Ikigabane ca 37
Niwibuke Yehova be n’Umwana wiwe
DUFATE ko hari umuntu yakugabiye ikintu ciza cane. Wokora iki?— Mbega uwo muntu womushimira gusa maze ugaca umwibagira? Canke womwibuka ukongera ukibuka n’ivyo yakugiriye?—
Yehova Imana yaratugabiye ikintu ciza cane. Yararungitse Umwana wiwe kw’isi kugira ngo adupfire. None urazi igituma Yezu yategerezwa kudupfira?— Ico ni ikintu gihambaye cane dukwiye kumenya.
Nk’uko twavyize mu Kigabane ca 23, Adamu yaracumuye igihe yarenga kw’itegeko ritunganye ry’Imana. Adamu ari we muvyeyi wacu twese, yaciye aturaga icaha. None, wiyumvira ko dukeneye iki?— Mu buryo bw’ikigereranyo, dukeneye uwundi muvyeyi, uwabayeho atagira agasembwa kw’isi. Wewe wiyumvira ko uwo muvyeyi ari nde?— Ni Yezu.
Yehova yarungitse Yezu kw’isi kugira ngo abe nk’umuvyeyi wacu mu kibanza ca Adamu. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wa mbere Adamu yabaye ūfise ubu[zima]; Adamu wo hanyuma yabaye impwemu itanga ubu[zima]”. Uwo Adamu wa mbere yari nde?— Yari wa muntu Imana yarema imukuye mu mukungugu wo hasi. None Adamu wo hanyuma ni nde?— Ni Yezu. Ivyo Bibiliya iravyerekana mu kuvuga iti: “Umuntu wa mbere [Adamu] yandurutse mw ivu, [ni] uw’umukungugu: umuntu wa kabiri [Yezu] yandurutse mw ijuru”.—1 Ab’i Korinto 15:45, 47, ni twe tubihiritse; Itanguriro 2:7.
Kubera ko Imana yakuye ubuzima bwa Yezu mw’ijuru ikabushira mu nda y’umugore yitwa Mariya, Yezu ntiyarazwe icaha ca Adamu. Ni co gituma yari umuntu atagira agasembwa (Luka 1:30-35). Ni co gituma kandi igihe Yezu yavuka, umumarayika yabwiye abungere ati: ‘Uyu musi Umukiza yabavukiye’ (Luka 2:11). None kugira ngo umwana Yezu abe Umukiza wacu, yari akeneye kubanza kumera gute?— Yari akeneye kubanza gukura akaba umugabo, nka kurya nyene Adamu yari ameze. Gutyo, Yezu yari gushobora kuba “Adamu wo hanyuma”.
Umukiza wacu Yezu, azoba kandi “Data wa twese ahoraho”. Ukwo ni ko Bibiliya imwita (Yesaya 9:6, 7). Egome, umuntu atagira agasembwa ari we Yezu arashobora kuba data wacu mu kibanza ca Adamu, Adamu na we akaba yabaye umuntu afise agasembwa igihe yacumura. Muri ubwo buryo turashobora guhitamwo “Adamu wo hanyuma” ngo atubere data. Ariko ntiwumve, Yezu ubwiwe ni Umwana wa Yehova Imana.
Ni mu buhe buryo Adamu na Yezu bari cokimwe, kandi ni kubera iki vyari bihambaye cane ko baba cokimwe?
Mu gihe twize ivyerekeye Yezu, turashobora kwemera ko ari we Mukiza wacu. Woba wibuka ico dukeneye gukizwa?— Dukeneye gukizwa icaha n’urupfu twarazwe na Adamu. Ubuzima butagira agasembwa Yezu yatanzeko inkuka amaze kuba umuntu akuze, ni ukuvuga ubuzima yahevye ku bwacu, bwitwa incungu. Yehova yatanze iyo ncungu kugira ngo dushobore kubabarirwa ivyaha.—Matayo 20:28; Abaroma 5:8; 6:23.
Nta gukeka, ntidushaka kwibagira ivyo Imana be n’Umwana wayo badukoreye. Si vyo none?— Yezu yareretse abayoboke biwe uburyo budasanzwe bushobora kudufasha kwibuka ico kintu yakoze. Reka ubwo buryo tubuganireko.
Niwiyumvire yuko uri mu cumba co hejuru mu nzu kanaka y’i Yeruzalemu. Ni mw’ijoro. Yezu n’abigishwa biwe bari imbere y’imeza. Kuri iyo meza, hari inyama z’umwagazi w’intama zitaze, umukate, be n’umuvinyu utukura. Bariko bafungura imfungurwa zidasanzwe. Woba uzi igituma?—
Izo mfungurwa ni izibibutsa ivyo Yehova yagize mu myaka amajana n’amajana ihaciye igihe abasavyi biwe, ari bo Bisirayeli, bari abaja mu Misiri. Ico gihe Yehova yabwiye abasavyi biwe ati: ‘Nimubage umwagazi w’intama ku bw’umuryango umwumwe wose, maze amaraso yawo muyashire ku bishimaryango vy’inzu zanyu’. Hanyuma avuga ati: ‘Mwinjire mu mazu yanyu, maze murye uwo mwagazi’.
Amaraso y’umwagazi w’intama yakingiye gute Abisirayeli?
Abisirayeli barabikoze. Kandi muri iryo joro nyene, umumarayika w’Imana yaraciye mu gihugu ca Misiri. Mu mazu atari make, uwo mumarayika yarishe abana b’imfura. Mugabo umumarayika abonye amaraso y’umwagazi w’intama ku gishimaryango, yaca arengana iyo nzu. Muri izo nzu, nta bana bapfuye. Farawo, umwami wa Misiri, yaratewe ubwoba n’ivyo umumarayika wa Yehova yari yakoze. Ni co gituma Farawo yabwiye Abisirayeli ati: ‘Murabohowe. Nimuve mu Misiri!’. Bamaze kuvyumva, baciye batekera ibintu vyabo babishira ku ngamiya no ku ndogoba zabo maze baragenda.
Yehova ntiyashaka ko abasavyi biwe bibagira ingene yababohoje. Ni co gituma yababwiye ati: ‘Rimwe mu mwaka mutegerezwa gufungura imfungurwa nk’izo mwariye muri iri joro’. Izo mfungurwa zidasanzwe bazise Pasika. Muri iryo joro umumarayika w’Imana ‘yararenganye’ amazu yariko ikimenyetso c’amaraso.—Kuvayo 12:1-13, 24-27, 31.
Yezu n’intumwa ziwe bariko bibuka ico kintu igihe bafungura imfungurwa za Pasika. Haciye akanya, Yezu agira ikintu gihambaye cane. Ariko rero, imbere y’uko agira ico kintu, ya ntumwa yahemuka ari yo Yuda ibanza kuhava. Hanyuma Yezu afata umwe mu mikate isigaye, arasenga, arawumanyagura maze awuhereza abigishwa biwe. Avuga ati: ‘Nimwakire murye’. Hanyuma arababwira ati: ‘Uyu mukate ugereranya umubiri wanje nzotanga ninabapfira’.
Ubukurikira, Yezu yakira igikombe c’umuvinyu utukura. Amaze gutura irindi sengesho ryo gukenguruka, arakibahereza maze ababwira ati: “Ni mukinywereko mwese”. Arongera arababwira ati: ‘Uyu muvinyu ugereranya amaraso yanje. Mpava nsesa amaraso yanje kugira ngo ndabakize ivyaha. Muraguma mugira gutya kugira ngo munyibuke’.—Matayo 26:26-28; 1 Ab’i Korinto 11:23-26.
Amaraso ya Yezu, ayo Yezu yagereranije n’umuvinyu, ashobora kudukorera iki?
Woba wabonye ko Yezu yabwiye abigishwa biwe yuko bakwiye kuguma bagira gutyo kugira ngo bamwibuke?— Ntibosubiye gufungura imfungurwa za Pasika. Ahubwo, rimwe mu mwaka boriye izo mfungurwa zidasanzwe kugira ngo bibuke Yezu n’urupfu rwiwe. Izo mfungurwa zitwa Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba. Muri iki gihe dukunze kuzita Icibutso. Kubera iki?— Kubera yuko zitwibutsa ivyo Yezu na Se wiwe Yehova Imana batugiriye.
Umukate ukwiye kutwibutsa umubiri wa Yezu. Yaremeye guheba uwo mubiri kugira ngo tuzoshobore kuronka ubuzima budahera. Tuvuge iki ku vyerekeye umuvinyu na wo?— Ukwiye kutwibutsa agaciro k’amaraso ya Yezu. Ayo maraso afise agaciro kanini kuruta ya maraso y’umwagazi w’intama wa ya Pasika yo mu Misiri. Urazi igituma?— Bibiliya ivuga yuko amaraso ya Yezu ashobora gutuma duharirwa ivyaha. Kandi igihe tuzoba twahariwe ivyaha vyacu vyose, ntituzosubira kurwara, gusaza no gupfa. Dukwiye kwiyumvira ivyo bintu igihe twitavye Icibutso.
None ku Cibutso umuntu wese yoba akwiye kurya ku mukate no kunywa ku muvinyu?— Urumva, Yezu yabwiye abaryako n’abanywako ati: ‘Muzogira uruhara mu bwami bwanje mwongere mwicare ku ntebe z’ubwami muri kumwe nanje mw’ijuru’ (Luka 22:19, 20, 30). Ivyo vyasigura yuko bogiye mw’ijuru kuba abami bafatanije na Yezu. Rero, abafise icizigiro co kuganza bari kumwe na Yezu mw’ijuru ni bo bonyene bakwiye kurya ku mukate no kunywa ku muvinyu.
Ariko n’abatarya ku mukate kandi ntibanywe ku muvinyu barakwiye kwitaba Icibutso. Urazi igituma?— Ni kubera ko Yezu yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu natwe. Iyo tugiye ku Cibutso tuba twerekanye yuko tutibagiye. Tuba tucibuka ingabirano nziza cane Imana yaduhaye.
Mu vyanditswe vyerekana akamaro k’incungu ya Yezu harimwo na 1 Ab’i Korinto 5:7; Abanyefeso 1:7; 1 Timoteyo 2:5, 6; hamwe na 1 Petero 1:18, 19.