ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gf icig. 3 rup. 5
  • Urakeneye Kwiga Ivyerekeye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urakeneye Kwiga Ivyerekeye Imana
  • Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ivyo bijanye
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana Iragutumira ngo Ube Umukunzi Wayo
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Uburyo bwo Gutora Idini y’Ukuri
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Twohitamwo gute abagenzi beza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
gf icig. 3 rup. 5

ICIGWA CA 3

Urakeneye Kwiga Ivyerekeye Imana

Kugira ngo ube umukunzi w’Imana, urakeneye kwiga ibiyerekeye. Abakunzi bawe boba bazi izina ryawe kandi bakarikoresha? Egome. Imana na yo nyene ishaka ko umenya izina ryayo kandi ukarikoresha. Izina ry’Imana ni Yehova. (Yesaya 12:2; Matayo 6:9) Utegerezwa kandi kwiga ivyo ikunda n’ivyo idakunda. Urakeneye kumenya abakunzi bayo abo ari bo be n’abansi bayo abo ari bo. Kumenya umuntu bisaba igihe. Bibiliya ivuga yuko biranga ubukerebutsi gufata umwanya tukiga ivyerekeye Yehova.—Abanyefeso 5:15, 16.

Abakunzi b’Imana bakora ibiyihimbara. Iyumvire ivyerekeye abakunzi bawe. Mbega mu gihe ubafata nabi kandi ugakora ibintu banka, ubwo bazobandanya kuba abakunzi bawe? Oyaye! Muri ubwo buryo nyene, nimba ushaka kuba umukunzi w’Imana, ukeneye gukora ibiyihimbara.—Yohana 4:24.

Si amadini yose atuma tugiranira ubukunzi n’Imana. Yezu, we mukunzi somambike kuruta w’Imana, yavuze ko hari inzira zibiri. Inzira imwe iragutse kandi yuzuyemwo abantu. Iyo nzira ijana mu mahonero. Iyindi nzira iraga kandi ifise abantu bakeyi bayicamwo. Iyo nzira ijana mu buzima budahera. Ivyo bisigura yuko nimba ushaka kugiranira ubucuti n’Imana, utegerezwa kwiga uburyo bwiza bwo kuyisenga.—Matayo 7:13, 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika