ICIGWA CA 30
Kwitwararika Abandi
IGIHE tubwira ukuri kwa Bibiliya abandi, igikenewe si ukubwira umuzirikanyi gusa. Dutegerezwa kubashika ku mutima. Uburyo bumwe bwo kubigira ni mu kwerekana ko abatwumviriza tubitwararitse bivuye ku mutima. Mwene ubwo bwitwararitsi bushobora kugaragarira mu buryo bunyuranye.
Nurimbure Ukuntu Abakwumviriza Babona Ibintu. Intumwa Paulo ntiyirengagiza kahise k’abamwumviriza canke ukuntu biyumvira. Yasiguye ati: “Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda: ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo, nah’ubganje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe. Ku bataganzwa n’ivyagezwe, nabaye nk’ūtaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abataganzwa n’ivyagezwe, yamara ku Mana ho sind’ūtaganzwa n’ivyagezwe, kuko kuri Kristo nganzwa na vyo. Ku badakomeye nabaye nk’ūdakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe-bamwe uburyo bgose. Kand’ivyo vyose mbikora kubg’ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo.” (1 Kor. 9:20-23) Dushobora gute ‘kuba vyose kuri bose’ muri iki gihe?
Nimba ufise akaryo ko kwihweza abandi naho hoba ari mu kanya gatoya, imbere y’uko uganira na bo ushobora kubona ibintu vyerekana ibibashimisha be n’ukuntu ivyabo vyifashe. Woba ushobora kumenya ico bakora? Woba ubona icerekana ivyo bemera mu vy’idini? Hoba hari icerekana ukuntu ivyo mu muryango wabo vyifashe? Ushingiye ku vyo ubona, woba ushobora kubogora uburyo ushikiriza inkuru nziza kugira ngo utume irushiriza kuba iyikwegera abakwumviriza?
Gutuma uburyo ushikiriza inkuru nziza burushiriza kuba ubukwegera bisaba yuko ubanza kwiyumvira ukuntu uzovugisha abantu bo mu cibare ukoreramwo. Mu turere tumwetumwe, muri abo usanga harimwo abaje bava mu bihugu vyo hanze. Nimba mwene abo bantu baba mu cibare ukoreramwo, woba waratoye uburyo kirumara bwo gushinga intahe kuri bo? Kubera yuko Imana igomba ko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri,” gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami mu buryo bukwegera ku bantu bose muhura nubigire yo ntumbero yawe.—1 Tim. 2:4.
Niwumvirize Witonze. Naho Yehova azi vyose, arumviriza abandi. Umuhanuzi Mikaya yareretswe nko mu ndoto Yehova ariko araremesha abamarayika guserura ivyiyumviro vyabo ku kuntu botunganya ingorane imwe. Mu nyuma Imana yaremereye umwe muri abo bamarayika gushira mu ngiro iciyumviro yari yatanze. (1 Abam. 22:19-22) Igihe Aburahamu yaserura yuko yari arajwe ishinga n’urubanza rwoshikijwe kuri Sodomu, Yehova yaramwumvirije abigiranye ubuntu. (Ita. 18:23-33) None mu busuku turangura, dushobora gute kwigana akarorero ka Yehova mu vyo kwumviriza?
Nuhimirize abandi kugira ico bavuze. Nubaze ikibazo kibereye, maze uruhuke bihagije kugira ngo bishure. Niwumvirize koko. Ukuntu ubatega yompi witonze kuzobaremesha kuvuga ataco binona. Nimba inyishu batanze igize ico ihishura ku vyerekeye ibibashimisha, nubabaze ibindi bibazo ku bwenge. Utarinze kubacucagira ibibazo vyo kubazagiza, nurondere kubamenya neza kuruta. Nubakeze ku bw’ivyiyumviro vyabo nimba ushobora kubigira ubikuye ku mutima. Naho nyene woba utemeranya n’ukuntu babona ibintu, nugaragaze ubuntu mu kutarwanya ivyo bavuze.—Kol. 4:6.
Ariko rero, turakeneye kwiyubara kugira ngo uburyo twitwararika abantu ntiburenge akarimbi. Kwitwararika abandi ntibiduha uburenganzira bwo kubinjirira mu buzima. (1 Pet. 4:15) Turakeneye gukoresha ukwiyubara kugira ngo umuntu tudasangiye igitsina ntahave atahura ukutari kwo ukumwitwararika tumugaragariza kuranga urukundo. Kubera yuko ibibonwa ko ari urugero rubereye rw’ukwitwararikana bigenda bitandukana ku turere, eka mbere no ku bantu, ukwiyubara kurakenewe.—Luka 6:31.
Ukwitegura birafasha kugira umuntu abe uwuzi gutega ugutwi. Igihe ubutumwa dushikiriza butomoye mu bwenge bwacu, biradufasha gutekana no gutega yompi abandi mu buryo busanzwe. Ivyo bituma boroherwa kandi bigashobora gutuma barushiriza gushima ko twoyaga.
Turereka abandi ko tubatera iteka mu kubumviriza. (Rom. 12:10) Biratanga ikimenyamenya c’uko duha agaciro ivyiyumviro vyabo n’inyiyumvo zabo. Mbere bishobora no gutuma barushiriza gutega yompi ivyo dushaka kubabwira. Ni co gituma rero Ijambo ry’Imana riduhanura ‘kwihutira kwumva no guteba kuvuga.’—Yak. 1:19.
Nufashe Abandi Batere Imbere. Kwitwararika abandi bizotuma tuguma tuzirikana abagaragaza ugushimishwa maze tugasubira kubagendera kugira ngo tubabwire ukuri kwa Bibiliya, ari na kwo canecane guheza kukabuzuriza ivyo bakeneye. Igihe uriko uzirikana gusubira kubagendera, nurimbure ivyo wabonye igihe uheruka kubagendera. Nutegure amakuru ku kintu kibaraje ishinga. Nushire ahabona agaciro ngirakamaro k’ayo mayagwa, ubafashe gutahura ingene bashobora kwungukira ku vyo bariko bariga.—Yes. 48:17.
Nimba uwukwumviriza ahishuye ibintu canke ingorane vyari bimaze igihe bimutesha umutwe, nuyibone nk’akaryo kadasanzwe ko kumubwira inkuru nziza. Nukurikize akarorero ka Yezu, uwama nantaryo yiteguye guhumuriza abari mu marushwa. (Mrk. 6:31-34) Niwirinde ivyo gushaka gutanga umuti wa ningoga na ningoga, canke gutanga impanuro idafashe. Ivyo vyoshobora gutuma uwo muntu yiyumvamwo yuko utamwitwararitse vy’ukuri. Ahubwo riho, numwereke yuko umubabaye. (1 Pet. 3:8) Hanyuma nugire ubushakashatsi mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, maze umubwire amakuru yubaka kugira ngo umufashe kumenya uko yokwifata mu ngorane arimwo. Birumvikana, kwitwararikana urukundo uwukwumviriza bizogusaba kutamena ibanga ry’ibintu akubariye kiretse hariho impamvu zumvikana zo kubigira.—Imig. 25:9.
Turakwiye canecane kugaragaza ko twitwararika abo twigana Bibiliya. Ufatanije n’ugusenga, nuzirikane ivyo umutohoji wese akeneye, maze witegurire inyigisho uzirikana ivyo bintu akeneye. Niwibaze uti: ‘Akeneye kugira iki ubukurikira kugira ngo agume atera imbere mu vy’impwemu?’ Nufashe nya mutohoji ubigiranye urukundo gutahura ivyo Bibiliya be n’ibisohokayandikiro vya “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” bivuga ku vyerekeye ico kintu. (Mat. 24:45, NW) Mu bihe bimwebimwe, gutanga gusa insobanuro bishobora kuba bidahagije. Bishobora kuba bikenewe ko umwereka uburyo bwo gukurikiza ingingo ngenderwako yinaka yo muri Bibiliya, mugakorana ikintu koko cerekana ingene nya ngingo ishirwa mu ngiro.—Yoh. 13:1-15.
Uburimbane n’ubukerebutsi birakenewe igihe ufasha abandi guhuza ubuzima bwabo n’ingingo mfatirwako za Yehova. Abantu bagize kahise gatandukanye bakagira n’ubushobozi butandukanye, vyongeye batera intambwe ku rugero rutandukanye. Nube uwugira ibitegereka mu vyo witega ku bandi. (Flp. 4:5) Ntubahutagize kugira amahinduka mu buzima bwabo. Nureke Ijambo ry’Imana n’impwemu yayo bibe ari vyo bibasunika. Yehova ashaka yuko abantu bamusukurira bivuye ku mutima ukunze, badahaswe. (Zab. 110:3) Niwirinde kuvuga ivyiyumviro vyawe bwite ku vyerekeye ingingo zibaraba bahangana na zo, kandi n’igihe nyene abandi bagusavye kubigira, niwiyubare ntubafatire ingingo.—Gal. 6:5.
Nubasahirize mu Buryo Buboneka. Naho Yezu ubwa mbere na mbere yari arajwe ishinga n’uko abamwumviriza bomererwa neza mu vy’impwemu, ntiyiyobagije ibindi bari bakeneye. (Mat. 15:32) Mbere n’igihe twoba dufise uburyo buke, hariho uburyo bwinshi buboneka dushobora kubafashamwo.
Kwitwararika abandi bizoca bituma twihutira kwubahiriza abandi. Nk’akarorero, nimba ikirere kiriko gituma uwukwumviriza atamererwa neza, nimuje ahantu habereye, canke mwumvikane kubandanya ico kiganiro ku wundi mwanya. Nimba wagendeye umuntu mu gihe kitabereye, numusabe uzogaruke kumuraba ikindi gihe. Nimba umubanyi canke uwundi muntu yagaragaje ko ashimishijwe arwaye canke ari mu bitaro, nugaragaze ko umwitwararika mu kumurungikira agakarata canke agakete kagufi cabure mu kumugendera. Nimba bibereye, urashobora no kumuronsa udufungurwa tworoheje, canke ukamugirira ikindi kintu kiranga ubuntu.
Uko abatohoji ba Bibiliya batera imbere, bashobora kwiyumvamwo ko hari ico babuze mu vy’akanyengetera bivuye ku vy’uko batamarana umwanya munini n’abahoze bababereye abagenzi. Nubagire abagenzi. Numare umwanya uganira na bo muhejeje kwiga Bibiliya, no mu bindi bihe nyene. Nubaremeshe kurondera abagenzi beza. (Imig. 13:20) Nubafashe bitabe amakoraniro ya gikirisu. Niwicarane na bo muri mwene iyo mitororokano, vyongeye ubasahirize hamwe n’abana babo kugira ngo bose bungukire kuri porogarama bimwe bishitse.
Nugaragaze Ukwitwararika Ubikuye ku Mutima. Kugaragaza ko witwararika abantu si ubuhinga umuntu asigara azi neza, ahubwo ni kamere y’umutima. Urugero twitwararikako abandi ruragaragarira mu buryo butari buke. Ruriyerekanira mu buryo dutega ugutwi no mu vyo tuvuga. Ruragaragazwa n’ukuntu tugirira ubuntu abandi be n’ukuntu tububahiriza. N’igihe nyene tutagize ico tuvuga canke dukora, urwo rugero ruragaragazwa n’inyifato tugira be no mu maso hacu. Nimba vy’ukuri twitwararika abandi, bazoshobora kubibona bitagoranye.
Impamvu ihambaye kuruta izindi yotuma tugaragaza ko twitwararika abandi tubikuye ku mutima ni uko iyo tubigize tuba twiganye urukundo n’ikigongwe vya Dawe wa twese wo mw’ijuru. Ivyo biradufasha gukwegera abatwumviriza kuri Yehova no ku butumwa yadushinze gukwiragiza. Kubera ico, uko uvuga inkuru nziza, niwihatire kutaguma wiyumvira ‘ivyawe gusa, ariko wiyumvire n’ivy’abandi.’—Flp. 2:4.