ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rq icig. 3 rup. 6-7
  • Yezu Kirisitu Ni Nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Kirisitu Ni Nde?
  • Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Yezu Kristu ni nde?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Yezu Kristu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Ni Ibiki Imana Idusaba?
rq icig. 3 rup. 6-7

Icigwa ca 3

Yezu Kirisitu Ni Nde?

Ni kuki Yezu yitwa Umwana w’ ‘imfura’ w’Imana? (1)

Ni kuki yitwa “Jambo”? (1)

Ni kuki Yezu yaje kw isi ari umuntu? (2-4)

Ni kuki yakoze ibitangaro? (5)

Ni ibiki Yezu azokora mu gihe kigiye kuza? (6)

1. Imbere y’uko Yezu aza kw isi, yaba mw ijuru ari umuntu wo mu buryo bw’impwemu. Ni we yabaye ikiremwa ca mbere c’Imana, kikaba ari co gituma yitwa Umwana w’ ‘imfura’ w’Imana. (Ab’i Kolosayi 1:15; Ivyahishuriwe 3:14) Yezu ni we Mwana wenyene Imana yiremeye ubwayo. Yezu imbere y’uko aba umuntu, Yehova yaramukoresheje nk’ “umukozi w’umuhanga” mu kurema ibindi bintu vyose mw ijuru no kw isi. (Imigani 8:22-31; Ab’i Kolosayi 1:16, 17) Imana kandi yaramukoresheje bwa muvugizi wayo mukuru. Ni co gituma Yezu yitwa “Jambo.”​—⁠Yohana 1:1-3; Ivyahishuriwe 19:13.

2. Imana yararungitse Umwana wayo kw isi mu kwimurira ubuzima bwiwe mu nda ya Mariya. Yezu rero ntiyagize se wiwe w’umuntu. Ni co gituma atarazwe icaha canke agasembwa namba. Imana yarungitse Yezu kw isi kubera impamvu zitatu: (1) Kugira ngo atwigishe ukuri kwerekeye Imana (Yohana 18:37), (2) kugira ngo azigame ukutadohoka kutagira agasembwa, akaduha icitegererezo dukurikiza (1 Petero 2:21), no (3) kugira ngo atange ubuzima bwiwe ngo dukire icaha n’urupfu. Ni kuki ivyo vyari bikenewe?​—⁠Matayo 20:28.

3. Igihe umugabo wa mbere Adamu yarenga ibwirizwa ry’Imana, yari akoze ico Bibiliya yita “icaha.” Imana rero yamuciriye urwo gupfa. (Itanguriro 3:17-19) Ntiyari agishikije ingingo ngenderwako z’Imana, bituma atakibaye uwutagira agasembwa. Buhorobuhoro yarashaje hanyuma arapfa. Adamu yarandukije icaha abana biwe bose. Ni co gituma natwe dusaza, tukarwara, kandi tugapfa. None abantu bari gukizwa gute?​—⁠Abaroma 3:23; 5:12.

4. Yezu yari umuntu atagira agasembwa nk’uko Adamu yari. Yezu we ntiyakoze nka Adamu, ahubwo yaragamburukiye Imana muri vyose, n’igihe nyene yashikirwa n’ikigeragezo kiruta vyose. Yarashoboye rero gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa, kugira ngo bwishure icaha Adamu yakoze. Ico ni co Bibiliya yita “incungu.” Gutyo rero abana ba Adamu bari bashoboye gukurwako urwo gupfa. Abizera Yezu bose barashobora kurekurirwa ivyaha vyabo kandi bagahabwa ubuzima budashira.​—⁠1 Timoteyo 2:5, 6; Yohana 3:16; Abaroma 5:18, 19.

5. Igihe Yezu yari kw isi yarakijije abarwaye, aragaburira abashonje, yongera aratururuza ibihuhusi. Yaranazuye abapfuye. Ni kuki yakoze ibitangaro? (1) Yaraterwa ikigongwe n’abantu bari bababaye, akumva ashaka kubafasha. (2) Ibitangaro yakoze vyaragaragaje ko yari Umwana w’Imana. (3) Vyarerekanye ico azokorera abantu bagamburuka igihe azoba aganza isi yose ari Umwami.​—⁠Matayo 14:14; Mariko 2:10-12; Yohana 5:28, 29.

6. Yezu yarapfuye hanyuma arazurwa n’Imana ari ikiremwa c’impwemu, hanyuma asubira mw ijuru. (1 Petero 3:18) Guhera ubwo, Imana yaramugize Umwami. Vuba Yezu agiye gukura kuri iyi si ubukozi bw’ikibi bwose n’umubabaro wose.​—⁠Zaburi 37:9-11; Imigani 2:21, 22.

[Amafoto ku rup. 7]

Igikorwa ca Yezu carimwo ukwigisha, ugukora ibitangaro, hamwe mbere n’ugutanga ubuzima bwiwe ku bwacu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika