose. Abononyi bose bazoba bagiye amazimayongo.—Ivyahishuriwe 20:7-10.
NONE WEWE UGIYE GUKORA IKI?
22. Witeze kuzokora uduki mu gihe c’Iparadizo?
22 Ubuzima bwamaho buzobandanya ku bakunda Yehova Imana baba mw’isi y’Iparadizo. Ntitwoshobora kwiyumvira umunezero bazogira uko ungana, kandi na wewe nyene urashobora kuzowugira. Umuziki, ubuhinga, utugenegene—emwe, ivyo abantu batagira agasembwa bazoshikako bizoba biruta cane rwose ibintu vya mbere vyiza bibaho abahanga karuhariwe bakoze mw’isi ya kera! Nakare abantu bazoba batagira agasembwa, kandi imbere yabo bazoba bafise umwanya utagira akarimbi. Iyumvire ivyo uzoshobora kurangura uri umuntu atagira agasembwa. Iyumvire kandi ivyo wewe n’abantu nkawe muzokwiga ku vyo Yehova yaremye, guhera kuri vya bigwi amamiliyaridi vy’inyenyeri biri mu kirere gushika ku duceduce dutoyi dushoboka tw’agahimba kitwa atome. Ikintu cose abantu bazoshikako kizorushiriza kunezereza umutima wa Dawe wa Twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo, Yehova.—Zaburi 150:1-6.
23. Ni kuki ubuzima bwo mw’Iparadizo butazokwigera burambira?
23 Ubuzima ico gihe ntibuzorambira. Buzoza burushiriza kuba ubushimishije uko igihe kibandanya. Urabona, ubumenyi bwerekeye Imana ntibugira iherezo. (Abaroma 11:33) Mu bihe vyamaho vyose, hazohora nantaryo hariho ibindi bintu vyinshi vyo kwiga be n’ibintu bishasha vyo gutohoza. (Umusiguzi 3:11) Kandi uko uzobandanya kwiga ivyerekeye Yehova Imana, uzoguma ubaho—atari mu myaka mikeyi gusa, mugabo ibihe bidahera!—Zaburi 22:26.
24, 25. Ni kuki ubu ukwiye kubaho wisunga ubumenyi bwerekeye Imana?
24 None kugira kazoza gahimbaye ko kw’isi y’iparadizo ntibikwiriye ko wobigirira akigoro kose gashoboka? Cane nyene! Emwe, Yehova yaraguhaye urupfunguzo rwo gushikira ako kazoza keza ntangere. Urwo rupfunguzo ni ubumenyi bwerekeye Imana. None uzorukoresha?
25 Niwaba ukunda Yehova, uzohimbarwa no gukora ivyo agomba. (1 Yohana 5:3) Ese imihezagiro uzokwironkera uko uzokurikirana iyo ngendo! Ukoresheje ubumenyi bwerekeye Imana, birashobora kukuzanira ubuzima bw’ubuhirwe burushirije no muri iyi si nyene idurumbanye. Kandi ivyiza vyo muri kazoza ntibivugwa, kuko ubu ari bwo bumenyi bujana mu buzima budahera! Ubu ni co gihe kibereye c’uko ukura amaboko mu mpuzu. Niwiyemeze kubaho wisunga ubumenyi bwerekeye Imana. Nugaragaze urukundo ufitiye Yehova. Nutere iteka izina ryiwe ryeranda kandi ugaragaze ko Shetani ari umubeshi. Yehova Imana na we, we Soko ry’ubukerebutsi n’ubumenyi nyakuri, azokunezererwa mu mutima wiwe uhambaye kandi wuzuye urukundo. (Yeremiya 31:3; Zefaniya 3:17) Kandi azogukunda ibihe bidahera!
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
‘Ubuzima nyakuri’ ni iki?
Ni ibiki bizoba kw’isi inyuma ya Harumagedoni?
Ni bande bazozurirwa kw’isi?
Abantu bazocika gute abatagira agasembwa kandi amaherezo basuzumwe gute?
Ufise icizigiro nyabaki ku vyerekeye Iparadizo?
[Ifoto ku rup. 188, 189]
Woba wizigiye kuzoba mw’Iparadizo, igihe ubumenyi bwerekeye Imana buzoba bwuzuye isi?