Ikigabane c’Icenda
Ingo Usangamwo Umuvyeyi Umwe Zirashobora Kuroranirwa!
1-3. Ni ibiki bituma haba iyongerekana ry’ingo usangamwo umuvyeyi umwe, kandi ivyo bigira ingaruka izihe ku bo bishikira?
MURI Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ingo usangamwo umuvyeyi umwe ziswe ko ‘ari zo ngo ziguma zigwirirana ningoga na ningoga.’ Ivyo ni ko bimeze no mu bindi bihugu vyinshi. Igitigiri kitari bwabeho c’abahukana, abata izabo, abavana hamwe n’abana b’ibitwarire, caragize ingaruka zibabaje cane ku bavyeyi n’abana amamiliyoni.
2 Hari inabibondo umwe yirerana abana yanditse ati: “Ndi umupfakazi w’imyaka 28 y’amavuka, nkaba mfise abana babiri. Ndafise akabonge kenshi kubera yuko ntashaka kurera abana banje ntari kumwe na se. Wogira ngo nta n’umwe mbere anyitaho. Kenshi abana banje barambona ndiko ndarira na bo bikabababaza.” Uretse kurwana n’ishavu, ukwiyagiriza be n’irungu, abavyeyi benshi birerana abana barahangana n’urugamba rwo gukora akazi ko hanze y’i muhira, hamwe n’urwo kurangura ibikorwa vyo mu rugo. Hari uwavuze ati: “Kwirerana abana ni nka kurya kw’umukinyi w’intobo aza araziterera hejuru ziza ziranyuranwa yongera azisama. Umaze amezi atandatu uvyimenyereza, amaherezo urashobora gukinisha nka zine icarimwe. Mugabo ibaze nka hamwe woba ukimara kubimenya, hagaca hagira uwuguterera iyigira gatanu!”
3 Abakiri bato baba mu ngo usangamwo umuvyeyi umwe, kenshi usanga bafise ingorane bisangije. Bashobora kuba bategerezwa kurwana n’inyiyumvo zikaze zituruka ku kubura umuvyeyi giturumbuka. Ku bakiri bato benshi, ukubura umuvyeyi bisa n’ibibagirako ingaruka mbi zigera kure.
4. Tuzi gute yuko Yehova yitwararitse ingo zirimwo umuvyeyi umwe?
4 Mu bihe vya Bibiliya, hariho ingo wasanga zirimwo umuvyeyi umwe. Ivyanditswe biravuga akatari gake “impfuvyi” n’“umupfakazi.” (Kuvayo 22:22; Gusubira mu Vyagezwe 24:19-21; Yobu 31:16-22) Yehova Imana ntiyirengagiza ingorane zabo. Umwanditsi wa Zaburi yise Imana “se w’impfuvyi, n’umucamanza ahagarikira abapfakazi.” (Zaburi 68:5) Nta mazinda, Yehova aritwararitse gutyo nyene ingo zigizwe n’umuvyeyi umwe muri iki gihe! Kukaba nkako, Ijambo ryiwe riratanga ingingo ngenderwako zishobora kubafasha kuroranirwa.
GUTUNGANYA IBIKORWA VYA MISI YOSE VYO MU RUGO
5. Ni ingorane iyihe abavyeyi birerana abana bategerezwa guhangana na yo mu ntango?
5 Rimbura ibango ryo gutunganya urugo. Umugore umwe yahukanye yiyemereye ibi: “Hariho ibihe vyinshi umuntu yipfuza kuba yari ari kumwe n’umugabo, nk’akarorero igihe inzu itanguye kuva nawe ukaba utazi ico wokora.” Abagabo bamaze igihe gitoyi bahukanye canke bapfakaye, na bo nyene barashobora guteshwa umutwe n’ibikorwa vyinshi vyo mu rugo bategerezwa kurangura ico gihe. Ukudashira ibintu ku rutonde mu rugo gutuma inyiyumvo abana bafise zo kubura umutekano ziyongera.
Bana, nimusenyere ku mugozi umwe n’umuvyeyi wanyu abirerana
6, 7. (a) Ni akarorero keza akahe gatangwa na wa “mugore aroranye” avugwa mu Migani? (b) Ukugira umwete ku vyerekeye amabanga yo mu rugo bifasha gute ingo usangamwo umuvyeyi umwe?
6 Ni igiki gishobora gufasha? Niwibuke akarorero gatangwa na wa “mugore aroranye” avugwa mu Migani 31:10-31. Ibikorwa ashikako mu vyo arangura biragaragara: hariho gusuma, kugurisha, kubarira, gukinjika, kuziganya amahera yo kwubaka, kurima hamwe no gutunganya ivy’urudandaza. Akabanga kiwe kari akahe? Yari umunyamwete, agakora gushika mu masaha yitereye, kandi akavyuka kare kugira ngo atangure imirimo yiwe. Kandi yari afise urutonde rwiza, agashinga abandi ibikorwa bimwebimwe, akongera agakoresha amaboko yiwe bwite kugira ngo afashe abandi. Ntibitangaje kuba yaravuzwe neza!
7 Nimba uri umuvyeyi yirerana abana, niwitwararike amabanga yawe yo mu rugo. Nuronkere akanyamuneza mu murimo mwene uwo, kubera yuko ivyo vyongerereza agahimbare abana bawe. Ariko rero, birahambaye gutegekanya no gutunganya ibintu mu buryo bubereye. Bibiliya ivuga iti: “Ivyiyumviro vy’umunyamwete bizana ubukenuke gusa.” (Imigani 21:5) Sebibondo umwe yirerana abana yiyemereye ibi: “Numva nsa n’uwudashaka kwiyumvira ivyo kurya kiretse gusa igihe numva nshonje.” Mugabo ivyo kurya vyategekanijwe imbere y’igihe usanga ari vyo bitanga amagara meza kandi bigatera akayabagu kuruta ibitetswe gihutihuti. Ushobora kandi gukenera kwiga ubuhanga bushasha bwo gutunganya ivyo mu rugo. Ba inabibondo bamwebamwe birerana abana barashoboye gukora ivyo gusiga amarangi, ivy’amazi hamwe no gukora utuntu dutoduto ku nzu biciye mu kuronderera impanuro ku bagenzi babizi, mu bitabu birimwo inyigisho z’ingirakamaro hamwe no ku bantu banongoreye umwuga.
8. Abana barezwe n’umuvyeyi umwe bashobora gute gufasha mu rugo?
8 Vyoba bibereye gusaba abana ngo bafashe? Inabibondo umwe yirerana abana yavuze ati: “Erega worohereza ubuzima abana kugira ngo ubibagize umuvyeyi wundi atahari.” Ivyo birashobora kwumvikana, mugabo kumbure vyoshobora kutama bigirira neza umwana. Abakiri bato batinya Imana bo mu bihe vya Bibiliya barashingwa ibikorwa bibereye. (Itanguriro 37:2; Indirimbo ya Salomo 1:6) Rero, naho nyene wiyubara kugira nturemereze abana bawe, uzoba ugize ubukerebutsi mu kubashinga ibikorwa, nk’ukwoza amasahani be no kwama bakubura icumba cabo. Ni kuki mutokorera hamwe ibikorwa bimwebimwe? Ivyo birashobora kuba ibihimbaye cane.
INGORANE YO KURONDERA ICOBABESHAHO
Numarane n’abana bawe umwanya munini ushoboka
9. Ni kubera iki ba inabibondo birerana abana usanga kenshi bahangana n’ingorane z’ivy’ubutunzi?
9 Abavyeyi benshi birerana abana basanga bigoye kuronka amahera bakeneye, kandi abakobwa bakiri bato bavyariye iwabo kenshi birabagora cane.a Mu bihugu aho usanga abantu baronka imfashanyo za Leta, boba bagize ubukerebutsi bazikoresheje n’imiburiburi gushika bashoboye kuronka akazi. Bibiliya iremerera Abakirisu gukoresha mwene izo mfashanyo igihe bikenewe. (Abaroma 13:1, 6) Abapfakazi be n’abagore bahukanye barahura n’ingorane mwene izo. Kubera ko abenshi usanga biba ngombwa gusubira kurondera akazi kandi bari bamaze imyaka n’iyindi bakora ivyo mu rugo, ugasanga kenshi baronka akazi kabaronsa agashahara k’intica ntikize. Bamwebamwe barigora kugira basununure uburyo bwabo bwo kubaho mu kwiyandikisha mu vyigwa bimenyereza akazi canke mu vyigwa vyo mu mashure bimara igihe gitoya.
10. Umuvyeyi yirerana abana ashobora gute gusobanurira abana biwe igituma ategerezwa kurondera akazi?
10 Ntibigutangaze nimba abana bawe bababajwe n’uko urondeye akazi, kandi ntihagire ico wiyagiriza. Ahubwo, nubasigurire igituma utegerezwa gukora akazi, kandi ubafashe gutahura yuko Yehova agusaba kubaronsa ibibatunga. (1 Timoteyo 5:8) Amaherezo, abana benshi barabitahura. Ariko rero, nugerageze kumarana na bo umwanya munini ushoboka ukurikije uko urutonde rwawe rugizwe na vyinshi ruri. Ukubitwararikana urukundo mwene ukwo kurashobora kandi kugabanya ingaruka ziterwa n’uko hari ibintu urugo rudashobora gushikako mu vy’ubutunzi.—Imigani 15:16, 17.
NI NDE YITWARARIKA UWUNDI?
Ishengero ntiryirengagiza “abapfakazi” n’ “impfuvyi”
11, 12. Ni akarimbi akahe abavyeyi birerana abana bategerezwa kutarenga, kandi ivyo bashobora kubigira gute?
11 Ni ibisanzwe yuko abavyeyi birerana abana bagiranira ubucuti bwa hafi n’abana babo, yamara barakeneye kwiyubara kugira ngo ntibarenge akarimbi Imana yashinze hagati yabo n’abana. Nk’akarorero, ingorane zikomeye zirashobora kuvyuka mu gihe inabibondo yirerana abana yitega yuko umuhungu wiwe afata amabanga ya serugo, canke mu gihe afata umukobwa wiwe nk’umugumyabanga wiwe, akamuremereza ingorane zimwega. Kubigira gutyo ntibibereye, bitesha umutwe umwana kandi kumbure bikanamuvuruga ubwenge.
12 Subiriza umutima mu nda abana bawe yuko wewe bwa muvyeyi uzobaraba, ko atari bo bazokuraba. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 12:14.) Rimwe na rimwe, hari aho wokenera impanuro canke imfashanyo zimwezimwe. Nubironderere ku bakurambere b’Abakirisu canke kumbure ku Bakirisukazi bahumuye, ntubironderere ku bana bawe ataho barishikana.—Tito 2:3.
NUGUME UBATOZA INDERO
13. Ni ingorane iyihe yerekeye ugutoza indero inabibondo yirerana abana ashobora kugira?
13 Umugabo yoshobora kutagira ingorane nini ku vyo gufatwa n’abana nk’umutanzi w’indero koko, mugabo ngaho umugore arashobora kuhagirira ingorane. Inabibondo umwe yirerana abana avuga ati: “Abahungu banje bafise igihagararo c’abagabo n’ijwi ry’abagabo. Rimwe na rimwe biragora, ntibabura kubona ko ntazi gufata ingingo canke ko mfise intege nke.” Ikindi kandi, ushobora kuba ugifise agahinda watewe n’urupfu rw’umukunzi wawe mwari mwubakanye, canke kumbure ugashobora kuba wiyagiriza cabure ushavujwe n’uko umubano wanyu utabandanije. Mu gihe ari wewe wahawe uburenganzira bwo gusigarana umwana, ushobora gutinya yuko yohava ashima kugumana n’uwo mwahoze mwubakanye. Ibintu mwene ivyo birashobora gutuma bigora gutoza umwana indero ku rugero.
14. Abavyeyi birerana abana bashobora gute kugumana urugero mu vyo kubatoza indero?
14 Bibiliya ivuga yuko “umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina.” (Imigani 29:15) Yehova Imana aragufashe mu mugongo mu vy’ugushiraho amategeko mu rugo no kuyashikisha. Ku bw’ivyo, ntuje aho ngo wiyagirize, ngo ugire agahinda canke ngo utinye. (Imigani 1:8) Ntukigere udohoka ku ngingo ngenderwako za Bibiliya. (Imigani 13:24) Nugerageze kugira ibitegereka, ntube mahindagu, kandi ushikame. Amaherezo, abana batari bake baravyakira neza. Mugabo, uzoshima kutirengagiza inyiyumvo z’abana bawe. Sebibondo umwe yirerana abana avuga ati: “Indero ntoza abana nategerezwa kuyorosha nkoresheje ugutahura, kubera yuko abana bari baravunywe umutima n’ukubura nyina wabo. Uko habonetse akaryo ndabayagisha. Turafise ‘umwanya w’ibiyago vy’inkoramutima’ igihe dutegura imfungurwa zo ku mugoroba. Ico gihe rero ni ho vy’ukuri banserurira akari ku mutima.”
15. Umuvyeyi yahukanye akwiye kwirinda iki igihe avuga uwo bahoze bubakanye?
15 Nimba warahukanye, nta ciza na kimwe uzokura mu gutesha icubahiro uwo mwahoze mwubakanye. Kuvuga nabi uwundi muvyeyi birababaza abana, kandi bizotuma impera n’imperuka icubahiro babafitiye mwempi kigabanuka. Ku bw’ivyo, niwirinde kuvuga amajambo ababaza nk’aya ngo: “Nta ho utaniye na so!” Naho uwo mwahoze mwubakanye yoba yakugiriye inabi ingana iki, aba akiri umuvyeyi w’umwana wawe akeneye gukundwa, kwitabwaho no gutozwa indero n’abavyeyi bompi.b
16. Ni indinganizo izihe zo mu vy’impwemu zikwiye kwama ziri mu bigize ugutoza indero abana mu rugo usangamwo umuvyeyi umwe?
16 Nk’uko twabibonye mu bigabane vy’imbere y’iki, ugutoza indero birimwo n’ukumenyereza be n’ukwigisha, si ugutanga igihano gusa. Ingorane nyinshi murashobora kuzirinda biciye kuri porogarama nziza yo kubamenyereza mu vy’impwemu. (Ab’i Filipi 3:16) Kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahorereza ni ntahara. (Abaheburayo 10:24, 25) Kugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango ku ndwi ku ndwi na vyo nyene ni ntahara. Ariko ntiwumve, ntivyoroshe kuguma uyobora mwene iyo nyigisho ubudahorereza. Inabibondo umwe w’umunyamwete avuga ati: “Uvuye ku gikorwa, wumva mu vy’ukuri ushaka kuruhuka. Mugabo nditegura mu bwenge kugira ngo nigane n’umukobwa wanje, nkaba nzi yuko ari ikintu ntegerezwa kugira. Inyigisho y’umuryango tugira mu vy’ukuri iramuryohera!”
17. Dushobora kwigira iki ku ndero nziza Timoteyo umugenzi wa Paulo yahawe?
17 Timoteyo, umugenzi w’intumwa Paulo, biboneka yuko nyina be na inakuru ari bo bari baramumenyereje mu vyerekeye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, bikaboneka ko atari se yamumenyereje muri ivyo. Ariko, ese ukuntu Timoteyo yabaye Umukirisu w’akarorero! (Ivyakozwe 16:1, 2; 2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15) Na wewe urashobora nk’ukwo nyene kwitega ingaruka nziza uko wihatira kurera abana bawe “ubahana ubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.”—Abanyefeso 6:4.
KURENGERA IRUNGU
18, 19. (a) Irungu rishobora kwigaragaza gute ku muvyeyi yirerana abana? (b) Ni impanuro iyihe itangwa kugira idufashe gutsinda ivyipfuzo vy’umubiri?
18 Hari umuvyeyi yirerana abana yiganyiye ati: “Iyo nshitse i muhira maze nkibuka yuko ndi jenyene, na canecane abana bamaze kuryama, numva vy’ukuri ngize irungu.” Egome, kenshi irungu ni yo ngorane ikomeye kuruta izindi umuvyeyi yirerana abana ahangana na yo. Ni ibisanzwe kwipfuza ubugenzi burangwa igishika n’urukundo vyo mu mubano w’ababiranye. Ariko none umuntu yoba akwiye kugerageza gutorera umuti iyo ngorane vyanse bikunze? Mu misi y’intumwa Paulo, abapfakazi bamwebamwe bararetse “[u]kwifuza kw’umubiri . . . kubatera kugarariza Kristo.” (1 Timoteyo 5:11, 12) Kureka ngo ivyipfuzo vy’umubiri binyohe ibintu vy’impwemu, vyokwega ibara.—1 Timoteyo 5:6.
19 Hari umugabo w’Umukirisu yagize ati: “Imikazo ugira yo mu vy’igitsina irakomeye cane, mugabo urashobora kuyitsinda. Igihe iciyumviro kikujemwo, utegerezwa kutacigumizamwo. Utegerezwa kucikuramwo. Kwiyumvira umwana wawe na vyo nyene birafasha.” Ijambo ry’Imana rihanura riti: ‘Mwice ingingo zanyu zerekeye ukwipfuza kw’umubiri.’ (Ab’i Kolosayi 3:5) Mu gihe woba uriko uragerageza kwica akayabagu ufitiye imfungurwa, mbega woca usoma ibinyamakuru vyerekana amashusho y’imfungurwa z’akanovera, canke woca wifatanya n’abantu bama bayaga ivyerekeye imfungurwa? Si ko wobigenza! Ni cokimwe no ku vyipfuzo vy’umubiri.
20. (a) Ni ingeramizi iyihe iraririye gushikira abareshanya n’abatizera? (b) Abo mu kinjana ca mbere n’abo muri iki gihe bagumye ari bonyene barwanije irungu gute?
20 Abakirisu bamwebamwe baragiye mu vy’ukureshanya n’abantu batizera. (1 Ab’i Korinto 7:39) Ivyo none vyoba vyaratoreye umuti ingorane yabo? Oya. Hari Umukirisukazi yahukanye yagabishije ati: “Hariho ikintu kibi cane kuruta ukwigumira uri wenyene. Ico na co ni ukwubakana n’umuntu atari we!” Abakirisukazi b’abapfakazi bo mu kinjana ca mbere bashobora kuba baragira irungu, mugabo ab’inkerebutsi baguma bafise vyinshi bakora mu vy’ugutanga indaro, ukwoza ibirenge vy’abera n’ugufasha abababaye.’ (1 Timoteyo 5:10) Muri iki gihe, Abakirisu b’abizerwa barindiriye imyaka myinshi kugira ngo baronke uwo bubakana atinya Imana na bo nyene usanga bagumye bafise vyinshi bakora. Hari Umukirisukazi w’umupfakazi amaze imyaka 68 yatanguye kuza aragendera abandi bapfakazi umwanya wose yumva agize irungu. Yavuze ati: “Biciye ku kugira mwene izo ngendo, ku kwitwararika ibikorwa vyo mu rugo be no ku kwitwararika kamere yanje y’ivy’impwemu, nasanze ntaronka umwanya wo kwumva irungu.” Kwigisha abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana ni igikorwa ciza kizana akunguko bimwe bidasanzwe.—Matayo 28:19, 20.
21. Ni mu buryo ubuhe isengesho n’abagenzi beza bishobora gufasha umuntu gutsinda irungu?
21 Tuvugishije ukuri, nta muti uriho ukiza irungu bukwi na bukwi. Mugabo umuntu arashobora kuryihanganira afashijwe n’inkomezi ziva kuri Yehova. Mwene izo nkomezi ziza mu gihe Umukirisu “ashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.” (1 Timoteyo 5:5) Ukwinginga ni ugusengana ubwira, ugutakamba usaba imfashanyo, kumbure umuntu akabigira aboroga yongera akorora amosozi. (Gereranya n’Abaheburayo 5:7.) Gucuncuburira Yehova akari ku mutima “ku murango no mw ijoro” mu vy’ukuri birashobora gufasha. Ikindi kandi, abagenzi beza barashobora gutuma umuntu atagira irungu. Biciye ku bagenzi beza, umuntu arashobora kuronka rya “jambo ryiza” ry’indemesho rivugwa mu Migani 12:25.
22. Ni ibihe vyiyumviro worimbura bikazogufasha mu gihe inyiyumvo z’irungu ziza ziraza?
22 Nimba inyiyumvo z’irungu ziza ziraza rimwe na rimwe, na vyo bikaba bitabura gushika, uribuka yuko ata n’umwe abaho atagira ingorane. Kukaba nkako, ‘umuryango wose w’abavukanyi bawe’ (NW) batariko bababara muri ubwo buryo bariko bababara mu bundi. (1 Petero 5:9) Niwirinde kuguma wiyumvira ivya kahise. (Umusiguzi 7:10) Nuharure ivyiza ufise. Ikiruta vyose, niwiyemeze kuguma uri intadohoka no kunezereza umutima wa Yehova.—Imigani 27:11.
UBURYO ABANDI BASHOBORA GUFASHA
23. Mw’ishengero, ni ibanga irihe Abakirisu bajejwe ku vyerekeye abavyeyi birerana abana?
23 Ugushigikirwa be n’ugufashwa n’Abakirisu bagenzawe ni kirumara cane. Muri Yakobo 1:27 havuga hati: “Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo.” Egome, Abakirisu babwirizwa gufasha ingo usangamwo umuvyeyi umwe. Ni mu buryo bumwebumwe kirumara ubuhe ivyo vyoshobora kugirwa?
24. Ni mu buryo ubuhe ingo usangamwo umuvyeyi umwe zishobora gufashwa mu vyo zikeneye?
24 Harashobora gutangwa imfashanyo yo mu buryo bw’umubiri. Bibiliya ivuga iti: “Ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’uyo, mbeg’ugukunda Imana kwoguma muri we gute?” (1 Yohana 3:17) Ijambo ryo mu ntango ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “akabona” ntirisobanura ugukubita ijisho umuntu gusa wirenganira, ariko risobanura ukumushinga ijisho. Ivyo vyerekana yuko Umukirisu w’umutima mwiza ategerezwa kubanza kumenya neza uko urugo runaka rubayeho be n’ivyo rukeneye. Kumbure bakeneye amahera. Bamwebamwe bashobora kuba bakeneye gufashwa mu vyerekeye ugusanura ibintu kanaka vy’aho baba. Canke, hari aho boba bashima gusa yuko wobatumira ku bifungurwa, canke bagashima ko muteramira hamwe.
25. Abakirisu bashobora kugaragariza gute imbabazi abavyeyi birerana abana?
25 Ikindi kandi, muri 1 Petero 3:8 havuga hati: “Mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi.” Hari umuvyeyi umwe yirerana abana batandatu yavuze ati: “Birangora, kandi rimwe na rimwe nkumva birandengeye. Ariko rero, muri ivyo bihe ntihabura umuvukanyi canke umuvukanyikazi ambwira ati: ‘Joan, urakora igikorwa ciza cane. Hazovamwo ivyiza.’ Kumenya vyonyene yuko abandi bakwiyumvira n’uko bakubabaye birafasha cane.” Abakirisukazi bakuze barashobora canecane kuba kirumara mu gufasha abagore bakiri bato birerana abana, mu kubatega ugutwi igihe bafise ingorane zoshobora gutuma bagira isoni zo kuziganira n’umuntu w’umugabo.
26. Abakirisu b’abagabo bahumuye bashobora gufasha gute abana b’impfuvyi?
26 Abakirisu b’abagabo barashobora gufasha mu bundi buryo. Wa mugororotsi Yobu yavuze ati: “Na[ra]rokora . . . impfuvyi itagira gitabara.” (Yobu 29:12) Nk’ukwo nyene, muri iki gihe Abakirisu bamwebamwe b’abagabo baritwararika impfuvyi bivuye ku mutima, bakanazigaragariza “urukundo [nyakuri] ruva mu mutima utanduye,” babigiranye imvo nziza. (1 Timoteyo 1:5) Batarinze gufata minenegwe ingo zabo bwite, boshobora rimwe na rimwe kuringaniza ivyo gukorana na mwene abo bantu bakiri bato mu busuku bwa gikirisu, bagashobora no kubatumira bakifatanya na bo mu nyigisho y’umuryango canke mu kwisamaza. Umutima mwiza nk’uwo woshobora kurokora neza cane impfuvyi ukayikura mu ngendo y’ukwifata uko yishakiye.
27. Ni imfashanyo iyihe abavyeyi birerana abana bashobora kwizigira kuronka?
27 Birumvikana yuko impera n’imperuka abavyeyi birerana abana bategerezwa ‘kwiyikorerera uwabo mutwaro’ w’ibanga bajejwe. (Ab’i Galatiya 6:5) Naho ari ukwo, barashobora gukundwa n’abavukanyi be n’abavukanyikazi b’Abakirisu hamwe na Yehova Imana ubwiwe. Bibiliya ivuga ivyerekeye Yehova iti: “Ashigikira impfuvyi n’umupfakazi.” (Zaburi 146:9) Biciye ku mfashanyo yiwe iranga urukundo, ingo usangamwo umuvyeyi umwe zirashobora kuroranirwa!
a Mu gihe Umukirisukazi akiri muto atwaye inda y’indaro bivuye ku bushurashuzi, ishengero rya gikirisu ntirishobora kwirengagiza mu buryo na bumwe ivyo yakoze. Mugabo mu gihe yigaye, abakurambere n’abandi bo mw’ishengero barashobora kwipfuza kumufasha.
b Aha ntituvuga vya bihe usanga bikenerwa ko umwana akingirwa umuvyeyi w’inkazi. Vyongeye, nimba uwo wundi muvyeyi agerageza kugabanya ububasha bwawe ufise ku bana, kumbure akaba afise intumbero yo kuryosharyosha abana kugira ngo bagute, vyoba vyiza ubibwiye abagenzi bazi utuntu n’utundi, nk’abakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu, kugira ngo bakugire inama y’ukuntu wovyifatamwo.