ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be rup. 21-rup. 26 ing. 5
  • Niwijukire Gusoma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwijukire Gusoma
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe Neza Ako Karyo
  • Nusome Ubitumwe n’Imvo Ibereye
  • Ukuntu Ugenda mu Gusoma
  • Niwige Kugumiza Hamwe Ivyiyumviro
  • Ugusoma Icese
  • Nurondere Umwanya wo Gusoma
  • Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?
    Icofasha umuryango
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Twigishe abatazi gusoma neza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be rup. 21-rup. 26 ing. 5

Niwijukire Gusoma

IBIKOKO ntibishobora kugira ivyo uriko uragira ubu nyene. Umwe mu bantu 6 usanga ataramenya gusoma, kenshi kukaba ari kubera ukubura akaryo ko guca ku ntebe y’ishure. Kandi no mu bize gusoma, benshi ntibama babigira. Yamara, ubushobozi bwawe bwo gusoma ibintu vyanditswe buratuma ushobora gutemberera mu bindi bihugu, kubonana n’abantu ubuzima bwabo bushobora kugira ico bwunguye ubwawe, bukanatuma uronka ubumenyi ngirakimazi buzogufasha kwirwanako mu myitwarariko y’ubuzima.

Ifoto ku rup. 22

Ivyo usomera abana bawe birashobora gufasha guhingura kamere zabo

Ubushobozi bwo gusoma buragira ico bukoze ku kuntu ico uwukiri muto akura ku kwiga mw’ishure kingana. Igihe arondera akazi, ubushobozi bwiwe bwo gusoma burashobora kugira akosho ku bwoko bw’akazi ashobora kuronka hamwe no ku gitigiri c’amasaha ategerezwa gukora kugira ngo yibesheho. Abazezwanzu basoma neza usanga bashobora kwitaho ingo zabo neza kuruta ku biraba ukuzifungurira mu buryo bubereye, isuku, hamwe n’ukwikingira indwara. Ba inabibondo b’abasomyi beza bashobora kandi kugira akosho keza cane kw’ikura ryo mu bwenge ry’abana babo.

Birumvikana, inyungu ihambaye kuruta zose iva ku gusoma ni uko bigushoboza “[ku]ronka ukumenya Imana.” (Imig. 2:5) Bwinshi mu buryo dukorera Imana burasaba ubushobozi bwo gusoma. Ivyanditswe hamwe n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya birasomwa ku makoraniro y’ishengero. Ukuba kirumara kwawe mu busuku bwo mu ndimiro ahanini kurava ku buryo usoma. Kandi ukwitegurira iyo mirimo birasaba ugusoma. Ku bw’iyo mpamvu ugukura kwawe kwo mu vy’impwemu ahanini kurava ku tumenyero twawe two gusoma.

Nukoreshe Neza Ako Karyo

Ifoto ku rup. 22

Nubandanye kwijukira ugusoma icese

Bamwebamwe mu bariko bariga inzira z’Imana usanga ari abize amashure make. Bashobora gukenera kwigishwa gusoma kugira ngo baryohore iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu. Canke bashobora gukenera gusahirizwa ubwabo mu vyo kuryohora ubuhanga bwabo bwo gusoma. Igihe hari ahantu bikenewe, amashengero arihatira kuringaniza amashure y’ugusoma n’ukwandika ashingiye kuri ca gisohokayandikiro Niwijukire Gusoma no Kwandika. Abantu ibihumbi bitari bike barungukiye cane kuri iyo ntunganyo. Kubera yuko ugushobora gusoma neza ari ikintu gihambaye, amashengero amwamwe araringaniza ivy’uko hatangwa ivyigwa vyo kuryohora ugusoma, bikajanirana n’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. N’ahantu nyene ata mwene ivyo vyigwa bitangwa, umuntu arashobora kugira iterambere ryiza mu kuza arafata akanya ku musi ku musi kugira ngo asome n’ijwi ryumvikana, no mu kwitaba iryo shure kandi akarigiramwo uruhara adahorereza.

Ikibabaje, ibijajuro hamwe na televiziyo be n’ibindi, biri mu vyigije inyuma ugusoma. Ukuraba televiziyo hamwe n’ugusoma gake bishobora kubera intambamyi ugukomera kw’ubuhanga bwo gusoma bw’umuntu hamwe n’ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira mu buryo butomoye no kwisigura neza.

Ibisohokayandikiro bidufasha gutahura Bibiliya biratangwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” Ivyo biraturonsa umukimba w’amayagwa yerekeye ibintu ngirakamaro vyo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 24:45, NW; 1 Kor. 2:12, 13) Biradufasha kandi kuguma tuzi ibintu bihambaye biba mw’isi be n’insobanuro zavyo, bikadufasha kandi kurushiriza kumenya iyi si yacu, kandi bikatwigisha uburyo bwo kwirwanako ku bibazo bituraje ishinga. Ikiruta vyose, birashimika ku kuntu twokorera Imana mu buryo yemera, maze ikadushima. Mwene ukwo gusoma kwiza kuzogufasha gukomera ube umuntu akuze mu buryo bw’impwemu.

Birumvikana, ubushobozi bwo gusoma neza ubwabwo si bwo bugabo. Ubwo buhanga bukwiye gukoreshwa mu buryo bubereye. Cokimwe n’ugufungura, ugusoma gutegerezwa kugirwa ku bintu turobanuye. Mbega wofungurira iki ibifungurwa bitakuzanira intungamubiri canke ivyoshobora kuba birimwo ishano? Muri ubwo buryo nyene, wosomera iki amayagwa ashobora kwonona umuzirikanyi n’umutima naho kwoba ari ukuyasoma rimwerimwe? Ingingo ngenderwako za Bibiliya zikwiye gutanga urufatiro tugererako amayagwa yo gusoma dutora ayo ari yo yose. Imbere yo gufata ingingo y’ivyo usoma ivyo ari vyo, nugire mu muzirikanyi ivyanditswe nk’Umusiguzi 12:12, 13; Abanyefeso 4:22-24; 5:3, 4; Ab’i Filipi 4:8; Ab’i Kolosayi 2:8; 1 Yohana 2:15-17; na 2 Yohana 10.

Nusome Ubitumwe n’Imvo Ibereye

Akamaro k’imvo ibereye idutuma gusoma karatomoka dusuzumye inkuru zo mu Njili. Mu Njili ya Matayo nk’akarorero, dusanga Yezu abaza indongozi z’idini zazobereye mu bumenyi bw’Ivyagezwe ibibazo nka “Nta ho murasoma?” ‘Nta ho mwigeze musoma?’ akabigira imbere y’uko abaha inyishu zo mu Vyanditswe ku bibazo vyabo birimwo urwenge. (Mat. 12:3, 5; 19:4; 21:16, 42; 22:31) Icigwa kimwe dukura muri ivyo ni uko nimba imvo idutuma gusoma itabereye, turashobora gupfundika ivyiyumviro bitari vyo, canke tukabihusha buhere. Abafarizayo basoma Ivyanditswe kubera biyumvira yuko biciye kuri vyo boronse ubuzima budahera. Iyo mpera nk’uko Yezu yabidomyeko urutoke, ntihabwa abadakunda Imana canke batemera n’uburyo yashizeho bw’ubukiriro. (Yoh. 5:39-43) Imigabo Abafarizayo bari bafise yari iy’ubwikunzi; ni co gituma vyinshi mu vyiyumviro bapfundika vyari bibi.

Ugukunda Yehova ni yo mvo ityoroye kuruta zose dushobora kugira yotuma dusoma Ijambo ryiwe. Mwene urwo rukundo ruradusunikira kumenya ukugomba kw’Imana, kuko urukundo “runezeranwa n’ukuri.” (1 Kor. 13:6) Niyo kera twoba tutanezererwa ugusoma, gukundisha Yehova ‘ubwenge bwacu bwose’ bizotuma dushira imizirikanyi yacu dushimitse ku kwihereza ubumenyi bwerekeye Imana. (Mat. 22:37) Urukundo rurakangura ugushimishwa, ugushimishwa na kwo kugakabura ukwiga.

Ukuntu Ugenda mu Gusoma

Gusoma birajanirana n’ukwibuka. Nk’uko uriko urasoma ubu nyene, uza uribuka amajambo kandi ukibuka insobanuro yayo. Urashobora kwongereza ukuntu ugenda mu gusoma kwawe mu gihe waguye ubushobozi bwo kwibuka. Aho guhagarara uraba ijambo rimwerimwe ryose, gerageza kubonera rimwe amajambo nk’angahe. Uko utsimbataza ubwo bushobozi, uzosanga urushiriza gutahura neza ivyo uriko urasoma.

Ifoto ku rup. 22

Niwige kuba umusomyi w’icese atomora

Ariko rero igihe usoma amayagwa yimbitse kuruta, ico ukura mu twigoro twawe gishobora kwongerezwa no gukoresha ubundi buryo. Mu guhanura Yosuwa ku vyerekeye ugusoma Ivyanditswe kwiwe, Yehova yavuze ati: “Ibiri mur’ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ubikūre mu kanwa kawe; [“utegerezwa gusoma muri co n’ijwi ritoyi,” NW].” (Yos. 1:8) Kuvuga n’ijwi ritoyi kenshi bigirwa igihe umuntu ariko arabaza umutima. Rero, inyito y’Igiheburayo yahinduwemwo ngo “n’ijwi ritoyi” ishobora kandi guhindurwa ngo “kuzirikana.” (Zab. 63:6; 77:12; 143:5, NW) Igihe umuntu azirikana, ariyumvira bimwe vyimbitse; ntiyihutagiza. Gusoma mu buryo bw’ukwihweza biratuma Ijambo ry’Imana rigira akosho kanini kuruta, ku muzirikanyi no ku mutima. Bibiliya irimwo ubuhanuzi, impanuro, imigani, impinyanyuro, amajambo amenyesha urubanza rw’Imana, ido n’ido ku biraba umugambi wa Yehova, hamwe n’uturorero umuyoro tw’ivyabaye—ivyo vyose bikaba ari ivy’agaciro ku bashaka kugendera mu nzira za Yehova. Ese ukuntu ari ngirakamaro gusoma Bibiliya mu buryo butuma bishobora kwiyandika mu muzirikanyi no mu mutima wawe!

Niwige Kugumiza Hamwe Ivyiyumviro

Ifoto ku rup. 22

Utumenyero twawe two gusoma turagira akosho kw’iterambere ryawe ryo mu vy’impwemu

Uko usoma, niwishire mu bintu biriko biradondorwa. Gerageza kubona abavugwamwo n’amaso y’umuzirikanyi wawe, hanyuma mu nyiyumvo ugerageze kugira uruhara mu biriko biba mu buzima bwabo. Ivyo bisa n’ivyoroshe igihe turiko turasoma inkuru nka ya yindi yerekeye Dawidi na Goliyati, iyanditswe muri 1 Samweli ikigabane ca 17. Mugabo n’ibintu vy’ido n’ido biri muri Kuvayo no mu Balewi ku vyerekeye iyubakwa ry’ihema canke ishingwa ry’ubuherezi, uzovyiyumvamwo igihe wihaye ishusho y’ingero be n’ibikoresho canke ukiyumvisha akamoto k’imibavu, intete zokejwe, hamwe n’ibitungwa bishikanwa bwa mashikanwa yoshejwe. Iyumvire ukuntu kurangura imirimo y’ubuherezi bitegerezwa kuba vyari biteye akoba! (Luka 1:8-10) Gushiramwo inyumviro zawe hamwe n’inyiyumvo muri ubwo buryo bizogufasha gutegera insobanuro y’ivyo uriko urasoma, kandi bizokubera ikintu wifashisha mu kwibuka.

Mugabo utabaye maso igihe ugerageza gusoma, umuzirikanyi wawe ushobora kuyerera. Amaso yawe ashobora kuba araba ku rupapuro, mugabo ivyiyumviro vyawe bigashobora kuba biri ahandi. Hoba hariko haravuga umuziki? Televiziyo yoba yakije? Abo mu muryango boba bariko baraganira? Nimba bishoboka, ikirushirije kuba ciza ni ugusomera ahantu hatekanye. Ariko rero, ibisamaza bishobora kuza bivuye imbere. Kumbure wagize akazi kenshi kuri uwo musi. Mbega uzi ingene vyoroshe kwongera kubona imirimo y’uwo musi itembera mu muzirikanyi wawe! Nkako nyene ni vyiza gusubiramwo ivyabaye ku musi—mugabo ntikibe igihe uriko urasoma. Kumbure utangura umuzirikanyi wawe utumbereje, canke ugashobora mbere kwuguruza isengesho ikiringo cawe c’ugusoma. Mugabo rero uko usoma, umuzirikanyi wawe utangura gukevya. Ongera ugerageze. Niwigumye kugira ugumize umuzirikanyi wawe ku mayagwa uriko urasoma. Bukebuke uzoza urabona icahindutse.

Ni igiki ugira igihe ushitse kw’ijambo utumva? Amajambo amwamwe atamenyerewe ashobora kuba asigurwa canke akaba aganirwako muri nya gisomwa. Canke ushobora kuba ushoboye kubona insobanuro urabiye mu makikuro. Atari ukwo, nufate umwanya wo kuraba ijambo mu nyizamvugo nimba iriho, canke ushire akamenyetso kuri nya jambo kugira ngo uze gushobora kubaza umuntu insobanuro yaryo mu nyuma. Ivyo bizotuma umenya amajambo menshi kandi bigire ico biterereye ku kuntu utegera ivyo usoma.

Ugusoma Icese

Ifoto ku rup. 24

Gusomera hamwe biratuma abagize umuryango barushiriza kunywana

Igihe intumwa Paulo yabwira Timoteyo kubandanya yijukira gusoma, yariko yerekeza neza na neza ku gusoma ku bw’inyungu y’abandi. (1 Tim. 4:13) Ugusoma icese kwa kirumara si ugupfa kwatagura amajambo gusa ari ku rupapuro. Umusomyi arakeneye gutahura insobanuro y’amajambo no gutegera ivyiyumviro aserura. Igihe agize ivyo honyene, ni ho ashobora gutanga ivyiyumviro ata makosa kandi agasohora neza inyiyumvo zarimwo. Nkako nyene, ivyo bisaba umwiteguro n’umwimenyerezo binogangije. Ni co gituma Paulo yihanikirije ati: “Ugir[e] umwete wo gusomera abantu.” (Ni twe tubihiritse.) Uzoronka ukumenyerezwa kw’agaciro muri ubwo buhanga mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.

Nurondere Umwanya wo Gusoma

“[“Imigambi y’umuntu w’inshirukabute,” NW] [i]zana ubukenuke gusa.” (Imig. 21:5) Ese ukuntu ivyo ari ko biri ku biraba icipfuzo cacu co gusoma! Kugira ngo tuhakure “ubukenuke,” dukeneye gufata imigambi dushirutse ubute kugira ngo iyindi mirimo ntinyohe ugusoma kwacu.

Wewe uhora usoma ryari? Woba wungukira ku gusoma hakiri kare mu gitondo? Canke woba urushiriza kwumva ukeye mu bwenge handihato? Nimba ushobora kuza urabika n’iminuta iva kuri 15 gushika kuri 20 ku musi ku musi yo kugira utwo usomye, uzotangazwa n’ukuntu ivyo ushobora gushikako bizongana. Urupfunguzo ni ukudahorereza.

Ni kuki Yehova yatoye yuko imigambi yiwe y’agahambaye yandikwa mu gitabu? Ni ukugira ngo abantu bashobore kwikora kw’Ijambo ryiwe ryanditswe. Ivyo birabashoboza kurimbura ibikorwa bitangaje vya Yehova, kubibwira abana babo, no gufata ku mutwe ivyo yakoze. (Zab. 78:5-7) Ugukenguruka ubutanzi bwa cane bwa Yehova muri ivyo kurarushiriza kugaragazwa neza n’uburyo twijukira gusoma Ijambo ntangabuzima ryiwe.

NI IBIKI BIRI MU RUTONDE RW’IVYO USOMA?

  • Bibiliya yoba iza ubwa mbere ku rutonde rwawe?

  • Woba usoma Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! udahorereza?

  • Woba usoma ivyandikano bishasha vy’ukwiga Bibiliya vuba ukibironka?

  • Igihe uhawe ikopi yawe y’Igikorwa Dukorera Ubwami, woba usoma ibiba vyatanzwemwo kugira ngo bigufashe mu busuku bwawe?

  • Ni ibisohokayandikiro bingahe vya kera umaze gusoma vy’Ivyabona vya Yehova?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika