ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 21 rup. 112-116
  • Hoba hari ikintu na kimwe gikwiye gutuma twiyemera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hari ikintu na kimwe gikwiye gutuma twiyemera?
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Ugusenga n’ukwicisha bugufi ni ntahara
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ugusenga n’Ukwicisha Bugufi Birakenewe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu ahamagara Matayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 21 rup. 112-116

Ikigabane ca 21

Hoba hari ikintu na kimwe gikwiye gutuma twiyemera?

KWIYEMERA bishaka kuvuga iki? Woba uzi ico bisigura?— Ngaka akarorero. Woba umaze kugerageza gukora ikintu udashoboye gukora neza? Kumbure uramaze kugerageza gukina umupira. Canke kumbure uramaze kugerageza gusimba umugozi. Hoba hari uwuravuga, ati: “Hooo! Ivyo jewe ndashobora kubigira neza kukurusha”?— Uwo muntu rero, aba ariko ariyemera.

Iyo abandi bagize ivyo, uhora wumva umerewe gute? Woba ubishima?— None, wiyumvira ko abandi bokwumva bamerewe gute igihe woba uriko uriyemera?— Vyoba biranga umutima mwiza kubwira uwundi muntu, ngo: “Jewe ndakuruta”?— Yehova yoba akunda abantu bagira ivyo?—

Wa Mwigisha Ahambaye yari azi abantu biyumvira ko baruta abandi. Bariyemera, bakishima, bagasuzugura abandi bantu bose. Ni co gituma umusi umwe Yezu yabiganiye inkuru yo kubereka ukuntu kwiyemera ari bibi. Reka tuyumve.

Iyo nkuru yerekeye Umufarizayo n’Umutozakori. Ico gihe Abafarizayo bari indongozi z’idini, akenshi bakora nk’aho ari bo bari bagororotse bakaba n’aberanda kuruta abandi bantu. Umufarizayo avugwa mu nkuru ya Yezu yaraduze mu rusengero rw’Imana i Yeruzalemu gusenga.

Ni kubera iki Imana yahimbawe na wa mutozakori, mugabo ntihimbarwe na wa Mufarizayo?

Yezu yavuze yuko umutozakori na we nyene yari yaduze ku rusengero gusenga. Abantu benshi ntibakunda abatozakori. Biyumvira yuko abatozakori baza baragerageza kubagunga. Kandi mu vy’ukuri, abatozakori benshi wasanga batama ari inzirabugunge.

Mu rusengero, wa Mufarizayo atangura gusenga Imana avuga ati: ‘Ewe Mana, ndagushimira kuko ntari umucumuzi nk’abandi bantu. Sintwara ivy’abandi canke ngo ngire ibindi bintu bibi. Simeze nk’urya mutozakori. Ndi umuntu w’umugororotsi. Mu misi indwi yose ndisonzesha kabiri, gutyo nkaronka umwanya munini wo kukwiyumvira. Kandi ntanga ku rusengero ikigiracumi c’ivyo ndonka’. Nya Mufarizayo mu vy’ukuri yiyumvira ko ari we yari mwiza kuruta abandi, si vyo?— Kandi yaranabibwiye Imana.

Mugabo wa mutozakori we ntiyari ameze gutyo. Ntiyashoboye no kwunamura amaso ngo arangamize mw’ijuru igihe yasenga. Yagumye ahagaze kure, aguma yunamye. Uwo mutozakori yababazwa n’ivyaha vyiwe, hanyuma akaza arikubita ku gikiriza kubera intuntu. Ntiyagerageje kubwira Imana ukuntu yari mwiza. Ahubwo, yasenze ati: ‘Ewe Mana, ngirira ikigongwe jewe umunyavyaha’.

Ni nde muri abo bagabo babiri wiyumvira yuko yahimbara Imana? Yoba yari Umufarizayo, umwe yiyumvira ko ari we yari mwiza rwose? Canke yari uwo mutozakori we yumva ababajwe n’ibicumuro vyiwe?—

Yezu yavuze yuko uwo mutozakori ari we yahimbara Imana. Kubera iki? Yezu yasiguye ati: ‘Kubera ko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru’.—Luka 18:9-14.

Icigwa Yezu yariko arigisha muri iyo nkuru yiwe cari ikihe?— Yariko yigisha yuko ari bibi kwiyumvira yuko turi beza kuruta abandi. Twoshobora kutavuga yuko twiyumvira ko ari twebwe turi beza kubaruta. Mugabo mu vyo tugira, twoshobora gusanga turiko twerekana yuko twiyumvira ko tubaruta. Woba urigera ugira ivyo?— Rimbura akarorero k’intumwa Petero.

Igihe Yezu yabwira intumwa ziwe yuko bose bomutaye afashwe, Petero yariyemeye ati: ‘Niyo abandi bose boguta, jewe sinzoguta!’. Mugabo Petero yari yihenze. Yari yiyizigiye kurenza urugero. Erega yarataye Yezu. Ariko rero, yaragarutse, nk’uko tuza kuvyiga mu Kigabane ca 30 co muri iki gitabu.—Matayo 26:31-33.

Reka dufate akarorero ko muri iki gihe. Kumbure wewe hamwe n’umwana mwigana mubajijwe ibibazo kw’ishure. Mbega bigenda gute igihe ushoboye guca utanga inyishu buno nyene, mugabo uwundi munyeshure ntabishobore? Birumvikana ko wumva uryohewe igihe uzi inyishu zose. Mugabo none vyoba ari vyiza kwigereranya n’uwo ateba kwishura?— Vyoba ari vyiza kugerageza kwiyerekana ko ari wewe uhambaye mu gutuma wa wundi na we aboneka ko ari hasi?—

Ivyo ni vyo wa Mufarizayo yagize. Yariyemeye ngo ni we yari mwiza kuruta wa mutozakori. Mugabo wa Mwigisha Ahambaye yavuze yuko uwo Mufarizayo yari yibeshe. Ni ivy’ukuri yuko umuntu umwe yoshobora kuba ashoboye gukora ikintu neza kuruta uwundi muntu. Mugabo ivyo ntibisigura yuko ari we mwiza koko.

Igihe uzi ibintu kuruta uwundi muntu, vyoba bituma umuruta?

Nimba rero tuzi ibintu vyinshi kuruta uwundi muntu, iyo yoba ari yo mvo yotuma twiyemera?— Vyiyumvire! Mbega ni twebwe twaremye ubwonko bwacu?— Oya, Imana ni yo yahaye umuntu wese ubwonko. Kandi vyinshi mu bintu tuzi twavyigiye ku wundi muntu. Kumbure twabisomye mu gitabu. Canke kumbure hari umuntu yabitubwiye. Mbere no mu gihe nyene twoba twitoreye ikintu tukakimenya ata wudufashije, tubishikako gute?— Emwe, dukoresha ubwonko Imana yaduhaye.

Iyo umuntu ariko aragerageza gukora ikintu kitamworohera, ico wogira kiranga umutima mwiza ni ukuvuga ijambo rimuremesha. Mubwire yuko ushima ivyo yakoze. Kumbure urashobora no kumufasha gukora neza. Ico none si co woshima ko abandi bantu bakugirira?—

Ni kubera iki ari bibi kwiyemera mu gihe twoba dukomeye kuruta uwundi muntu?

Abantu bamwebamwe usanga bakomeye kuruta abandi. Wogira iki none mu gihe woba ukomeye kuruta mwene wanyu canke mushikawe? Iyo yoba ari imvo yotuma wiyemera?— Oya, si imvo yotuma wiyemera. Imfungurwa dufungura ni zo zidufasha gukomera. Kandi Imana ni yo itanga akazuba hamwe n’imvura, hamwe n’ikintu cose gikenewe kugira ngo ibiribwa bimere, si ko?— Imana rero ni yo dukwiye gushimira iyo twumva dukomeye.—Ivyakozwe 14:16, 17.

Nta n’umwe muri twebwe yoshima kwumva umuntu ariko ariyemera, si ko?— Twibuke aya majambo ya Yezu: ‘Birya ushaka ko abandi bakugirira, nawe bibagirire’. Ivyo nitwabigira, ntituzokwigera tumera nka wa Mufarizayo yiyemera, umwe wo muri ya nkuru yavuzwe na wa Mwigisha Ahambaye.—Luka 6:31.

Igihe kimwe hari umuntu yise Yezu ngo mwiza. Wa Mwigisha Ahambaye yoba yavuze ngo: ‘Egome, ndi mwiza’?— Oya, nta vyo yavuze. Ahubwo, yavuze ati: ‘Nta mwiza ariho, atari umwe, ni Imana’ (Mariko 10:18). Naho nyene wa Mwigisha Ahambaye atari afise agasembwa, ntiyiyemera. Ahubwo yaguma ashemeza Se wiwe, Yehova.

None wumva hari umuntu n’umwe dushobora kwemera mu kumuhaya?— Egome ariho. Turashobora kwemera Umuremyi wacu, Yehova Imana. Igihe tubonye ikirengazuba giteye igomwe, canke ibindi bintu bitangaje vy’irema, turashobora kubwira umuntu, duti: ‘Imana yacu y’igitangaza, Yehova, ni yo yaremye ivyo!’. Reka twame imisi yose twiteguriye kuvuga ibintu vy’akumiza Yehova amaze gukora, hamwe n’ivyo azokora mu gihe kizoza.

Uyu muhungu ariko yiyemera ku biki?

Soma ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye ukwiyemera, canke ukwishima, hanyuma umenye ukuntu dukwiye kwirinda kwiyemera: Imigani 16:5, 18; Yeremiya 9:23, 24; 1 Ab’i Korinto 4:7; na 13:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika