ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 7 rup. 60-69
  • Ico Twigira ku Kuba Imana Ireka Ububisha Bukabaho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Twigira ku Kuba Imana Ireka Ububisha Bukabaho
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ku bw’Izina Ryiwe Rihambaye
  • ‘Yō, Uburebure bw’Amajepfo bw’Ubwenge bw’Imana!’
  • Akaryo ko Kwerekana ko Tuyobokera Imana
  • Kubona Imana Yararetse Ikibi Kikabandanya Bitwigisha Iki?
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Turashobora kwungukira ku kwihanganira imibabaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Yehova Ni Imana Ifise Ukwihangana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 7 rup. 60-69

Ikigabane c’Indwi

Ico Twigira ku Kuba Imana Ireka Ububisha Bukabaho

1, 2. (a) Iyo Yehova aca yica ba bagarariji bo muri Edeni, ivyo vyogize ico bikoze gute kuri twebwe? (b) Ni intunganyo ziranga urukundo izihe Yehova yadushiriyeho?

‘IMYAKA mbayeho yabaye mike kandi mibi.’ Ivyo vyavuzwe na Yakobo uwabaye sekuruza w’imiryango. (Itanguriro 47:9) Muri ubwo buryo nyene, Yobu yavuze ko umuntu “amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa.” (Yobu 14:1) Cokimwe na bo, benshi muri twebwe twarashikiwe n’ingorane, akarenganyo, eka n’ivyago. Yamara ukuba twaravutse, Imana ntiyaturenganije. Ego ni ko, ntidutunganye mu muzirikanyi no mu mubiri, kandi ntidufise bwa buraro bw’Iparadizo Adamu na Eva bari bafise mu ntango. Mugabo vyari kugenda gute iyo Yehova aca abica igihe bagarariza? Naho hatobayeho indwara, intuntu canke urupfu, nta muryango w’abantu wobayeho. Na twebwe ntitwari kuvuka. Kubera ikigongwe cayo, Imana yararekeye Adamu na Eva umwanya wo kuvyara abana, naho nyene abo bana barazwe agasembwa. Kandi biciye kuri Kirisitu, Yehova yaradushiriyeho intunganyo zituma dusubira kuronka ivyo Adamu yatakaje, ni ukuvuga ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo.—Yohana 10:10; Abaroma 5:12.

2 Ese ukuntu biremesha kuba dushobora kwitega kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha, ahantu h’Iparadizo, aho tuzoba twarakize indwara, intuntu, umubabaro n’urupfu, tugakira n’abantu b’ababisha! (Imigani 2:21, 22; Ivyahishuriwe 21:4, 5) Ariko mu nkuru za Bibiliya, dusangamwo yuko naho ubukiriro bwacu buhambaye kuri twebwe no kuri Yehova, hariho ikindi kintu gihambaye mbere kuruta kijanye n’ivyo.

Ku bw’Izina Ryiwe Rihambaye

3. Ni igiki cari cerekewe n’iranguka ry’umugambi Yehova afitiye isi n’abantu?

3 Izina ry’Imana rirerekewe n’iranguka ry’umugambi wayo werekeye isi n’abantu. Iryo zina Yehova risobanura ngo “Atuma Biba.” Izina ryiwe rero ririmwo ukumenyekana kwiwe ko ari we Segaba w’Ijuru n’Isi, ko ari we Mushingamigambi, akaba na we Mana y’ukuri. Kubera ikibanza Yehova arimwo, kugira ngo ivyaremwe vyose bigire amahoro vyongere bimererwe neza, bisaba ko izina ryiwe be n’ico risobanura bihabwa icubahiro cuzuye bikwiriye, bigasaba n’uko bose bamugamburukira.

4. Mu mugambi Yehova yari afitiye isi harimwo n’iki?

4 Yehova aho amariye kurema Adamu na Eva, yarabashinze igikorwa boranguye. Yaratomoye yuko umugambi wiwe utari gusa uwo kuganza isi yose hanyuma ngo imbibe z’Iparadizo zibone kwagurwa, ahubwo ko wari uwo kwuzuza isi abobakomotseko. (Itanguriro 1:28) Uwo mugambi none wari guca upfa kubera icaha bakoze? Ese ukuntu vyozana iceyi kw’izina ry’umwe mushoboravyose Yehova hamwe atoshobora kurangura umugambi yari afitiye iyi si n’abantu!

5. (a) Abantu ba mbere bamaze kurya ku giti kimenyakanisha iciza n’ikibi, bari gupfa ryari? (b) Yehova yashikije gute ijambo yari yaravuze mw’⁠Itanguriro 2:17 ku biraba umugambi yari afitiye isi?

5 Yehova yari yaraburiye Adamu na Eva yuko baramutse bagambaraye bakarya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, bopfuye ‘ku musi’ bakiriyeko. (Itanguriro 2:17) Nk’uko ijambo ryiwe ryari ryarabivuze, kuri uwo musi nyene bakoreyeko icaha Yehova yarabarengukije ngo bisigure, aca abacira urubanza rwo gupfa. Dufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu, Adamu na Eva bapfuye kuri uyo musi. Ariko rero, kugira ngo arangure umugambi wiwe werekeye isi, Yehova yarabaretse bararondoka bavamwo umuryango imbere y’uko bapfa. Naho ari ukwo, kubera ko Imana ishobora kubona imyaka 1.000 nk’umusi umwe, naho ubuzima bwa Adamu bwarangiye amaze imyaka 930, hari mu “musi” umwe. (2 Petero 3:8; Itanguriro 5:3-5) Gutyo ukuri Yehova yari yaravuze kwarashigikiwe, kumwe kwerekeye igihe ico gihano coshikijwe, kandi umugambi yari afitiye isi ntiwatangiriwe n’urupfu rwabo. Mugabo haraciye igihe abantu b’abanyagasembwa baretswe ngo babeho, harimwo n’ababisha.

6, 7. (a) Twisunze Kuvayo 9:15, 16, ni kuki Yehova areka ababisha bakabandanya kubaho igihe kinaka? (b) Ku vyerekeye Farawo, ububasha bwa Yehova bwagaragajwe gute, kandi izina ryiwe ryamamaye gute? (c) Uru runkwekwe rubi nirwahera bizovamwo iki?

6 Ivyo Yehova yabwiye umutware wa Misiri mu misi ya Musa birasubira kwerekana icatumye Imana ireka ababisha bakabandanya kubaho. Igihe Farawo yabuza abana ba Isirayeli kuva mu Misiri, Yehova ntiyaciye amukubita hasi buno nyene. Ico gihugu caracucagiwe Ivyago Cumi, ivyo bikaba vyari ivyerekana ububasha bwa Yehova mu buryo butangaje. Igihe yamenyesha ko hagiye gushika icago kigira indwi, Yehova yabwiye Farawo yuko yari kuba yamuzimanganirije hamwe n’abantu biwe bitagoranye, akabakura kw’isi. Yehova yavuze ati: “Ariko, icatumye [m]ba [nd]akuretse, n’ukugira ngo [n]kwereke ubushobozi bg[anje], kandi ngw izina ry[anje] ryāmāmare mw isi yose.”—Kuvayo 9:15, 16.

7 Igihe Yehova yabohoza Abisirayeli, izina ryiwe vy’ukuri ryaramenyekanye henshi. (Yosuwa 2:1, 9-11) Muri iki gihe, nk’imyaka 3.500 inyuma yaho, ivyo yakoze ico gihe ntibiribagirwa. Si izina bwite rya Yehova gusa ryamamaye, ariko n’ukuri kwerekeye Nyene iryo zina kwaramamaye. Ivyo vyaremeje ko Yehova ari Imana iguma ku masezerano yayo kandi ikagira ico ikoze ku neza y’abasavyi bayo. (Yosuwa 23:14) Vyarerekanye yuko bivuye ku bubasha bwiwe bushobora vyose, ata kintu na kimwe gishobora gutangira umugambi wiwe. (Yesaya 14:24, 27) Turashobora rero kwizigira yuko vuba azogira ico akoze ku neza y’abasavyi biwe b’abizigirwa, mu guhonya urunkwekwe rubi rwa Shetani rwose uko rwakabaye. Iryo garagazwa ry’ububasha bushobora vyose be n’ubuninahazwa ivyo bizanira izina rya Yehova, ntibizokwigera vyibagirwa. Ivyiza tuzohakura ntibizogira iherezo.—Ezekiyeli 38:23; Ivyahishuriwe 19:1, 2.

‘Yō, Uburebure bw’Amajepfo bw’Ubwenge bw’Imana!’

8. Ni ibiki Paulo aduhimiriza kurimbura?

8 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma, aravyura iki kibazo: “Mbeg’Imana iragabitanya?” Yishura ashimika ati: “Eka na mba!” Maze aca ashimika ku kigongwe c’Imana, hanyuma akerekeza ku vyo Yehova yavuze ku vyerekeye ukureka Farawo ngo abe arabayeho gatoyi. Paulo arerekana kandi yuko twebwe abantu tumeze nk’ibumba mu minwe y’umubumvyi. Aca avuga ati: “Mbega har’ico biriko, nah’Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona; kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera, kuri twebge, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga?”—Abaroma 9:14-24.

9. (a) “Inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona” ni bande? (b) Ni kuki Yehova yagaragaje ukwihangana kwinshi imbere y’abamurwanya, kandi impera n’imperuka bizovamwo iki ku neza y’abo bose bamukunda?

9 Kuva aho ubugarariji bubereye muri Edeni, abantu bose barwanije Yehova n’amategeko yiwe babaye “inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona.” Muri ico gihe cose, Yehova yaragaragaje ukwihangana. Ababisha baratwengeye mw’ijigo inzira ziwe, barahama abasavyi biwe, n’Umwana wiwe baramwica. Yehova yarigumije cane, arareka haraca igihe gikwiye kugira ngo ivyaremwe vyose vyibonere neza ingaruka z’agacavutu ziva ku kugarariza Imana no ku ntwaro z’abantu batwara batisunze Imana. Ico gihe nyene, urupfu rwa Yezu rwaratanze uburyo bwo guhabuza abantu bagamburuka no ‘gusangangura ibikorwa vya wa Murwanizi.’—1 Yohana 3:8; Abaheburayo 2:14, 15.

10. Ni kuki Yehova yaretse ababisha bakabaho muri iyo myaka 1.900 iheze?

10 Mu myaka irenga 1.900 iheze kuva Yezu azutse, Yehova yarabandanije kwihanganira “inzavya z’ukuraka,” uguhonywa kwazo aba arakwigije kure. Uti kubera iki? Kimwe coco, ni kubera ko yariko arategura abazofatanya na Yezu Kirisitu gutwara mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Igitigiri cabo ni 144.000, bakaba ari za “nzavya z’ikigongwe” zivugwa n’intumwa Paulo. Ubwa mbere, hari hatumiwe abo mu Bayuda ngo babe ari bo bagira uwo mugwi w’abogiye mw’ijuru. Mu nyuma, Imana yaratumiye abantu b’Abanyamahanga. Yehova ntiyahase n’umwe muri abo ngo amukorere. Mugabo mu bakiranye ugushima ibintu yatunganije biranga urukundo rwiwe, bamwe muri bo yabateye agateka ko kuba abazofatanya n’Umwana wiwe gutwara mu Bwami bwo mw’ijuru. Itegurwa ry’uwo mugwi w’abazoja mw’ijuru ubu risa n’iryarangiye.—Luka 22:29; Ivyahishuriwe 14:1-4.

11. (a) Ni umugwi uwuhe ubu uriko urungukira ku kwihangana kwa Yehova? (b) Abapfuye bobo bazohungukira gute?

11 Mugabo none abazoba kw’isi bo bite? Ukwihangana kwa Yehova kwaratumye kandi bishoboka ko “ishengero ryinshi” ritororokanirizwa hamwe rikuwe mu mahanga yose. Ubu baharurwa mu mamiliyoni. Yehova yasezeranye yuko uwo mugwi w’abazoba kw’isi uzorokoka umuhero w’uru runkwekwe, hanyuma bagashobora kuzobaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo. (Ivyahishuriwe 7:9, 10; Zaburi 37:29; Yohana 10:16) Mu gihe kibereye c’Imana, abantu amasinzi bapfuye bazozurwa bahabwe akaryo ko kuba abatwarwa b’Ubwami bwo mw’ijuru. Ijambo ry’Imana rimenyesha imbere y’igihe mu Vyakozwe 24:15 riti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.”—Yohana 5:28, 29.

12. (a) Ni ibiki twigiye kuri Yehova ku vyerekeye ukuba yarihanganiye ububisha? (b) Wewe wiyumva gute ku vyerekeye ukuntu Yehova yavyifashemwo kuri ivyo bibazo?

12 Hoba hari akarenganyo kabaye muri ivyo vyose? Oya, kuko mu kwigiza kure ihonywa ry’ababisha, ari zo “nzavya z’ukuraka,” Imana iriko igaragariza imbabazi abandi, mu buryo buhuje n’umugambi wayo. Ivyo birerekana ukuntu Imana ari inyakigongwe n’inyarukundo. N’ikindi kandi, kuba twararonse umwanya wo kwitegereza ingene umugambi wiwe utera uja imbere, turiga vyinshi ku vyerekeye Yehova ubwiwe. Turajorezwa n’imice inyuranye ya kamere ziwe zibonekeza, nk’ubutungane bwiwe, ikigongwe ciwe, ukwihangana kwiwe, n’ubukerebutsi bwiwe yerekana mu buryo bunyuranye. Ukuntu Yehova yavyifashemwo n’ubukerebutsi kuri nya kibazo kiraba ivyaremwe vyose, ni ukuvuga uburenganzira afise bwo gutwara, kuzoguma ibihe vyose ari icemeza yuko uburyo atwara ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Kumwe n’intumwa Paulo, tuvuga duti: “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!”—Abaroma 11:33.

Akaryo ko Kwerekana ko Tuyobokera Imana

13. Igihe dushikiwe n’ibiducumukuza, ni akaryo nyabaki tuba turonse, kandi ni igiki kizodufasha kuvyifatamwo mu buryo buranga ubukerebutsi?

13 Benshi mu basavyi b’Imana usanga bari mu ngorane zibacumukuza. Ugucumukura kwabo kurabandanya kubera ko Imana itarahonya ababisha ngo isubize umutamana abantu nk’uko yari yarabivuze. Ivyo none birakwiye kudutera umwikomo? Canke twoba dushobora kubona mwene izo ngorane nk’akaryo ko kugira uruhara mu vyo kwerekana ko Shetani ari umwangushi? Turashobora kuronka inkomezi zo kubibona gutyo mu gihe tugumije mu muzirikanyi kano kamo: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.” (Imigani 27:11) Shetani, uwutuka Yehova, yavuze abesha ngo hamwe abantu botakaza amatungo yabo canke bagashikirwa n’ivyago ku mubiri, boca babiremeka Imana, ngo no kuyivuma bakayivuma. (Yobu 1:9-11; 2:4, 5) Turanezereza umutima wa Yehova igihe twerekanye yuko atari ko biri, mu kutadohoka kuri we igihe dushikiwe n’amagume.

14. Mu gihe twihetse kuri Yehova iyo dushikiwe n’ibigeragezo, ni ivyiza ibihe dushobora kuhakura?

14 Mu gihe twihetse kuri Yehova iyo dushikiwe n’ibigeragezo, turashobora gutsimbataza kamere z’agaciro. Nk’akarorero, bivuye ku vyo Yezu yacumukujwe, ‘yarize kugamburuka’ mu buryo atari bwigere abigira. Na twebwe nyene turashobora kwigira ku bigeragezo bidushikira, mu buryo bw’uko dushobora gutsimbataza ukwihangana, ukurindirako, eka tukarushirizaho gushima inzira za Yehova zigororotose.—Abaheburayo 5:8, 9; 12:11; Yakobo 1:2-4.

15. Abandi bashobora kwungukira gute ku kuntu tubandanya kwihanganira amagume?

15 Hariho abandi bazokwitegereza ivyo tugira. Bivuye ku bidushikira bitewe n’uko dukunda ibigororotse, bamwebamwe muri bo mu nyuma barashobora gushika ku gutegera Abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe abo ari bo. Kandi bifatanije natwe mu gusenga, barashobora kuja mu murongo w’abazoronka imihezagiro y’ubuzima budahera. (Matayo 25:34-36, 40, 46) Yehova n’Umwana wiwe bashaka ko abantu baronka ako karyo.

16. Ukuntu tubona amagume adushikira ubwacu kujanye gute n’ivyerekeye ubumwe?

16 Ese ukuntu biba vyiza igihe n’ingorane tuzibona nk’uturyo two kwerekana ko tuyobokera Yehova no kugira uruhara mw’ishitswa ry’ukugomba kwiwe! Tubigize gutyo birashobora gutanga ikimenyamenya c’uko vy’ukuri turiko turatera tugana ku kwunga ubumwe n’Imana be na Kirisitu. Yezu yarasenze Yehova asabira Abakirisu b’ukuri bose, avuga ati: “Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n’abo bazonyizera kubg’ijambo ry’aba, kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge.”—Yohana 17:20, 21.

17. Ni igiki dushobora kwizigira nimba turi intahemuka kuri Yehova?

17 Nimba turi intahemuka kuri Yehova, impera azoduha izoba nini cane. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ubutame bganyu atar’ubg’ubusa mu Mwami.” (1 Ab’i Korinto 15:58) Riravuga kandi riti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo.” (Abaheburayo 6:10) Muri Yakobo 5:11 havuga hati: “Eh’abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.” None Yobu amaherezo vyamugendeye gute? “Nuk’Uhoraho aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere.” (Yobu 42:10-16) Egome, Yehova ni we “[aha] impēra aba[mu]rondera.” (Abaheburayo 11:6) Kandi ese impera natwe twiteze—ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo!

18. Amaherezo bizogenda gute ku bintu twokwibuka bibabaje?

18 Ubutware bw’Ubwami bw’Imana buzohindura ubusa amabi yose yakorewe umuryango w’abantu mu myaka ibihumbi iheze. Iminezero izoba ihibereye ico gihe izoba iruta kure n’iyo umubabaro uwo ari wo wose tugira ubu. Ntituzodugarikwa umutima n’ibintu bibi na bimwe twokwibuka vyatubayeko mu vyahora biducumukuza. Ivyiyumviro be n’imirimo vyubaka bizoba vyuzuye ubuzima bwa misi yose bw’abantu mw’isi nshasha, bizoza birazimanganya buhorobuhoro ibintu bibabaje twokwibuka. Yehova amenyesha ati: “Ndarema ijuru risha [intwaro nshasha y’Ubwami bwo mw’ijuru izotwara abantu] n’isi nsha [ikibano c’abantu kigororotse]; ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa. Ariko munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema.” Ni vyo, mw’isi nshasha ya Yehova, abantu b’abagororotsi bazoshobora kuvuga bati: “Isi yose ironse impore, iratekereje; baraturitse bararirimba.”—Yesaya 14:7; 65:17, 18.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Naho Yehova yabaye arareka ikibi kikabandanya, ni mu buryo ki yerekanye bimwe bibereye yuko yubaha cane izina ryiwe?

• Ukuba Imana yarihanganiye “inzavya z’ukuraka,” ni mu buryo ki vyatumye ikigongwe na twebwe kidushikīra?

• Dukwiye kwihatira kubona iki mu bintu ubwacu biducumukuza?

[Amafoto ku rup. 67]

Yehova “aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika