ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fy ikig. 16 rup. 183-191
  • Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera
  • Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • AGACIRO K’UKWIGUMYA
  • IVY’UWURI UMUTWE TUBIBONE NK’UKO BIBEREYE
  • ‘NIWIHUTIRE KWUMVA’
  • URUHARA RUHAMBAYE RW’URUKUNDO
  • URUGO RUKORA UKUGOMBA KW’IMANA
  • URUGO NA KAZOZA KANYU
  • Kurikirana Amahoro y’Imana mu Buzima bwo mu Rugo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Nukurikize Ukuyobokera Imana i Muhira
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
fy ikig. 16 rup. 183-191

Ikigabane ca Cumi na Gatandatu

Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera

1. Umugambi Yehova yari afitiye urugo wari uwuhe?

IGIHE Yehova yahuza Adamu na Eva mu mubano w’ababiranye, Adamu yaraseruye umunezero afise mu kuvuga amajambo ya mbere aryoshe yanditswe mu Giheburayo. (Itanguriro 2:22, 23) Ariko rero, ico Umuremyi yari afise mu muzirikanyi ntikwari ugutuma abana biwe b’abantu baryoherwa vyonyene. Yashaka ko abubatse hamwe n’ingo bakora ivyo agomba. Yabwiye umugabo n’umugore ba mbere ati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.” (Itanguriro 1:28) Ese ukuntu cari igikorwa gihambaye kandi kimara akanyota! Ese ukuntu Adamu na Eva be n’uruvyaro rwabo bari guhimbarwa iyo bakora ivyo Yehova agomba bakagamburuka muri vyose!

2, 3. Ingo zishobora gute kugira agahimbare ntangere muri iki gihe?

2 No muri iki gihe nyene, ingo ziragira agahimbare ntangere mu gihe abazigize bafatanye mu nda mu gukora ivyo Imana igomba. Intumwa Paulo yanditse ati: “Kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubu[zima] bga none n’ubuzoza.” (1 Timoteyo 4:8) Urugo rubaho ruyobokera Imana kandi rugakurikira ubuyobozi bwa Yehova nk’uko buri muri Bibiliya ruragira agahimbare mu “bu[zima] bga none.” (Zaburi 1:1-3; 119:105; 2 Timoteyo 3:16) Naho umuntu umwe wo mu rugo yoba ari we gusa akurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ibintu biragenda neza kuruta mu gihe ata n’umwe muri rwo yoba azikurikiza.

3 Iki gitabu cavuze ingingo ngenderwako nyinshi zo muri Bibiliya zifasha kugira ngo mu rugo habe agahimbare. Kumbure wabonye yuko zimwezimwe muri zo ziguma zigaruka muri iki gitabu cose. Ni kubera iki? Ni kubera yuko zerekana ukuntu ukuri gufise ububasha gukora ku neza ya bose mu mice itandukanye y’ubuzima bwo mu rugo. Urugo rwihatira gushira mu ngiro izo ngingo ngenderwako za Bibiliya rusanga ukuyobokera Imana ‘gufise isezerano ry’ubuzima bwa none’ koko. Reka dusubire turabe zine muri izo ngingo ngenderwako zihambaye.

AGACIRO K’UKWIGUMYA

4. Ni kuki ukwigumya ari ikintu gihambaye mu mubano w’ababiranye?

4 Umwami Salomo yavuze ati: “Umuntu atītāngīra mu mutima ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.” (Imigani 25:28; 29:11) ‘Kwitangira mu mutima,’ ni ukuvuga kwigumya, ni ikintu gihambaye ku bashaka umubano urimwo agahimbare. Kureka ugatwarwa n’akanyengetera konona ibintu, nk’uburake canke ukwipfuza ubushegabo, bizokwica ibintu vyosaba imyaka kugira bisubizwe mu buryo, nimba vyonashoboka hoho.

5. Umuntu w’umunyagasembwa ashobora gute gutsimbataza ukwigumya, hanyuma bikavamwo ivyiza ibihe?

5 Birumvikana, nta wukomoka kuri Adamu ashobora gukontorora neza umubiri wiwe w’umunyagasembwa. (Abaroma 7:21, 22) Mugabo ukwigumya ni icamwa c’impwemu. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ni co gituma impwemu y’Imana izokwama muri twebwe ukwigumya nimba dusaba Imana iyo kamere, nimba dukurikiza impanuro ibereye dusanga mu Vyanditswe, nimba kandi twifatanya n’abandi bayigaragaza, tukirinda abatayigaragaza. (Zaburi 119:100, 101, 130; Imigani 13:20; 1 Petero 4:7) Mwene iyo ngendo izodufasha ‘guhunga ubusambanyi,’ no mu gihe twoba twohejwe nabi. (1 Ab’i Korinto 6:18) Tuzokwamirira kure ubukazi vyongeye tuzibukire canke dutsinde akaborerwe. Eka mbere n’igihe hari abadusomborokeje canke tugahura n’ingorane, tuzobitunganya dutekereje. Ese twese, harimwo n’abana, twokwiga gutsimbataza ico camwa gihambaye c’impwemu.​—Zaburi 119:1, 2.

IVY’UWURI UMUTWE TUBIBONE NK’UKO BIBEREYE

6. (a) Ni urutonde uruhe Imana yashinze rwerekeye ukuba umutwe? (b) Umugabo ategerezwa kwibuka iki nimba ashaka kuzanira agahimbare urugo rwiwe?

6 Ingingo ngenderwako ihambaye igira kabiri ni ukwemera icese uwuri umutwe. Paulo yaradondoye urutonde rw’ibintu rubereye igihe yavuga ati: “Ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’Imana.” (1 Ab’i Korinto 11:3) Ivyo bisigura yuko umugabo ari we aja imbere mu rugo, umugore wiwe akamushigikira adahemuka, abana na bo bakagamburukira abavyeyi babo. (Abanyefeso 5:22-25, 28-33; 6:1-4) Urabona mugabo yuko ivyo kuba umutwe bizana agahimbare igihe gusa bigizwe mu buryo bubereye. Abagabo bayobokera Imana barazi yuko ukuba Umutwe atari ugutwaza igitugu. Barigana Yezu, we Mutwe wabo. Naho Yezu ari we “mutwe . . . wo gusumba vyose,” “[ntiyaje] gukorerwa, atar’ugukorera abandi.” (Abanyefeso 1:22; Matayo 20:28) Mu buryo nk’ubwo nyene, umugabo w’Umukirisu ntakoresha ubukuru bwiwe ku bw’inyungu yiwe, ahubwo ku neza y’umugore wiwe n’abana biwe.​—1 Ab’i Korinto 13:4, 5.

7. Ni ingingo ngenderwako izihe zo mu Vyanditswe zizofasha umugore gushitsa uruhara yajejwe n’Imana mu rugo?

7 Ku ruhande rwiwe, umugore ayobokera Imana ntahiganwa n’umugabo wiwe canke ngo arondere kumuganza. Arahimbarwa no kumushigikira be no gukorana na we. Bibiliya rimwe na rimwe iravuga ko umugore “afise ina we” ari we mugabo wiwe, bigaca vyerekana neza yuko umugabo ari we mutwe wiwe. (Itanguriro 20:3) Biciye mu mubano w’ababiranye, umugore aganzwa n’ “[i]bwirizwa ry’umugabo wiwe.” (Abaromani 7:2, UB) Ico gihe nyene, Bibiliya yita umugore “umufasha” ikongera ikamwita “umwunganizi.” (Itanguriro 2:20, NW) Arazana kamere n’ubuhanga umugabo wiwe adafise, kandi akamushigikira nk’uko abikeneye. (Imigani 31:10-31) Bibiliya kandi iravuga yuko umugore ari “umugenzi,” uwukorana n’umugabo wiwe basenyeye ku mugozi umwe. (Malaki 2:14) Izo ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zirafasha umugabo n’umugore gutegera ikibanza c’umwumwe wese muri bo, no gufatana uwundi icubahiro n’iteka bibereye.

‘NIWIHUTIRE KWUMVA’

8, 9. Sigura ingingo ngenderwako zimwezimwe zizofasha abari mu rugo bose kuryohora ubuhanga bwabo bwo guseruriranira akari ku mutima.

8 Muri iki gitabu ivy’uko uguseruriranira akari ku mutima bikenewe birashimikwa cane. Kubera iki? Kubera ko ibintu bigenda neza kuruta igihe abantu baganira kandi umwe agatega ugutwi uwundi vy’ukuri. Birashimikwako kenshi yuko uguseruriranira akari ku mutima ari uguhanahana ikiyago. Umwigishwa Yakobo yarabiseruye muri ubu buryo: “Umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga.”​—Yakobo 1:19.

9 Birahambaye kandi yuko tugaba ku kuntu tuvuga. Amajambo y’ukuryagagurana, y’ugutongana canke y’ugutora amahinyu gukaze, ntatuma uguseruriranira akari ku mutima kugenda neza. (Imigani 15:1; 21:9; 29:11, 20) No mu gihe ivyo tuvuga vyoba ari vyo, nimba tubivuze mu buryo bubuzemwo ikigongwe, mu buryo bw’ubwibone canke butagira igishika, bishobora gukora inabi nini kuruta ineza. Imvugo zacu zikwiye kuba ziryoshe, “zirunzwe umunyu.” (Ab’i Kolosayi 4:6) Amajambo tuvuga akwiye kuba ameze “nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.” (Imigani 25:11) Ingo ziga guseruriranira akari ku mutima neza zarateye intambwe ihambaye mu vyo gushikira agahimbare.

URUHARA RUHAMBAYE RW’URUKUNDO

10. Ni urukundo bwoko ki ruhambaye mu mubano w’ababiranye?

10 Ijambo “urukundo” riraseruka kenshi muri iki gitabu cose. Woba wibuka ubwoko bw’urukundo rwavuzwe canecane? Ni ivy’ukuri yuko urukundo rw’umubiri (eʹros mu Kigiriki) rurangura uruhara ruhambaye mu mubano w’ababiranye, kandi ko mu mibano iroranirwa, igishika kigera kure hamwe n’ubugenzi (phi·liʹa mu Kigiriki) bitsimbatara hagati y’umugabo n’umugore. Mugabo uruhambaye kuruta, ni urukundo ruvugwa mw’ijambo ry’Ikigiriki a·gaʹpe. Urwo ni urukundo dutsimbatariza Yehova, Yezu hamwe na bagenzi bacu. (Matayo 22:37-39) Ni urukundo Yehova agirira abantu. (Yohana 3:16) Ese ukuntu ari igitangaza kuba dushobora kugaragariza mwene urwo rukundo uwo twubakanye be n’abana bacu!​—1 Yohana 4:19.

11. Urukundo rukora gute ku neza y’umubano w’ababiranye?

11 Mu mubano w’ababiranye, urwo rukundo ruri hejuru mu vy’ukuri ni “umugozi utagira agasembwa wunga ubumwe.” (Ab’i Kolosayi 3:14, NW) Rurafataniriza hamwe umugabo n’umugore, kandi rugatuma bashaka gukora ivyobera vyiza umwumwe wese muri bo be n’abana babo. Igihe ingo zihanganye n’ingorane, urukundo rurabafasha kubitunganya bafatanye mu nda. Uko umugabo n’umugore basaza, urukundo rurabafasha gushigikirana no kubandanya bashimana. “Urukundo . . . ntirurondera ivyarwo . . . rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. “Urukundo nta ho rushira.”​—1 Ab’i Korinto 13:4-8.

12. Ni kuki iyo abubatse bakunda Imana biheza bigakomeza umubano wabo?

12 Ubumwe bw’ababiranye burakomera na canecane igihe butagumijwe gusa n’urukundo ruri hagati y’abubakanye, ahubwo canecane igihe bugumijwe n’ugukunda Yehova. (Umusiguzi 4:9-12) Kubera iki? Erega intumwa Yohani yanditse ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo.” (1 Yohana 5:3) Gutyo, umugabo n’umugore bakwiye kumenyereza abana babo mu vyo kuyobokera Imana, atari gusa kubera ko babakunda cane, mugabo kubera ko ari ibwirizwa rya Yehova. (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7) Bakwiye kwamirira kure ubushegabo atari gusa kubera ko bakundana, mugabo canecane kubera ko bakunda Yehova, we ‘azocirako iteka abashakanyi n’abasambanyi.’ (Abaheburayo 13:4) N’iyo umwe mu bubakanye yoba atera ingorane zikomakomeye mu mubano, urukundo bakunda Yehova ruzotuma uwundi abandanya gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Harahiriwe vy’ukuri ingo aho urukundo abazigize bafitaniye, ruba rugumijwe n’urukundo bakunda Yehova!

URUGO RUKORA UKUGOMBA KW’IMANA

13. Kwiyemeza gukora ukugomba kw’Imana bizofasha abantu gute kugumiza amaso ku bintu bihambaye vy’ukuri?

13 Ubuzima bwose bw’Umukirisu bushingiye ku gukora ivyo Imana igomba. (Zaburi 143:10) Ico ni co ukuyobokera Imana gusigura vy’ukuri. Gukora ivyo Imana igomba birafasha ingo kugumiza amaso ku bintu bihambaye koko. (Ab’i Filipi 1:9, 10) Nk’akarorero, Yezu yatuburiye ati: “Naje guteranya umwana na se, n’umukobga na nyina, n’umukazana na inabukwe. Kand’abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe.” (Matayo 10:35, 36) Nk’uko iyo mburizi ya Yezu yari yarabivuze, benshi mu bayoboke biwe barahamwa n’abo mu rugo. Ese ukuntu ari ibintu biteye umubabaro! Mugabo ubucuti bw’abo mu rugo ntibukwiye kugirwa ubuhambaye kuruta urukundo dukunda Yehova Imana na Yezu Kirisitu. (Matayo 10:37-39) Mu gihe umuntu yihanganye n’aho yoba arwanywa n’abo mu rugo, bene kumurwanya boshobora guhindura igihe babonye ivyiza biva ku kuyobokera Imana. (1 Ab’i Korinto 7:12-16; 1 Petero 3:1, 2) No mu gihe batohindura, nta vyiza biramba umuntu ashobora kuronka aretse gukorera Imana kubera ukurwanywa.

14. Icipfuzo co gukora ukugomba kw’Imana kizofasha gute abavyeyi gukora ku neza nya neza y’abana babo?

14 Gukora ivyo Imana igomba kurafasha abavyeyi gufata ingingo zigororotse. Nk’akarorero, mu bibano bimwebimwe, abavyeyi basa n’abashaka kubona abana nk’umutahe, hanyuma bakizigira ko abana babo ari bo bazobabungabunga mu busaza. Naho ari vyiza kandi bibereye ko abana bakuze babungabunga abavyeyi babo bageze mu zabukuru, kurimbura ibintu mwene gutyo ntibikwiye gutuma abavyeyi berekeza abana babo ku kubaho bironderera amaronko. Abavyeyi nta ciza boba bagiriye abana babo mu gihe bobarera babatera guha agaciro amatungo kuruta ibintu vy’impwemu.​—1 Timoteyo 6:9.

15. Ni mu buryo ubuhe nyina wa Timoteyo ari we Ewunike yabaye akarorero keza ntangere k’umuvyeyi akora ivyo Imana igomba?

15 Akarorero keza muri ivyo ni Ewunike, nyina w’umugenzi wa Paulo yari akiri muto, ari we Timoteyo. (2 Timoteyo 1:5) Naho Ewunike yari yubakanye n’umugabo atizeye, we hamwe na inakuru wa Timoteyo ari we Lowisi, bararoraniwe mu kurera Timoteyo kugira ngo akurikirane ukuyobokera Imana. (2 Timoteyo 3:14, 15) Igihe Timoteyo yari akuze bihagije, Ewunike yaramuretse arava i muhira, maze atangura igikorwa co kwamamaza Ubwami, aherekeza Paulo mu bumisiyonari. (Ivyakozwe 16:1-5) Ese akanyamuneza ategerezwa kuba yaragize igihe umuhungu wiwe yacika umumisiyonari aboneka! Ukuyobokera Imana kwiwe amaze gukura kwarerekanye ingaruka nziza y’indero yahawe mu bwana. Nta gukeka, Ewunike yaramazwe akanyota aranagira umunezero mu kwumva raporo z’ubusuku Timoteyo arangura adahemuka, naho nyene ashobora kuba yaramukumbura i muhira.​—Ab’i Filipi 2:19, 20.

URUGO NA KAZOZA KANYU

16. Bwa muhungu, ni ubwitwararitsi ubuhe Yezu yagaragaje, mugabo intumbero yiwe nyamukuru yari iyihe?

16 Yezu yari yarerewe mu rugo ruyobokera Imana, kandi aho akuriye yaragaragaje ubwitwararitsi bubereye umuhungu akwiye kugirira nyina wiwe. (Luka 2:51, 52; Yonana 19:26) Ariko rero, intumbero nyamukuru Yezu yari afise kwari ugushitsa ukugomba kw’Imana, kandi kuri we muri ivyo harimwo ukwugururira abantu inzira yo kuzokwinovora ubuzima budahera. Ivyo yabigize igihe yatanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bubere incungu abantu b’abanyagasembwa.​—Mariko 10:45; Yohana 5:28, 29.

17. Ni ivyizigiro vyiza agahore ibihe ubuzima Yezu yagize adahemuka bwugururiye abakora ivyo Imana igomba?

17 Yezu amaze gupfa, Yehova yaramuzuriye ubuzima bwo mw’ijuru hanyuma amuha ubukuru buhambaye, amaherezo aramwimika ngo abe Umwami mu Bwami bwo mw’ijuru. (Matayo 28:18; Abaroma 14:9; Ivyahishuriwe 11:15) Inkuka ya Yezu yatumye bishoboka ko abantu bamwebamwe batorwa ngo bazoganze kumwe na we muri ubwo Bwami. Vyongeye yarugururiye inzira abantu basigaye b’imitima igororotse, kugira bazokwibereho batagira agasembwa kw’isi izoba yasubiye kugirwa iparadizo. (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1, 4; 21:3-5; 22:1-4) Kamwe mu duteka duhambaye twebwe twatewe muri iki gihe, ni ukubwira bagenzi bacu iyo nkuru nziza y’agahore.​—Matayo 24:14.

18. Ingo be n’abantu umwumwe ukwiwe bibukijwe iki, kandi baremeshwa iki?

18 Nk’uko intumwa Paulo yavyerekanye, kubaho umuntu ayobokera Imana birazana isezerano ry’uko abantu bashobora kuzoragwa iyo mihezagiro mu buzima “buzoza.” Nta gukeka, iyo ni yo nzira nziza kuruta izindi yo kuronka agahimbare! Niwibuke ko “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (1 Yohana 2:17) Ni co gituma waba uri umwana canke umuvyeyi, umugabo canke umugore, umuntu akuze yibana afise canke adafise abana, niwihatire gukora ivyo Imana igomba. No mu gihe woba uremerewe canke uhanzwe n’ingorane za ruhasha, ntiwigere wibagira yuko uri umusavyi w’Imana nzima. Gutyo, ivyo ukora birazanira umunezero Yehova. (Imigani 27:11) Kandi, ese ukuntu wigenza kwokuviramwo agahimbare ubu no mu buzima budahera bwo mw’isi nshasha igiye kuza!

IZI NGINGO NGENDERWAKO ZA BIBILIYA ZISHOBORA GUTE GUFASHA . . . URUGO RWANYU KUGIRA AGAHIMBARE?

Ukwigumya kurashobora gutsimbatazwa.​—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

Igihe umugabo n’umugore babona ivy’uwuri umutwe nk’uko bibereye, baba bompi barondera ineza y’abo mu rugo.​—Abanyefeso 5:22-25, 28-33; 6:4.

Mu guseruriranira akari ku mutima harimwo ukwumviriza uwundi.​—Yakobo 1:19.

Ugukunda Yehova kuzogumya umubano w’abubatse.​—1 Yohana 5:3.

Gukora ukugomba kw’Imana ni yo ntumbero ihambaye rwose ku bagize urugo.​—Zaburi 143:10; 1 Timoteyo 4:8.

INGABIRE Y’UBWIREBANGE

Si bose bubaka izabo. Kandi si abubatse bose bahitamwo kwibaruka ibibondo. Yezu yari umwirebange (umusiribateri), kandi ubwirebange yavuze ko ari ingabire igihe ari “kubg’ubgami bgo mw ijuru.” (Matayo 19:11, 12) Intumwa Paulo na we nyene yahisemwo kutubaka. Yavuze ubwirebange n’ukwubaka ko vyompi ari ‘ingabire.’ (1 Ab’i Korinto 7:7, 8, 25-28) Ku bw’ico rero, naho iki gitabu ahanini kivuga ibintu bijanye n’umubano w’ababiranye hamwe n’ukurera abana, ntidukwiye kwibagira imihezagiro n’impera bishobora kuzanwa n’ukuguma umuntu ari umwirebange, canke imihezagiro n’impera bizanwa n’ukwubaka urugo mugabo ugahitamwo kutavyara.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika