ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 42 rup. 230-rup. 233 ing. 5
  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Intangamarara Ivyura Ugushimishwa
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 42 rup. 230-rup. 233 ing. 5

ICIGWA CA 42

Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nutange ubumenyi mu buryo bukabura ukwiyumvira bugatuma kandi abakwumviriza basigara bumva yuko bize ikintu c’agaciro.

Ni Kuki Bihambaye?

Abantu ubabwiye gusa ibintu basanzwe bazi, bisa n’uko batazobandanya kugukurikira igihe kirekire.

KUGIRA ngo insiguro ushikiriza uyigire iyicisha ubwenge ku bakwumviriza, ntukeneye kuvuga gusa ku vyerekeye ikintu ngirakamaro. Niwibaze uti: ‘Ni kuki aba bantu bakeneye kwumva iki kiganiro? Nzovuga iki kizotuma abumviriza biyumvamwo yuko bacungukiyeko?’

Mw’ishure, nimba washinzwe kwerekana uburyo bwo gushinga intahe ku muntu, uwo muhurira ku muhana ni we azoba akwumviriza. Mu bindi bihe, ushobora kuzoba uriko ubwira ishengero turifatiye hamwe.

Ivyo Abakwumviriza Bazi. Niwibaze uti: ‘Abumviriza bazi iki ku vyerekeye iki kiganiro?’ Ivyo ni vyo bikwiye kukwereka aho uhera. Nimba uriko ubwira ishengero ririmwo Abakirisu benshi bahumuye, ntupfe gusa gusubiramwo ukuri kw’ishimikiro, ukwo benshi muri bo bazi. Niwubakire kuri ukwo kuri kw’ishimikiro. Ariko ntiwumve, nimba harimwo abantu benshi bamaze igihe gito bashimishijwe, ukwiye kurimbura ivyo iyo migwi yompi ikeneye.

Nubogore ingendo y’insiguro ushikiriza, wisunze ivyo abakwumviriza bazi. Nimba ushizemwo utuntu tumwetumwe abenshi basanzwe bazi, nudushikirize usa n’uwunyarutsa. Mugabo uragabanya ingendo igihe ushikiriza ivyiyumviro bishobora kuba ari bishasha kuri benshi mu bakwumviriza kugira ngo bashobore kubitegera neza.

Ibigira Ico Vyigishije. Kugira ico wigishije ntivyama bisobanura kuba uri n’ikintu gishasha uvuga. Abashikirizansiguro bamwebamwe bari n’uburyo bwo kuvuga ibintu abantu bamenyereye boroheje ku buryo benshi mu bumviriza babitahura neza ari bwo bwa mbere.

Mu busuku bwo mu ndimiro, ntibihagije kuvuga ikintu cavuzwe mu makuru kugira ngo werekane yuko tubayeho mu misi y’iherezo. Nukoreshe Bibiliya kugira ngo werekane insobanuro y’ico kintu. Ivyo bizogira ico vyigishije vy’ukuri uwo muganira. N’igihe nyene uriko urasobanura amategeko agenga ibidukikije canke yerekeye ibimera cabure ubuzima bw’ibikoko, intumbero yawe ntikwiye kuba iyo gushikiriza ikimenyamenya gitangaje co muri siyansi uwo muntu aba atari bwigere yumva. Ahubwo, intumbero yawe ikwiye kuba iyo gushira hamwe ibimenyamenya vyo mu bidukikije n’ibivugwa muri Bibiliya, kugira ngo werekane yuko hariho Umuremyi adukunda. Ivyo bizofasha nya muntu kubona ibintu mu buryo bushasha.

Gushikiriza ikiganiro abantu ku bintu bari bamaze kwumva incuro nyinshi, bishobora kuba urugamba. Mugabo kugira ngo ube umwigisha yigisha neza, urakeneye kwiga uburyo bwo kubigira ukaroranirwa. None ivyo bishobora kugirwa gute?

Ubushakashatsi buzofasha. Ha gupfa gushira mu nsiguro yawe ibimenyamenya bikuje mu mutwe, nukoreshe ibikoresho vyo kugira ubushakashatsi bivugwa ku rupapuro 33 gushika ku 38. Nurimbure impanuro zahatanzwe ku ntumbero ukwiye kuba wihatira gushikako. Mu bushakashatsi ugira, ushobora gusanga hari ikintu cabaye muri kahise kitazwi neza kijanye nezaneza n’ikiganiro cawe. Canke ushobora kugwa ku majambo aheruka kuvugwa mu makuru azokwumvikanisha iciyumviro uteganya kuganirako.

Uko usuzuma ayo mayagwa, nukabure ivyiyumviro vyawe bwite mu kubaza ibibazo nk’ibi: igiki? kuki? ryari? hehe? nde? be na gute? Nk’akarorero: Ni kuki ibi ari ivy’ukuri? Nshobora gute kuvyemeza? Ni ibiki abantu bemera bituma bigora bamwebamwe gutahura uku kuri kwa Bibiliya? Ni kuki bihambaye? Ibi bishobora gute kugira ico bikoze ku buzima bw’umuntu? Ni akarorero akahe kerekana inyungu z’ukubishira mu ngiro? Uku kuri kwa Bibiliya guhishura iki ku vyerekeye kamere ya Yehova? Bivanye n’amayagwa uriko urarimbura, woshobora kubaza uti: Ivyo vyabaye ryari? Dushobora gute gushira mu ngiro aya mayagwa muri iki gihe? Washaka woshobora guha ubuzima insiguro ushikiriza mu kubaza no mu kwishura bimwebimwe muri ivyo bibazo igihe uriko uratanga iyo nsiguro.

Insiguro yawe ishobora kugusaba gukoresha ivyanditswe abakwumviriza bamenyereye. Ushobora kugira iki kugira ngo utume uburyo ubikoresha bugira ico bwigishije? Ntupfe kubisoma gusa; bisigure.

Kurimbura icanditswe kimenyerewe bishobora gucika ibirushirije kugira ico vyigisha mu gihe ico canditswe ugiciyemwo kubiri, ibihimba bifitaniye isano n’umutwe-shimikiro w’insiguro yawe ukabishira ukwavyo maze ukabisigura. Rimbura ingene vyoshoboka ukoresheje icanditswe nk’ico muri Mika 6:8. “Ibiroranye” ni iki? Mbega ni ibiroranye bishingwa na nde? Woshobora gute kwerekana ico “ugukora ibiroranye” bisigura, canke “gukunda kugira imbabazi” bisigura? Kwicisha bugufi ni iki? Woshobora gute gukurikiza aya mayagwa ku vyerekeye umuntu ageze mu za bukuru? Birumvikana, amayagwa mu vy’ukuri uzokoresha, ukwiye kuzoyarabira ku bintu nka mwene ibi: umutwe-shimikiro wawe, ihangiro ryawe, abakwumviriza abo ari bo be n’umwanya ufise.

Insobanuro zisanzwe z’amajambo kenshi ziraba ngirakamaro. Ku bantu bamwebamwe, iyo bamenye insobanuro y’“ubgami” buvugwa muri Matayo 6:10, basa n’abahumuwe amaso. Kwibutswa insobanuro yinaka bishobora no gufasha Umukirisu amaze igihe kirekire gutahura neza kuruta ico icanditswe mu vy’ukuri kivuga. Ivyo biratomoka igihe dusomye 2 Petero 1:5-8 hanyuma tugasigura imice itandukanye ivugwa muri iyo mirongo: ukwizera, ingeso nziza, ubgenge, ukwirinda, ukwihangana, kwubaha Imana, gukunda bene Data be n’urukundo. Mu gihe amajambo afise insobanuro zishusha yakoreshejwe ahantu hamwe, uyasiguye bishobora gufasha abantu kuyatandukanya. Ivyo ni kwo biri ku majambo nk’ubgenge, ubumenyi be n’ugutahura akoreshwa mu Migani 2:1-6.

Abakwumviriza bashobora gusanga vyigisha iyo gusa uzirikanye hamwe na bo ku canditswe. Abantu benshi baratangara igihe bamenye ari bwo bwa mbere yuko mw’⁠Itanguriro 2:7 mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya (nko muri Bibiliya Traduction du monde nouveau), Adamu avugwa ko Adamu yari ubugingo buzima be n’uko twisunze Ezekiyeli 18:4 (NW) ubugingo bupfa. Igihe kimwe, Yezu yaratangaje Abasadukayo mu gukoresha icanditswe co mu Kuvayo 3:6, ico bavuga ko bemera, maze akacerekeza kw’izuka ry’abapfuye.—Luka 20:37, 38.

Rimwe na rimwe biracisha ubwenge abantu usiguye amakuru akikije icanditswe, uko ibintu vyari vyifashe igihe candikwa, be n’akaranga k’uwuvuga canke uwuriko arumviriza. Abafarizayo bari bamenyereye cane Zaburi 110. Ariko, Yezu yarakwegereye ivyiyumviro vyabo ku kintu gihambaye dusanga mu murongo wa mbere. Yabajije ati: “‘Mbe, Kristu mukeka ko ari nde? Ni mwene nde?’ Bati: ‘Ni mwene Dawudi.’ Yezu nawe asubizayo ati: ‘Vyogenda bite se, ko aho Dawudi yoshwa n[’impwemu yera], yise Kristu Umukama, ati: [“Yehova,” “NW”] yabwiye Umukama wanje ngo: Vyagira iburyo bwanje, gushika aho nzocinyiza abansi bawe ukabagerekako ibirenge. None, ko Dawudi yise Kristu Umukama wiwe, yosubira kandi kuba umwana wiwe ate?’” (Mat. 22:41-45, UB) Iyo uzirikana n’abantu ku Vyanditswe nk’uko Yezu yabigira, uzobafasha kurushiriza gusoma Ijambo ry’Imana baryitondeye.

Igihe umushikirizansiguro avuze ikiringo c’iyandikwa ry’igitabu ca Bibiliya canke ikiringo ikintu kinaka cabereyemwo, akwiye no kudondora uko ibintu vyari vyifashe muri ico gihe. Muri ubwo buryo, abumviriza bazorushiriza gutahura ubuhambare bwa nya gitabu canke bwa nya kintu cabaye.

Ibigereranirizo birashobora gufasha gutuma ivyo uvuga biba ibigira ico vyigishije. Woshobora guhushanya iciyumviro abantu benshi bafise n’ivyo Bibiliya ivuga kuri iyo ngingo nyene. Canke woshobora kugereranya inkuru zibiri za Bibiliya zihuye. Hoba hari ico zidahuriyeko? Kubera iki? Tuzigirako iki? Ivyo ubigize bishobora gutuma abakwumviriza bumva ico kiganiro nk’aho ari gishasha.

Mu gihe washinzwe kurimbura umuce munaka w’ubusuku bwa gikirisu, hari aho wokwongereza agaciro k’insiguro yawe mu gutangurira ku kuyica ku masonga. Nuvuge ibiza kugirwa, igituma bikwiye kugirwa, be n’ingene bifitaniye isano n’amahangiro twebwe Ivyabona vya Yehova dufise muri rusangi. Hanyuma nusigure ahantu ico gikorwa gikorerwa, igihe gikorerwa be n’ingene gikorwa.

Bite hoho mu gihe insiguro yawe yoba igusaba kuvuga ibintu bimwebimwe mu “bihishijwe vy’Imana”? (1 Kor. 2:10) Niwatangurira ku kugenekereza no ku gusigura ibintu bimwebimwe vy’ishimikiro vy’ico kiganiro, utuntu tw’ido n’ido ntibazoteba guca badutahura bitagoranye. Kandi mu gihe usozereye n’incamake ngufi y’amayagwa yawe, abakwumviriza bisa n’uko bazosigarana umunezero w’uko vy’ukuri hari ikintu bize.

Impanuro Yerekeye Ubuzima bwa Gikirisu. Abakwumviriza bazohungukira bidasanzwe niwabafasha gutahura ingene amakuru yo mu nsiguro ushikiriza ajanye n’ubuzima bwabo. Igihe usuzuma ivyanditswe biri mu mayagwa washinzwe gushikiriza, niwibaze uti: ‘Ni kuki aya makuru yazigamwe mu Vyanditswe gushika uno musi?’ (Rom. 15:4; 1 Kor. 10:11) Nuzirikane ku bintu bishika mu buzima abakwumviriza bariko barahangana na vyo. Nurimbure ivyo bintu ubwavyo wisunze impanuro be n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Mu nsiguro yawe, nuzirikane na bo ku Vyanditswe kugira ngo werekane ukugene bishobora gufasha umuntu kwifatana ubukerebutsi mu bintu mwene ivyo. Niwirinde gufatira ibintu muri rusangi. Inyifato n’ibikorwa uvuga, nutomore ivyo ari vyo.

Mu kwanzika, nufate imwe canke zibiri mu mpanuro zihejeje kuvugwa uzikoreshe ku nsiguro uriko urategura. Uko uca uruma, nugende urakoresha nyinshi muri zo. Mu nyuma uzosanga abakwumviriza barindirana igishika insiguro zawe, bizigiye ko bazokwumva ikintu vy’ukuri kizogira ico kibunguye.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Nurimbure ivyo abakwumviriza basanzwe bazi ku kiganiro ushinzwe gushikiriza.

  • Nurabe ingendo ukoresha mu gushikiriza amayagwa yawe—unyaruke kuvyiyumviro bimenyerewe cane, ugende buhorobuhoro ku vyiyumviro bishasha.

  • Ntupfe gusa kuvuga ivyabaye; nuvuge ico bisobanura canke agaciro kavyo.

  • Nukabure ubwenge bwawe bwite mu kwibaza ibi bibazo: igiki? kuki? ryari? hehe? nde? gute?

  • Nufate umwanya wo kuzirikana ku Vyanditswe; niwubakire ku bihimba kanaka vyavyo.

  • Nukoreshe ukugereranya be n’uguhushanya.

  • Nushiremwo incamake ngufi y’amayagwa yawe.

  • Niwerekane ingene ayo makuru yokoreshwa mu gutorera umuti ingorane no mu gufata ingingo.

IMYIMENYEREZO: (1) Nugire ubushakashatsi kugira ngo utore umuce uri n’ico wigisha w’icanditswe kimenyerewe, nk’ico muri Matayo 24:14 canke Yohana 17:3. (2) Soma Imigani 8:30, 31 na Yohana 5:20. Ukuzirikana ku bucuti buri hagati ya Yehova Imana na Kirisitu Yezu, nk’uko budondorwa muri ivyo vyanditswe, vyogushoboza gute gukoresha iyo mirongo ku buryo igira ico yunguye umuryango munaka?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika