Ikigabane ca 20
Woba wama ushaka kuba uw’imbere?
HARI umuntu woba uzi yama ashaka kuba uw’imbere?— Ashobora kwigizayo uwundi kugira ngo we aje imbere. Ivyo woba umaze kubibona?— Wa Mwigisha Ahambaye yarabonye n’abantu bakuze bagerageza kuja mu bibanza vya mbere, canke bihambaye kuruta ibindi. Mugabo ntiyabishimye. Reka turabe uko vyagenze.
Woba umaze kubona abantu bagerageza kuba ab’imbere?
Bibiliya itubwira yuko Yezu yari yatumiriwe amazimano ahambaye ku nzu y’Umufarizayo yari indongozi ikomeye mu vy’idini. Yezu amaze gushika, atangura kwitegereza ingene abashitsi binjira bagatora ibibanza vyizavyiza. Nuko yiganira inkuru abari batumiwe. Urashaka kuyumva?—
Yezu yavuze ati: ‘Umuntu niyagutumira ku bukwe, ntuze utore icicaro ciza kuruta ibindi, canke ikibanza gihambaye kuruta ibindi’. Woba uzi igituma Yezu yavuze ivyo?— Yasiguye yuko hashobora kuba hatumiwe umuntu ahambaye kuruta. Nk’uko rero ubibona kw’ishusho, nyene gutereka araza akavuga ati: ‘Habise uyu, ugende wicare hariya’. None nya mutumire yoca yumva amerewe gute?— Yoca yumva amaramaye kubera yuko abandi bashitsi bose bomwitegereza ariko araja mu kibanza kidahambaye cane.
Yezu yariko yerekana yuko atari vyiza gushaka ikibanza gihambaye kuruta ibindi. Yavuze ati: ‘Niwatumirwa ku bukwe, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ngo uwagutoye aje, akubwire ngo igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzogira icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose’.—Luka 14:1, 7-11.
Ni icigwa ikihe Yezu yariko arigisha igihe yavuga ivyerekeye abafata ibibanza vyizavyiza canke vy’imbere?
Woba watahuye ico iyo nkuru ya Yezu yashaka kuvuga?— Reka dutange akarorero turabe ko watahuye. Iyumvire yuko uriko winjira mw’ibisi yuzuye cane abantu. Woca none wirukanga ugafata icicaro maze ukareka umuntu akuruta akaguma ahagaze?— Ivyo ubigize Yezu yobishima?—
Kumbure hari uwovuga ko ivyo dukora Yezu ata co bimutwaye. Ariko ivyo woba uvyemera?— Igihe Yezu yari kuri ayo mazimano ahambaye mu nzu ya wa Mufarizayo, yaritegereje igihe abantu bariko bitorera ibibanza. Ntiwiyumvira yuko no muri iki gihe yitayeho ivyo dukora?— Ubu ko Yezu ari mw’ijuru, ategerezwa kuba atubona ata ngorane.
Igihe umuntu agerageje kuba uw’imbere, birashobora kumukwegera ingorane. Kenshi haraba ibihari, kandi abantu bagashavura. Rimwe na rimwe, ivyo birashika igihe abana basavye uwuriko atwara umuduga ngo abunguruze. Imiryango ya nya muduga ipfa kwugururwa, ba bana bagaca batanguranwa ngo babe aba mbere mu kwinjira. Baba bashaka ibibanza vyizavyiza, birya biri iruhande y’amadirisha. None ni ibiki vyoshobora gushika?— Emwe, boshobora kugiranira ishavu.
Gushaka kuba uw’imbere birashobora gutera ingorane nyinshi. Mbere vyarateye ingorane mu ntumwa za Yezu. Nk’uko twavyize mu Kigabane ca 6 c’iki gitabu, barahazutse ku vyerekeye uwoba ari we mukuru muri bo. None Yezu yaciye agira iki?— Emwe, yarabakosoye. Mugabo mu nyuma barasubiriye guhazuka. Reka turabe ingene vyatanguye.
Intumwa, hamwe n’abandi, bajanye na Yezu ku rugendo ari bwo bwa nyuma, baja mu gisagara c’i Yeruzalemu. Yezu yari ahejeje kubaganirira ivyerekeye Ubwami bwiwe, ari na ho Yakobo na Yohani bariko biyumvira ivyerekeye kuzotwara ari abami hamwe na we. Baranabiganiriye na nyina wabo ari we Salome (Matayo 27:56; Mariko 15:40). Igihe bari ku nzira bagana i Yeruzalemu, Salome aza kuri Yezu, arunama imbere yiwe, amusaba ikintu.
Yezu amubaza ati: ‘Ugomba iki?’. Nya mugore yishura yuko ashaka ko Yezu yoreka abana biwe bakazokwicara iruhande ya Yezu mu Bwami bwiwe, umwe iburyo uwundi ibubamfu. None, igihe izindi ntumwa cumi zumviye ivyo Yakobo na Yohani batumye nyina wabo ngo abasabire, wiyumvira yuko zumvise zimerewe gute?—
Salome asaba iki Yezu, hanyuma bivamwo iki?
Emwe, zarashavuriye Yakobo na Yohani cane. Nuko Yezu araha intumwa ziwe zose impanuro nziza. Yezu ababwira yuko abatware b’amahanga bakunda kwibera abantu bakomakomeye. Bashaka kugira ibibanza bikomakomeye bihambaye aho abantu bose babagamburukira. Mugabo Yezu abwira abayoboke biwe yuko badakwiye kumera gutyo. Ahubwo, Yezu avuga ati: ‘Uwugomba kuba mukuru muri mwebwe aze abe umushumba wanyu’. Vyiyumvire!—Matayo 20:20-28.
Urazi umushumba ico akora?— Ni umuntu akorera abandi bantu, ariko we ntiyitega ko abandi baba ari bo bamukorera. Yicara mu kibanza kiri hanyuma y’ibindi, ntiyicara mu kibanza kiruta ibindi. Akora nk’uwuri hasi y’abandi, si nk’uwuhambaye mu bandi. Kandi niwibuke, Yezu yavuze ko uwushaka kuba uw’imbere akwiye gukora nk’umushumba akorera abandi.
None wiyumvira yuko ivyo bisigura iki kuri twebwe?— Mbega umushumba yoharira na shebuja ku vyerekeye uwukwiye kuronka icicaro ciza uwo ari we? Canke yoharira ku vyerekeye uwubanza gufungura uwo ari we? Uvyiyumvirako iki?— Yezu yasiguye yuko umushumba yama imisi yose ashira imbere shebuja.—Luka 17:7-10.
None rero, aho kugerageza kuba uw’imbere, dukwiye gukora iki?— Emwe, dukwiye kumera nk’abashumba b’abandi. Kandi ivyo bisigura yuko ubwacu dushira abandi imbere. Bisigura ko tubona ko abandi bahambaye kuturuta. Woba ushobora kwiyumvira uburyo ushobora gushira abandi imbere?— Subira inyuma ku rupapuro rwa 40 n’urwa 41, wongere urabe uburyo bumwebumwe ushobora gushira abandi imbere mu kubakorera.
Uribuka yuko wa Mwigisha Ahambaye ubwiwe yashira abandi imbere mu kubakorera. Ijoro rya nyuma yamaranye n’intumwa ziwe, mbere yarapfukamye arazoza ibirenge. Na twebwe igihe dushize abandi imbere mu kubakorera, tuzoba turiko turanezereza wa Mwigisha Ahambaye hamwe na Se wiwe, Yehova Imana.
Reka dusome ibisomwa bimwebimwe vya Bibiliya bituremesha gushira abandi imbere: Luka 9:48; Abaroma 12:3; n’Ab’i Filipi 2:3, 4.