ICIGWA CA 10
Uburyo bwo Gutora Idini y’Ukuri
Nimba ushaka kuba umukunzi w’Imana, utegerezwa gukurikira idini Imana ishima. Yezu yavuze yuko “abasenga b’ukuri” bosenze Imana bisunga “ukuri.” (Yohana 4:23, 24) Hari uburyo bumwe gusa bw’ukuri bwo gusenga Imana. (Abanyefeso 4:4-6) Idini y’ukuri ijana mu buzima budahera, idini y’ikinyoma na yo ikajana mu mahonero.—Matayo 7:13, 14.
Ushobora kumenya idini y’ukuri witegereje abantu bayirimwo. Kubera ko Yehova ari mwiza, abamusenga b’ukuri bategerezwa kuba abantu beza. Nk’uko nyene igiti ciza c’umucungwe cama imicungwe myiza, idini y’ukuri ituma abantu bamera neza.—Matayo 7:15-20.
Abakunzi ba Yehova barubaha rwose Bibiliya. Barazi yuko Bibiliya iva ku Mana. Barareka ivyo ivuga bikarongora ubuzima bwabo, bikabatunganiriza ingorane, bikanabafasha kwiga ivyerekeye Imana. (2 Timoteyo 3:16) Bagerageza gukurikiza ivyo bigisha.
Abakunzi ba Yehova baragiriranira urukundo. Yezu yaragaragarije urukundo abantu mu kubigisha ivyerekeye Imana no mu gukiza abarwaye. Abari mw’idini y’ukuri na bo nyene baragaragariza abandi urukundo. Nka kumwe kwa Yezu, ntibakengera abakene canke abo badahuje ubwoko. Yezu yavuze yuko abantu bomenyeye abigishwa biwe ku rukundo bagiriranira.—Yohana 13:35.
Abakunzi b’Imana baratera iteka izina ry’Imana, ari ryo Yehova. Mu gihe umuntu yokwanka gukoresha izina ryawe, ubwo yoba ari umugenzi wawe somambike? Oyaye! Iyo dufise umugenzi, turakoresha izina ryiwe kandi tukamuvuga neza ku bandi. Ni ko abipfuza kuba abakunzi b’Imana bakwiye gukoresha izina ryayo, kandi bakayibwira abandi. Ivyo ni vyo Yehova ashaka ko dukora.—Matayo 6:9; Abaroma 10:13, 14.
Nka kumwe kwa Yezu, abakunzi b’Imana barigisha abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru izohindura isi ibe iparadizo. Abakunzi b’Imana barabwira abandi iyo nkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana.—Matayo 24:14.
Ivyabona vya Yehova bagerageza kuba abakunzi b’Imana. Barubaha Bibiliya kandi bakagiriranira urukundo. Barakoresha kandi izina ry’Imana, bakaritera iteka, eka bakigisha n’abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ivyabona vya Yehova bakurikira idini y’ukuri kw’isi muri iki gihe.