ICIGWA CA 19
Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya
ICO twipfuza ni ukwerekeza ivyiyumviro vy’umuntu wese kw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Ico gitabu ceranda ni co shimikiro ry’ubutumwa twamamaza, kandi dushaka ko abantu batahura yuko ivyo tuvuga atari ivyo twigenera, ahubwo ko biva ku Mana. Abantu barakeneye gutsimbataza ukwizigira Bibiliya.
Mu Busuku bwo mu Ndimiro. Igihe witegurira kuja mu ndimiro, niwame utora icanditswe kimwe canke bingahe uza kwereka abantu bashaka kwumviriza. Naho woba uteganya kubwira umuntu utujambo nka dukeyi two kumushikiriza igitabu gishingiye kuri Bibiliya, kenshi biraba ngirakamaro gusoma icanditswe ca Bibiliya kibereye. Bibiliya irafise ububasha bwo kuyobora abantu bameze nk’intama, bukomeye kuruta ikintu ico ari co cose ubwacu twoshobora kuvuga. Aho bidashoboka ko usoma muri Bibiliya, hari aho woshima gusubiramwo amajambo ivuga. Mu kinjana ca mbere, amakopi y’ibizingo vy’Ivyanditswe ntiyasangwa henshi cane. Yamara Yezu n’intumwa ziwe barasubiramwo cane amajambo yo mu Vyanditswe. Na twebwe dukwiye kugira akigoro ko gufata ku mutwe ivyanditswe, hanyuma tukabikoresha neza mu busuku bwacu, rimwe na rimwe tukabisubiramwo gusa mu majambo.
Igihe bishoboka ko usoma muri Bibiliya, nuyifate mu minwe ku buryo umunyamuhana ashobora gukurikira uko usoma. Iyo nya muntu akurikiye muri Bibiliya yiwe, ivyo asomye yoshobora kuvyakira neza kuruta.
Ariko rero uramenya yuko abahinduzi bamwebamwe ba Bibiliya bagize ivyo bishakiye kuri iryo Jambo ry’Imana. Uburyo bahinduye ibintu bushobora kuba butajanye muri vyose n’ivyari mu ndimi z’intango Bibiliya yanditswemwo. Bibiliya zitari nke zahinduwe mu gihe ca none barazikuyemwo izina bwite ry’Imana, barazimanganya ivyo igisomwa co mu rurimi rw’intango kivuga ku biraba uko abapfuye bamerewe, baranazimanganya ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye umugambi Imana ifitiye isi. Kugira ngo wereke umuntu ivyo bagize, hari ubwo wokenera kugereranya ivyanditswe nyamukuru ukoresheje Bibiliya zitandukanye, canke urabiye mu mpinduro za kera zo muri urwo rurimi nyene mukoresha. Ku bibazo bitari bike, igitabu Comment raisonner à partir des Écritures kiragereranya Bibiliya zahinduwe mu buryo butandukanye, kikerekana ukuntu imvugo nyamukuru zahinduwe mu mirongo ikunda gukoreshwa. Uwukunda ukuri wese azoshima kumenya ingene ibintu bimeze.
Ku Makoraniro y’Ishengero. Bose bakwiye kuremeshwa gukoresha Bibiliya zabo ku makoraniro y’ishengero. Ivyo birakora ikintu ciza mu buryo butari buke. Birafasha kugumiza ivyiyumviro vy’abumviriza ku biriko biravugwa. Birabafasha kwibonera neza inyigisho umushikirizansiguro ariko atanga. Vyongeye birinjiza mu mizirikanyi y’abaherutse gushimishwa, yuko Bibiliya vy’ukuri ari ryo soko ry’ivyo twemera.
Kugira ngo abakwumviriza bakurikire vy’ukuri muri Bibiliya yabo bwite igihe usoma Ivyanditswe, ahanini bizovana n’indemesho utanga. Gusaba abantu gusoma ni bumwe mu buryo burushirije kuba bwiza.
Wewe ushikiriza insiguro ni we uhitamwo ivyanditswe ushaka gushimikako mu gusaba abumviriza ngo babirondere. Birarushiriza kuba vyiza usomye ivyanditswe biza kugufasha gutsimbataza ivyiyumviro bikurubikuru ushikiriza. Maze, umwanya ugukundiye, niwongereko bindi bikeyi bishigikira iciyumviro ushikiriza.
Birumvikana ko mu bisanzwe gupfa kuvuga icanditswe ico ari co canke ugasaba abakwumviriza kurondera icanditswe kanaka bitaba bikwiye. Usomye icanditswe kimwe ugaca ubandaniriza ku kindi imbere y’uko abumviriza banaronka akanya ko gutora ica mbere, bazovunika umutima bidatevye hanyuma bace bareka kugerageza gukurikira muri Bibiliya igihe usoma. Uraza uritegereza. Igihe benshi bamaze gutora nya canditswe, nuce ugisoma.
Niwiyumvire imbere y’igihe. Nuvuge icanditswe incuro zihagije imbere y’uko ugisoma. Ivyo bizogabanya umwanya utakara bitumwe n’ukurindira yuko abumviriza batora nya canditswe. Naho uzoshikiriza amayagwa make, mu gihe uza uraha abumviriza umwanya wo kurondera ivyanditswe, bizotuma amayagwa ushikiriza aba ay’agaciro.