ICIGWA CA 26
Gushikiriza Amayagwa mu Buryo Bwumvikana
IMBERE y’uko amayagwa atondekwa mu buryo bwumvikana, ukeneye kuba ufise intumbero mu muzirikanyi. Intumbero yawe yoba ari ukumenyesha gusa abandi ivyerekeye ikintu kinaka, nk’inyigisho wemera, inyifato kanaka, kamere yinaka, inyigenzo canke uburyo bunaka bwo kubaho? Woba wizigiye kwemeza canke kubeshuza iciyumviro kinaka? Ihangiro ryawe ryoba ari ukwubaka mu bantu ugukenguruka ikintu, canke ukubavyurira ingiro? Waba uzoba uriko ushikiriza umuntu umwe amayagwa yawe canke abantu benshi, kugira ngo ubishikeko neza ukeneye kurimbura ivyo basanzwe bazi kuri ico kintu hamwe n’inyifato bagifiseko. Ivyo umaze kubigira, nutondeke amayagwa yawe mu buryo buzogufasha gushikira iyo ntumbero.
Ku biraba ubusuku Sauli (Paulo) yaranguriye i Damasiko, mu Vyakozwe 9:22 havuga yuko “[y]atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yezu ari we Kristo.” Mbega ico cemeza cumvikana cari kigizwe n’ibiki? Nk’uko vyerekanwa n’inkuru ivuga ubusuku Paulo yaranguye mu nyuma i Antiyokiya n’i Tesalonike, yabanje kwubakira ku vy’uko Abayuda bemera Ivyanditswe vy’Igiheburayo be n’uko bavuga ko bemera ico Ivyanditswe bivuga kuri Mesiya. Maze Paulo akoresheje Ivyanditswe, yararobanuye ibihimba vyavuga ubuzima bwa Mesiya be n’ubusuku yoranguye. Ivyo yarabisubiyemwo mu majambo hanyuma abigereranya n’ivyashitse koko bijanye na Yezu. Amaherezo, yarashitse ku nsozero yumvikana, iy’uko Yezu ari we Kirisitu, canke Mesiya. (Ivyak. 13:16-41; 17:2, 3) Na wewe nyene ushikirije ukuri kwa Bibiliya mu buryo bwumvikana, birashobora gushwirura abandi.
Gutondeka Amayagwa Ushikiriza. Amayagwa arashobora gutondekwa mu buryo bunyuranye bwumvikana. Nimba ubona harimwo akarusho, ushobora gukoresha uburyo nka bungahe icarimwe. Rimbura uburyo nka bungahe bushoboka bwo kubigira.
Gutondeka amayagwa ufatiye ku mutwe wihwezwa. Ivyo bisaba gutondeka amayagwa yawe mu migwimigwi, umwumwe muri yo ukaba uri n’ico uterera ku ntumbero wewe ushaka gushikako. Iyo migwi ishobora kuba ari ingingo nkurunkuru zihambaye zifasha abantu gutahura umutwe uriko urihweza. Bishobora kuba ari ivyiyumviro bitandukanye vyemeza canke bibeshuza ikintu kinaka. Ingingo zimwezimwe, naho ziba zijanye n’umutwe wihwezwa, zishobora kwongerwako canke gukurwamwo, bivanye n’abazoba bariko bakwumviriza canke n’intumbero ufise.
Rimbura akarorero ko gutondeka amayagwa wisunze ibibazo vyihwezwa. Amayagwa magufi yerekeye izina ry’Imana yoshobora gushikirizwa arimwo (1) igituma bihambaye kumenya Imana mw’izina, (2) izina ry’Imana iryo ari ryo, hamwe (3) n’ukuntu dushobora kuritera iteka.
Hari vyinshi dushobora kwiga ku vyerekeye ugutondeka amayagwa twisunze umutwe wihwezwa, turavye mu bisohokayandikiro bitegurwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) kugira ngo tubikoreshe ku nyigisho za Bibiliya zo ku mihana. (Mat. 24:45) Ivyo bisohokayandikiro mu bisanzwe biba birimwo igitigiri c’ibiganiro canke imitwe vyihwezwa, ino igashobora gufasha abigishwa kugira iciyumviro co muri rusangi c’ukuri kw’ishimikiro kwa Bibiliya. Ibisohokayandikiro bininibinini bikoresha imitwe mitomito igabura ikigabane kimwekimwe cose. Ikiganiro kimwekimwe cose kiba cihwejwe kirategura umunyeshure ku bw’amayagwa akurikira, kandi kigaterera ku ciyumviro muri rusangi.
Imvo n’ingaruka. Kuzirikana ufatiye ku mvo n’ingaruka ni ubundi buryo bwo gushikiriza amakuru mu buryo bwumvikana.
Nimba uriko urabwira umugwi w’abantu canke abantu umwumwe bakeneye kurimbura bavyitondeye rwose ingaruka y’ikintu bariko baragira canke bategekanya kugira, ubwo buryo bwo kwihweza ibintu bwoshobora gukora neza. Mu Migani ikigabane c’7 haratanga akarorero keza ntangere k’ukugira ivyo. Haradondora neza ukuntu umusore ataramenya utuntu n’utundi “w’igipfamutima” (imvo) agiranira imigenderanire n’imaraya hanyuma akibonerako inkurikizi zibabaje (ingaruka).—Imig. 7:7.
Kugira ngo wongereze ugushimika, woshobora kuvuga ingaruka mbi zishikira abatagendera mu nzira za Yehova ukazihushanya n’ivyiza abumvira Yehova bahakura. Musa, abitumwe n’impwemu ya Yehova, yarahushanije ibintu mwene ukwo igihe yavugana n’ihanga ry’Abisirayeli imbere yuko binjira mu Gihugu c’Isezerano.—Gus., ikig. 28.
Mu bihe bimwebimwe, birarushiriza kuba vyiza utanguye ikiganiro cawe mu kwerekana ukuntu ibintu vyifashe (ingaruka) hanyuma ugashikiriza ikimenyamenya kidoma urutoke ku bintu bibitera (imvo). Ivyo kenshi bisaba ko uvuga ingorane be n’umuti yotorerwa.
Ingorane be n’umuti yotorerwa. Mu busuku bwo mu ndimiro, igihe muganira ingorane iraje ishinga abantu hanyuma ukerekana yuko hariho umuti ushika ku nyota izotorerwa, ivyo vyoshobora kuremesha umuntu, bigatuma yumviriza. Iyo ngorane ishobora kuba iyo uvyuye canke ikintu uwo wundi muntu avyuye.
Mwene iyo ngorane ishobora kuba ari ukuba abantu basaza kandi bagapfa, ukuba ubukozi bw’ikibi bwariraye, canke ukuba akarenganyo karabaye ndanse. Nta bindi biyago vy’inyongera bikenewe vyo kwerekana ko mwene iyo ngorane iriho, kuko yibonekeza. Ahubwo gusa nutangure kuvuga nya ngorane, hanyuma uce ushikiriza umuti izotorerwa werekanwa muri Bibiliya.
Ku rundi ruhande, iyo ngorane ishobora kuba iyimuraba ubwiwe, ikaba yerekeye ibibazo bikomeye bihanze umuvyeyi yirerana abana wenyene, ukuvunwa umutima n’indwara ikomeye, canke amagume umuntu ariko arabona kubera ugufatwa nabi n’uwundi muntu. Kugira ngo ushike ku ciza kirushirije, utegerezwa kubanza kuba umwumviriji mwiza. Bibiliya iratanga amakuru y’ingirakamaro kuri izo ngorane zose. Mugabo birakenewe ko ikoreshanywa ukwiyubara. Nimba ushaka ko ikiganiro cawe cungura nya muntu vy’ukuri, ni nkenerwa ko uvuga ibintu bishoboka. Nutomore ko uriko uvuga umuti uzotorwa rimwe rizima, ugutabarwa kw’igihe gito, canke gusa ukuntu yokwihanganira ingorane itazohinduka muri iki gihe. Mu yandi majambo, raba neza yuko ukuzirikana ku Vyanditswe ugiranye na we guhagije ku buryo gushigikira insozero ushitseko. Ahandiho, umuti uriko uravuga ushobora kudasa n’uwumvikana na gato kuri uwo muntu muganira.
Urutonde rw’igihe ibintu vyabereyemwo. Amayagwa amwamwe usanga ubwayo atagoye gushikiriza ukurikije igihe ibivugwamwo vyabereyemwo. Nk’akarorero, mu gitabu co Kuvayo, vya Vyago Cumi bishikirijwe mu rutonde rw’igihe vyabereyemwo. Mu Baheburayo ikigabane ca 11, urutonde intumwa igira rw’abagabo n’abagore babaye intangakarorero mu kwizera rukurikiza igihe babereyeho.
Igihe wigana ivyabaye kera mu rutonde rw’igihe vyabereyemwo, ivyo bishobora gufasha abakwumviriza gutahura ukuntu ibintu bimwebimwe vyagiye biraza. Ivyo ni ko bigenda ku nkuru ya kahise ishikirizwa kino gihe hamwe no ku vyabaye mu bihe vya Bibiliya. Gutyo ushobora kuba uriko urafatanya urutonde rukurikiza igihe ibintu vyabereye hamwe n’ukuzirikana n’abantu ufatiye ku mvo n’ingaruka. Nimba utegekanya gushira ahabona ibintu Bibiliya yerekana ko ari ibizoba muri kazoza, urutonde rukurikiza igihe ibintu biberamwo ni rwo kumbure ruzorushiriza kworohera abakwumviriza gukurikira no kwibuka.
Gusigura ibintu ukoresha urutonde rw’igihe biberamwo ntibisigura yuko utegerezwa kwama utangurira ku ntango. Rimwe na rimwe, bishobora kurushiriza kuba kirumara utanguriye ku kwigana ivyabaye igihe nya bintu vyari bikomeye muri kahise. Nk’akarorero igihe wigana ikintu cabaye, ushobora guhitamwo kuvuga ivy’igihe ukutadohoka ku Mana kw’umuntu kwageragezwa. Umaze kuvyura ugushimishwa n’ico gihimba c’inkuru, woshobora kuvuga ido n’ido ry’ibintu vyatumye ivyo bishika, ukurikije urutonde rw’igihe vyabereyemwo.
Gukoresha Gusa Amayagwa Bijanye. Uko utunganya amayagwa yawe kwose, nurabe neza ko ukoresha gusa ayo bijanye. Umutwe-shimikiro w’insiguro yawe ukwiye kuba ujanye n’amayagwa warobanuye. Abagize umugwi w’abakwumviriza na bo nyene ukwiye kurimbura abo ari bo. Ingingo yinaka ishobora kuba ari ngirakamaro ku mugwi umwe w’abumviriza, ugasanga ku wundi ni ukubaremereza. Utegerezwa kandi kuraba neza yuko amayagwa yawe yose azogira ico aterereye kw’ishitswa ry’intumbero yawe. Ahandiho, ivyo ushikiriza, naho vyoba bishimishije, bishobora kutagira ico bishikako.
Igihe ugira ubushakashatsi, hari aho woronka amayagwa menshi ashimishije ajanye n’ikiganiro uzoshikiriza. Mbega uzokoreshamwo ayangana iki? Niwaremereza amayagwa menshi abakwumviriza, uzohava usanga intumbero yawe ipfuye. Ivyiyumviro bikurubikuru bikeyi bishikirijwe neza bizokworoha kwibuka ningoga kuruta ivyiyumviro isinzi bishikirijwe gihutihuti. Ivyo ntibisigura yuko ata vyiyumviro bitobito bindi bikwiye gushirwamwo. Mugabo ntubireke ngo bivurunganye intumbero yawe. Raba ingene ivyo vyiyumviro vy’ido n’ido vyinjijwe ku bwenge muri Mariko 7:3, 4 no muri Yohana 4:1-3, 7-9.
Uko wunguruza uva ku ngingo imwe uja ku yikurikira, uraraba neza ntubigire bukwi na bukwi ku buryo abakwumviriza batakaza inzira y’iciyumviro. Kugira ngo ivyiyumviro bigende bikorana neza, ushobora gukenera gushiraho ikiraro mu kuva ku ciyumviro ukaja ku kindi. Ico kiraro gishobora kuba amajambo makeyi canke iryungane ryuzuye ryerekana isano riri hagati y’ivyiyumviro ushikiriza. Mu ndimi nyinshi, utujambo tworoshe two gufatanya turashobora gukoreshwa mu kwerekana isano riri hagati y’iciyumviro gishasha n’igiheruka.
Ukoresheje gusa amayagwa bihuye ukongera ukayatunganya mu rutonde rwumvikana, bizogufasha gushika ku ntumbero yawe.