ICIGWA CA 14
Kumera Uko Usanzwe Umeze
KUVUGA nk’uko usanzwe uvuga biragufasha gutuma abandi bakwizigira. Ubona wokwizigira ikintu kivuzwe n’umuntu akuvugisha yiyambitse ikimuyoberanya mu maso? Mbega hari ico vyohindura mu gihe ico kintu yiyambitse coba ari ciza kuruta uko asanzwe asa? Emwe, umenga ntaco. Rero aho kwiyoberanya, nube wewe nyene.
Kumera uko usanzwe umeze ntibikwiye kwitiranywa n’ukutitaho ibintu. Indimburo mbimbi, ukwatura amajambo ukutariko, hamwe n’ukuvuga udatobora, ntibibereye. Imvugo z’abungere zikwiye na zo nyene kwirindwa. Dushaka nantaryo kugaragaza urupfasoni rubereye, mu mvugo no mu nyifato. Umuntu agaragaza mwene ukwo kumera nk’uko asanzwe ameze ntakurikiza amategeko cane birenze urugero canke ngo yitwararike gutangaza abantu.
Mu Busuku bwo mu Ndimiro. Igihe wegereye inzu canke umuntu ahantu ku mugaragaro urondera gushinga intahe kuri we, woba uhora wumva umutima utari mu nda? Benshi muri twebwe barahagarika umutima, mugabo bamwebamwe barabandanya kuwuhagarika kurusha abandi. Uguhagarika umutima birashobora gutuma ijwi ryumvikana nk’iridasanzwe, canke bigatuma utaguma hamwe. Canke uguhagarika umutima kugashobora kwigaragariza mu bimenyetso bitagira shinge na rugero uza uragira vy’iminwe canke umutwe.
Umwamamaji ashobora guhura n’iyo ngorane bitumwe n’imvo zitari nke. Kumbure ariko yiyumvira ukungene aboneka, canke akibaza nimba aza gushikiriza ikiganiro ciwe neza. Nta na kimwe muri ivyo kiba atari igisanzwe, mugabo ingorane ziravyuka igihe mwene ivyo bintu avyitwararitse kurenza urugero. Nimba uta umutwe imbere y’uko uja mu ndimiro, ni ibiki bishobora kugufasha? Kwitegura neza hamwe no gutura isengesho Yehova ubigiranye ubwira. (Ivyak. 4:29) Iyumvire ikigongwe gihambaye Yehova yagize mu gutumirira abantu kwinovora amagara atagira amaganya be n’ubuzima buhoraho bwo mw’Iparadizo. Iyumvire abo uriko wihatira gufasha hamwe n’uko bakeneye kwumva inkuru nziza.
Ibuka kandi yuko abantu bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo, ari co gituma bashobora kwakira ubutumwa canke bakabwanka. Ni ko vyagenze n’igihe Yezu yashinga intahe muri Isirayeli ya kera. Ico ushinzwe ni ukwamamaza gusa. (Mat. 24:14) No mu gihe abantu batakureka ngo uvuge, ukuba ari ho uri ubwavyo birashinga intahe. Uzoba werewe kubera ureka Yehova akagukoresha kugira ashitse ukugomba kwiwe. Mu bihe uba ufise akaryo ko kuvuga, ni ibiki bizoba biranga insiguro yawe? Mu gihe wize gushingira ivyiyumviro vyawe ku vyo abandi bakeneye, imvugo yawe izoba iyikwegera kandi isanzwe.
Igihe ushinga intahe, nimba ukora kandi ukavuga nk’uko ubigira imisi yose, ivyo bizotuma abakwumviriza bumva bamerewe neza. Barashobora mbere no kurushiriza kwakira ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe ushaka kuganirako na bo. Aho kubaha insiguro nya nsiguro, nuganire na bo. Nube umugenzi. Nugaragaze ko ubitwararitse, kandi ubahe ikaze batange insasanuro zabo. Birumvikana, aho ururimi canke imico kama y’iwanyu isaba imico imwimwe y’ukwerekana icubahiro igihe uvuga ubwira abanyamahanga, vyoba vyiza ubikurikije. Mugabo urashobora nantaryo kwama witeguye kumwenyura worohewe.
Ku Mukiruruko. Igihe uvuga ubwira umugwi, uburyo bwo kuvuga busanzwe, bw’ukuyaga, mu bisanzwe ni bwo burushiriza kuba bwiza. Birumvikana, igihe abumviriza ari benshi, urakenera kurungika ijwi cane. Mu gihe ugerageje gufata ku mutwe insiguro yawe canke utwandiko twawe tukaba turimwo ido n’ido rirengeje, bisa n’uko uzokwitwararika birenze urugero ukuvuga ibintu ukoresheje amajambo adahusha. Gukoresha amajambo abereye birahambaye, mugabo igihe uvyitwararitse cane kurenza urugero, ikiganiro ushikiriza gicika icumaraye kandi kiri ku mategeko cane. Ntuba ukibaye uko usanzwe umeze. Ivyiyumviro ushikiriza ukwiye kubitegura uvyitondeye imbere y’igihe, mugabo ahanini niwitwararike nya vyiyumviro, ntiwitwararike gukoresha amajambo adahusha.
Ni na ko bigenda igihe uriko urabazwa mu kiganiro c’ukubaza ibibazo kw’ikoraniro. Niwitegure neza, mugabo ntusome canke ngo ufate ku mutwe inyishu utanga. Nutange inyishu ukoresheje uguhindagura ijwi gusanzwe, ku buryo insasanuro zawe ziza zizanye mu buryo buryoshe.
Na kamere nzizanziza z’ivy’ukuvuga zikoreshejwe mu buryo bukabije, abumviriza zishobora kubabera nk’izo udasanganywe. Nk’akarorero, ukwiye kuvuga utobora kandi ukatura mu buryo bubereye, mugabo atari gushika aho imvugo yawe yumvikana nk’iyigumaraye canke nk’inyigano. Ibimenyetso vyo kudondora canke gushimika, iyo bigizwe neza, birashobora gushusha insiguro yawe, mugabo ibimenyetso vyumaraye canke vy’ugutangaza abantu bizotitura ivyo uriko uravuga. Nukoreshe ijwi rinini, mugabo ugerageze kutavuga cane birenze urugero. Rimwe na rimwe biraba vyiza ko ushira umuriro mu nsiguro yawe, mugabo ukwiye kwirinda gucucagira. Uguhindagura ijwi, ubushwashwanutsi be n’inyiyumvo, bikwiye vyose gukoreshwa mu buryo budakwegera ivyiyumviro kuri wewe nyene canke ngo bitume abakwumviriza babihirwa.
Abantu bamwebamwe basanzwe bafise uburyo butomoye bwo kwisigura, no mu gihe baba batariko barashikiriza insiguro. Abandi usanga bavuga nk’abayaga mu nsiguro yabo. Igihambaye ni ukuvuga neza imisi yose no kugendana urupfasoni rubereye Umukirisu. Maze, igihe uri ku mukiruruko, bizorushiriza kukworohera kuvuga no gukora uko usanzwe umeze mu buryo bukwegera.
Igihe Usomera Abantu. Ukumera uko usanzwe umeze mu gusomera abantu bisaba akigoro. Kugira ngo ubishikeko, nugenekereze ivyiyumviro nyamukuru ivyo ari vyo mu mayagwa ugiye gusoma, hanyuma urabe ukuntu bisiguwe. Ivyo nube ubitomokewe mu muzirikanyi; ahandiho, uzosanga uriko urasoma amajambo masa. Nurabe ingene amajambo utamenyereye yaturwa. Niwimenyereze gusoma n’ijwi ryumvikana kugira ngo umenye aho uhindura ijwi mu buryo bubereye, wongere ushire hamwe amajambo mu buryo busohora ivyiyumviro mu buryo butomoye. Ivyo nubigire incuro nyinshi gushika aho usigara usoma worohewe. Numenye nya mayagwa neza bihagije ku buryo igihe uyasoma n’ijwi ryumvikana ugusoma kwawe kwumvikana nk’ikiyago gishwashwanutse. Ukwo ni kwo kumera uko usanzwe umeze.
Birumvikana, kenshi dusomera abantu mu bitabu bishingiye kuri Bibiliya. Turetse ibigabu dushingwa bisaba gusoma mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, turasoma ivyanditswe iyo turi mu busuku bwo mu ndimiro be n’igihe dushikiriza insiguro turi ku mukiruruko. Abavukanyi barashingwa gusoma amayagwa arimburwa mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi no ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Abavukanyi bamwebamwe bakwije ibisabwa barashingwa gusomera insiguro imbere y’amasinzi y’abari kw’ihwaniro. Waba usoma Bibiliya canke ayandi mayagwa, ibihimba birimwo amajambo yasubiwemwo, nubisome mu buryo nya mayagwa abamwo igishika. Igihe hasubiwemwo amajambo y’abantu batari bake, nuhindure ijwi gatoya ku bw’umwumwe wese muri bo. Uragaba: Ntugire ibintu vy’ibikino, mugabo ushire igishika mu gusoma mu buryo usanzwe umeze.
Gusoma mu buryo uvuga nk’uko usanzwe umeze ni ugusoma n’ijwi ry’ukuyaga. Ntivyumvikana nk’urwigano, mugabo haba harimwo n’ubujijutsi.