Gutegura Insiguro Zishikirizwa Icese
KU MUSHAMVU KU MUSHAMVU, amashengero menshi y’Ivyabona vya Yehova araringaniza yuko hashikirizwa insiguro y’icese ku mutwe w’ijambo uvuye mu Vyanditswe. Nimba uri umukurambere canke umukozi w’ishengero, woba utanga ikimenyamenya c’uko uri umushikirizansiguro w’icese, umwigisha kirumara? Nimba ari ukwo, ushobora gutumirwa gushikiriza insiguro y’icese. Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ryarafashije abavukanyi ibihumbi mirongo gukwiza ibisabwa ngo baterwe ako gateka k’umurimo. None igihe ushinzwe gushikiriza insiguro y’icese, wohera he?
Nutohoze Urucacagu
Imbere y’uko ugira ubushakashatsi na bumwe, nusome urucacagu hanyuma uruzirikaneko gushika rukunyuze. Nushinge mu muzirikanyi umutwe-shimikiro, ari wo mutwe wa nya nsiguro. Mbega ivyo uzokwigisha abakwumviriza ni ibiki? Intumbero yawe ni iyihe?
Numenye udutwe dutoduto turimwo. Nusuzume ivyo vyiyumviro nyamukuru. Mbega kamwekamwe kose gahuye gute n’umutwe-shimikiro? Munsi y’iciyumviro nyamukuru cose, hariho ivyiyumviro bitobito nka bingahe bihatondetswe. Ingingo zishigikira nya vyiyumviro bitobito usanga zitondetswe munsi yavyo. Nurimbure ukungene agahimba kose k’urwo rucacagu kubakira ku gaheruka, kakajana mu gakurikira, kandi kagafasha gushitsa intumbero ya nya nsiguro. Umaze gutahura umutwe-shimikiro, intumbero ya nya nsiguro hamwe n’ukuntu ivyiyumviro nyamukuru bishitsa iyo ntumbero, uba rero ushoboye gutangura kwubakira kuri nya mayagwa.
Ubwa mbere, ushobora gusanga ari rufasha kwiyumvira insiguro yawe mu buryo bw’insiguro zine canke zitanu ngufingufi, imwimwe yose ikagira iciyumviro nyamukuru. Izo nuzitegure imwimwe.
Urucacagu rutangwa ni igikoresho c’ukwitegura. Ntirutangwa ngo rukubere nk’utwandiko ukuramwo ivyo uvuga mu gutanga insiguro. Ni nk’igikankara. Tugereranije, uzokenera kugishirako imisoso, ugihe umutima, hanyuma ugihumekeremwo ubuzima.
Ikoreshwa ry’Ivyanditswe
Yezu Kirisitu hamwe n’abigishwa biwe bubakira inyigisho yabo ku Vyanditswe. (Luka 4:16-21; 24:27; Ivyak. 17:2, 3) Ushobora kugira nk’ukwo nyene. Ivyanditswe bikwiye kuba ishimikiro ry’insiguro yawe. Aho gupfa gusigura no kwerekana ikurikizwa ry’ivyavuzwe mu rucacagu rwatanzwe, nutegere ukuntu ivyo bintu bishigikiwe n’Ivyanditswe, hanyuma maze wigishe ufatiye mu Vyanditswe.
Uko utegura insiguro yawe, nusuzume umurongo wose watanzwe muri nya rucacagu. Nurabe amakikuro. Ivyanditswe bimwebimwe bishobora kuba bitanga gusa amakuru y’ingirakamaro ya kahise. Si vyose bikeneye gusomwa no gusasanurwa mu gihe ushikiriza insiguro. Nurobanuremwo ibibereye kuruta ibindi ku bakwumviriza. Mu gihe wituniye ku vyanditswe vyatanzwe mu rucacagu rwatanzwe, kumbure ntuzokenera gukoresha ayandi marabiro y’Ivyanditswe.
Itunganirwa ry’insiguro yawe aho riva si ku gitigiri c’ivyanditswe bikoreshejwe, ahubwo ni ku gaciro k’inyigisho. Igihe uriko winjizamwo ivyanditswe, erekana igituma bigiye gukoreshwa. Nubihe umwanya werekane ukuntu vyokurikizwa. Umaze gusoma icanditswe, guma uzinguruye Bibiliya yawe igihe uganira ku gisomwa. Abakwumviriza na bo nyene bisa n’uko bazogira kuno nyene. None ushobora gute kuvyura ugushimishwa kw’abakwumviriza kandi ukabafasha kwungukira kw’Ijambo ry’Imana bimwe vyuzuye kuruta? (Neh. 8:8, 12) Ivyo ushobora kubigira ukoresheje ugusigura, ikigereranirizo, n’ukwerekana ingene ryokurikizwa.
Ugusigura. Igihe witegurira gusigura igisomwa nyamukuru, niwibaze uti: ‘Gisobanura iki? Ni kuki ngiye kugikoresha mu nsiguro yanje? Ni igiki abo mu banyumviriza boshobora kuba bariko baribaza ku vyerekeye uyu murongo?’ Ushobora gukenera gusuzuma amakikuro, kahise canke uko ibintu vyari vyifashe, inguvu z’amajambo, ico umwanditsi yahumekewe yari agabiye. Ivyo bisaba ubushakashatsi. Uzosanga amamenyeshwa umukimba y’agaciro mu bisohokayandikiro bitangwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 24:45-47, NW) Ntugerageze gusigura akantu kose kari muri nya murongo, ahubwo nusigure igituma wasomesheje abakwumviriza uwo murongo, ubigire uhuje n’iciyumviro kiriko kirihwezwa.
Ikigereranirizo. Ihangiro ry’ibigereranirizo ni ugutwara abakwumviriza ku rugero rwimbitse kuruta rw’ubutahuzi, canke kubafasha kwibuka iciyumviro canke ingingo ngenderwako waganiriyeko. Ibigereranirizo birafasha abantu gufata ivyo wababwiye hanyuma bakabifatanya n’ikintu basanzwe bazi. Ivyo ni vyo Yezu yagize igihe yatanga ya Nsiguro rurangiranwa yo ku Musozi. “[Inyoni zo] mu kirēre,” “amashurwe yo ku misozi,” “irembo ripfunganye,” “inzira ntoya,” ‘inzu yubatswe ku rutare’ hamwe n’izindi mvugo mwene izo zaratuma inyigisho yiwe iba iyishimika, itomoye kandi y’intibagirwa.—Mat., ibig. 5–7.
Kwerekana Ukuntu Vyokurikizwa. Gusigura no gutangira icanditswe ikigereranirizo bizotanga ubumenyi, mugabo kwerekana ingene ubwo bumenyi bwokurikizwa ni co kintu kigira ivyo kivuyemwo. Ego ni ko, abo mu bakwumviriza ni bo babwirizwa gukora bisunze ubutumwa bwa Bibiliya, ariko urashobora kubafasha gutegera ibikeneye kugirwa. Umaze kwiyemeza ko abakwumviriza batahura umurongo uriko uraganirwako kandi bakabona aho uhuriye n’iciyumviro kiriko kirihwezwa, nufate umwanya wo kubereka ico ukora ku kwemera no ku kuntu bigenza. Nushire ahabona ivyiza biva ku kwiyambura ivyiyumviro bitari vyo canke imigenzo itajanye n’ukuri kuriko kuraganirwako.
Uko wiyumvira ukugene ivyanditswe vyokurikizwa, uribuka yuko abantu bariko bakwumviriza bava mu nzego nyinshi kandi ko ivyabo vyifashe kwinshi cane. Hashobora kuba harimwo abaherutse gushimishwa, abakiri bato, abakuze, hamwe n’abariko banyinyana n’ingorane zabo bwite zitandukanye. Nutume insiguro yawe iba ngirakimazi kandi ihuye n’ubuzima. Uririnda gutanga impanuro yumvikana nk’aho hoba hari abantu b’inkehwa ufise mu muzirikanyi.
Ingingo Zifatwa n’Umushikirizansiguro
Ingingo zimwezimwe ku biraba insiguro uba waramaze kuzifatirwa. Ivyiyumviro nyamukuru birerekanywe mu buryo butomoye, n’umwanya ukwiye gukoresha mu kuganira ku gatwe kamwekamwe kose urerekanywe mu buryo butomoye. Izindi ngingo ni we uzifatira. Ushobora guhitamwo kumara uwundi mwanya ku twiyumviro tumwetumwe, ukamara muto ku tundi. Ntiwibwire yuko utegerezwa gushikiriza utwiyumviro twose ku rugero rumwe nyene. Ivyo vyotuma wihutagiza muri ayo mayagwa kandi ukananiza abakwumviriza. None woshobora kumenya gute ivyo ubwirizwa kwubakirako mu buryo bwuzuye kuruta be n’ivyo ucishamwo muri make gusa, canke ivyo uvuga wirenganira? Niwibaze uti: ‘Ni ivyiyumviro ibihe bizomfasha guserura iciyumviro ngenderwako kigize iyi nsiguro? Ni ibihe bishobora kugira ico vyunguye abanyumviriza kuruta ibindi? Mbega kwirengagiza icanditswe kinaka catanzwe hamwe n’iciyumviro bijanye vyoba bija gutitura urutonde rw’ibimenyamenya biriko birashikirizwa?’
Ubigiranye ubwenge, niwirinde kwinjizamwo ivyiyumviro bitagira aho bihagaze canke ivyiyumviro vyawe bwite. Mbere n’Umwana w’Imana, ari we Yezu Kirisitu, yaririnze kuvuga ‘ayo yigeneye.’ (Yoh. 14:10) Numenye yuko impamvu ituma abantu baza ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova ari ukwumva Bibiliya iganirwako. Nimba wahavuye ubonwa nk’umushikirizansiguro mwiza, kumbure ni kubera ko wimenyereza gukwegera ivyiyumviro atari kuri wewe nyene, ariko kw’Ijambo ry’Imana. Ku bw’ico, insiguro ushikiriza zirashimwa.—Flp. 1:10, 11.
Kubera ko wahinduye uko urucacagu rusa ukarugira insobanuro inuze y’Ivyanditswe, ubu rero ukeneye gusubiramwo insiguro yawe. Ni ngirakamaro kuyisubiramwo n’ijwi ryumvikana. Ikintu gihambaye ni ukuraba neza ko ivyiyumviro vyose ubifise neza mu muzirikanyi. Utegerezwa kuba ushoboye gushira umutima wawe mu nshikirizo yawe, ukinjiza ubuzima mu mayagwa yawe, hanyuma ugashikiriza ukuri ushizemwo ubushwashwanutsi. Imbere yo gushikiriza insiguro yawe, niwibaze uti: ‘Noba nizigiye gushika ku ki? Ivyiyumviro nyamukuru vyoba vyibonekeza? Noba vy’ukuri nagize Ivyanditswe ishimikiro ry’insiguro yanje? Mbega iciyumviro nyamukuru kimwekimwe cose coba kijana umuntu mu gisomwa mu buryo busanzwe? Insiguro yoba yubaka ugukenguruka Yehova n’intunganyo aturonsa? Mbega insozero yoba ijanye neza na neza n’umutwe-shimikiro, ikereka abumviriza ico bokora, kandi ikabavyurira kugikora? Nimba ushobora kwishura ego kuri ivyo bibazo, urashoboye rero ‘gutonyanga ubwenge bubereye,’ ku nyungu y’ishengero no ku bw’ishemezwa rya Yehova!—Imig. 15:2.