ICIGWA CA 38
Intangamarara Ivyura Ugushimishwa
INTANGAMARARA ni igihimba ntahara ku nsiguro iyo ari yo yose. Mu gihe vy’ukuri uvyuriye ugushimishwa abakwumviriza, bazorushiriza kwumviriza babishashaye ibikurikira. Mu busuku bwo mu ndimiro, mu gihe intangamarara yawe inaniwe kuvyura ugushimishwa, hari aho utoshobora kubandanya ushikiriza ikiganiro cawe. Igihe utanze insiguro ku Ngoro y’Ubwami, abumviriza ntibazoca bahaguruka ngo bisohokere, mugabo bashobora gutangura kwiyumvira ibindi bintu nimba utakwegereye ugushimishwa kwabo.
Igihe utegura intangamarara yawe, gumiza mu muzirikanyi intumbero zikurikira: (1) gukwegera ivyiyumviro vy’abakwumviriza, (2) kugenekereza neza umutwe w’ikiganiro cawe, no (3) kwerekana igituma uwo mutwe uhambaye ku bakwumviriza. Mu bihe bimwebimwe, izo ntumbero zitatu zishobora gushikirwa hafi icarimwe. Ariko rero, rimwe na rimwe zishobora kwitwararikwa imwimwe ukwayo, kandi urutonde rushobora guhindagurika.
Ukuntu Wokwegera Ivyiyumviro vy’Abakwumviriza. Kuba abantu bakoranye ngo bumvirize insiguro, ntibisobanura yuko baba biteguriye gukurikira ico kiganiro ubwenge buri hamwe. Uti kuki? Ubuzima bwabo bwuzuye ibintu vyinshi bibabuza gutega yompi. Bashobora kuba barajwe ishinga n’ingorane z’i muhira canke imyitwarariko y’ubuzima. Ingorane uhanganye na yo bwa mushikirizansiguro ni ugukwegera ivyiyumviro vy’abakwumviriza kandi ukabigumya. Hariho uburyo butari buke ushobora kubigira.
Imwe mu nsiguro za rurangiranwa mu zigeze gutangwa zose, yari ya Nsiguro yo ku Musozi. Yatanguye gute? Nk’uko inkuru ya Luka ibivuga, Yezu yavuze ati: “Hahirwa mwebge aboro; . . . hahirwa mwebge mushonje none, . . . hahirwa mwebge murira none, . . . Muzoba muhiriwe abantu ni babanka.” (Luka 6:20-22) Ni kuki ivyo vyavyuye ugushimishwa? Mu majambo makeyi, Yezu yaremeye icese zimwezimwe mu ngorane zikomakomeye abamwumviriza bari bahanganye na zo. Maze, aho guca aguma kuri zo, yerekanye yuko abantu bari bafise mwene izo ngorane bashobora guhirwa, kandi ivyo yabigize mu buryo bwatumye abamwumviriza bashaka kwumva n’ibindi.
Harashobora gukoreshwa utubazo mu buryo kirumara two kuvyura ugushimishwa, mugabo dutegerezwa kuba ari utubereye. Nimba utubazo twawe twerekana yuko ugomba gusa kuvuga ibintu abakwumviriza bari bamaze kwumva, ugushimishwa kwabo gushobora guca kuyama ningoga. Ntubaze ibibazo bitera ubuyega abakwumviriza, canke biberekana nabi. Ahubwo, niwihatire kwubaka ibibazo vyawe mu buryo butera kwiyumvira. Ruhuka gatoyi inyuma y’ikibazo cose ubajije, kugira ngo abakwumviriza baronke umwanya wo kwiyumvira inyishu. Igihe biyumvamwo yuko bari mu kiyago bagirana nawe mu bwenge, baba baguteze ugutwi.
Gutanga akarorero k’ivyabaye ni ubundi buryo bwiza bwo gukwegera ivyiyumviro vy’abumviriza. Mugabo gupfa kubiganira bwa nkuru gusa bishobora kukwicira umugambi, nimba iyo nkuru hari uwo imaramaza mu bumviriza. Nimba basigaye bibuka inkuru wabateye mugabo inyigisho bijana bakayibagira, uzoba wananiwe. Igihe mu ntangamarara ukoresheje icabonywe, gikwiye gusasira umushinge umuce kanaka w’umutumba w’insiguro yawe. Naho nyene hashobora gukenerwa ido n’ido ry’ibintu kugira ngo iyo nkuru ibe iyishwangamura, uraba maso kugira ngo ivyabonywe uvuga ntibibe birebire atari ngombwa.
Abashikirizansiguro bamwebamwe batangura insiguro yabo mu kuvuga inkuru yinaka ya vuba yavuzwe mu makuru, amajambo basubiramwo bakuye mu kinyamakuru co muri ako karere, canke ijambo ryavuzwe n’umukuru yemewe. Ivyo na vyo nyene birashobora kuba kirumara mu gihe bijanye koko n’ico kiganiro kandi bikaba bibereye abumviriza.
Mu gihe insiguro yawe iri mu zigize uruhererekane canke ikaba ari igihimba c’Ikoraniro ry’Umurimo, vyoba vyiza rero intangamarara yawe uyigize ngufi, kandi ikaba iyidoma ku ngingo. Nimba uriko ushikiriza insiguro y’icese, nugume ku mwanya watangiwe igice cerekeye intangamarara. Umutumba wa nya nsiguro ni wo uzoha abakwumviriza amakuru y’agaciro ntangere kuruta.
Rimwe na rimwe ushobora gusanga uriko uvugira imbere y’abantu bakekeranya canke mbere b’abanyabihari. None wobigenza gute kugira ngo bagutege ugutwi? Sitefano, Umukirisu wo mu ntango, uwo bavuze yuko yari ‘yuzuye impwemu yera n’ubwenge,’ yaratwawe ku nguvu imbere ya Sentare Nkuru y’Abayuda. Ngaho, yaraburaniye Ubukirisu ashize amanga. Uti none yatanguye gute? Yabigiranye icubahiro cinshi kandi yerekeza ku kintu we na bo bari basanzwe bemera, ati: “Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu.” (Ivyak. 6:3; 7:2) Kuri Areyopago i Atenayi, intumwa Paulo yarahujije intangamarara yiwe n’abantu bameze ukundi bariko baramwumviriza, ati: “Yemwe bantu b’i Atene, n’aho nakagendeye sinari bwabone abasenga nkamwe.” (Ivyak. 17:22, UB) Ico izo ntangamarara zishika ku nyota zavuyemwo, ni uko iyo migwi yompi y’abumviriza yagize umutima wo kwumviriza n’ibindi.
Igihe uri mu murimo wo mu ndimiro, urakenera na ho nyene ko abantu bakwumviriza. Igihe usubiye kugendera umuntu mutabihaniye isango, ashobora kuba afise ibindi bimufatiriye. Mu mihingo imwimwe y’isi, abantu baza ku muhana batatumiwe basabwa kuvuga ningoga ikibagenza. Ahandi na ho, usanga mu migenzo basaba ko ubanza gushitsa ibintu bimwebimwe imbere y’uko uvuga ikikugenza.—Luka 10:5.
Mu buryo ubwo ari bwo bwose muri ubwo bubiri, ukuba nk’umugenzi vy’ukuri birashobora gutuma habaho ukuganira neza. Kenshi biraba ngirakamaro utanguje ikintu kijanye neza na neza n’ibiri mu muzirikanyi w’uwo muntu. None womenya gute ico wokoresha? Mbega igihe wegera nya muntu, hoba hari udukorwa yariko arakora? Kumbure ariko ararima, ariko aratunganya iruhande y’inzu, ariko arakora umuduga, ariko arateka, ariko aramesa, canke ariko aratunganiriza abana. Hari ikintu yoba yariko araraba, nk’ikinyamakuru canke igikorwa kiriko kirakorerwa ku nzira? Mbega aho aba boba bakunda ivyo kuroba, kwinonora imitsi, umuziki, gutembera, orodinateri canke ikindi kintu? Abantu usanga kenshi barazwa ishinga n’ivyo baba baherutse kwumva kw’iradiyo, canke babonye kuri televiziyo. Ikibazo canke akajambo kagufi kuri mwene ivyo bintu koshobora gutuma muganira kigenzi.
Igihe Yezu yaganira n’Umusamariyakazi kw’iriba ry’i Sukara ni akarorero keza cane k’ukuntu twotanguza ikiyago turondera gushinga intahe.—Yoh. 4:5-26.
Birakenewe yuko utegura neza intangamarara yawe, canecane igihe ishengero ry’iwanyu rikorera kenshi mu cibare ryakebewe. Ahandiho, wohava udashobora gushinga intahe.
Nutomore Umutwe w’Ikiganiro Cawe. Mw’ishengero ry’Abakirisu, umuhagarikizi canke umuntu agutangurira imbere y’uko uja ku mukiruruko mu bisanzwe azomenyesha umutwe w’insiguro yawe hanyuma avuge amajambo yo kuguha ikaze. Ariko rero, birashobora kuba ngirakamaro ko wibutsa abakwumviriza umutwe w’insiguro yawe mu majambo yawe y’intangamarara. Ivyo birashobora kuba ukuvuga umutwe-shimikiro nk’uko uri, mugabo si ngombwa ngo bigirwe gutyo. Uko bimera kwose, umutwe-shimikiro ukwiye buhorobuhoro kuza urigaragaza uko insiguro ishishikara. Ukwiye kuraba ukuntu ushimika ku mutwe w’insiguro yawe mu buryo bunaka mu ntangamarara.
Igihe Yezu yariko ararungika abigishwa biwe kuja kwigisha, yarababwiye neza ubutumwa bogiye kwigisha. Yagize ati: “Uko mugenda kwose mwigishe, mut’Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” (Mat. 10:7) Ku biraba igihe turimwo, Yezu yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa.” (Mat. 24:14) Duhimirizwa ‘kuvuga Ijambo ry’Imana,’ ni ukuvuga kuguma kuri Bibiliya igihe dushinga intahe. (2 Tim. 4:2) Mugabo imbere yo kuzingurura Bibiliya canke kwerekeza ubwenge bw’abantu ku Bwami, kenshi birakenerwa ko tuvuga ikintu kinaka kiraje ishinga abantu. Ushobora kugira ico uvuze ku bugizi bwa nabi, ku bushomeri, ku karenganyo, ku ntambara, ku kuntu twofasha abakiri bato, ku ndwara, canke ku rupfu. Mugabo ntuhagarare ku bintu bica intege; ubutumwa ushikiriza ni ubw’akezamutima. Niwihatire kwerekeza ico kiyago kw’Ijambo ry’Imana no ku cizigiro c’Ubwami.
Niwerekane Igituma Uwo Mutwe w’Ikiganiro Uhambaye ku Bakwumviriza. Nimba uzoba uriko uvugira mw’ishengero, ushobora kwizigira yuko abazoba bariko barakwumviriza muri rusangi bazoba bashaka kwumviriza ivyo uvuga. Mugabo boba bazokwumviriza nka kurya umuntu yumviriza ikintu kimwerekeye koko? Boba bazotega yompi kubera ko bazi ko ivyo bariko barumva bijanye n’ukungene ubuzima bwabo bwifashe be no kubera ko uriko urabavyurira icipfuzo co kugira ico bakoze kuri ivyo? Ivyo bizomera gutyo igihe gusa uba warimbuye abakwumviriza uvyitondeye harya utegura insiguro yawe, ukarimbura uko ivyabo vyifashe, ibibaraje ishinga, ukuntu bifata. Nimba ivyo wabigize, nuce ushira mu ntangamarara yawe ikintu kivyerekana.
Waba uriko uvugira ku mukiruruko canke uriko ushinga intahe ku muntu, bumwe mu buryo bwiza kuruta bwo gutuma abantu bashimishwa n’ikiganiro ni ugutuma bumva ko biberekeye. Erekana ingene ingorane zabo, ivyo bakeneye canke ibibazo bafise mu mizirikanyi bijanye n’ikiganiro uriko urashikiriza. Utomoye neza yuko utaja gusa kuvugira muri rusangi, ahubwo ko uja gukora ku mice irashe ya nya kibazo, bazokwumviriza mbere babishashaye kuruta. Kugira ivyo ubigire, utegerezwa kwitegura neza.
Uburyo Ushikiriza Ikiganiro Cawe. Ivyo uvuga mu ntangamarara yawe ni vyo bihambaye mbere na mbere, mugabo ukuntu ubivuga na kwo nyene kurashobora kuvyura ugushimishwa. Ku bw’iyo mvo, ukwitegura kwawe ntigukwiye kuba ari ukw’ivyo uja kuvuga gusa, ahubwo kandi gukwiye kuba ukw’ukungene uza kubivuga.
Ugutoranya amajambo kurahambaye kugira ngo ushike ku ntumbero yawe, ari co gituma wosanga biri n’akarusho gutegura neza amungane abiri canke atatu ya mbere. Mu bisanzwe amungane magufimagufi, yoroshe, ni yo meza. Ku nsiguro ishikirizwa mw’ishengero, ushobora gushima kwandika nya mungane mu twandiko twawe, canke ugahitamwo kuyafata ku mutwe kugira amajambo yawe y’intango ashike ku co yari akwiriye gushikako cose. Gushikiriza intangamarara ishika ku nyota utihutagiza birashobora kugufasha kuronka umutima rugabo ukenewe kugira ngo ushikirize igihimba gisigaye c’insiguro yawe.
Intangamarara Woyitegura Ryari? Ivyiyumviro usanga bitandukanye kuri iki kibazo. Abashikirizansiguro bamwebamwe babimenyereye bavuga yuko gutegura insiguro bikwiye guhera ku ntangamarara. Abandi batohoje ivy’ukuvugira imbere y’abantu bashigikira iciyumviro c’uko intangamarara ikwiye gutegurwa umaze guheza gutegura umutumba w’insiguro.
Nta nkeka urakeneye kumenya umutwe w’insiguro yawe uwo ari wo hamwe n’ingingo nkurunkuru utegekanya kwubakirako imbere yo kwinjira mw’ido n’ido ry’ibizoba bigize intangamarara ikwiriye. Mugabo vyogenda gute nimba uriko utegura insiguro ufatiye ku rucacagu rwatanzwe? Umaze gusoma nya rucacagu, nimba ufise iciyumviro c’intangamarara wokoresha, uyanditse nta co vyokwica. Niwibuke kandi yuko kugira ngo intangamarara yawe ibe iyishika ku nyota utegerezwa kurimbura abumviriza hamwe n’amayagwa ari muri nya rucacagu.