ICIGWA CA 3
Urakeneye Kwiga Ivyerekeye Imana
Kugira ngo ube umukunzi w’Imana, urakeneye kwiga ibiyerekeye. Abakunzi bawe boba bazi izina ryawe kandi bakarikoresha? Egome. Imana na yo nyene ishaka ko umenya izina ryayo kandi ukarikoresha. Izina ry’Imana ni Yehova. (Yesaya 12:2; Matayo 6:9) Utegerezwa kandi kwiga ivyo ikunda n’ivyo idakunda. Urakeneye kumenya abakunzi bayo abo ari bo be n’abansi bayo abo ari bo. Kumenya umuntu bisaba igihe. Bibiliya ivuga yuko biranga ubukerebutsi gufata umwanya tukiga ivyerekeye Yehova.—Abanyefeso 5:15, 16.
Abakunzi b’Imana bakora ibiyihimbara. Iyumvire ivyerekeye abakunzi bawe. Mbega mu gihe ubafata nabi kandi ugakora ibintu banka, ubwo bazobandanya kuba abakunzi bawe? Oyaye! Muri ubwo buryo nyene, nimba ushaka kuba umukunzi w’Imana, ukeneye gukora ibiyihimbara.—Yohana 4:24.
Si amadini yose atuma tugiranira ubukunzi n’Imana. Yezu, we mukunzi somambike kuruta w’Imana, yavuze ko hari inzira zibiri. Inzira imwe iragutse kandi yuzuyemwo abantu. Iyo nzira ijana mu mahonero. Iyindi nzira iraga kandi ifise abantu bakeyi bayicamwo. Iyo nzira ijana mu buzima budahera. Ivyo bisigura yuko nimba ushaka kugiranira ubucuti n’Imana, utegerezwa kwiga uburyo bwiza bwo kuyisenga.—Matayo 7:13, 14.