Ikigabane ca 18
Woba wibuka gushima?
UYU musi woba wafunguye?— None urazi uwabiteguye?— Kumbure ni nyoko wawe yabiteguye canke uwundi muntu, mugabo ni kubera iki dukwiye kubishimira Imana?— Kubera ko Imana ari yo ituma bishoboka ko ibiribwa bimera. Ariko rero, dukwiye kandi gushimira uwuba yateguye nya bifungurwa, canke uwuba yabitugaburiye.
Rimwe na rimwe turibagira gushima igihe abandi badukoreye ibintu vyiza. None si vyo? Igihe wa Mwigisha Ahambaye yari kw’isi, hariho abanyamibembe bibagiye gushima.
Umunyamibembe urazi ingene aba ameze?— Umunyamibembe ni umuntu arwaye indwara yitwa imibembe. Iyo ndwara irashobora no gutuma inyama zimwezimwe z’umuntu zimuvako zigakoragurika. Igihe Yezu yaba kw’isi, abanyamibembe babwirizwa kuba kure y’abandi bantu. Kandi igihe umunyamibembe yaba abonye uwundi muntu ariko araza, yabwirizwa gusemerera kugira ngo aburire nya muntu ngo agume kure yiwe. Ivyo vyagirwa kugira ngo abandi bantu ntibamwegere cane birengeje ngo bahave bandura iyo ndwara umunyamibembe arwaye.
Yezu yaragirira umutima mwiza abanyamibembe. Umusi umwe, igihe yari ku rugendo aja i Yeruzalemu, hariho igisagara gitoyi Yezu yabwirizwa gucamwo. Igihe yegera nya gisagara, abanyamibembe cumi barasohotse kumuraba. Bari barumvise yuko Yezu afise ububasha buva ku Mana bwo gukiza indwara z’ubwoko bwose.
Nya banyamibembe ntibegereye Yezu cane. Bahagaze kure. Mugabo baremera yuko Yezu ashobora kubakurako imibembe bari barwaye. Aho nya banyamibembe bamariye kubona uwo Mwigisha Ahambaye, baciye bamuhamagara n’ijwi rirenga bati: ‘Yezu, Mwigisha, dufashe!’
Woba wumvira ikigongwe abantu barwaye?— Yezu yarabumvira ikigongwe. Yari azi ukuntu kurwara imibembe bibabaje. Ni ho yabishura ati: “Ni mugende, mwiyereke abaherezi”.—Luka 17:11-14.
Yezu ariko abwira aba banyamibembe gukora iki?
Ni kubera iki Yezu yababwiye kugira ivyo? Kwari ukubera itegeko Yehova yari yarahaye abasavyi biwe ku vyerekeye abanyamibembe. Iryo tegeko ryavuga yuko umuherezi w’Imana yabwirizwa kwitegereza umubiri w’umunyamibembe. Umuherezi yarabwira nya munyamibembe ko indwara yiwe yakize canke ko itarakira. Igihe yaba yakize, yarashobora kwongera kubana n’abantu bakomeye.—Abalewi 13:16, 17.
Mugabo abo banyamibembe bari bakirwaye imibembe yabo. None boba baragiye ku muherezi nk’uko Yezu yari yababwiye?— Egome, baciye bagenda buno nyene. Abo bagabo bategerezwa kuba baremera yuko Yezu yobakuyeko imibembe yabo. None vyagenze gute?
Urumva, igihe bari ku nzira baja ku muherezi, indwara yabo yarabavuyeko. Umubiri wabo waciye ukira, baba barakize! Ukwizera bari bafise mu bubasha bwa Yezu kwarabagiriye akamaro. Ese umunezero bagize! Mugabo bari guca bagira iki kugira berekane ko bashima? Wewe wari kugira iki?—
Uyu munyamibembe yibutse kugira iki?
Umwe muri nya bagabo bakijijwe yaragarutse kuri Yezu. Yaciye atangura kuninahaza Yehova, avuga ibintu vyiza vyerekeye Imana. Ico ni co cari ikintu ciza co gukora, kubera ko ububasha bwo kumukiza bwari bwavuye ku Mana. Nya mugabo kandi yarikubise imbere y’ibirenge vya wa Mwigisha Ahambaye hanyuma aramushimira. Yarakengurutse cane ku vyo Yezu yari yakoze.
Mugabo none abandi icenda bo bagize iki? Yezu yabajije ati: ‘Ntibakize bose uko ari cumi? Abandi icenda bari hehe? Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atari uyu umwe gusa?’.
Ego, ni vyo. Umwe gusa muri abo cumi ni we yaninahaje canke yashemeje Imana, agaruka gushimira Yezu. Kandi uwo muntu yari Umusamariya, umuntu yava mu kindi gihugu. Abo bandi bagabo icenda ntibashimiye Imana, eka na Yezu ntibamushimiye.—Luka 17:15-19.
Wewe ushobora gute kwigana wa munyamibembe yagaruka kuri Yezu?
Wewe umeze nka nde muri abo bagabo? Dushaka kumera nk’uwo mugabo w’Umusamariya, si ko?— Igihe rero hari umuntu atugiriye ikintu ciza, ni igiki dukwiye kwibuka kugira?— Dukwiye gukenguruka. Abantu kenshi baribagira gukenguruka. Mugabo ni vyiza gushima. Igihe dushimye, Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu baranezerwa.
Uvyiyumviriye, uzokwibuka yuko abantu bakugiriye ibintu vyinshi. Nk’akarorero, woba urarwara?— Ushobora kuba utarigera urwara nk’abo banyamibembe cumi, mugabo ushobora kuba umaze kurwara giripe ibabaza canke ukaribwa mu nda. Hoba hari uwakwitwararitse?— Bashobora kuba baraguhaye umuti bakanakugirira ibindi bintu. Woba waranezerewe kubona bagufashije?—
Wa mugabo w’Umusamariya yarashimiye Yezu kubera ko amukijije, ivyo bikaba vyaratumye Yezu ahimbarwa. Woba wiyumvira yuko nyoko wawe canke so wawe bazonezerwa niwabashimira igihe hari ibintu bakugiriye?— Egome, bazonezerwa.
Hariho abantu bagukorera ibintu imisi yose canke ku ndwi ku ndwi. Bashobora kuba bajejwe kugukorera ivyo bintu. Bashobora mbere kuba bahimbarwa no kubikora. Mugabo hari aho wosanga wibagiye kuvuga ngo urakoze. Umwigisha wawe kw’ishure ashobora kuba akora cane rwose kugira ngo agufashe kumenya ibintu. Ico ni igikorwa ciwe. Mugabo azohimbarwa niwamushimira ku kuba agufasha kumenya ibintu.
Rimwe na rimwe abantu baragukorera utuntu dusa n’aho ari dutoduto. Mbega hoba hari umuntu akwugururiye urugi? Canke hoba hari uwuguhereje ibifungurwa iyo muri ku meza? Ni vyiza kumukengurukira no kuri utwo tuntu dutoduto.
Iyo twibutse gushimira abantu bo kw’isi, biradufasha cane rero kwibuka gushimira Dawe wa twese wo mw’ijuru. Ibaze kandi ibintu bihari twoshimira Yehova uko bingana! Yaraduhaye ubuzima hamwe n’ibintu vyiza vyose bituma ubuzima buryoha. Urumva rero ko dufise imvo nyinshi zotuma tuninahaza Imana, mu kwama tuvuga ibintu vyiza ku biyerekeye.
Ku biraba ugushima, soma muri Zaburi 92:1; Abanyefeso 5:20; Ab’i Kolosayi 3:17; no mu 1 B’i Tesalonike 5:18.