Ikigabane ca Cumi na Kane
Gusazana n’Uwo Mwubakanye
1, 2. (a) Ni ibiki bihinduka uko umuntu asaza? (b) Ni igiki catumye abantu bubaha Imana bo mu bihe vya Bibiliya bashira akanyota bageze mu busaza?
HARI ibintu vyinshi bihinduka uko dusaza. Inguvu zacu ziragabanuka. Wiravye mu cirore usanga uguma ugira iminkanyari, umushatsi wahinduye ibara, eka n’ukuvunguka ukaza uravunguka. Turashobora kuza turibagira. Haraboneka incuti nshasha igihe abana bubatse izabo, be n’igihe habonetse abuzukuru. Kuri bamwebamwe, ugukukuruka mu kazi bibasaba kumenyera ubundi buzima bushasha.
2 Mu vy’ukuri, ubusaza burashobora kutubera ikigeragezo. (Umusiguzi 12:1-8) Mugabo, rimbura ivy’abasavyi b’Imana bo mu bihe vya Bibiliya. Naho amaherezo bahitanywe n’urupfu, bari barironkeye ubukerebutsi n’ugutahura, ari na vyo vyabamaze akanyota bageze mu busaza. (Itanguriro 25:8; 35:29; Yobu 12:12; 42:17) None ni igiki cabafashije kuroranirwa bigatuma basaza bahimbawe? Nta nkeka, vyavuye ku kubaho bisunga ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya muri iki gihe.—Zaburi 119:105; 2 Timoteyo 3:16, 17.
3. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze ku bw’abagabo n’abagore bakuze?
3 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Tito, abariko barasaza yarabahaye ubuyobozi buroranye. Yanditse ati: “Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana. N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza.” (Tito 2:2, 3) Ushize ku mutima ayo majambo, vyoshobora kugufasha guhangana n’ingorane zizanwa n’ubusaza.
NUMENYERE UKWISHIRA N’UKWIZANA KW’ABANA BAWE
4, 5. Abavyeyi benshi bavyakira gute igihe abana babo bavuye i muhira? Kandi ni igiki gifasha bamwebamwe kumenyera ubwo buzima bushasha?
4 Iyo uruhara umuntu yari afise ruhindutse, bisaba kubimenyera. Ese ukuntu ivyo ari ko bimera igihe abana bakuze basohowe bakaja kwubaka izabo! Ku bavyeyi benshi, ico kiba ari ikintu ca mbere kibibutsa yuko bariko barasaza. Naho abavyeyi baba bahimbawe n’uko abana babo bakuze, kenshi baribaza nimba barakoze ivyo bari bashoboye vyose kugira ngo bategure abana ku bw’igihe bazoba bishira bakizana. Kandi barashobora kubakumbura i muhira.
5 Birumvikana ko abavyeyi babandanya kurazwa ishinga n’ukumererwa neza kw’abana babo, no mu gihe baba batakiri i muhira iw’abavyeyi. Umukenyezi umwe yavuze ati: “Ese iyaba naza ndumva amakuru yabo kenshi, kugira ngo nsubize umutima mu nda yuko bakomeye! Ivyo vyompimbara koko.” Serugo umwe yigana ati: “Igihe umwigeme wacu yava i muhira, kuvyihanganira vyari bigoye cane. Twumvise hari ikintu kinini kibuze mu rugo iwacu, kuko twahora twama dukorera hamwe akantu kose.” Ni igiki cafashije abo bavyeyi kuvyifatamwo neza igihe abana babo batari bakiri kumwe na bo? Kenshi icabafashije, ni uko bitwararika abandi bantu bakongera bakabafasha.
6. Ni igiki gifasha kugira ngo ubucuti buri hagati y’abagize urugo bugume bubonwa nk’uko bibereye?
6 Igihe abana bubatse izabo, uruhara rw’abavyeyi rurahinduka. Mw’ Itanguriro 2:24 havuga hati: “Umuntu azosiga se na nyina, [abane] n’umugore wiwe akaramata, [babe] umubiri umwe.” (Ni twe tubihiritse.) Igihe abavyeyi bemera icese ingingo ngenderwako z’Imana zigenga uwuri umutwe zikagenga n’urutonde rwiza, bizobafasha kuguma babona ibintu mu buryo bubereye.—1 Ab’i Korinto 11:3; 14:33, 40.
7. Ni inyifato nziza iyihe serugo umwe yatsimbataje igihe abigeme biwe baja kwubaka izabo?
7 Aho abigeme babiri bamariye kwubaka izabo bakaja kuba ahandi, se na nyina bumvise hari ikintu kinini babuze mu buzima bwabo. Mu ntango, se yumvise ashavuriye abakwe biwe. Mugabo aho azirikaniye kuri ya ngingo ngenderwako yerekeye uwuri umutwe w’urugo, yarabonye yuko abagabo b’abigeme biwe ari bo bari bajejwe guhagarikira ingo zabo. Ni co gituma igihe abigeme biwe bamusaba impanuro, yababaza ico abagabo babo biyumvira, hanyuma agaheza akabashigikira uko ashoboye kwose. Ubu abakwe biwe bamubona nk’umugenzi, kandi barakira neza impanuro ziwe.
8, 9. Abavyeyi bamwebamwe bahavuye bamenyera gute ukwishira n’ukwizana kw’abana babo bakuze?
8 Vyogenda gute mu gihe abaherutse kurushinga badashoboye gukora ivyo abavyeyi biyumvira ko ari vyo vyiza, naho nyene ata canditswe boba barenze? Hari umugabo n’umugore bavuze bati: “Twama tubafasha kuraba ukuntu Yehova abona ibintu. Mugabo mu gihe tutemeranije n’ingingo bafashe, turayemera kandi tukabashigikira mbere tukanabaremesha.”
9 Mu turere tumwetumwe two muri Aziya, hariho ba inarugo bamwe basanga bigoye cane kwemera ko abahungu babo bishira bakizana. Ariko rero, mu gihe bubaha urutonde rwa gikirisu be n’uwuri umutwe, basanga ukutumvikana hagati yabo n’abakazana babo kugabanuka. Umukenyezi umwe w’Umukirisu abona ko ugusohorwa kw’abahungu biwe kwamubereye “isoko ry’ugukenguruka kwama kwiyongera.” Ari n’akanyamuneza ko kubona bashoboye gutunganya ingo zabo. Ivyo vyatumye we n’umugabo wiwe baremururwa umuzigo wo ku mubiri no mu bwenge babwirizwa kwikorera uko bagenda barasaza.
NIMUNAGURE UBUCUTI BWANYU BWO MU MUBANO W’ABABIRANYE
Uko mugenda musaza, nimukurane amazinda yuko mukundana
10, 11. Ni impanuro izihe zo mu Vyanditswe zizofasha abantu kwirinda imitego imwimwe iva ku gutangura gusaza?
10 Abantu bagira inyifato zitandukanye igihe bariko baregereza ubusaza. Abagabo bamwebamwe barambara mu bundi buryo barondera kuboneka nk’abakiri bato. Abagore benshi barahagarikwa umutima n’ibihinduka iyo bageze mu gihe co guca imvyaro. Ikibabaje, abantu bamwebamwe bageze muri iyo myaka barashavuza abo bubakanye, bakanabatera ishari mu kugendana n’abo badasangiye igitsina bakiri bato. Mugabo abagabo b’inararibonye bubaha Imana, “bararoranye mu muzirikanyi,” bakagonda ivyipfuzo bibi. (1 Petero 4:7, NW) Abakenyezi bahumuye na bo nyene baragira akigoro kugira ngo umubano wabo w’abubatse ugume utekaniwe, bivuye ku rukundo bakunda abagabo babo be no ku cipfuzo bafise co guhimbara Yehova.
11 Biciye ku guhumekerwa, Umwami Lemuweli yaranditse amajambo avuga neza “umugore aroranye” aronsa umugabo wiwe ‘ivyiza atari ibibi, imisi yose y’ukubaho kwiwe.’ Serugo w’Umukirisu ntazobura gushima ukungene umugore wiwe agwa avyuka kugira ngo yihanganire umubabaro wo mu mutima agira mu gihe ageze mu zabukuru. Urukundo umugabo wiwe amukunda ruzotuma ‘amushemagiza.’—Imigani 31:10, 12, 28.
12. Abubakanye bashobora gute kuza barakomeza ubucuti bwabo uko imyaka irengana?
12 Mu gihe ca ya myaka y’igikorwa kinini co kurera abana, wewe n’uwo mwubakanye mushobora kuba mwarashimye kwirengagiza ivyo mwipfuza kugira ngo muronse abana banyu ivyo bakeneye. Bamaze kuva i muhira, haba hageze ko musubira kwitwararika canecane ubuzima bwanyu bw’abubatse. Umunega umwe avuga ati: “Aho mariye gusohora abigeme banje, nasigaye namana n’umugore wanje.” Uwundi munega avuga ati: “Tuguma dushinze ijisho ku magara y’umwumwe wese muri twebwe, kandi tukibukanya ko kunonora umubiri bikenewe.” Kugira ngo ntibumve irungu, we hamwe n’umugore wiwe baza barakira iwabo abandi bantu bo mw’ishengero. Egome, kwereka abandi ko ubababaye birazana imihezagiro. Vyongeye, birahimbara Yehova.—Ab’i Filipi 2:4; Abaheburayo 13:2, 16.
13. Ukudahishanya n’ukubwirana ukuri birangura uruhara uruhe uko umugabo n’umugore basazana?
13 Ntukareke ngo habe umukokwe mu vyerekeye uguseruriranira akari ku mutima hagati yawe n’uwo mwubakanye. Nimuganire mudahishanya. (Imigani 17:27) Umunega umwe avuga ati: “Turakomeza ugutahurana kwacu mu kwitwararika no mu kwubahiriza uwundi.” Umukenyezi wiwe aremeranya na we ati: “Kubera ko dushaje, turashobora gusangirira hamwe akayi, tukayaga, eka tugasenyera ku mugozi umwe.” Kudahishanya no kubwirana ukuri birashobora gufasha kwunga ubucuti bwanyu bwo mu mubano w’ababiranye. Ivyo birawuha ubushobozi bwo guhangana n’ibitero vya Shetani, we arondera gusenyura umubano w’ababiranye.
NIMUNEZERERERWE ABUZUKURU BANYU
14. Ni uruhara uruhe biboneka ko inakuru wa Timoteyo yaranguye mu kumurera rukirisu?
14 Abuzukuru ni bo “gitsibo” c’abageze mu zabukuru. (Imigani 17:6) Ukuba kumwe n’abuzukuru birashobora guhimbara vy’ukuri. Biraha umuntu ingoga kandi bikamweza umutima. Bibiliya iravuga neza ivya Lowisi, uwari inakuru w’umwana w’umuhungu yitwa Timoteyo, ari na we yigishije uwo mwuzukuru wiwe ivyo yemera afashanije na nyina wiwe Ewunike. Uwo musore yakuze azi yuko nyina na inakuru bompi baha agaciro ukuri kwa Bibiliya.—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.
15. Ku biraba abuzukuru, ni intererano nyabaki y’agaciro ba sekuru na ba inakuru bashobora gutanga? Mugabo ni igiki bakwiye kwirinda?
15 Ico rero ni ikintu gihambaye ba sekuru na ba inakuru bashobora kugira ico baterereyemwo. Yemwe ba sekuru na ba inakuru, muramaze kwigisha abana banyu ivyerekeye imigambi ya Yehova. Ubu murashobora kubigirira gutyo n’irindi yaruka rizoza! Abana benshi bakiri bato barahimbarwa cane no kwumva ba sekuru na ba inakuru bigana inkuru zo muri Bibiliya. Birumvikana, ntimuca mutwara ibanga ajejwe sebibondo ryo kwigisha ukuri kwa Bibiliya abana biwe. (Gusubira mu Vyagezwe 6:7) Ahubwo, murabunganira. Ese isengesho ryanyu ryoba nka rimwe ry’umwanditsi wa Zaburi rigira riti: “Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; ntarabarira ab’igihe kizoza amaboko yawe, ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.”—Zaburi 71:18; 78:5, 6.
16. Ba sekuru na ba inakuru bashobora gute kwirinda kuba inkwezi y’uruhagarara rutsimbatara mu muryango iwabo?
16 Ikibabaje, ba sekuru na ba inakuru bamwebamwe barashira amajambo menshi cane mu bana batoyi gushika n’aho imitsi iranda hagati yabo n’abana babo bakuze. Ariko rero, ubuntu bwawe buvuye ku mutima bwoshobora kumbure gutuma abuzukuru bawe boroherwa no kukwitura igihe bumva hari ibintu badashaka guhishurira abavyeyi babo. Rimwe na rimwe, abakiri bato bizigira ko kubera ba sekuru na ba inakuru bari n’umutima mwiza bazobashigikira bakarwanya abavyeyi babo. None vyogenda gute? Nukoreshe ubukerebutsi hanyuma uremeshe abuzukuru bawe kwugurukira abavyeyi babo. Urashobora gusigura yuko ivyo bihimbara Yehova. (Abanyefeso 6:1-3) Nimba bikenewe, woshobora kwibwiriza kubahanura ko bomenyesha abavyeyi iyo ngorane hakiri kare. Nturye umunwa mu kuganirira abuzukuru bawe ivyo wagiye uramenya mu myaka n’iyindi. Uvuze udahisha kandi ugacisha aho ukuri kuri birashobora kubagirira akamaro.
NUMENYERE UKO UGENDA URASAZA
17. Ni umwiyemezo uwuhe w’umwanditsi wa Zaburi Abakirisu bariko barasaza bakwiye kwigana?
17 Uko imyaka igenda iriterera, uzosanga udashobora gukora ivyo wahora ukora vyose, canke ivyo ushaka gukora vyose. None umuntu yihanganira ubusaza gute? Mu muzirikanyi wawe, ushobora kwumva umeze nk’umuntu w’imyaka 30, mugabo wiraba gatoyi mu cirore ugasanga bimeze ukundi. Ntucike intege. Umwanditsi wa Zaburi yarazambiye Yehova ati: “Ntunte mu gihe c’ubutāma, ntumpebe mu gihe intege zanje zishize.” Niwishingire kwigana umwiyemezo w’uwo mwanditsi wa Zaburi. Yavuze ati: “Jeho nzokwama nizigira ubudasība, nzokwiyongeranya kugushima.”—Zaburi 71:9, 14.
18. Umukirisu ahumuye ashobora gute gutorera akunguko ku gukukuruka?
18 Benshi bariteguye hakiri kare kugira baze bongereze amashemezo bahora batura Yehova igihe boba bamaze gukukuruka mu kazi. Serugo umwe ubu yakukurutse asigura ati: “Nari narategekanije ico nokora igihe umwigeme wacu yaheza amashure. Nari niyemeje gutangura ubusuku bwo kwigisha bw’igihe cose, kandi nari naragurishije umutahe nari mfise kugira ngo noroherwe no gukorera Yehova ntiziganya. Narasavye Imana ngo inyobore.” Nimba wegereje imyaka yo gukukuruka, nuhumurizwe n’aya majambo yamenyeshejwe n’Umuremyi wacu Ahambaye: “Nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka.”—Yesaya 46:4.
19. Ni impanuro iyihe itangwa ku bw’abariko barasaza?
19 Kumenyera ubukukuruke bishobora kuba bitoroshe. Intumwa Paulo yahanuye abatama ngo “boye kurenza urugero.” Ivyo bisaba ukwigumya muri vyose, badatsindwa n’umutima wo kurondera ubuzima bwo kwamikara. Umaze gukukuruka, ushobora mbere no gukenera ikintu wama ukora no kwigumya kuruta uko wahora. Nugire rero vyinshi ukora, ‘urushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko uzi yuko ubutame bwawe atari ubw’ubusa mu Mwami.’ (1 Ab’i Korinto 15:58) Mu bikorwa vyawe nushiremwo gufasha abandi. (2 Ab’i Korinto 6:13) Abakirisu benshi ivyo babigira mu kwamamaza inkuru nziza n’umwete, baravye uko ivyabo vyifashe. Uko ugenda urasaza, nube “[uwu]hangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana.”—Tito 2:2.
IGIHE UBUZE UWO MWARI MWUBAKANYE
20, 21. (a) Muri uru runkwekwe rw’ibintu, ni igiki gitegerezwa guteba kigatandukanya abubakanye? (b) Ana ashobora gute kubera akarorero keza ababuze abo bari bubakanye?
20 Ni ikintu kibabaje mugabo kibaho, kubona muri uru runkwekwe rw’ibintu abubatse bateba bagatandukanywa n’urupfu. Abakirisu babuze abo bari bubakanye barazi yuko ababo basinziriye, kandi bizigiye yuko bazokwongera kubabona. (Yohana 11:11, 25) Mugabo ukubura ababo ntikubura kubatera intuntu. None uwusigaye yovyifatamwo gute?a
21 Kwamiza mu muzirikanyi ico umuntu kanaka wo muri Bibiliya yagize, bizogufasha. Uwitwa Ana yapfakaye haciye imyaka indwi gusa yubatse, kandi dusoma inkuru imwerekeye igihe yari afise imyaka 84 y’amavuka. Turashobora kwemera ata gukeka yuko yatuntuye igihe yabura umugabo wiwe. None yavyihanganiye gute? Yarangurira Yehova Imana umurimo mweranda ku rusengero, ijoro n’umutaga. (Luka 2:36-38) Nta nkeka, ubuzima Ana yagize mu murimo ujanye n’ugutakamba bwaramubereye umuti w’intuntu n’irungu yiyumvisemwo amaze gupfakara.
22. Abagore n’abagabo bamwebamwe bapfakaye bashoboye gute kwihanganira irungu?
22 Umukenyezi umwe w’imyaka 72 y’amavuka, inyuma y’aho amariye imyaka cumi apfakaye, asigura ati: “Aho urugamba rukomereye kuri jewe, ni uko ntagira umugenzi tuyaga. Umugabo wanje yaranyumviriza neza. Twaraganira ivyerekeye ishengero hamwe n’uruhara tugira mu busuku bwa gikirisu.” Hari uwundi mupfakazi avuga ati: “Naho nyene uko imisi ihera ari ko nibagira ingorane yanje, nasanze ico umuntu akora mu mwanya afise ari co kimufasha kwibagira nya ngorane. Uba ushoboye gufasha abandi.” Umugabo umwe yapfakaye w’imyaka 67 aravyemera, akavuga ati: “Uburyo bwiza igitangaza bwo kwihanganira ugupfakara, ni ugukora ivyo ushoboye vyose mu guhumuriza abandi.”
UMUSAZA ARAGIRA AGACIRO MU NYONGA Z’IMANA
23, 24. Bibiliya ihumuriza cane abasaza gute, na canecane abapfakaye?
23 Naho urupfu rutwara umuntu uwo bari bubakanye, Yehova ntaho yigera ahemuka na gato. Umwami Dawidi wa kera yatereye mu gahogo ati: “Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: n’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.”—Zaburi 27:4.
24 Intumwa Paulo ahimiriza ati: “Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri.” (1 Timoteyo 5:3) Impanuro ikurikira iryo bwirizwa irerekana yuko abapfakazi bafise izina ryiza ariko batagira incuti za hafi bashobora kuba bari bakeneye imfashanyo y’ivy’umubiri bahabwa n’ishengero. Naho ari ukwo, muri iryo bwirizwa rivuga ngo “wubahe” harimwo iciyumviro co kubaha agaciro. Ese uguhumurizwa abagabo n’abagore bubaha Imana bapfakaye bashobora gukura ku kumenya yuko Yehova abaha agaciro kandi akazobatunga!—Yakobo 1:27.
25. Ni intumbero iyihe abageze mu zabukuru bashobora kuguma bafise?
25 Ijambo ry’Imana ryahumetswe rimenyesha riti: “Imvi ku mutwe n’igitsibo c’icubahiro, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.” (Imigani 16:31; 20:29) Waba wubatse canke utubatse, canke ukaba usigaye wenyene, nubandanye rero gushira umurimo wa Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe. Gutyo uzogira izina ryiza ku Mana ubu, wongere ugire icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi aho imibabaro iva ku busaza itazoba ikiriho.—Zaburi 37:3-5; Yesaya 65:20.
a Nimba ushaka kumenya ido n’ido kuri ico kibazo, raba agatabu Iyo Uwo Wakunda Apfuye, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.