ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 22 rup. 153-rup. 156 ing. 4
  • Gusigura Neza Ivyanditswe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gusigura Neza Ivyanditswe
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Gusigura neza ivyanditswe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Niwumvishe abandi igihe ubigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Gucira inzira neza ivyanditswe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 22 rup. 153-rup. 156 ing. 4

ICIGWA CA 22

Gusigura Neza Ivyanditswe

Ni ibiki ukeneye kugira?

Raba neza yuko icanditswe ugisigura mu buryo bujanye n’ibigikikije be na Bibiliya yose uko ingana. Uburyo gisigurwa bukwiye kandi kuba buhuye n’ibintu bimaze gusohorwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.”

Ni Kuki Bihambaye?

Kwigisha Ijambo ry’Imana abandi ni ibanga riremereye. Ico Imana igomba ni uko abantu bashika ku “kumenya ivy’ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Ivyo bica bituma tugira ibanga ryo kwigisha neza Ijambo ry’Imana.

IGIHE twigisha abandi, ntibisaba gupfa gusoma imirongo yo muri Bibiliya. Intumwa Paulo yandikiye mugenziwe Timoteyo ati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.”—2 Tim. 2:15, ni twe tubihiritse.

Gukora ivyo, bisaba ko dusigura ivyanditswe mu buryo bujanye n’ivyo Bibiliya ubwayo yigisha. Ivyo bisaba ko turimbura ibikikije nya canditswe, aho kwikuriramwo gusa amajambo aturyohera no kwiyongereramwo ivyiyumviro vyacu. Biciye ku muhanuzi Yeremiya, Yehova yaragabishije abantu ku vyerekeye abahanuzi biyita abatumwe na Yehova, mugabo mu vy’ukuri bagashikiriza “ivyo beretswe bivuye mu mitima yabo.” (Yer. 23:16) Intumwa Paulo yaragabishije Abakirisu ngo ntibandurishe Ijambo ry’Imana ivyiyumviro vy’abantu, igihe yandika ati: “Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, [“ntidutitura,” NW] ijambo ry’Imana.” Muri iyo misi, abadandaza b’umuvinyu barajoborora umuvinyu wabo kugira ngo ugwire hanyuma ubinjirize amahera menshi. Twebwe ntidutitura Ijambo ry’Imana mu kurivanga n’ivyiyumviro vy’abantu. Paulo yamenyesheje ati: “[Ntitu]ri nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.”—2 Kor. 2:17; 4:2.

Rimwe na rimwe, woshobora gusubiramwo amajambo y’icanditswe kugira ushire ahabona ingingo ngenderwako. Bibiliya yuzuyemwo ingingo ngenderwako zitanga ubuyobozi buroranye bw’ukuntu twovyifatamwo mu gihe ibintu bitifashe kumwe. (2 Tim. 3:16, 17) Mugabo ukwiye kuraba neza yuko uburyo usigura butagiramwo amahinyu, be n’uko utariko urakoresha icanditswe nabi, ngo utume cumvikana nk’ikivuga ivyo wewe wishakira ko kivuga. (Zab. 91:11, 12; Mat. 4:5, 6) Uburyo gisigurwa butegerezwa guhura n’umugambi wa Yehova, kikajana n’Ijambo ry’Imana ryose uko ringana.

‘Kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’ harimwo kandi ugutegera neza ico Bibiliya ivuga. Si nk’“inkoni” tuza turashoreza abandi. Abigisha b’ivy’idini barwanije Yezu Kirisitu, baravuga ivyo basubiyemwo vyo mu Vyanditswe mugabo bakiyobagiza ibintu bihambaye kuruta ibindi, nk’ivyerekeye ubutungane n’ikigongwe be n’ukudahemuka, ari na vyo Imana isaba. (Mat. 22:23, 24; 23:23, 24) Igihe Yezu yigisha Ijambo ry’Imana, yagaragaje kamere ya Se. Umwete Yezu yagiriye ukuri wari uvanze n’urukundo rugera kure yakunda abantu yigisha. Dukwiye kwihata ngo dukurikire akarorero kiwe.—Mat. 11:28.

None twomenya neza gute yuko dusigura icanditswe mu buryo bubereye? Gusoma Bibiliya tudahorereza bizodufasha. Turakeneye kandi gushima ukuba Yehova yarashizeho “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” wa mugwi w’Abakirisu basizwe abicishako mu gutanga imfungurwa z’ivy’impwemu zo kugaburira abo mu nzu y’abizera. (Mat. 24:45, NW) Kwiyigisha hamwe no kwitaba amakoraniro tudahorereza be no kuyagiramwo uruhara, bizodufasha kwungukira ku nyigisho itangwa biciye kuri uwo mugwi w’umushumba.

Igitabu Comment raisonner à partir des Écritures coba kiboneka mu rurimi uzi? Wize kugikoresha neza ntuzoteba kuronka ubuyobozi ukeneye buzogufasha gusigura neza ivyanditswe amajana n’amajana bikunda gukoreshwa mu busuku bwacu. Nimba utegekanya gukoresha icanditswe kitamenyerewe, vyoba vyiza wifashe ruto ukagira ubushakashatsi bukenewe kugira ngo igihe uvuga ushobore kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri.—Imig. 11:2.

Sigura mu Buryo Butomoye. Igihe wigisha abandi, raba yuko babona neza isano riri hagati y’umutwe w’ikiganiro uriko urasigura n’ivyanditswe ukoresha. Nimba utanguje akabazo imbere yo gusoma icanditswe, abakwumviriza bakwiye kubona ukuntu ico canditswe cishura nya kibazo. Nimba ukoresheje ico canditswe kugira ushigikire amajambo manaka yavuzwe, raba neza yuko umutohoji atomokerwa n’ukuntu ico canditswe cemeza nya ciyumviro.

Gupfa gusoma icanditswe, eka n’aho wogisoma ushimika, mu bisanzwe ivyo ntibikwiye. Niwibuke yuko umuntu asanzwe ataba amenyereye Bibiliya, n’uko kandi atazotahura iciyumviro asomye rimwe gusa. Niwerekane agace ka nya gisomwa kerekeye ivyo uriko uravuga.

Ivyo mu bisanzwe bisaba yuko ushimika ku majambo nyamukuru afise ico avuga ku biriko birihwezwa. Uburyo bworoshe kuruta ni ugusubiramwo ayo majambo arimwo iciyumviro. Igihe uriko uraganira n’umuntu, ushobora kubaza utubazo tumufasha kubona amajambo nyamukuru. Igihe bamwebamwe bariko bashikiriza insiguro umugwi w’abantu, bashima gushikira intumbero yabo mu gukoresha ivyitiranwa canke mu gusubiramwo nya ciyumviro. Ariko rero, uhisemwo kugira ivyo, uraba maso kugira ngo abumviriza ntibatakaze isano riri hagati y’ico uriko uravuga be n’amajambo yakoreshejwe muri nya canditswe.

Umaze gushira ahabona amajambo nyamukuru, uba washizeho umushinge mwiza. Nuce rero ushishikara insiguro yawe. Woba wabanje kwerekana neza igituma ugiye gusoma ico canditswe? Nimba ari ukwo, niwerekane ukuntu amajambo washimitseko ajanye n’ivyo wemereye abumviriza. Nuvuge utomora iryo sano iryo ari ryo. Naho nyene woba utakoresheje intangamarara y’icanditswe itomoye, urakwiye gushishikara gusigura.

Abafarizayo babajije Yezu ico biyumvira ko ari ikibazo kigoye, ari co c’iki: “Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore kubg’inyanduruko y’ikintu cose?” Yezu yishuye yishimikije Itanguriro 2:24. Urabona yuko yashimitse canecane ku gace kamwe k’ico canditswe, hanyuma agaca agasigura nk’uko bikenewe. Amaze kwerekana yuko umugabo n’umugore wiwe bacika “umubiri umwe,” Yezu yasozereye ati: “Ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature.”—Mat. 19:3-6.

Ukwiye gutanga insobanuro ingana gute kugira ngo utume icanditswe gisigurika mu buryo butomoye? Ivyo bikwiye kurabirwa ku bakwumviriza abo ari bo, be no ku kamaro kari mu ciyumviro kiriko kirihwezwa. Niwishingire intumbero y’ugusobanura mu buryo bworoshe kandi udahingura.

Nufashe Abantu Kwiyumvira Ukoresheje Ivyanditswe. Ku biraba ubusuku intumwa Paulo yaranguriye i Tesalonike, Ivyakozwe 17:2, 3 hatubwira yuko ‘yabafasha kwiyumvira akoresheje Ivyanditswe.’ Ubwo ni ubuhinga umusavyi wa Yehova wese akwiye kugerageza gutsimbataza. Nk’akarorero, Paulo yariganye ibintu biraba ubuzima bwa Yezu n’ubusuku yaranguye, arerekana yuko ivyo vyari vyaramenyeshejwe mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. Yaciye asozera mu buryo bukomeye mu kuvuga ati: “Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.”

Igihe Paulo yandikira Abaheburayo, yarasubiyemwo kenshi amajambo yo mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. Kugira ngo ashimike kuri iyo ngingo yongere ayitomore, kenshi yarashira ahabona ijambo rimwe canke amajambo makeyi arimwo, hanyuma akerekana ico ano avuze. (Heb. 12:26, 27) Mu nkuru dusanga mu Baheburayo ikigabane ca 3, Paulo yarasubiyemwo amajambo yo muri Zaburi 95:7-11. Raba ingene yaciye ateba ku mice itatu yayo: (1) yarerekeje ku mutima (Heb. 3:8-12), (2) ku co amajambo “uyu musi” avuze (Heb. 3:7, 13-15; 4:6-11), hamwe (3) no ku nsobanuro y’imvugo ngo “Ntibazoshika mu buruhukiro bganje” (Heb. 3:11, 18, 19; 4:1-11). Niwihatire kwigana ako karorero igihe usigura icanditswe cose usomye.

Raba ingene Yezu yaroranirwa mu gufasha abantu kwiyumvira akoresheje Ivyanditswe, mu nkuru dusanga muri Luka 10:25-37. Umugabo umwe w’umuhanga mu Vyagezwe yabajije ati: “Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?” Mu kwishura, Yezu yabanje gusaba uwo mugabo kuvuga ukuntu we abibona, hanyuma Yezu aca ashimika ku kamaro ko gukora ivyo Ijambo ry’Imana rivuga. Igihe vyagaragara yuko uwo mugabo atari yategereye iyo ngingo, Yezu yaramaze umwanya utari muto asigura ijambo rimwe gusa ryo mu canditswe, ari ryo ‘mugenzawe.’ Aho gupfa kuvuga ico ari co, yakoresheje ikigereranirizo kugira ngo afashe nya mugabo gushika ubwiwe ku nsozero ibereye.

Biboneka yuko igihe Yezu yishura ibibazo atapfa gusubiramwo gusa ivyanditswe vyatanga inyishu idomako, yibonekeza. Yarihweza ico ivyo vyavuga hanyuma agaca abihuza n’ikibazo kiriko kirihwezwa.

Igihe Abasadukayo banka kwemera icizigiro c’izuka, Yezu yashimitse ku gahimba kamwe ko muri Kuvayo 3:6. Mugabo ntiyaciye ahagarara ahejeje gusubiramwo amajambo y’ico canditswe. Yarabafashije kwiyumvira ayakoresheje, kugira ngo yerekane neza yuko izuka riri mu bigize umugambi w’Imana.—Mrk. 12:24-27.

Kumenya neza ubuhinga bwo kuzirikana ata mahinyu kandi mu buryo ngirakamaro ukoresheje Ivyanditswe, bizogufasha cane gucika umwigisha w’umuhanga.

UBURYO BWO GUTSIMBATAZA UBWO BUHINGA

  • Za urasoma Bibiliya udahorereza. Niwige Umunara w’Inderetsi uwitondeye, kandi utegure neza amakoraniro y’ishengero.

  • Nurabe neza yuko uzi insobanuro y’amajambo ari mu canditswe ico ari co cose utegekanya gukoresha. Nusome nya canditswe witonze kugira utahure neza ico kivuga.

  • Nugire akamenyero ko kugira ubushakashatsi mu bitabu vyacu vya gikirisu.

UMWIMENYEREZO: Niwiyumvire ku nsobanuro ya 2 Petero 3:7. Ico canditswe coba cemeza yuko isi izotongorwa n’umuriro? (Igihe usigura “isi” ico ari co, nurimbure kandi ico “amajuru” asigura. Ni ivyanditswe ibihe vyerekana yuko ijambo “isi” rishobora gukoreshwa mu mvugo ngereranyo? Ni bande canke ni igiki kizosangangurwa, nk’uko bivugwa mu murongo w’7? Ivyo bihuye gute n’ivyashitse mu misi ya Nowa ivugwa ku murongo wa 5 n’uwa 6?)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika