ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 20 rup. 175-183
  • Niwamize mu Muzirikanyi Umusi wa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwamize mu Muzirikanyi Umusi wa Yehova
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uraguma Uri Maso Kuri ca Kimenyetso
  • Itandukanywa ry’Abantu
  • Ni Ibiki Biraririye Kuba?
  • Nugume Uzirikana Rwose wa Musi wa Yehova
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Intumwa zisaba ikimenyetso
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Murikanure”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 20 rup. 175-183

Ikigabane ca Mirongo Ibiri

Niwamize mu Muzirikanyi Umusi wa Yehova

1. Igihe watangura kwiga yuko ukurokoka imibabaro yo muri iyi si ishaje kwimirije, wumvise umerewe gute?

KIMWE mu bintu vya mbere wize muri Bibiliya ni uko umugambi Yehova afise ari uw’uko isi yose ihinduka iparadizo. Muri iyo si nshasha, intambara, ubugizi bwa nabi, ubukene, indwara, ugucumukura be n’urupfu ntibizoba bikiriho. N’abapfuye bazosubira kubaho. Ibaze ukuntu ari ibintu vyiza igitangaza twiteze! Ukwegereza kw’ivyo vyose kuremezwa n’ivyerekana yuko ukuhaba kwa Kirisitu kutaboneka bwa Mwami atwara kwatanguye mu 1914, be n’uko guhera ico gihe ubu tubayeho mu misi y’iherezo ry’iyi si mbi. Mu mpera y’iyi misi y’iherezo, Yehova azosangangura uru runkwekwe rw’ibintu hanyuma atanguze ya si nshasha yasezeranywe!

2. ‘Umusi wa Yehova’ ni iki?

2 Ico gihe c’isangangura kiriko kiraza Bibiliya icita “umusi [“wa Yehova,” NW].” (2 Petero 3:10) Ni “[u]musi w’uburake [“bwa Yehova,” NW]” buzoziriringira isi ya Shetani iyo iva ikagera. (Zefaniya 2:3) Uzoshikira igihe cawo c’agaheta ku “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose. . . . [W]itwa Haru-Magedoni mu Giheburayo,” ari co gihe “[a]bami bo mw isi yose” bazozimanganywa. (Ivyahishuriwe 16:14, 16) None ukuntu ubayeho kwoba kwerekana ko wajijutse yuko uwo ‘musi wa Yehova’ wegereje?—Zefaniya 1:14-18; Yeremiya 25:33.

3. (a) Umusi wa Yehova uzoza ryari? (b) Vyagaragaye gute ko ari ngirakamaro kuba Yehova atahishuye “uwo musi cank’iyo saha”?

3 Bibiliya ntitubwira itariki Yezu Kirisitu azozirako bwa Wushitsa Urubanza Yehova yaciriye urunkwekwe rw’ibintu rwa Shetani. Yezu yavuze ati: “Uwo musi cank’iyo saha, nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa.” (Mariko 13:32) Mu gihe umuntu adakunda Yehova vy’ukuri, aza arigiza kure umusi wiwe mu bwenge bwiwe, akaja mu vyo kwikurikiranira ivyo mw’isi. Mugabo abakunda Yehova vy’ukuri baramukorera n’ubugingo bwabo bwose ata kuraba aho umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu uzozira.—Zaburi 37:4; 1 Yohana 5:3.

4. Yezu yavuze iki mu kutugabisha?

4 Mu buryo bwo kugabisha abakunda Yehova, Yezu avuga ati: “Mwiyubare, mube maso, musenge; kuko mutazi igihe bizoshikira.” (Mariko 13:33-37) Aduhimiriza kutareka ngo ukurya n’ukunywa canke ‘imyitwarariko y’ubuzima’ bidutware ubwenge cane gushika aho twibagira ukuntu ibihe turimwo atari ivyo gufata minenegwe.—Luka 21:34-36; Matayo 24:37-42.

5. Nk’uko Petero yabisiguye, umusi wa Yehova uzozana iki?

5 Na Petero nyene araduhanura ngo twamize mu muzirikanyi “ukuza kw’umusi [“wa Yehova,” NW] [tu]wuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ivy’itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze.” Intwaro z’abantu zose, ari zo zitwa “amajuru,” zizosangangurwa nk’uko nyene ikibano c’abantu kigizwe n’abanyakibi muri rusangi, ari co citwa “isi,” kizosangangurwa. Eka n’ “ivy’itanguriro,” ni ukuvuga ivyiyumviro n’ibikorwa vyo muri iyi si mbi, nka ya nyifato yayo y’ukutisunga Imana, be n’uburyo bwayo bwo kubaho burangwa n’ubushegabo be n’ukwiruka inyuma y’amaronko, bizokurwaho. Ivyo bizosubirirwa n’ “ijuru risha [Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru] n’isi nsha [ikibano gishasha co kw’isi], ivyo ukugororoka kuzobamwo.” (2 Petero 3:10-13) Ivyo bintu bizosangangura isi bizotangura giturumbuka ku musi no kw’isaha bitari vyitezwe.—Matayo 24:44.

Uraguma Uri Maso Kuri ca Kimenyetso

6. (a) Inyishu Yezu yatanze ku kibazo abigishwa biwe bari bamubajije yari yerekeye umuhero w’urunkwekwe rw’ivy’Abayuda ku rugero rungana iki? (b) Ni ibihimba ibihe vy’inyishu Yezu yatanze bishimika ku vyabaye no ku nyifato zahabaye guhera mu 1914?

6 Turavye ibihe turimwo, dukwiye kumenya neza ibintu vyose bigize ca kimenyetso cerekana imisi y’iherezo, ni ukuvuga “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu.” (NW) Urama wibuka yuko igihe Yezu yishura ikibazo abigishwa bari bamubajije canditswe muri Matayo 24:3, bimwe mu vyo yadondoye ku murongo wa 4 gushika ku wa 22 vyari ivyogize iranguka ritoyi ku runkwekwe rw’ivy’Abayuda hagati yo mu 33 no mu 70 G.C. Mugabo ubwo buhanuzi burafise iranguka ryabwo rinini kuruta mu kiringo co guhera mu 1914, igihe c’ “ukuhaba [kwa Kirisitu] n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu.” (NW) Muri Matayo 24:23-28 haravuga ivyobaye guhera mu 70 G.C. gushika igihe c’ukuhaba kwa Kirisitu. Ivyabaye bivugwa muri Matayo 24:29–25:46 biranguka mu gihe c’umuhero.

7. (a) Ni kuki ubwacu dukwiye kuba maso ku biba ubu bishitsa ca kimenyetso? (b) Ishura ibibazo biri ku mpera y’iyi ngingo, werekana ingene ca kimenyetso carangutse guhera mu 1914.

7 Ubwacu turakwiye kuba abantu bitegereza ibintu bishitsa nya kimenyetso. Guhuza ivyo bintu n’ubuhanuzi bwa Bibiliya bizodufasha kwamiza mu muzirikanyi umusi wa Yehova. Bizotuma dushobora kuba abantu bashwirura igihe tuburira abandi ku vy’uko uwo musi wegereje. (Yesaya 61:1, 2) Dufise izo ntumbero mu muzirikanyi, nimuze twihweze ibibazo bikurikira vyerekana ibice vya ca kimenyetso, nk’uko vyanditswe muri Matayo 24:7 no muri Luka 21:10, 11.

Ni mu buryo budasanzwe ubuhe ikimenyetso cabuwe c’uko ‘ihanga ryoteye irindi hanga n’ubwami bugatera ubundi bwami’ carangutse kuva 1914? Ku biraba intambara, ni ibiki vyashitse kuva ico gihe?

Mu 1918, ni ibiza ibihe vyahitanye ubuzima bw’abandi bantu benshi kuruta Intambara ya Mbere y’Isi Yose? Naho umuntu yagize ubumenyi mu vyerekeye ubuvuzi, ni indwara izihe zigisasika abantu amamiliyoni?

Amapfa yakoreye ikibi isi ku rugero rungana iki naho habaye iterambere mu vya siyansi mu kinjana giheruka?

Ni igiki kikwemeza yuko 2 Timoteyo 3:1-5, 13 hatavuga ukuntu ubuzima bwamye bumeze, ahubwo ko havuga ukuntu ibintu bibi bigenda birunyuka uko tuza turegereza impéra y’imisi y’iherezo?

Itandukanywa ry’Abantu

8. (a) Ni ibiki kandi bidondorwa muri Matayo 13:24-30, 36-43 Yezu yafatanije n’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu? (b) Ico kigereranirizo Yezu yatanze gisigura iki?

8 Hariho ibindi bintu bihambaye biba Yezu afatanya n’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu. Kimwe muri ivyo ni itandukanywa ry’ “[a]bana b’ubgami” n’ “abana ba wa Mubi.” Yezu ivyo yabivuze muri wa mugani w’umurima w’uburo umwansi yaje akabibamwo urwamfu. Mu mugani wiwe “uburo” bugereranya Abakirisu basizwe b’ukuri. “Urwamfu” ni barya bivuga ko ari Abakirisu mugabo bagahinyuka ko ari “abana ba wa Mubi” bivuye ku kuba bumira kw’isi Shetani abereye umutware. Abo baratandukanywa n’ “[a]bana b’ubgami [bw’Imana]” kandi bagashirwako ikimenyetso co kurandurwa. (Matayo 13:24-30, 36-43) Ivyo vyoba vyarabaye koko?

9. (a) Inyuma y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose, ni itandukanywa rihambaye irihe ryabaye ry’abantu bose bavuga ko ari Abakirisu? (b) Abakirisu basizwe bagaragaje gute yuko bari abakozi b’ukuri b’Ubwami?

9 Inyuma y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose, harabaye itandukanywa ry’abo bose bavuga ko ari Abakirisu, bashirwa mu migwi ibiri: (1) Abakuru b’idini y’Abiyita Abakirisu hamwe n’abayoboke babo bagiye mu vyo gushigikira bivuye inyuma wa Muhari w’Amahanga (ubu ukaba witwa Ishirahamwe Mpuzamakungu) mu gihe kandi baguma bumiye ku bihugu vyabo, be (2) n’Abakirisu b’ukuri bo muri ico kiringo c’inyuma y’intambara bashigikiye Ubwami bwa kimesiya bw’Imana bagaherezako, ntibashigikira amahanga y’iyi si. (Yohana 17:16) Abo barerekanye yuko ari abakozi b’ukuri b’Ubwami bw’Imana mu gutangura iyamamazwa ry’ “ubu butumwa bgiza bg’ubgami” kw’isi yose. (Matayo 24:14) None vyavuyemwo iki?

10. Igikorwa c’ukwamamaza Ubwami cabanje kuvamwo iki?

10 Ubwa mbere, harabaye itororokanywa ry’amasigarira y’Abasizwe impwemu y’Imana, ari bo bafise icizigiro co kuba kumwe na Kirisitu mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Naho abo bari bakwiragiye mu mahanga, barashizwe mu mugwi umwe ugize ishirahamwe. Isozerwa ry’ugushirwako ikimenyetso kw’abasizwe riregereje.—Ivyahishuriwe 7:3, 4.

11. (a) Ni igikorwa ikihe c’ugutororokanya abantu kibandanya, kandi gihuje n’ubuhanuzi ubuhe? (b) Iranguka ry’ubwo buhanuzi risobanura iki?

11 Maze, biyobowe na Kirisitu, haratanguye itororokanywa ry’ “ishengero ryinshi, . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” Abo ni abagize “izindi ntama” bazorokoka “wa mubabaro mwinshi” hanyuma binjire mw’isi nshasha y’Imana. (Ivyahishuriwe 7:9, 14; Yohana 10:16) Ico gikorwa co kwamamaza Ubwami bw’Imana imbere y’uko umuhero uza kirabandanya gushika muri iki gihe. Iryo shengero ryinshi ry’izindi ntama, ubu rikaba riharurwa mu mamiliyoni, barafasha badahemuka amasigarira y’abasizwe kwamamaza ubutumwa buhambaye bw’Ubwami. Ubwo butumwa ubu abantu barabwumva mu mahanga yose.

Ni Ibiki Biraririye Kuba?

12. Ni igikorwa kingana gute co kwamamaza gikeneye gukorwa imbere y’uko umusi wa Yehova ushika?

12 Ivyo vyose bihejeje kuvugwa bisobanura yuko imisi y’iherezo iri mu kurangira, be n’uko umusi wa Yehova uri hafi cane. Mugabo none hoba hakiriho ubuhanuzi bukiri ubuzoranguka imbere y’uko uwo musi uteye ubwoba utangura? Egome. Kimwe coco, itandukanywa ry’abantu ku kibazo c’Ubwami ntirirahera. Mu mihingo imwimwe yabayemwo ukurwanywa gukaze mu kiringo c’imyaka n’iyindi, ubu hariyo iyongerekana ry’abigishwa bashasha. Eka n’ahantu usanga abantu banka inkuru nziza, ikigongwe ca Yehova kirerekanwa n’ugushinga intahe kwacu. Nuko rero, shishikara igikorwa! Yezu adukura amazinda yuko ico gikorwa nicahera, umuhero uzoca uza.

13. Nk’uko vyanditswe mu 1 Ab’i Tesalonike 5:2, 3, ni ibintu bihambaye ibihe bikiri ibizoba, kandi bizoba bisigura iki kuri twebwe?

13 Ubundi buhanuzi bwa Bibiliya buhambaye rwose buvuga buti: “Aho bazoba bavuga, bati Har’amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.” (1 Ab’i Tesalonike 5:2, 3) Ukuntu iryo tangazo ry’uko hari “amahoro, [a]ta nkomanzi” rizoba rimeze, tuzoba tubibona. Mugabo mu vy’ukuri, ntibizoba bisobanura yuko indongozi z’iyi si zatunganije koko ingorane z’abantu. Abamiza mu muzirikanyi umusi wa Yehova ntibazohubishwa n’iryo tangazo. Barazi yuko buno nyene inyuma yaho isangangurwa rizoca riza.

14. Ni ibiki bizoba mu gihe ca ya marushwa ahambaye, kandi bizokurikirana gute?

14 Mu ntango ya ya marushwa ahambaye, abatware bazohindukirira kurwanya Babiloni Hahambaye, ari yo nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, bayizimanganye. (Matayo 24:21; Ivyahishuriwe 17:15, 16) Inyuma y’ivyo, amahanga azohindukirira kurwanya abashigikira ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, bice bivyura uburakari bwa Yehova bwo gukuraho intwaro be n’abazishigikiye, bivemwo isangangurwa ryabo ata n’uwa kirazira asigaye. Ico kizoba ari igihe c’agaheta ca Harumagedoni muri ya marushwa ahambaye. Maze Shetani n’amadayimoni yiwe bazotabwa mu gisumanyenzi, aho bazoba batagishobora kwosha abantu. Ivyo bizosozera umusi wa Yehova aho izina ryiwe rizoshirwa hejuru.—Ezekiyeli 38:18, 22, 23; Ivyahishuriwe 19:11–20:3.

15. Ni kuki bitoba biranga ubukerebutsi twiyumviriye yuko umusi wa Yehova ukiri kure?

15 Umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu uzoza neza na neza ku gihe, nk’uko ingengabihe y’Imana iri. Ntuzoteba. (Habakuki 2:3) Niwibuke yuko isangangurwa rya Yeruzalemu ryo mu 70 G.C. ryaje ningoga, igihe Abayuda batari baryiteze, igihe biyumvira yuko akaga kaheze. Babiloni ya kera yoyo vyayigendeye gute? Yari ikomeye cane, yavuniye agati mu ryinyo, ikaba kandi yari ikingiwe n’ibihome bininibinini cane. Mugabo yasenyutse mw’ijoro rimwe. Ukwo ni na ko n’isangangurwa rizoza ku runkwekwe rw’ubu rwuzuye ububisha. Ivyo nivyaza, ese vyosanga twunze ubumwe mu nsengo y’ukuri, twamije mu muzirikanyi umusi wa Yehova.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Ni kuki bihambaye kwamiza mu muzirikanyi umusi wa Yehova? Ivyo dushobora kubikora gute?

• Ni gute twebwe ubwacu itandukanywa ry’abantu ririko riraba ubu ritwerekeye?

• Ni ibiki bikiraririye kuza imbere y’uko umusi wa Yehova utangura? None ubwacu dukwiye kuba turiko turakora iki?

[Amafoto ku rup. 180, 181]

Vuba imisi y’iherezo igiye guherana n’isangangurwa ry’urunkwekwe rwa Shetani

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika