ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be rup. 39-rup. 42
  • Kugira Urucacagu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugira Urucacagu
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Suzuma, Urobanure, Kandi Uringanize
  • Gushira Ahabona Ingingo Nkurunkuru
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gutegura Insiguro Zishikirizwa Icese
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gukoresha Urucacagu
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be rup. 39-rup. 42

Kugira Urucacagu

ABENSHI iyo bashinzwe gushikiriza insiguro, bariha akazi bakayandika yose, guhera ku ntangamarara kugenda gushika ku nsozero. Imbere y’uko nya nsiguro bayiheza, bashobora kuba bagize integuro zayo zitari nke. Ico gikorwa gishobora gufata amasaha.

Ukwo kwoba ari kwo utegura insiguro zawe? Woshima kumenya uburyo bworoshe kuruta? Niwiga uburyo bwo gutegura urucacagu, ntuzoba ugikenera kwandika ibintu vyose. Ivyo bizorushiriza kukuronsa umwanya wo kwimenyereza gushikiriza insiguro. Inshikirizo zawe ntizizoba izirushirije kworoha gutanga gusa, ahubwo zizorushiriza kuba iziryoshe kwumviriza, zinarushirize kuba izivyurira ingiro abakwumviriza.

Birumvikana, ku nsiguro z’icese zitangwa mw’ishengero, haratangwa urucacagu rw’ishimikiro. Ariko rero, si ko bigenda mu zindi nsiguro nyinshi. Ushobora guhabwa ikibazo canke umutwe-shimikiro gusa. Canke ushobora gusabwa gushikiriza amayagwa manaka acapuwe. Rimwe na rimwe ushobora gusa guhabwa ibikurikizwa bikeyi. Kuri mwene ivyo bigabu vyose, ukeneye gutegura urucacagu rwawe bwite.

Uruzitiro ku rup. 41

Indabirwako iri ku rupapuro rwa 41 iraguha iciyumviro c’ukuntu urucacagu rugufi rushobora kuringanizwa. Urabona ko kimwekimwe cose mu bintu nyamukuru gitangurira ku mubari w’ibubamfu kandi kikandikwa mu ndome nkuru. Munsi y’iciyumviro nyamukuru kimwekimwe cose hatondetswe ivyiyumviro bigishigikira. Ibindi vyiyumviro vy’inyongera bizokoreshwa kugira usigure ivyo vyiyumviro usanga bitondetswe munsi yavyo kandi bikaza birasigirwa umwanya mutoyi uhereye ku mubari w’ibubamfu. Nusuzume urwo rucacagu witonze. Urabona yuko ivyo bintu bibiri nyamukuru bijanye neza na neza n’umutwe-shimikiro. Nurabe kandi yuko ivyiyumviro bitobito atari gusa ibintu bishimishije. Ahubwo, kimwekimwe gishigikira iciyumviro gikuru kikiri hejuru.

Igihe utegura urucacagu, rushobora kudasa neza na neza n’iyo ndabirwako. Mugabo igihe utegera ingingo zibigenga, izo zizogufasha kuringaniza amayagwa yawe no gutegura insiguro nziza mu mwanya ugereranye. None ukwiye kubigenza gute?

Suzuma, Urobanure, Kandi Uringanize

Urakeneye umutwe-shimikiro. Umutwe-shimikiro wawe si ikibazo gipfa kuvuga ibintu muri rusangi nk’uwoshobora gushikirizwa mw’ijambo rimwe rudende. Ni iciyumviro ngenderwako ushaka gushikiriza, kandi urerekana ifatiro uteganya kuganiriramwo ikibazo cawe. Mu gihe umutwe-shimikiro munaka watanzwe, nusuzume ijambo nyamukuru rimwerimwe ryose witonze. Nimba usabwa kwubakira kuri uwo mutwe watanzwe wishimikije amayagwa yasohowe, niwige ayo mayagwa ufise wa mutwe-shimikiro mu muzirikanyi. Nimba washinzwe ikibazo gusa uganirako, ni wewe rero uzokwihitiramwo umutwe. Ariko rero imbere yo kuwuhitamwo, ushobora gusanga wofashwa no kugira ubushakashatsi bukeyi. Ugumye wuguruye umuzirikanyi wawe, uzoza uraronka ivyiyumviro bishasha.

Uko utera izo ntambwe, nugume wibaza uti: ‘Ni kuki aya mayagwa ahambaye ku banyumviriza? Intumbero yanje ni iyihe?’ Ntikwiye gusa kuba ukurangiza amayagwa canke gutanga insiguro nyuramatwi, ahubwo ikwiye kuba ukurangurira ikintu c’ingirakamaro abakwumviriza. Igihe intumbero yawe imaze gufadika, nuyandike. Nugume uyiyibutsa uko utegura.

Umaze kumenya intumbero yawe iyo ari yo kandi ugatora umutwe-shimikiro uhuye na yo (canke umaze gusuzuma ukuntu umutwe-shimikiro wahawe ujanye n’iyo ntumbero), ushobora kugira ubushakashatsi butumbereye neza kuruta. Nurondere amayagwa azogira agaciro kadasanzwe ku bakwumviriza. Ntiwishinge amakuru yo muri rusangi gusa, ahubwo nurondere ivyiyumviro bitomoye, bicisha ubwenge kandi vy’ingirakamaro vy’ukuri. Uragira ivyo ushoboye mu bushakashatsi ugira. Kenshi, vuba uzosanga ufise amayagwa aruta ayo ushobora gukoresha, ari co gituma ukeneye kurobanura.

Nugenekereze ivyiyumviro bikurubikuru ukeneye kuganirako ivyo ari vyo kugira ngo wubakire ku mutwe-shimikiro wawe wongere ushikire intumbero yawe. Ivyo ni vyo bizoba bigize icubake cawe ca nya nsiguro, urucacagu rwawe rw’ishimikiro. Mbega bikwiye ko haba ivyiyumviro bikurubikuru bingahe? Kumbure bibiri birahagije ku kiganiro kigufi, kandi kenshi bitanu birakwiye naho hoba ku nsiguro imara isaha. Uko ivyiyumviro biba bikeya, bisa n’uko ari kwo abakwumviriza bazorushiriza kuvyibuka.

Umaze kugira umutwe-shimikiro wawe hamwe n’ivyiyumviro bikurubikuru mu muzirikanyi, nuringanize amayagwa washakashatse. Nurabemwo ibijanye neza na neza na vya vyiyumviro bikurubikuru vyawe. Nutoremwo ibintu vy’ido n’ido bizotuma ivyo ushikiriza birushiriza kumera nka bishasha. Igihe ucagura ivyanditswe vyo gushigikiza vya vyiyumviro bikurubikuru, nuze urandika ivyiyumviro bizogufasha kuzirikana kuri ivyo bisomwa mu buryo buri n’ico buvuze. Nushire ikintu cose munsi y’iciyumviro gikuru cegukira. Nimba amwamwe muri ayo mamenyeshwa atajanye na kimwe mu vyiyumviro bikurubikuru vyawe, nuyakuremwo—naho yoba ashimishije cane gute—canke ubishire mw’idosiye uzobikoreshe ikindi gihe. Nugumye gusa amayagwa meza kuruta ayandi. Nimba ugerageje gushikiriza menshi birenze urugero, uzobwirizwa kuvuga unyaraguritsa birenze, uburyo uyashikiriza na bwo bube ubuciye hejuru. Biraba vyiza kuruta ushikirije abumviriji ivyiyumviro bikeya vy’agaciro ariko ukabigira neza. Nturenze umwanya.

Ngaha, nimba atari imbere yaho, ringaniza amayagwa yawe mu rukurikirane rwumvikana. Umwanditsi w’Injili Luka ivyo yarabigize. Aho amariye gutororokanya inkuru z’imvaho umuyoro zerekeye ikibazo yariko arasigura, yarabipanze “uko bikurikirana.” (Luka 1:3) Ushobora gutondeka amayagwa yawe wisunze igihe ibintu vyabereyeko canke uko imitwe ikurikirana, bishobotse ugiye urakurikiza imvo n’ingaruka canke ingorane n’umuti itorerwa, bivanye n’ikintu kiri kirumara kuruta ibindi, kugira ushike ku ntumbero yawe. Ntihakwiye kubaho uguta iciyumviro ugatandukira ikindi giturumbuka. Abakwumviriza bakwiye kuyoborwa bitagoranye iciyumviro ku kindi, ata migazo ihabaye idashobora kworoha gushirwako ikiraro. Ibimenyamenya bishikirizwa bikwiye kuyobora abumviriza ku nsozero yumvikana. Uko utunganya ivyiyumviro vyawe, iyumvire ukuntu inshikirizo yawe izokwumvikana ku bakwumviriza. Boba bazokurikira inzira yawe y’iciyumviro ata ngorane? Boba bazovyurirwa gukora bisunze ivyo bumvise, mu buryo buhuje n’intumbero wari ufise mu muzirikanyi?

Ubukurikira, nutegure intangamarara ivyura ugushimishwa n’ikibazo uganirako kandi yereka abakwumviriza yuko ivyo ugiye kuganirako ari ivy’agaciro kuri bo. Woshobora gufashwa no kwandika amungane makeyi yawe ya mbere. Amaherezo, nuteganye insozero ivyurira ingiro ihuye n’ikibazo waganiriyeko.

Uteguye urucacagu rwawe kare bihagije, uzoronka umwanya wo kururyohora imbere y’uko ushikiriza nya nsiguro. Hari aho wobona bikenewe ko ushigikiza ivyiyumviro bimwebimwe n’ibitigiri bikeyi, ikigereranirizo, canke ikintu cabonywe. Gukoresha ikintu giherutse kuba canke ikintu citwararitswe cane iwanyu bishobora gufasha abakwumviriza kubona ningoga aho bihuriye na nya mayagwa. Uko usubiramwo insiguro yawe, ushobora kuza urabona utundi turyo two guhuza amamenyeshwa yawe n’abakwumviriza. Ico gikorwa co gusuzuma no kuryohora ni ntahara ku gukuyengeza amayagwa meza ngo abe insiguro kirumara.

Abashikirizansiguro bamwebamwe bashobora gukenera utundi tuntu biyandikiye kuruta abandi. Mugabo mu gihe uringanije amayagwa yawe munsi y’ivyiyumviro nyamukuru bikeya, ugakuramwo ivyo usanga vy’ukuri bitabishigikira, vyongeye ugashira ivyiyumviro vyawe mu rutonde rwumvikana, ubigize igihe gitoyi uzosanga utagikeneye kwandika akantu kose. Mbega ukuntu ivyo bishobora gucungura umwanya! Kandi agaciro k’insiguro zawe kazokwongerekana. Bizokwibonekeza yuko uriko vy’ukuri urungukira ku nyigisho uhabwa mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.

INGENE WOTEGURA URUCACAGU

  • Numenye igituma ikibazo uganirako gihambaye ku bakwumviriza n’intumbero yawe iyo ari yo

  • Nutore umutwe-shimikiro; nimba hariho uwo wahawe, nuwusuzume

  • Nutororokanye amayagwa ncishabwenge, y’ingirakamaro

  • Nugenekereze ivyiyumviro nyamukuru ufise ivyo ari vyo

  • Nuringanize amayagwa yawe; ugumane ayarushirije kuba meza gusa

  • Nutegure intangamarara ivyura ugushimishwa

  • Nuteganye insozero ivyura ingiro

  • Nusubiremwo insiguro yawe; yiryohore

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika