Rwaruka—Muzokoresha gute ubuzima bwanyu?
“NSHAKA kuroranirwa mu buzima.” Ukwo ni ko umukobwa umwe w’umuyabaga yavuze. Nta gukeka ko ivyo ari vyo na wewe wipfuza. Ariko none ushobora gute “kuroranirwa” mu buzima? Ibimenyeshamakuru, urunganwe rwawe, kumbure n’abigisha bawe, boshobora kuvuga yuko wobishikako mu kuronka amahera menshi no mu kugira akazi kubahitse, ukaba agahambaye!
Ariko rero, Bibiliya iburira abakiri bato yuko kurondera amatungo ari “ukwiyahagura ukurikira umuyaga” gusa. (Umusiguzi 4:4) Kimwe coco, ni uko abakiri bato bakeyi ari bo batunga bakaba na barurangiranwa. Ababishikako akenshi usanga bavunika umutima cane. Uwukiri muto umwe wo mu Bwongereza yakurikiranye umwuga wubahitse mu kwiga kaminuza avuga ati: “Bimeze nk’agasandugu kagaragara. Uravye imbere muri ko, usanga ata kiriyo.” Ego ni ko, birashika akazi kagatuma umuntu atunga akongera akubahwa. Mugabo ntigashobora kukuronsa ivyo ‘ukeneye mu vy’impwemu.’ (Matayo 5:3) N’ikindi kandi, muri 1 Yohani 2:17 hagabisha ko “isi iriko irahita.” Naho wororanirwa muri iyi si, vyoba ivy’igihe gito.
Ni co gituma mu Musiguzi 12:1 hahimiriza abakiri bato hati: “Niwibuke Umuremyi wawe mu gihe ukiri muto.” (Today’s English Version) Nkako, uburyo bwiza kuruta ubundi wokoresha ubuzima bwawe ni mu gukorera Yehova Imana. Mugabo utegerezwa kubanza gukwiza ibisabwa. Wobikwiza gute? Kandi kubaho ukorera Imana bisaba iki?
Ibisabwa kugira ngo ube Icabona ca Yehova
Utegerezwa kubanza gutsimbataza icipfuzo co gukorera Imana, ico na co kikaba kidapfa kwizana, naho abavyeyi bawe boba ari abakirisu. Utegerezwa kugiranira ubucuti na Yehova ku giti cawe. Umukobwa umwe w’umuyabaga avuga ati: “Gusenga biragufasha kugiranira ubucuti na Yehova ku giti cawe.”—Zaburi 62:8; Yakobo 4:8.
Mu Baroma 12:2 harerekana ikindi kintu utegerezwa gukora. Havuga hati: “Mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” Vyoba bimaze gushika ugakekeranya ku bintu bimwebimwe wigishijwe? Nimba ari ukwo, nukurikire iyo mpanuro Bibiliya itanga yo ‘kwiyemeza neza’ yuko ivyo bintu ari ukuri! Niwigirire ubushakashatsi. Nusome Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo. Ariko rero, kwiga ivyerekeye Imana si igikorwa gisaba ko ukoresha ubwenge gusa. Nufate umwanya wo kuzirikana ku vyo usoma kugira ngo vyinjire mu mutima wawe w’ikigereranyo. Ivyo bizotuma urukundo ukunda Imana rwongerekana.—Zaburi 1:2, 3.
Ubukurikira, nugerageze kubwira abandi akaryo kizanye ivyo uriko uriga, kumbure abo mwigana kw’ishure. Ikindi kintu wokora, ni ukwamamaza inzu ku nzu. Vyoshika ugahura n’uwo mwigana kw’ishure igihe uriko uramamaza, mu ntango ivyo bikaba vyoshobora gutuma wumva ubuze aho unyikira. Mugabo Bibiliya iduhimiriza ‘kudaterwa isoni n’inkuru nziza.’ (Abaroma 1:16) Uba uriko urashikiriza ubutumwa butanga ubuzima n’icizigiro! Kubera iki none bwogutera isoni?
Nimba abavyeyi bawe ari abakirisu, ushobora kuba usanzwe ubaherekeza muri ico gikorwa. Ariko none woba ushobora gukora n’ibindi uretse gusa kuguma uhagaze ku rugi winumiye canke gutanga ibinyamakuru n’udupapuro tw’inkuru nziza? Woba ushobora kuyaga n’uwo usanze ku muhana, ugakoresha Bibiliya mu kumwigisha? Nimba utobishobora, nusabe rero imfashanyo abavyeyi bawe canke umuntu wo mw’ishengero ahumuye. Niwishingire umugambi wo gukwiza ibisabwa kugira ngo ube umwamamaji w’inkuru nziza atarabatizwa.
Mu nyuma, uzovyurirwa umutima wo kwiyegurira Imana, uyisezeranire yuko uzoyikorera guhera ico gihe. (Abaroma 12:1) Ariko rero, ukwiyegura si ikintu gusa ugirira mu mwiherero. Imana isaba abantu bose ‘kwatura icese kugira ngo baronke ubukiriro.’ (Abaroma 10:10) Mu gihe co kubatizwa, ubanza guserura ukwizera kwawe mu majambo, hanyuma ukabatizwa mu mazi. (Matayo 28:19, 20) Mu bisanzwe, kubatizwa ni intambwe ikomeye. Mugabo ntureke kubigira wiyumvira ko hari ukuntu vyohava bikunanira kubaho wisunga iyo batisimu. Niwiheka ku Mana ngo iguhe inkomezi, izokuronsa “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira bugufashe gushikama.—2 Abakorinto 4:7; 1 Petero 5:10.
Igihe ubatijwe, uca uba Icabona ca Yehova. (Yesaya 43:10) Ivyo bikwiye kugira ikintu gikomeye bikoze ku kuntu uzokoresha ubuzima bwawe. Kwiyegura bisobanura ‘kwiyanka.’ (Matayo 16:24) Woshobora guheba imigambi yawe imwimwe be n’ivyipfuzo vyawe bimwebimwe maze ‘ukabanza kurondera ubwami bw’Imana.’ (Matayo 6:33) Kwiyegura no kubatizwa birakuronsa rero uturyo twinshi two kubigira. Reka turimbure tumwetumwe muri two.
Uturyo two gukorera Imana igihe cose
● Gukora ubutsimvyi ni kamwe muri utwo turyo. Umwamamaji w’umutsimvyi ni umukirisu yabatijwe w’intangakarorero yategekanije kuza aramara n’imiburiburi amasaha 70 ku kwezi yamamaza inkuru nziza. Kwongereza umwanya umara mu ndimiro bizogufasha gutsimbataza ubuhanga bwawe bwo kwamamaza no kwigisha. Abatsimvyi benshi barironkeye umunezero uva ku gufasha abatohoji ba Bibiliya kuba Ivyabona babatijwe. Hoba none hari akazi ko muri iyi si gateye umunezero kandi kamara akanyota nk’ico gikorwa?
Kugira ngo abatsimvyi benshi baronke ikibabeshaho, barakora ubuzi bw’igihe gitogito. Benshi barategekanya kuzoshitsa iryo banga mu kwiga umwuga mw’ishure canke bakawigira ku bavyeyi babo. Nimba wewe n’abavyeyi bawe mwiyumvira yuko vyokugirira akamaro wiyongeje amashure umaze kurangiza ishure ryisumbuye, uraraba neza yuko imvo ibigutuma atari iyo kuronka amahera menshi, ahubwo ko ari iyo gushigikira ubusuku bwawe canke kumbure kuba umusuku w’igihe cose.
Ariko rero, mu buzima bw’umutsimvyi ico ashira imbere si akazi ko mw’isi, ahubwo ni ubusuku bwiwe, ni ukuvuga gufasha abandi kuronka ubuzima. Ubona gute wishingiye umugambi wo gukora ubutsimvyi? Gukora ubutsimvyi akenshi bishikana ku tundi duteka. Nk’akarorero, abatsimvyi bamwebamwe barimukira aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi. Abandi bariga ururimi runyamahanga maze bagakorera mw’ishengero ry’aho baba rikoresha urwo rurimi canke mbere bagakorera mu kindi gihugu. Vyemere, gukora ubutsimvyi ni uburyo bwo kubaho buvamwo ivyiza!
● Ishure ry’abamamaji b’Ubwami ni akandi karyo kari imbere yawe. Iryo shure rimara amezi abiri rigenewe kumenyereza abatsimvyi bazi utuntu n’utundi bafise umutima ukunze wo kuja gukorera ahari inkenero. Ni nk’aho bavuga ngo “Ndi hano! Ntuma” mu kwigana wa Mwamamaji ahambaye kuruta abandi bose bigeze gukorera kw’isi, Yezu Kristu. (Yesaya 6:8; Yohani 7:29) Kwimukira kure y’iwabo bishobora gusaba ko bamenyera ubuzima buciye bugufi. Imico kama, ikirere be n’ibifungurwa, ushobora gusanga bitandukanye cane n’ivyo bari bamenyereye. Birashobora no gukenerwa ko biga ururimi rushasha. Iryo shure rirafasha abavukanyi na bashiki bacu b’abirebange hamwe n’abubakanye, bose bafise imyaka iri hagati ya 23 na 65, gutsimbataza kamere z’ivy’impwemu bazokenera mu gikorwa cabo be n’ubuhanga buzobafasha kurushiriza gukoreshwa cane na Yehova be n’ishirahamwe ryiwe.
● Umurimo wo kuri Beteli usaba ko umuntu akora avyishakiye kuri imwe mu nyubakwa z’ishami z’Ivyabona vya Yehova. Bamwe mu bagize umuryango wa Beteli bakora igikorwa co guhingura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Abandi bashingwa ibikorwa bigishigikira, nk’ukubungabunga inyubakwa n’ibikoresho canke kubungabunga umuryango wa Beteli. Ibikorwa vyose birangurirwa ng’aho ni uduteka tw’umurimo mweranda urangurirwa Yehova. Ikigeretseko, abari kuri Beteli barahimbarwa no kumenya yuko ivyo bakora vyose bigirira akamaro igitigiri kinini c’abavukanyi babo bari hirya no hino kw’isi.
Rimwe na rimwe abavukanyi bafise ubuhanga budasanzwe baratumirwa gukora kuri Beteli. Ariko rero, abenshi bamenyerezwa bamaze gushika. Abari kuri Beteli ntibakorera amaronko mugabo barahimbarwa n’intunganyo bashiriweho zo kuronswa imfungurwa, uburaro be n’agafashanyo kabayabaye kabafasha kwironsa utwo bakenera. Uwukiri muto umwe wo mu bagize umuryango wa Beteli adondora umurimo arangura muri ubu buryo: “Biraryoshe cane! Naho bitoroshe kumenyera urutonde rw’ibikorwa, gukorera ngaha vyarandonkeje imihezagiro myinshi.”
● Umurimo w’ubwubatsi uratuma umuntu agira uruhara mu kwubaka inyubakwa z’ishami be n’Ingoro z’Ubwami. Abubatsi, nk’uko bitwa, barafasha muri ico gikorwa. Uwo ni umuce w’umurimo mweranda, usa na ca gikorwa c’abubatse urusengero rwa Salomo. (1 Abami 8:13-18) Indinganizo zigirwa mu kwitwararika abubatsi zirasa n’izigirwa ku bw’umuryango wa Beteli. Mbega agateka abo bavukanyi na bashiki bacu bafise ko gushemeza Yehova biciye kuri ico gikorwa!
Nukorere Yehova n’ubuzima bwawe bwose
Gukorera Yehova ni bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo gukoresha ubuzima bwawe. Ubona gute uzirikanye ivyo kwishingira umugambi wo gukorera Imana igihe cose? Ivy’umurimo w’igihe cose nubiganire n’abavyeyi bawe, abakurambere b’iwanyu be n’umucungezi w’umuzunguruko urimwo. Nimba ushimishwa no gukorera kuri Beteli canke kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, niwitabe amanama agirwa ku bw’abavyipfuza abera ku mahwaniro y’akarere.
Ego ni ko, si bose boshobora gukwiza ibisabwa canke boshobora kuja mu murimo w’igihe cose. Rimwe na rimwe ingorane z’amagara, uko ivy’ubutunzi vyifashe be n’amabanga yo mu muryango biragabanya ivyo umuntu ashobora gukora. Naho ari ukwo, abakirisu bose biyeguye bategerezwa gukurikiza itegeko Bibiliya itanga rigira riti: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Matayo 22:37) Yehova asaba ko ukora uko ushoboye kwose bivanye n’uko ivyawe vyifashe. Uko ivyawe vyifashe kwose rero, gukorera Yehova nubigire co kintu witwararika kuruta ibindi mu buzima bwawe. Niwishingire imigambi ya gitewokorasi ushobora gushikako. Egome, “[wibutse] Umuremyi wawe mu gihe ukiri muto,” uzohezagirwa ibihe bidahera!
Kiretse aho vyerekanywe ukundi, amajambo yo mu Vyanditswe yakoreshejwe yakuwe muri Bibiliya y’isi nshasha, yahinduwe hakoreshejwe imvugo ya none.
4/14