ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 49 rup. 255-rup. 257 ing. 4
  • Gutanga Ivyiyumviro Bijijura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gutanga Ivyiyumviro Bijijura
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gusigura Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 49 rup. 255-rup. 257 ing. 4

ICIGWA CA 49

Gutanga Ivyiyumviro Bijijura

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nutange ibimenyamenya bimara akanyota kugira ngo ushigikire ivyo uvuga.

Ni Kuki Bihambaye?

Nutajijura abakwumviriza yuko ivyo ubabwira ari ukuri ntibazovyemera canke ngo babikurikize.

IYO uvuze ikintu, abakwumviriza baba bafise impamvu zumvikana zo kubaza bati: “Ni kuki ivyo ari ukuri? Ivyo umushikirizansiguro ariko aravuga tuvyemezwa n’iki?” Kubera uri umwigisha, utegerezwa kwishura mwene ivyo bibazo canke ugafasha abakwumviriza gutora inyishu. Nimba nya kintu wavuze ari co iciyumviro cawe gishimikiyeko, uraraba neza yuko abakwumviriza ubaha imvo zibajijura kugira ngo bacemere. Ivyo bizotuma insiguro ushikiriza iba iyishwirura.

Intumwa Paulo yarakoresha ugushwirura. Akoresheje iciyumviro kijijura, ivyiyumviro vyumvikana be n’ukwinginga kuvuye ku mutima, yarondera gutuma abo abwira bahindura ivyiyumviro. Yaradushiriyeho akarorero keza. (Ivyak. 18:4; 19:8) Ariko ntiwumve, hariho abantu b’imvuzi bakoresha ugushwirura mu kuyovya abantu. (Mat. 27:20; Ivyak. 14:19; Kol. 2:4) Bashobora gutangurira ku kintu citwa ngo ni ic’ukuri kandi atari co, bakiheka ku masôko afise aho ahengamiye, bagakoresha ivyiyumviro bidafashe, bakirengagiza ibintu vy’ukuri bivuguruza iciyumviro cabo, canke bagashimika cane ku kanyengetera kuruta uko bashimika ku gituma ibintu bimeze ukunaka. Turakwiye kuba maso tukirinda ubwo buryo bwose.

Bishingiye Cane kw’Ijambo ry’Imana. Ivyo twigisha bitegerezwa kutaba ivyo twigenera. Turihatira kubwira abandi ivyo twize muri Bibiliya. Muri ivyo, twarafashijwe cane n’ibisohokayandikiro vy’umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Ivyo bisohokayandikiro biraturemesha gusuzuma Ivyanditswe twitonze. Ivyo iyo tubigize turaheza tukayobora abandi kuri Bibiliya, tudafise intumbero yo kubemeza yuko ari twe tuvuga ukuri, mugabo dufise icipfuzo co kwicisha bugufi tukabareka ngo bibonere ubwabo ivyo Bibiliya ivuga. Turemeranya n’ivyo Yezu Kirisitu yabwiye Se mw’isengesho ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yoh. 17:17) Nta muntu n’umwe ahambaye kuruta Yehova Imana, Umuremyi w’ijuru n’isi. Kugira ngo ivyiyumviro vyacu bibe ivyumvikana bitegerezwa kuba bishingiye kw’Ijambo ryiwe.

Rimwe na rimwe hari aho wovugisha abantu batamenyereye Bibiliya canke batemera yuko ari Ijambo ry’Imana. Ukwiye gukoresha ukwiyubara ku vyerekeye igihe n’ukuntu uzana ivyanditswe vyo muri Bibiliya. Mugabo ukwiye kwihatira kwerekeza mu maguru masha ivyiyumviro vyabo kuri iryo sôko ry’amakuru rifise ububasha.

Woba ukwiye guca wiyumvira yuko gusubiramwo gusa icanditswe kibisobanura bitanga iciyumviro kijijura? Si ngombwa ngo bice bimera ukwo. Hari aho vyokenerwa ko werekeza ivyiyumviro ku makikuro y’ico canditswe kugira werekane yuko gishigikira koko ivyo uriko uravuga. Nimba uriko uravuga gusa ingingo ngenderwako uyikuye mu canditswe mugabo amakikuro akaba ataco akivugako, hoshobora kuba hakenewe ibindi bintu bivyemeza. Vyoshobora kuba ngombwa ko ukoresha ibindi vyanditswe bivuga ico kintu kugira ngo umare amazinda abakwumviriza yuko ivyo uriko uravuga bishingiye koko ku Vyanditswe.

Uririnda kurenza urugero igihe uvuga ico icanditswe cemeza. Nugisome witonze. Ico canditswe gishobora kuba kivuga muri rusangi ikiganiro uriko ushikiriza. Ariko, kugira ngo iciyumviro cawe kibe igishwirura, abakwumviriza bategerezwa kuba bashobora kubona ico kimenyamenya mu vyo uriko uravuga.

Bishigikirwe n’Ibindi Bimenyamenya. Rimwe na rimwe, vyoshobora gufasha ukoresheje ibimenyamenya bivuye mw’isoko ryizigirwa ritari Bibiliya, kugira ngo ufashe abantu gutahura ko Ivyanditswe bivuga ukuri.

Nk’akarorero, woshobora kwerekeza ivyiyumviro ku bintu biri mu kirere bwa kimenyamenya c’uko hariho Umuremyi. Woshobora gukwegera ivyiyumviro vy’abantu ku mategeko agenga ibidukikije, nka za nguvu zituma ibintu bigwa hasi ntibigume mu kirere, be n’igituma ukubaho kwa mwene ayo mategeko kwumvikanisha yuko hariho Uwayashizeho. Iciyumviro cawe kizoba co nicaba gihuje n’ibivugwa mw’Ijambo ry’Imana. (Yobu 38:31-33; Zab. 19:1; 104:24; Rom. 1:20) Mwene ico kimenyamenya cofasha kubera yuko cerekana ko ivyo Bibiliya ivuga bihuye n’ibintu vy’ukuri biboneka.

Woba uriko wihatira gufasha umuntu ngo atahure yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana koko? Woshobora gusubiramwo ivyo incabwenge zivuga, zemeza ko Bibiliya ari kwo iri. Mugabo ivyo vyoba vyemeza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana? Ayo majambo usubiyemwo afasha gusa abantu basanzwe bemera izo ncabwenge. Woba ushobora gukoresha siyansi mu kwemeza yuko Bibiliya ivuga ukuri? Mu gihe woba utegerezwa gukoresha ivyiyumviro vy’abanyasiyansi b’abanyagasembwa kugira abe ari vyo bikuyobora, woba uriko wubakira ku mushinge udafashe. Ku rundi ruhande, niwatangurira kw’Ijambo ry’Imana maze ukerekeza ku vyo siyansi yubuye bishira ahabona ko Bibiliya itarimwo agakosa, ivyiyumviro vyawe bizoba vyubakiye ku mushinge ukomeye.

Mu vyo uriko wihatira kwemeza vyose, nushikirize ibimenyamenya bihagije. Uko ibimenyamenya ukeneye bingana kuzova ku bakwumviriza abo ari bo. Nk’akarorero, nimba uriko uvuga ivyerekeye imisi y’iherezo nk’uko bidondorwa muri 2 Timoteyo 3:1-5, ushobora gukwegera ivyiyumviro vy’abakwumviriza ku makuru azwi cane yerekana yuko abantu “badakunda n’ababo.” Ako karorero kamwe koshobora kuba gahagije kugira ngo wemeze yuko uwo muce w’ikimenyetso c’imisi y’iherezo ubu uriko uraranguka.

Ukugereranya ibintu bibiri bifise imice ihambaye bisangiye kenshi kurashobora gufasha. Ukwo kugereranya ibintu ubwakwo ntikwemeza ikintu kinaka; ububasha bwakwo butegerezwa gusuzumwa hisunzwe ivyo Bibiliya ubwayo ivuga. Mugabo ukwo kugereranya ibintu kurashobora gufasha umuntu akabona ko iciyumviro kinaka ari ic’ukuri. Mwene iryo gereranya ryoshobora gukoreshwa nk’akarorero igihe uriko urasigura yuko Ubwami bw’Imana ari intwaro. Ushobora gusigura yuko nk’uko biri no ku ntwaro z’abantu, Ubwami bw’Imana bufise abatware, abatwarwa, amategeko, indinganizo y’ivyo guca imanza, be n’indinganizo y’ivyo kwigisha.

Ibiba mu buzima akenshi umuntu arashobora kubikoresha kugira ngo yerekane ubukerebutsi buri mu gukurikiza impanuro Bibiliya itanga. Urashobora kandi gukoresha ivyagushikiye ubwawe kugira ngo ushigikire ivyo uvuga. Nk’akarorero, igihe ubwira umuntu akamaro ko gusoma Bibiliya no kuyiga, woshobora kumusigurira ingene kubigira vyaryohoye ubuzima bwawe. Kugira ngo intumwa Petero aremeshe abavukanyi biwe, yavuze ivya kwa guhinduka ukundi, ukwo yari yariboneye. (2 Pet. 1:16-18) Paulo na we nyene yariganye ivyamushikiye. (2 Kor. 1:8-10; 12:7-9) Birumvikana ko ukwiye gukoresha ivyagushikiye ubigiranye ukwiyubara kugira ngo ntukwegere ivyiyumviro kuri wewe bitabereye.

Kubera yuko abantu bakuriye mu bintu bitandukanye bakaba bafise ivyiyumviro bitandukanye, ibimenyamenya usanga bijijura umuntu umwe bishobora kutamara akanyota uwundi. Kubera ico, nurimbure ivyiyumviro abakwumviriza bafise igihe uhitamwo ivyiyumviro uzokoresha be n’ingene uzobishikiriza. Mu Migani 16:23 hagira hati: “Umutima w’umunyabgenge wigisha akanwa kiwe, ukungura ubgenge bg’iminwa yiwe.”

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Ha kuvuga gusa ikintu kinaka, tanga ibimenyamenya bimara akanyota kugira ngo ushigikire ivyiyumviro bihambaye.

  • Ivyiyumviro ushikiriza bishingire cane ku Vyanditswe.

  • Koresha ibindi bimenyamenya bibishigikira kugira ngo ushitse intumbero yawe be n’ivyo abakwumviriza bakeneye.

IMYIMENYEREZO: (1) Zingurura mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures ku mutwe nyamukuru uvuga ngo: “Jésus Christ.” Raba ingene ibibazo vyishurwa mu gushimika ubwa mbere na mbere kuri Bibiliya. (2) Suzuma urukurikirane rw’ibiganiro bitangura vy’Umunara w’Inderetsi canke vya Réveillez-vous! Nurobanure ivyiyumviro bikurubikuru nka bingahe bishikirizwa. Nuce akarongo ku vyanditswe vy’ishimikiro, uheze ushire akamenyetso ku bindi bimenyamenya bibishigikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika