ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 19 rup. 145-rup. 146 ing. 5
  • Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kurabana n’Abumviriza
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 19 rup. 145-rup. 146 ing. 5

ICIGWA CA 19

Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya

Ni ibiki ukeneye kugira?

Remesha abakwumviriza bakurikire muri Bibiliya igihe usoma ivyanditswe.

Ni Kuki Bihambaye?

Ico umuntu abonye n’amaso yiwe bwite, canecane akakibona muri Bibiliya yiwe bwite, ni co kimukora ku mutima kuruta.

ICO twipfuza ni ukwerekeza ivyiyumviro vy’umuntu wese kw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Ico gitabu ceranda ni co shimikiro ry’ubutumwa twamamaza, kandi dushaka ko abantu batahura yuko ivyo tuvuga atari ivyo twigenera, ahubwo ko biva ku Mana. Abantu barakeneye gutsimbataza ukwizigira Bibiliya.

Mu Busuku bwo mu Ndimiro. Igihe witegurira kuja mu ndimiro, niwame utora icanditswe kimwe canke bingahe uza kwereka abantu bashaka kwumviriza. Naho woba uteganya kubwira umuntu utujambo nka dukeyi two kumushikiriza igitabu gishingiye kuri Bibiliya, kenshi biraba ngirakamaro gusoma icanditswe ca Bibiliya kibereye. Bibiliya irafise ububasha bwo kuyobora abantu bameze nk’intama, bukomeye kuruta ikintu ico ari co cose ubwacu twoshobora kuvuga. Aho bidashoboka ko usoma muri Bibiliya, hari aho woshima gusubiramwo amajambo ivuga. Mu kinjana ca mbere, amakopi y’ibizingo vy’Ivyanditswe ntiyasangwa henshi cane. Yamara Yezu n’intumwa ziwe barasubiramwo cane amajambo yo mu Vyanditswe. Na twebwe dukwiye kugira akigoro ko gufata ku mutwe ivyanditswe, hanyuma tukabikoresha neza mu busuku bwacu, rimwe na rimwe tukabisubiramwo gusa mu majambo.

Igihe bishoboka ko usoma muri Bibiliya, nuyifate mu minwe ku buryo umunyamuhana ashobora gukurikira uko usoma. Iyo nya muntu akurikiye muri Bibiliya yiwe, ivyo asomye yoshobora kuvyakira neza kuruta.

Ariko rero uramenya yuko abahinduzi bamwebamwe ba Bibiliya bagize ivyo bishakiye kuri iryo Jambo ry’Imana. Uburyo bahinduye ibintu bushobora kuba butajanye muri vyose n’ivyari mu ndimi z’intango Bibiliya yanditswemwo. Bibiliya zitari nke zahinduwe mu gihe ca none barazikuyemwo izina bwite ry’Imana, barazimanganya ivyo igisomwa co mu rurimi rw’intango kivuga ku biraba uko abapfuye bamerewe, baranazimanganya ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye umugambi Imana ifitiye isi. Kugira ngo wereke umuntu ivyo bagize, hari ubwo wokenera kugereranya ivyanditswe nyamukuru ukoresheje Bibiliya zitandukanye, canke urabiye mu mpinduro za kera zo muri urwo rurimi nyene mukoresha. Ku bibazo bitari bike, igitabu Comment raisonner à partir des Écritures kiragereranya Bibiliya zahinduwe mu buryo butandukanye, kikerekana ukuntu imvugo nyamukuru zahinduwe mu mirongo ikunda gukoreshwa. Uwukunda ukuri wese azoshima kumenya ingene ibintu bimeze.

Ku Makoraniro y’Ishengero. Bose bakwiye kuremeshwa gukoresha Bibiliya zabo ku makoraniro y’ishengero. Ivyo birakora ikintu ciza mu buryo butari buke. Birafasha kugumiza ivyiyumviro vy’abumviriza ku biriko biravugwa. Birabafasha kwibonera neza inyigisho umushikirizansiguro ariko atanga. Vyongeye birinjiza mu mizirikanyi y’abaherutse gushimishwa, yuko Bibiliya vy’ukuri ari ryo soko ry’ivyo twemera.

Kugira ngo abakwumviriza bakurikire vy’ukuri muri Bibiliya yabo bwite igihe usoma Ivyanditswe, ahanini bizovana n’indemesho utanga. Gusaba abantu gusoma ni bumwe mu buryo burushirije kuba bwiza.

Wewe ushikiriza insiguro ni we uhitamwo ivyanditswe ushaka gushimikako mu gusaba abumviriza ngo babirondere. Birarushiriza kuba vyiza usomye ivyanditswe biza kugufasha gutsimbataza ivyiyumviro bikurubikuru ushikiriza. Maze, umwanya ugukundiye, niwongereko bindi bikeyi bishigikira iciyumviro ushikiriza.

Birumvikana ko mu bisanzwe gupfa kuvuga icanditswe ico ari co canke ugasaba abakwumviriza kurondera icanditswe kanaka bitaba bikwiye. Usomye icanditswe kimwe ugaca ubandaniriza ku kindi imbere y’uko abumviriza banaronka akanya ko gutora ica mbere, bazovunika umutima bidatevye hanyuma bace bareka kugerageza gukurikira muri Bibiliya igihe usoma. Uraza uritegereza. Igihe benshi bamaze gutora nya canditswe, nuce ugisoma.

Niwiyumvire imbere y’igihe. Nuvuge icanditswe incuro zihagije imbere y’uko ugisoma. Ivyo bizogabanya umwanya utakara bitumwe n’ukurindira yuko abumviriza batora nya canditswe. Naho uzoshikiriza amayagwa make, mu gihe uza uraha abumviriza umwanya wo kurondera ivyanditswe, bizotuma amayagwa ushikiriza aba ay’agaciro.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Niwereke umuntu icanditswe wongere ugisome muri Bibiliya, canke umusabe gukurikira muri Bibiliya yiwe bwite igihe usoma.

  • Igihe uriko urashikiriza ikiganiro mw’ishengero, nusabe ubwo nyene abumviriza kurondera ivyanditswe nyamukuru, hanyuma ubahe umwanya ukwiye wo kubirondera.

IMYIMENYEREZO: Niwasubira kugendera umuntu, gerageza ibikurikira: (1) Nuhereze Bibiliya yawe nya muntu umaze gutora umurongo munaka, hanyuma umubaze ko yoshima kuwusoma. (2) Numubaze yuko yoshima kuzana Bibiliya yiwe bwite hanyuma agasoma icanditswe nyamukuru.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika