ICIGWA CA 32
Kuvugana Ubujijutsi
IYO umuntu avugana ukujijuka, abandi barabona yuko yemera ashikamye ivyo ariko aravuga. Mwene ubwo bujijutsi bwaragaragariye mu busuku bwa Paulo. Yandikiye ababaye abizera i Tesalonike ati: “Ubutumwa bgacu [ntibw]ābashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo . . . n’[“ubujijutsi,” NW].” (1 Tes. 1:5) Ubwo bujijutsi bwaragaragariye ku kuntu yavuga no mu buryo yabaho. Ubujijutsi bukomeye burakwiye nyene no kugaragara mu buryo dushikiriza ukuri kwa Bibiliya.
Kugaragaza ubujijutsi si co kimwe no kuba umunyabihari, kwemeza ivyiyumviro ku nguvu, canke ukwishima. Ahubwo, igihe umuntu agaragaza ubujijutsi avuga ivyereke ibintu biri mw’Ijambo ry’Imana, abigira mu buryo bwerekana ko afise ukwizera gukomeye.—Heb. 11:1.
Ibihe vyo Kugaragaza Ubujijutsi. Birahambaye kuvugana ubujijutsi igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro. Kenshi ukuntu uvuga, abantu babibona nk’uko babona n’ubutumwa ushikiriza. Barumva ukuntu vy’ukuri wiyumva ku vyerekeye ivyo uvuga. Ubujijutsi bwawe burashobora kugaragaza bimwe bikomeye kuruta amajambo yonyene, yuko ufise ikintu c’agaciro kanini co kubabwira.
Birakenewe kandi kuvugana ubujijutsi igihe uriko urashikiriza ikiganiro abakwumviriza musangiye ukwizera. Intumwa Petero yanditse ikete ryiwe rya mbere ryahumetswe ‘ahanura ashinga intahe y’uko ubwo ari bwo buntu bw’Imana bw’ukuri.’ Muri iryo kete, yahimirije abo bavukanyi ati: ‘Muhagarare mushikamye.’ (1 Pet. 5:12) Igihe intumwa Paulo yandikira ishengero ry’i Roma, yaragaragaje ubujijutsi bwabagiriye akamaro. Yanditse ati: “Mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubugingo, cank’abamarayika, cank’abaganza, cank’ibiriho, cank’ibizoba, cank’abafise ubushobozi, cank’uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo, cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Rom. 8:38, 39) Paulo yaranditse kandi mu buryo bujijura ivy’uko ukwamamaza inkuru nziza ku bandi vyari bikenewe, eka n’umwete wiwe bwite muri ico gikorwa waratanze ikimenyamenya gitomoye c’uko ubwiwe yari yarajijutse yuko gihambaye. (Ivyak. 20:18-21; Rom. 10:9, 13-15) Ubujijutsi nk’ubwo nyene bukwiye kugaragara muri iki gihe ku bakurambere b’Abakirisu igihe bigisha Ijambo ry’Imana.
Mu biringo vy’inyigisho be no mu bindi bihe, birakenewe yuko abavyeyi bavugana ubujijutsi igihe baganira ibintu vy’impwemu n’abana babo. Ivyo bisaba yuko abavyeyi batsimbataza mu mitima yabo bwite ugukunda Imana be n’inzira zayo. Hanyuma barashobora kuvugana ubujijutsi buvuye ku mutima babwira abana, kubera ko ‘ibibogaboga mu mutima ari vyo akanwa kavuga.’ (Luka 6:45; Gus. 6:5-7) Kugira mwene ubwo bujijutsi kandi bizovyurira abavyeyi umutima wo gutanga akarorero k’‘ukwizera kutari ukw’uburyarya.’—2 Tim. 1:5.
Birahambaye canecane kwisigurana ubujijutsi igihe ukwizera kwawe guhaririwe. Uwo mwigana, umwigisha wawe canke uwo mukorana, boshobora gutangazwa n’uko utagira uruhara mu misi mikuru minaka. Inyishu ishikamye kandi utanze wiyumviriye neza yoshobora kubafasha kwubaha impagararo yawe ishingiye kuri Bibiliya. Tuvuge iki mu gihe hagize umuntu agerageza kugukwegera mu ngendo mbi, nk’akarorero mu bugunge, mu kunywa ibiyayura umutwe, canke mu vy’ubushurashuzi? Birahambaye gutomora yuko utokwisuka namba mu ngendo mwene iyo be n’uko ata twigoro na tumwe two gushaka kubikwumvisha tuzotuma uhindura ivyiyumviro vyawe. Ivyo bisaba yuko uvugana ubujijutsi igihe uriko uranka ivyo bagusavye kugira. Igihe Yosefu yanka gushurashura na muka Potifari kandi uno yaguma amugobera, yavuze ashimitse ati: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?” Igihe uwo mugore yakovya, Yozefu yarahunze ava muri iyo nzu.—Ita. 39:9, 12.
Ingene Wogagaragaza Ubujijutsi. Amajambo ukoresha arashobora kugufasha cane kugira ngo ugaragaze ubujijutsi ufise. Mu bihe vyinshi, Yezu imbere yo kuvuga amajambo ahambaye yavuga ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire.” (Yoh. 3:3, 5, 11; 5:19, 24, 25) Ubujijutsi bwa Paulo bwagaragarira mu mvugo nka mwene izi ngo “mmenye neza ntabikekeranya,” “ndabizi, kandi nemejwe neza n’Umwami Yesu,” hamwe na “mvuze ukuri, simbeshe.” (Rom. 8:38; 14:14; 1 Tim. 2:7) Yehova, ku vyerekeye iranguka ry’ijambo ryiwe, rimwe na rimwe yarahumekera abamenyeshakazoza biwe kugira ngo bavuge amajambo arimwo inkomezi nk’aya ngo “[ntibi]zobura kuza.” (Hab. 2:3) Igihe uvuga ivy’ubwo buhanuzi, woshobora gukoresha imvugo nk’iyo nyene. Uretse kwiyizigira ariko ukizigira Yehova, kandi iyo uvugisha abandi mu buryo burangwa n’ukwubaha, amajambo aserura ubujijutsi nk’ubwo nyene azotanga ikimenyamenya c’uko ufise ukwizera gukomeye.
Ubujijutsi bushobora kandi kugaragazwa n’amajambo avuganywe ubwira n’inkomezi. Mu maso hawe be n’ibimenyetso vy’umubiri, ivyo vyose biraterera agacumu k’ubumwe kuri ivyo, naho ivyo bishobora kugira ukuntu bihinduka bivanye n’umuntu. Naho nyene woba uri umunyasoni canke ukaba usanzwe wivugira bukebuke, mu gihe uba ushwirutse koko yuko ivyo uriko uravuga ari ukuri be n’uko abandi bakeneye kuvyumviriza, ubujijutsi bwawe buzokwibonekeza.
Birumvikana, ubujijutsi ubwo ari bwo bwose tugaragaza butegerezwa kuba ari nyakuri. Mu gihe abantu babonye ko ivyo turiko turavuga ari ivyigano aho kuba ibivuye ku mutima, nta gukeka ko bazoshika ku nsozero y’uko ubutumwa bwacu budafise ico buvuze. Rero, ikiruta vyose, nube wewe nyene. Bivanye n’uko abakwumviriza bangana, hari aho vyokenerwa ko uvuga n’ijwi rinini kuruta uko wahora, ukongereza n’inkomezi. Mugabo intumbero yawe ikwiye kuba ari iyo kwisigura ata buryarya kandi nk’uko usanzwe.
Ibintu Bifasha Kugaragaza Ubujijutsi. Kubera yuko ubujijutsi bwawe bujamwo n’inyiyumvo ufise ku vyerekeye amayagwa ushikiriza, birahambaye yuko utegura neza. Gupfa kwimura amayagwa uyakuye mu gisohokayandikiro maze ukayashikiriza ukwo ari ntibihagije. Birakenewe ko utahura ayo mayagwa neza kandi ugashobora kuyashikiriza mu majambo yawe bwite. Utegerezwa kuba ujijutse bimwe bishitse yuko ari ay’ukuri kandi ko ivyo uriko uravuga ari ivy’agaciro ku bakwumviriza. Ivyo bisigura yuko igihe utegura ivyo ushikiriza, udakwiye kwirengagiza uko ivyabo vyifashe hamwe n’ivyo bashobora kuba basanzwe bazi ku vyerekeye ico kiganiro, canke ukuntu bashobora kuciyumvamwo.
Birorohera cane abandi gutahura ubujijutsi dufise igihe ivyo dushikiriza tubishikiriza tworohewe. Kubera ico, turetse ugutegura amayagwa meza, niwitunire ku kuntu woyashikiriza. Niwitwararike bimwe bidasanzwe ibihimba vy’amayagwa yawe bisaba ugushwiruka gukomeye kuruta, kugira ngo ushobore kubishikiriza utarinze kugumiza amaso ku vyo wanditse. Ntiwibagire kandi gusaba Yehova ngo ahezagire utwigoro twawe. Aho ni ho ‘uzoshira amanga mu Mana yacu’ kugira ngo uvuge mu buryo bugaragaza ubujijutsi ufise bw’uko ubutumwa ushikiriza ari ubw’ukuri be n’uko buhambaye.—1 Tes. 2:2.