Ikigabane ca 47
Ingene dushobora kumenya ko Harumagedoni iri hafi
URAZI ico ari co ikimenyetso. Si ko none?— Mu Kigabane ca 46 twarabonye ivyerekeye ikimenyetso Imana yatanze c’uko itazosubira guhonya isi ikoresheje umwuzure. Ikindi kandi, intumwa zarasavye Yezu ikimenyetso cotumye zishobora kumenya igihe yogarukiyeko be n’ikimenyetso c’igihe iherezo ry’iyi si canke ry’uru runkwekwe rw’ibintu ryobaye ryegereje.—Matayo 24:3.
Kubera ko Yezu ari mw’ijuru atobaye aboneka, ikimenyetso abantu bashobora kubona cari gikenewe kugira ngo cerekane ko yatanguye kuganza. Ni co gituma Yezu yavuze ibintu abigishwa biwe bokwihweje ngaha kw’isi. Ivyo bintu bishitse, vyociye vyerekana yuko Yezu yamaze kugaruka kandi ko yatanguye kuganza mw’ijuru ari Umwami.
Kugira ngo Yezu yigishe abigishwa biwe akamaro ko kuguma bari maso, yavuze ati: “Ni murābe umusukoni n’ibiti vyose. Iyo bitoshe, murabibona, mukamenya ubganyu yukw agatāsi kari hafi”. Iyo agatasi kegereje urabimenya. Muri ubwo buryo, urashobora kumenya yuko Harumagedoni iri hafi ubonye ibintu Yezu yavuze biriko birashika.—Luka 21:29, 30, ni twe tubihiritse.
Igihe Yezu yavuga ivy’igiti c’umusukoni, ni icigwa ikihe yariko arigisha?
Kuri uru rupapuro no ku rukurikira, tugiye kuraba amashusho yerekana ibintu Yezu yavuze vyobaye bigize ikimenyetso cerekana ko Ubwami bw’Imana buri hafi. Ivyo bintu vyose nivyashika, Ubwami bw’Imana buganzwa na Kirisitu buzosangangura intwaro zose nk’uko twabibonye mu Kigabane ca 46.
Niwihweze rero witonze amafoto ari ku mpapuro zibiri ziri imbere y’uru, hanyuma tuyaganireko. Ivyo ubona kuri ayo mashusho ushobora kubisoma muri Matayo 24:6-14 no muri Luka 21:9-11. Ikindi kandi, urabona ko kw’ishusho imwimwe yose hariko agaharuro gatoyi. Ico giharuro nyene tugisanga mu ntango y’ingingo isigura iyo shusho. Ubu na ho, reka turabe nimba ibintu bigize ikimenyetso Yezu yatanze biriko biraranguka muri iki gihe.
(1) Yezu yavuze ati: “Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: . . . ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami”. Woba umaze kwumva ivyerekeye intambara?— Intambara ya mbere y’isi yose yabaye kuva mu 1914 gushika mu 1918, maze mu nyuma haba intambara ya kabiri y’isi yose, kuva mu 1939 gushika mu 1945. Imbere y’aho, ntihari bwigere haba intambara z’isi yose! Ubu hirya no hino kw’isi haraba intambara. Biboneka yuko imisi yose kuri televiziyo, kw’iradiyo no mu binyamakuru twumva tukongera tugasoma ivyerekeye intambara.
(2) Yezu yaravuze kandi ati: ‘Hazobaho amapfa henshi’. Nk’uko ubizi, si abantu bose baronka imfungurwa zikwiye. Ku musi ku musi abantu ibihumbi n’ibihumbi barapfa kubera bataronka imfungurwa zikwiye.
(3) Yezu yongeyeko ati: ‘Hamwehamwe hazotera ibiza’. Ikiza urazi ico ari co?— Ni indwara yica abantu benshi. Ikiza kimwe gihambaye cabaye ciswe inyonko ya Esupanye yishe abantu bashika imiliyoni 20 mu mwaka umwe gusa. Muri iki gihe cacu, biraboneka ko abantu baruta abo, bazokwicwa na SIDA. Vyongeye hariho n’indwara ya kanseri, indwara y’umutima be n’izindi ndwara zica abantu ibihumbi n’ibihumbi uko umwaka utashe.
(4) Yezu yaratanze ikindi kintu kigize ico kimenyetso mu kuvuga ati: ‘Hazobaho vya nyamugigima henshi’. Nyamugigima urazi ico ari co?— Vya nyamugigima bituma isi inyiganyiga musi y’ibirenge vyawe. Inzu zirasenyuka, kandi kenshi abantu bagapfa. Kuva mu 1914, uko umwaka utashe haraba vya nyamugigima vyinshi. Woba umaze kwumva ivyerekeye nyamugigima?—
(5) Yezu yaravuze ko ikindi kintu kigize ico kimenyetso cobaye ‘ubukozi bw’ikibi buzobandanya kwongerekana’. Ni co gituma tubona ubusuma bwinshi n’ubukazi bwinshi. Ahantu hose usanga abantu batinya ko umuntu yohava abinjirana mu nzu. Ntihigeze kuba ubugizi bwa nabi n’ubukazi mu mihingo yose y’isi nk’uko biri ubu.
(6) Yezu yaravuze ikintu gihambaye cane kigize ico kimenyetso igihe yavuga ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14). Niba wemera ko “ubu butumwa bgiza” bufise agaciro, ukwiye rero kububwira abandi. Muri ubwo buryo urashobora kugira uruhara mu gushitsa ico kintu kigize ca kimenyetso.
Abantu bamwebamwe boshobora kuvuga yuko ibintu Yezu yavuze vyamye nantaryo bishika. Ariko rero ivyo bintu vyose ntivyari bwigere bishika mu mihingo myinshi cane y’isi kandi ngo bishikire icarimwe. Woba none utahura ico ca kimenyetso gisobanura?— Gisobanura yuko nitwabona ivyo bintu vyose biriko birashika, tuzoca tumenya yuko iyi si mbi igiye gusubirizwa isi nshasha y’Imana.
Igihe Yezu yatanga ico kimenyetso, yaravuze kandi ivy’igihe c’umwaka kidasanzwe. Yavuze ati: “Muze musenge kugira ng’uruhungo rwanyu ntiruze rube mu rushana” (Matayo 24:20). Wibaza yuko yashaka kuvuga iki?—
Mbega vyogenda gute nimba umuntu ategerezwa guhunga icago kanaka mu rushana, mu gihe usanga ukuntu ikirere kimeze bituma guhunga biba ibigoye cane canke mbere biba ibirimwo ingeramizi?— Ashoboye guhunga, yoba yaciye mu ngorane zikomeye. None ntivyoba bibabaje umuntu yishwe n’umuyaga w’igihuhusi bitumwe gusa n’uko yagumye yikorera ibindi bintu ntahunge hakiri kare?—
Igihe Yezu yavuga ivy’ukugerageza guhunga mu rushana, ni icigwa ikihe yariko arigisha?
Woba utahura iciyumviro nyamukuru Yezu yariko arerekana igihe yavuga ivy’ukutarindira ko urushana rushika ngo abe ariho duhunga?— Yariko atubwira yuko kubera tuzi ko Harumagedoni iri hafi, tudakwiye guteba kugira ico dukoze ngo twerekane ko dukunda Imana mu kuyikorera. Dutevye, turashobora gusanga igihe co gukorera Yehova catujanye. Twoba tubaye rero nka ba bantu bo mu gihe ca wa Mwuzure bumvise ivyo Nowa yavuze ariko ntibinjira mu bwato.
Reka turabe mu kigabane gikurikira uko ibintu bizoba bimeze ya ntambara ihambaye ya Harumagedoni niyahera. Turiga ivyo Imana yaduteguriye twebwe twese tuyikunda kandi tukaba turiko turayikorera ubu.
Ibi ni ibindi vyanditswe vyerekana ko Harumagedoni iri hafi: 2 Timoteyo 3:1-5 na 2 Petero 3:3, 4.